ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/4 rup. 14-19
  • Reka Ubukerebutsi Bukurinde

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Reka Ubukerebutsi Bukurinde
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inkenero Idasanzwe y’Ubukerebutsi
  • Twovuga Iki ku Vyerekeye Ugushinga Imitahe?
  • Iyo Ukugerageza Ubucuruzi Guhomvye
  • Bite Habayemwo Forode?
  • Ubukerebutsi mu vy’Ugufata Ingingo
  • Hengekera Umutima Wawe ku Bukerebutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Twigane umutima rugabo wa Yezu n’ugutahura kwiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • “Vyose Bikorwe Kugira ngw Abantu Bakomezwe”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/4 rup. 14-19

Reka Ubukerebutsi Bukurinde

‘Amakenga azogushibamira, ubukerebutsi ubwabwo buzokurinda.’—IMIGANI 2:11.

1. Ubukerebutsi bushobora kuturinda iki?

YEHOVA agomba yuko ukoresha ubukerebutsi. Kubera iki? Kubera yuko azi ko buzokurinda imitego itari imwe. Mu Migani 2:10-19 hatangura mu kuvuga hati: ‘Kuk’ubwenge buzokwinjira mu mutima wawe, kand’ukumenya kuzohimbara ubugingo bwawe. Amakenga azogushibamira, ubukerebutsi ubwabwo buzokurinda.’ Buzokurinda iki? Buzokurinda ibintu nk’ ‘inzira mbi,’ abata inzira zigororotse, n’abakevya bakava mu ngendo bahoramwo.

2. Ubukerebutsi ni iki, kandi ni ubukerebutsi bwoko ki Abakirisu bipfuza canecane?

2 Ngirango uribuka ko ubukerebutsi ari ububasha bw’umuzirikanyi, ubwo utandukanisha ikintu n’ikindi. Umuntu afise ubukerebutsi arabona amatandukaniro y’ivyiyumviro canke ibintu, kandi akarimbura ibintu mu buryo buroranye. Kubera turi Abakirisu, turipfuza canecane ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu bushingiye ku bumenyi ntagakosa bw’Ijambo ry’Imana. Igihe twiga Ivyanditswe, ni nk’uko twoba turiko twandagura ibirokosima vyo kwubaka ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu. Ivyo twiga birashobora kudufasha gufata ingingo zihimbara Yehova.

3. Ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu dushobora kuburonka gute?

3 Igihe Imana yabaza Umwami Salomo wa Isirayeli umuhezagiro agomba, uwo mutegetsi w’umusore yavuze ati: “Jewe umusavyi wawe, n’umpe umutima w’ubgenge, nshobore gucira abantu bawe imanza, [nkerebukire] gutandukanya ikibi n’iciza.” Salomo yasavye ubukerebutsi, kandi Yehova yarabumuhaye ku rugero rudasanzwe. (1 Abami 3:9; 4:30) Kugira turonke ubukerebutsi, dukwiye gusenga kandi ni ngombwa ngo dutohoze Ijambo ry’Imana tubifashwamwo na vya bisohokayandikiro bituboneshereza mu vy’impwemu, bitangwa biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW) Ivyo bizodufasha gutsimbataza ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu ku ntarūko ituma ducika ‘abakuze mu bubasha bw’ugutahura,’ abashoboye ‘kurobanura [canke, gutandukanya] iciza n’ikibi.’—1 Ab’i Korinto 14:20; Abaheburayo 5:14.

Inkenero Idasanzwe y’Ubukerebutsi

4. Kugira ijisho ‘ribayabaye’ bisigura iki, kandi bishobora kutwungura gute?

4 Dúfise ubukerebutsi nyakuri, dushobora kugira ibihwanye n’aya majambo ya Yezu Kirisitu: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka [kw’Imana], ni ho ivyo vyose [ivy’umubiri] muzovyongerwa.” (Matayo 6:33) Yezu yavuze kandi ati: “Itara ry’umubiri wawe n[i] ijisho ryawe. Ijisho ryawe iy’ari [iribayabaye], umubiri wawe wose uba uri n’umuco.” (Luka 11:34) Ijisho ni itara ry’ikigereranyo. Ijisho ‘ribayabaye’ ntirigira uburyarya, rihanga ahantu hamwe gusa. Dúfise ijisho mwen’iryo, dushobora kugaragaza ubukerebutsi kandi tugatambuka tudatsitagurika mu vy’impwemu.

5. Ku vyerekeye ivy’ubucuruzi, ni ibiki dukwiye kwibuka ku biraba ico ikorane rya gikirisu ryashingiwe?

5 Ah’ukugumana ijisho ribayabaye, hari abahangayikishije ubuzima bwabo n’ubuzima bw’abandi, mu gukwegērwa n’ivy’ubucuruzi. Mugabo dukwiye kwibuka ko ikorane rya gikirisu ari “[i]nkingi ishigikiye ukuri.” (1 Timoteyo 3:15) Nka kumwe kw’inkingi z’inzu, ikorane rishigikiye ukuri kw’Imana, si iry’ugushigikira ishirahamwe ry’ivy’ubucuruzi ry’umunaka. Amakorane y’Ivyabona vya Yehova ntiyashinzwe kugira abe ikibanza c’ugukorereza inyungu zo mu vy’urudandaza, ivyashara, canke ibikorwa vy’ugupfasha. Dutegerezwa kwigumanya ngo ntitugirire ivy’ubucuruzi vyacu bwite mu Ngoro y’Ubwami. Ubukerebutsi buradufasha kubona ko Ingoro z’Ubwami, ahabera Inyigo z’Igitabu z’Ikorane, n’amateraniro vy’Ivyabona vya Yehova ari ibibanza bitegekanirizwa ijahamwe rya gikirisu n’ibiyago vy’ivy’impwemu. Hamwe twokoresha ubucuti bw’ivy’impwemu kugira dukorereze ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’urudandaza, ivyo ntivyoranga n’imiburiburi ko tudakenguruka ibintu nyakimazi vy’ivy’impwemu? Ubucuti buhuza abanyekorane ntibwokwigera bwikīngīzwa kugira umuntu agire ibimwungukira amahera.

6. Ni kuki ibicuruzwa n’ibikorwa vy’ugufasha bidakwiye kudandazwa canke gukorerezwa ku mahwaniro y’ikorane?

6 Hari abǎkoresheje imibonano ya gitewokarasi kugira badandaze imiti y’ukuvura canke y’ukwinobōra, ibiribwa birimwo amavitamine, ibikorwa vy’uguhanahana amakuru, ibikoresho vy’ukwubaka amazu, ukurihiranira ingendo, amaporogarama hamwe n’ibikoresho vy’ivyuma vy’intasobwa, n’ibindi. Ariko rero, amahwaniro y’ikorane si ibibanza vy’ukudandarizamwo canke gukorerezamwo ivy’urucuruza rw’ivyashara canke ibikorwa vy’ugufasha. Dushobora gutahura ingingo ngenderwako twokwishimikiza niba twibuka ko Yezu “[yahinze] mu rusengero bose, n’intama n’inka, asēsa amahera y’abariko baravunja, ahenura ameza yabo. Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukūreh’ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro.”—Yohana 2:15, 16.

Twovuga Iki ku Vyerekeye Ugushinga Imitahe?

7. Ni kuki ubukerebutsi n’ukwiyubara bikenewe mu vyerekeye ishingwa ry’imitahe?

7 Ubukerebutsi n’ukwiyubara biraba nkenerwa igihe turimbura ugushinga umutahe mu vy’ukugerageza ubucuruzi. Reka dufate ko hari umuntu ashaka gusaba ingurane y’amahera, hanyuma agatanga imihango y’ubu buryo: “Ndakwemereye ko uzoronka inyungu.” “Ntushobora kuzohomba. Aho ntuzobura kwunguka.” Uragaba iyo hagize uwo ari we wese atanga ibikuramakenga mwen’ivyo. Kumbure ariko avuga ibintu uko bitari canke si imvugakuri, kubera yuko ukubitsa umutahe ari ikintu cizigirwa buhoro. Kukaba nkako, hari abantu b’indyosharyoshi, b’intisonera bǎgunze abaharurwa b’ikorane. Ivyo biratwibutsa ivya za ‘ntubahamana’ bǐsobeka mw ikorane ryo mu kinjana ca mbere “ubuntu bw’Imana bakabuhindura imbabazi z’ukwigenza nabi.” Bǎri bameze nk’amabuye y’ibisonga yo munsi y’amazi yoshoboye gutabagura no kwica abozi. (Yuda 4, 12, NW) Niko, ibiterangiro vy’abagunzi biratandukanye n’ivy’abo bahuni, mugabo na bano nyene barondera kugirira nabi abaharurwa b’ikorane.

8. Ni ibiki vyashitse ku biraba ivy’ukugerageza ubucuruzi vyasa n’ivyozanye inyungu?

8 Mbere n’abavukanyi b’imigabo myiza bǎragiye inama n’abandi Bakirisu ku vyerekeye ivy’ukugerageza gukora ibintu bisa n’ivyobunguye, hanyuma bo hamwe n’abakurikiye akarorero kabo barahomba amahera bǎri babishizemwo. Umwanzuro vyavuyemwo, Abakirisu batari bake bǎratakaje uduteka mw ikorane. Igihe ukugerageza gutunga ningoga na ningoga bigaragaye ko ari ibidendekeranyo birimwo forode, ūvyungukirako umwe rudende ni mwenekugunga, uwuca kenshi anyika nk’akaravyo. Ubukerebutsi bwoshobora gute gufasha umuntu kwirinda inyifato z’ibintu mwen’izo?

9. Ni kuki ubukerebutsi bukenewe kugira dusuzume ukwirarira kwerekeye ishingwa ry’imitahe?

9 Ubukerebutsi burimwo iciyumviro c’ukuba uwushoboye gutahura ibintu bifurunganye. Ubwo bubangukirwe burakenewe kugira dutegere ukwirarira kw’umuntu kwerekeye ugushinga imitahe. Abakirisu barizigiranira kandi bamwebamwe bashobora kuba biyumvira ko abavukanyi n’abavukanyikazi bo mu vy’impwemu batoja mu vy’ukugerageza ubucuruzi bwoshobora kugeramira amatungo y’abizera bagenzi babo. Ariko ikirukuri c’uko umucuruza yoba ari Umukirisu, ntigitanga igikuramakenga c’uko ahebuje mu vy’ubucuruzi canke ko ishirahamwe ryiwe rizokwererwa.

10. Ni kuki Abakirisu bamwebamwe baronderera ingurane z’ivy’ubucuruzi ku bizera bagenzi babo, kandi ni ibiki bishobora gushikira imitahe ishingwa mwen’iyo?

10 Abakirisu bamwebamwe baronderera ingurane z’ivy’ubucuruzi ku bavukanyi n’abavukanyikazi kubera yuko amashirahamwe atanga ingurane amenyekanye rwose atokwigera aha amahera abagurānyi bafise amashirahamwe ahakwa gutemba. Abenshi bǎrajujutishijwe mu kwemera yuko mu gihe batanze gusa amahera yabo bwa mutahe, boshobora kuronka itunga ningoga batarinze gukora cane, canke kumbure badakoze namba. Hari abakwegērwa n’ugushira imitahe mu rudandaza kubera iteka rijana na vyo, bigatuma baca bahomba ivyo baziganirije ubuzima! Umuvukanyi umwe yatanze bwa mutahe amahera menshi rwose, yiteze ko yoronse 25 kw’ijana vy’inyungu mu ndwi zibiri gusa. Yarahomvye ayo mahera yose igihe itemba ryamenyeshwa icese n’iryo shirahamwe yashizemwo umutahe. Mu kundi kugerageza ubucuruzi, umudandaji w’impǎngo yarasavye abandi bo mw ikorane ingurane y’igitigiri kinini c’amahera. Yabasezeraniye kubasubiza inyungu nini zidasanzwe, mugabo yaratemvye, ahomba ya mahera y’ingurane.

Iyo Ukugerageza Ubucuruzi Guhomvye

11. Ni impanuro nki Paulo yatanze ku biraba umwina hamwe n’ugukunda amahera?

11 Ukunanirwa mu vy’ubucuruzi vyarashikanye ku kuzeruka mbere no ku gutakaza mu vy’impwemu ku Bakirisu bamwebamwe bǐnjiye mu vy’ukugerageza ivy’ubucuruzi bidatomotse. Ukunanirwa kureka ubukerebutsi ngo bukore bwa gikingizi kwǎvuyemwo intuntu n’umubabaro. Umwina warataye mu mutego benshi. Paulo yanditse ati: ‘Umwina ntugacishwe no mu kanwa kanyu, mube nk’uko bibereye igisata c’abera.’ (Abanyefeso 5:3) Kandi yaragabishije ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.”—1 Timoteyo 6:9, 10.

12. Iyo Abakirisu bagiranye ubucuruzi, ni igiki bakwiye canecane kwibuka?

12 Iyo Umukirisu atsimbataje ugukunda amahera, ashobora kwiteza ubwiwe ubukomereke bukomeye mu vy’impwemu. Abafarisayo bari inkunzi z’amahera, kandi ico ni kimwe mu biranga abantu benshi muri iyi misi y’iherezo. (Luka 16:14; 2 Timoteyo 3:1, 2) Igihushanye n’ivyo, uburyo bw’ukubaho bw’Umukirisu bukwiye kutabamwo “[u]gukunda amahera.” (Abaheburayo 13:5) Ego ni ko Abakirisu barashobora kugirana ubucuruzi canke bakabutangurana. Ariko rero iyo bagize ibintu gutyo, ibiyago n’ukuja inama bikwiye kuguma bitandukanijwe n’ibintu vyerekeye ikorane. Kandi niwibuke: No mu bavukanyi bakomeye mu vy’impwemu nyene, nantaryo murashire mu nyandiko amasezerano y’ivy’ubucuruzi. Muri ivyo, ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Nimubishire mu Nyandiko!” cǎsohowe muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Rusama 1983, urupapuro 13-15, kiraba rufasha rwose.

13. Wokoresha gute Imigani 22:7 ku vy’ukugerageza ubucuruzi?

13 Mu Migani 22:7 hatubwira ibi: “Uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye.” Kenshi kwishira ubwacu canke gushira umuvukanyi wacu mu kibanza c’ubushumba ntibiranga ubwenge. Iyo hagize uwo ari we wese adusavye ngo tumugurane amahera y’ukugerageza ubucuruzi, vyoba vyiza turimbuye ubushobozi afise bw’ukuyasubiza. Yoba amenyekanye ko ari umwizigirwa n’umwishimirwa? Yamara n’aho nyene dukwiye kumenya ko ugutanga ingurane mwen’uko gushobora kuba uruhombo rw’ayo mahera kubera yuko abagerageza ivy’ubucuruzi benshi bananirwa. Ukugiriranira amapatano ubwavyo ntivyemeza ko ukwo kugerageza ubucuruzi kuzokwererwa. Kandi vyemere nta kwiyubara kuri mu muntu uwo ari we wese yoshira amahera menshi y’ingurane mu buhakwe mw ishirahamwe kandi adashoboye kurinda uruhombo.

14. Ni kuki dukwiye kugaragaza ubukerebutsi iyo twǎhaye ingurane y’amahera Umukirisu mugenzacu, uwo ubucuruzi buhombanye?

14 Turakwiye kugaragaza ubukerebutsi iyo twǎguranye Umukirisu amahera ku bw’intēgo z’ubucuruzi hanyuma nya mahera akaba yarahomvye, naho nyene ata ngeso z’ubugunge zoba zaragiyemwo. Niba uguhomba kw’ubwo bucuruzi kutavuye kw ikosa ry’uwo mugenzacu yizeye yari yasavye iyo ngurane y’amahera, twoba dushobora kuvuga ko twagiriwe nabi? Oya, kubera yuko twǎtanze iyo ngurane tuvyishakiye, kumbure twarayaronseko inyungu, kandi hakaba ata kintu c’ubugunge na kimwe cǎgizwe. Kubera ko ata bugunge bwagiyemwo, nta shingiro dufise ry’ukwitwarira uwo mugurānyi. Vyomara iki gushengeza Umukirisu mugenzacu w’inzirabugunge yabwirijwe kumenyesha ubutegetsi uruhombo kubera ubucuruzi yagirana imigabo myiza bwananiwe?—1 Ab’i Korinto 6:1.

15. Ni inyungamwo izihe zikwiye kurimburwa iyo ubuhombe butangajwe?

15 Rimwe na rimwe abantu barashikirwa n’ukunanirwa mu vy’ubucuruzi bararondera indemuruzo mu kumenyesha ko bǎhomvye. Kubera yuko Abakirisu ata rwangara bagira ku mwenda, mbere n’inyuma y’ugukurwako imyenda yinaka, bamwe bǎriyumvisemwo ko ari ngombwa ngo bagerageze kuriha ayo bǎkuweko hamwe uwo bahoze baheraniye yokwemera kurihwa. Ariko vyogenda gute hamwe umugurānyi yohomba amahera y’umuvukanyi wiwe, hanyuma akiberaho mu buryo bwogereranywa n’ukudibama? Canke bite ho mu gihe umugurānyi yoronka amahera ahagije yotuma ariha ivyo yagurānye mugabo akiyobogiza ibanga runtu ry’ukuriha amahera uwo muvukanyi wiwe? Hoshobora kuba amazinda ku vyerekeye kamere uwo mugurānyi asabwa kugira azezwe amabanga mw ikorane.—1 Timoteyo 3:3, 8; raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1994, urupapuro 30-1.

Bite Habayemwo Forode?

16. Ni intambwe nyabaki zishobora guterwa iyo dusa n’abahomvye bivuye kuri forode yo mu bucuruzi?

16 Ubukerebutsi buradufasha gutahura ko imitahe yose itanzwe itavamwo inyungu. Yamara, bite ho iyo bigiyemwo forode? Forode isigurwa ko ari “uguhenda ku rwenge, uguca mu ryahumye, canke ukugoramika ukuri kugira uwundi muntu ahebe ikintu c’agaciro kinaka camwegukira canke ahebe ivyo yari afitiye uburenganzira.” Yezu Kirisitu yaradondaguye intambwe nyamukuru zogirwa iyo umuntu yiyumvira ko yagunzwe n’Umukirisu mugenziwe. Nk’uko vyanditswe muri Matayo 18:15-17, Yezu yavuze ati: “Mugenzawe ni yakugirira nabi, ugende umuhishuke mwiherereye; ni yakwumvira, uzoba wigaruriye mugenzawe. Ariko n’atakwumvira, ujane umwe canke babiri, kugira ngw ijambo ryose rize riringanizwe, bivuye mu kanwa k’ivyabona bibiri canke bitatu. N’atabumvira ubgire [ikorane]; ni yanka kwumvira [ikorane] na ryo, kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.” Ikirorezo Yezu yatanze mu nyuma kirerekana ko mu muzirikanyi yǐyumvira ivyaha nk’ibirimwo ingorane z’ivy’amahera, hashizwemwo na forode.—Matayo 18:23-35.

17, 18. Iyo uwiyita ko ari Umukirisu atugunze, ubukerebutsi bushobora kuturinda gute?

17 Ego ni ko nta shingiro mvavyanditswe ry’ugutera izo ntambwe zerekanwa muri Matayo 18:15-17 iyo ata kimenyamenya canke ikiranzi cerekana ko hǎbaye forode. Yamara, vyogenda gute niba uwiyita ko ari Umukirisu atugunze vy’ukuri? Ubukerebutsi burashobora kuturinda ngo ntitugire ibintu bishobora gutuma ikorane rimenyekana nabi. Paulo yahanuye Abakirisu bagenziwe kureka ubwabo ngo bagirirwe nabi, eka mbere ngo bagungwe hagushengeza umuvukanyi imbere ya sentare.—1 Ab’i Korinto 6:7.

18 Abavukanyi n’abavukanyikazi bacu nyakuri ‘ntibuzuye ubugunge n’ububi’ nka kumwe kwa wa munyamareba, Bari-Yesu. (Ivyakozwe n’intumwa 13:6-12) Nuko nidukoreshe ubukerebutsi iyo amahera ahombeye mu vy’ukugerageza ubucuruzi birimwo abizera bagenzacu. Iyo turiko twiyumvira ivy’ukuja kwitwara, dukwiye kurimbūra ingaruka bishobora kugira kuri twebwe ubwacu, kuri nya wundi muntu canke abandi bantu, kw ikorane, no ku bo hanze. Ugukurikirana ivy’ugushumbushwa vyoshobora kudutwara umwanya munini, inguvu, n’ibindi bintu dutunze. Bishobora kuvamwo gusa ugutungisha abacamanza bakuru hamwe n’abandi babijejwe. Ikibabaje, hari Abakirisu bǎhevye uduteka twa gitewokarasi kubera ugutwarwa rwose n’ivyo bintu. Ugusamara kwacu muri ubwo buryo ni ngombwa kube gutuma Shetani anezerwa, mugabo tugomba ko umutima wa Yehova ugira akamwemwe. (Imigani 27:11) Ku rundi ruhande, ukwemera uruhombo bishobora kuturinda intuntu, bikaducungurira umwanya munini twebwe ubwacu, hamwe n’uw’abakurambere. Bizofasha kuzigama amahoro y’ikorane kandi bidushoboze kubandanya kurondera Ubwami imbere y’ibindi.

Ubukerebutsi mu vy’Ugufata Ingingo

19. Ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu n’isengesho bishobora kutugirira iki iyo turiko dufata ingingo zishuhisha umutwe?

19 Ugufata ingingo zerekeye amahera n’ivy’ubucuruzi gushobora kudushuhisha rwose umutwe. Mugabo ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu bushobora kudufasha kurimbura twitonze inyungamwo hanyuma tugafata ingingo ziranga ubwenge. Vyongeye, ukwishimira Yehova gufatanije n’ugusenga kurashobora kutuzanira “amahoro y’Imana.” (Ab’i Filipi 4:6, 7) Ayo mahoro ni ubutekāne n’impore biva mu bucuti bukomeye tugiriranira ubwacu na Yehova. Vy’ukuri, amahoro mwen’ayo arashobora kudufasha kugumana uburimbane bwacu iyo duhanzwe n’ugufata ingingo zikomeye.

20. Ni igiki dukwiye kwiyemeza kugira ku biraba ivy’ubucuruzi n’ikorane?

20 Nitwiyemeze kutareka ngo imihazuko y’ivy’ubucuruzi ihungabanye amahoro yacu canke ay’ikorane. Turakeneye kwibuka ko ikorane rya gikirisu rikora kugira ridufashe mu vy’impwemu, si ukuba ikibanza c’ivy’ugukurikirana urudandazwa. Ivy’ubucuruzi bikwiye kuguma bitandukanijwe n’imirimo y’ikorane. Turakeneye gukoresha ubukerebutsi n’ukwiyubara iyo tugomba kwinjira mu vy’ukugerageza ubucuruzi. Kandi nitwamane nantaryo ukubona ibintu kurimbanye ku vyerekeye ibintu mwen’ivyo, turondere ivyungura Ubwami imbere y’ibindi. Mu gihe ivy’ukugerageza ubucuruzi birimwo abizera bagenzi bacu vyokwanka, nitwinanate tugirire abo bose vyerekeye ibirushirije kuba vyiza.

21. Dushobora gukoresha gute ubukerebutsi kandi tukagira ibihwanye n’ibiri mu B’i Filipi 1:9-11?

21 Ah’ukwitwararika birenze urugero ivyerekeye ivy’amahera hamwe n’ibindi bintu ata kintu kinini bimaze, twebwe twese niduhengekere umutima wacu ku bukerebutsi, dusenge ngo turonke ubuyobozi bw’Imana kandi tugumize imbere ivyungura Ubwami. Mu buryo buhuye n’isengesho rya Paulo, ‘urukundo rwacu nirugwiremwo ubumenyi ntagakosa n’ubukerebutsi bwuzuye kugira tumenye neza ibintu vy’ingirakamaro gusumba kandi ntidutsitaze abandi’ canke ngo twitsitaze ubwacu. Ubu, aho wa Mwami Kirisitu ari ku kivyagiro ciwe co mw ijuru, nitugaragaze ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu muri buri muce wose w’ubuzima. Kandi ‘nitwuzure imbuto zo kugororoka ziheshwa na Yezu Kirisitu, ngo duheshe Imana icubahiro n’ishimwe,’ yo Mukama Segaba Yehova.—Ab’i Filipi 1:9-11, NW.

Wokwishura Iki?

◻ Ubukerebutsi ni iki?

◻ Ni kuki kugaragaza ubukerebutsi mu vyerekeye ubucuruzi bugirwa hagati y’Abakirisu ari inkenero idasanzwe?

◻ Ubukerebutsi bushobora kudufasha gute iyo twiyumvamwo ko uwizera mugenzacu yatugunze?

◻ Ni uruhara ki ubukerebutsi bukwiye kugira mu vy’ugufata ingingo?

[Ifoto ku rup. 16]

Ubukerebutsi buzodufasha gukurikiza ya mpanuro ya Yezu y’ukuguma turondera Ubwami imbere y’ibindi

[Amafoto ku rup. 18]

Nantaryo amasezerano y’ivy’ubucuruzi nimuyashire mu nyandiko

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika