ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/4 rup. 4-8
  • Iyi Yoba vy’Ukuri Ari yo Misi y’Iherezo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyi Yoba vy’Ukuri Ari yo Misi y’Iherezo?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abayoboke ba Yezu Babaza Ikibazo Gihambaye
  • Umuhero wa Yeruzalemu
  • Intambara mu Misi y’Iherezo
  • Iyindi Mice y’Ico Kimenyetso
  • Iri Yaruka Ryoba Ari Rimwe Ryamenyekanishwa?
  • Inkuru Nziza
  • “Umuhero w’Isi” Uri hafi!
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yezu atanga ubuhanuzi bwoshikije ibintu bihambaye cane
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/4 rup. 4-8

Iyi Yoba vy’Ukuri Ari yo Misi y’Iherezo?

DUFATE ko woba uri mu gihimba c’imbere c’akato gatoyi kageze ahantu mu ruzi bitoroshe gusoza. Ibihongo vy’amabuye biriserura mu myikubango y’imikuba n’isūri. Nawe uragerageza kubikuma n’ingafe. Umuntu ari inyuma yawe akazi kiwe ni ukugufasha gusoza ako kato mugabo nta vyo amenyereye. Ikigiye kuvyunyura, nta karata ndanganzira ufise, gutyo ukaba ata ciyumviro ufise c’uko ayo masūmo yoba aja mu kibenga gitekanye canke ko aja kwisuka epfo.

Si ikintu giteye akamwemwe kuraba, si ko none? Nuko reka tugihindure ukundi. Iyumvire ko uri kumwe n’indongōzi aciye uruma, uwuzi neza rwose urwo ruzi. Yamenye neza imbere y’igihe ko ayo mazi asuriranya mwariko muyegereza, arazi aho aja kubashikana, kandi arazi uburyo bw’ukuyacamwo. Ntiwokwiyumvamwo none ko utekaniwe rwose gusumba?

Vy’ukuri, twebwe twese turi mu nyifato y’ibintu imeze nk’iyo. Bitavuye kw ikosa ryacu bwite, tugeze mu kiringo kitoroshe co mu nkuru y’ivyabaye yerekeye abantu. Abantu benshi nta ciyumviro bafise ku gihe ibintu bizomara bimeze gutya, niba ibintu bizotungana bikamera neza, canke ukuntu bobandanya kubaho mu kurindira. Mugabo ntidukwiye kwiyumvamwo ko twazimiye canke ko tutagira gitabara. Umuremyi wacu yaraturonkeje indongōzi—iyavuze imbere y’igihe ivy’iki kiringo c’umwiza co mu nkuru y’ivyabaye, ikabûra ukuntu kizorangira, kandi igatanga ubuyobozi dukeneye kugira tuzobone kurokoka. Iyo ndongōzi ni igitabu, ari co Bibiliya. Umwanditsi waco, Yehova Mana, ubwiwe yiyita Umucishabwenge Mukuru, kandi abicishije kuri Yesaya yavuze mu buryo bumara agahinda ati: “Nimwakikamira i buryo cank’i bumoso, amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.” (Yesaya 30:20, 21) Woba wokwakira neza ubuyobozi mwen’ubwo? Reka rero twihweze niba Bibiliya vy’ukuri yaravuze imbere y’igihe ukuntu iyi misi turimwo yobaye imeze.

Abayoboke ba Yezu Babaza Ikibazo Gihambaye

Abayoboke ba Yezu bategerezwa kuba baratangaye rwose. Yezu yari ahejeje kubabwira mu majambo atomoye, yuko inyubakwa z’urusengero rw’i Yeruzalemu zitangaje zosanganguwe bimwe bishitse! Imbǔri mwen’iyo yatuma umuntu yumirwa. Gatoyi inyuma y’aho, bicaye ku Musozi wa Elayono, bane muri nya bayoboke babajije Yezu bati: “Tubgire, ivyo bizobaho ryari, kand’ikimenyetso kizoba iki c’[ukuhaba kwawe n’ic’umuhero w’ivy’iyi si]?” (Matayo 24:3; Mariko 13:1-4) Bayitahura canke batayitahura, inyishu Yezu yatanze yobaye yerekeye ibintu bitari bimwe.

Isangangurwa ry’urusengero rw’i Yeruzalemu hamwe n’umuhero w’ivy’Abayuda ntivyobereye mu gihe kimwe n’ukuhaba kwa Kirisitu hamwe n’umuhero w’ivy’iyi si vyose uko bingana. Ariko rero, mu nyishu yiwe iramvūye, Yezu n’ubuhanga n’akantu yaratanze inyishu kuri iyo mice yose y’ico kibazo. Yarababwiye ukuntu ibintu vyobaye bimeze imbere y’isangangurwa rya Yeruzalemu; yarababwiye kandi ukuntu isi yobaye imeze mu kiringo c’ukuhaba kwiwe, igihe yobaye ariko ategeka bwa Mwami mw ijuru kandi agabirije kuzana umuhero w’ivy’iyi si vyose.

Umuhero wa Yeruzalemu

Banza wihweze ivyo Yezu yavuze ku biraba Yeruzalemu n’urusengero rwaho. Imyaka irenga mirongo itatu imbere y’uko biba, yaravuze ivy’igihe c’amagume y’agakomeye yoshitse kuri kimwe mu bisagara bikomeye birushirije mw isi. Raba canecane amajambo yavuze yanditswe muri Luka 21:20, 21: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira bushike. Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu.” Niba Yeruzalemu hokikijwe, hakazungurukwa n’ibitero, ‘abari hagati yaho’ boshoboye gute ‘kuhasokoroka’ bitagoranye nk’uko Yezu yari yabibabwirije? Biragaragara, Yezu yariko akikiririza ku vy’uko hariho akaryo kobonetse. Koba none karabonetse?

Mu 66 G.C., ingabo z’Abaroma zitegekwa na Cestius Gallus zarashoreye inteko z’abagarariji b’Abayuda bazisubiza i Yeruzalemu hanyuma babajunjika mu gisagara. Abaroma mbere baragize igitero mu gisagara ubwaco, baranashikira igihome c’urusengero. Mugabo ico gihe Gallus yarategetse ingabo ziwe kugira ikintu vy’ukuri kidasigurika. Yababwirije kwidohora bakavayo! Abasirikare b’Abayuda n’umwishimo bǎrasokorotse barakurikirana kandi barateza uruhombo abansi babo b’Abaroma bariko barahunga. Gutyo rero ka karyo Yezu yavuga kari kabonetse. Abakirisu b’ukuri barafashe nka nkama imburizi yatanze hanyuma barava i Yeruzalemu. Iyo ngingo yaranga ubwenge, kuko hapfuye guca imyaka ine ingabo z’Abaroma ziragaruka, ziri kumwe na Jenerali Titus abarongōye. Ico gihe nta guhunga kwashobora kuba.

Ingabo z’Abaroma zarasubiye gukikiza Yeruzalemu; zirubaka uruzitiro rw’ibiti bisongoye ku nkikuro zaco. Yezu yari yaramenyesheje ivyerekeye Yeruzalemu ati: “Imisi izokuzako, ah’abansi bawe [bazokwubaka uruzitiro rw’ibiti bisongoye ru]gukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zoze.”a (Luka 19:43) Bidatevye, Yeruzalemu haratemvye, urusengero rwaho rw’akaroruhore rwaraciwe amatongo afumba umwotsi. Amajambo ya Yezu yari yarangutse bimwe bishitse!

Ariko rero Yezu mu muzirikanyi yari afise n’ibindi, turetse ivy’iryo sangangurwa rya Yeruzalemu. Abayoboke biwe bari bamubajije kandi ivyerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe. Ico gihe nta vyo bari bazi, mugabo ico cari cerekeye igihe yobaye yimitswe ngo ahangame ari Umwami mw ijuru. Ni ibiki yamenyesheje?

Intambara mu Misi y’Iherezo

Iyo usomye Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25, Mariko ikigabane ca 13, na Luka ikigabane ca 21, urabona ikimenyamenya c’intihenda c’uko Yezu yariko avuga ivyerekeye iki kiringo turimwo. Yamenyesheje ko hobayeho igihe c’intambara—atari za “[n]tambara n’impuha z’intambara” vyamye nantaryo bitera umudugararo mu nkuru y’ivyabaye yerekeye abantu, mugabo ni intambara zirwanwa n’‘ihanga ritera ihanga hamwe n’ubwami butera ubwami’—egome, intambara mpuzamahanga zihambaye.—Matayo 24:6-8.

Iyumvire gatoyi ivyerekeye ukuntu ivy’ukurwana intambara vyahindutse muri iki kinjana turimwo. Kera igihe intambara yasigura gusa ukwesana kw’ingabo ziserukira ibihugu bibiri birwana, ukurimagurana inkota canke mbere ugutumurana insasu kw irwaniro, vyari agaterabwoba bihagije. Mugabo mu 1914 Intambara Ihambaye yaradutse. Ihanga ryarakurikiye ihanga akaja mu rugamba rw’umukwegano w’indwano—intambara ya mbere ikwiye ku mubumbe wose. Ibirwanisho nyawirasa vyarakozwe kugira bije birarushiriza kwica abantu benshi kandi bikica biri kure rwose. Inkoho zipiragura insoro zaraciraguye amasasi abantu baratikira; imyuka y’ubumara irayigiza, iraturubika, iramugaza, kandi irica abasirikare ibihumbi n’ibihumbi; ibiduga vy’indwano ata kigongwe vyaratutaguriye mu ngabo z’abansi ibisasu vyazo vy’agahambaye vyaka umuriro. Indege hamwe n’amato y’indwano vyarakoreshejwe na vyo nyene—ivyitangiye imbere y’ibihari ubu bikomeye kubisumvya.

Intambara ya II y’Isi Yose yarakoze ibitokwiyumviriwe—vy’ukuri yatumye iya mbere iboneka ko itari ihambaye, itikiza abantu amamiliyoni mirongo. Ivyikorerandege bininibinini, ibimeze nk’ibisagara bireremba, vyaragendagenda mu biyaga hanyuma bikagurura indege z’indwano kugira zikoragure amabombe ziri mu kirere ziyarekurira ku bansi. Amato agendera munsi y’amazi yarasenyuye kandi aradwebeza amato y’indwano y’abansi. Amabombe ya atome na yo yarakoraguwe, ahitana abantu ibihumbi uko yaturika kwose! Nk’uko Yezu yabimenyesheje, harabaye vy’ukuri “ibiteye ubgoba” biranga iki kiringo c’intambara.—Luka 21:11.

Intambara yoba yaracureshe inyuma y’Intambara ya II y’Isi Yose? Haba namba. Rimwe na rimwe intambara nyinshi zirabica bigacika mu mwaka umwe rudende—mbere no muri iyi myaka ikurikira uw’1990—zigahitana abantu amamiliyoni. Kandi harabaye ihinduka mu vyerekeye abahuta barazigwamwo. Abasirikare si bo bagipfa canecane. Muri iki gihe, abapfa bahitanywe n’intambara—koko, abarenga 90 kw’ijana muri bo—ni abanyagihugu.

Iyindi Mice y’Ico Kimenyetso

Intambara si wo muce wonyene wa ca kimenyetso Yezu yatanga. Yarabūye kandi ko hobaye “amapfa.” (Matayo 24:7) Kandi ni vyo yarahabaye, naho nyene bidatahurika kubera yuko isi yimbuka ibifungurwa biruta ibikenewe vyo kugaburira abantu iyo bava bakagera, ubuhinga bw’ivy’uburimyi na bwo bukaba burushiriza gutera imbere kuruta mu kindi gihe cose co mu nkuru y’ivyabaye yerekeye abantu, ukwunguruza ibintu na kwo kwihuta kandi gukomeye kukaba kuriho kugira ibifungurwa bijanwe aho ari ho hose kw isi. Nanzi ngo ivyo vyose, hafi ica gatanu c’abantu bo kuri iyi si buri mwaka barasinzikazwa n’inzara.

Yezu yaramenyesheje kandi ko “hamwe-hamwe” hoteye “ikīza.” (Luka 21:11) Vyongeye, iyi myaka turimwo yarabayemwo ikintu c’agatangaza—hariho umwitwarariko nyakuri mu vy’ubuvuzi kuruta ikindi gihe cose, amajambere mu vy’ihingura ry’ibikoresho, imiti y’ugucandaga ikinga indwara nyinshi zikwiye nka hose; yamara indwara z’ibīza zarongerekanye kuruta mu bihe vyose vyarenganye. Ya Nyonko yǎnduruka muri Esupanye yarakurikiye idatevye Intambara ya I y’Isi Yose, ihitana abantu benshi kuruta abahitanywe n’iyo ndwano. Iyo ndwara yarandukira ku buryo mu bisagara nka New York, abantu bǎshobora gutozwa ihadabu canke bagapfungwa kubera gusa ko bāsamuye! Muri iki gihe kanseri n’indwara y’umutima zihitana abantu amamiliyoni buri mwaka—ni ibīza vy’ubugesera. Kandi SIDA irabandanya kwica abantu, na canecane ikaba ari indwara itaratorerwa umuti.

Mu gihe Yezu yavuze ivy’imisi y’iherezo mu mvugo zerekeye ahanini ibintu bishika kure vyobaye mu nkuru y’akahise no muri politike, intumwa Paulo we yarushirije gushimika ku mbangamyi zo mu kibane hamwe n’inyifato zobaye zikwiye hose. Muri rusangi yanditse ati: “Umenye yuko mu misi y’iherezo hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, . . . [b]anegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, . . . batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana.”—2 Timoteyo 3:1-5.

Ayo majambo woba umenyereye kuyumva? Ihweze gusa umuce umwe w’iyononekara ry’ikibane mw isi ya none—ari wo sambuka ry’umuryango. Igitigiri kinini c’ingo zisenyuka, abubatse bakubitwa, abana bacumukuzwa, n’abavyeyi bageze mu zabukuru bafatwa nabi—ese ukuntu ivyo bintu vyerekana ko abantu “badakunda n’ababo” ari “inkazi,” ko mbere ari “abaguranyi,” “badakunda ivyiza”! Egome, muri iki gihe izo ngeso turabona ko zikwiye hose.

Iri Yaruka Ryoba Ari Rimwe Ryamenyekanishwa?

Ariko rero ushobora kwibaza ngo ‘Mbega none ivyo bintu ntivyamye nantaryo bitera amarushwa ubwoko-muntu? Tumenya dute ko iri yaruka rya none ari rimwe ryamenyekanishwa muri ivyo bimenyeshakazoza vya kera?’ Reka twihweze ikimenyamenya gitangwa mu buryo butatu kigaragaza ko Yezu yariko avuga ivyerekeye iki gihe turimwo.

Ubwa mbere, naho habaye iranguka ritoyi rya mbere na mbere mw isangangurwa rya Yeruzalemu n’urusengero rwaho, amajambo ya Yezu yari yerekeye canecane kazoza ka kure y’ico gihe. Haciye nk’imyaka 30 inyuma y’ubugesera bwasanganguye Yeruzalemu, Yezu yarahaye intumwa ashaje, Yohani, umubono-ndoto werekana yuko vya bintu vyamenyekanishwa—indwano, amapfa, ikīza, n’urupfu vyoteye—vyotegerejwe kuba kw isi yose muri kazoza. Egome, ayo makuba ntiyoshikiye umuhingo umwe gusa, mugabo “isi” uko ingana.—Ivyahishuriwe Yohana 6:2-8.

Ubwa kabiri, muri iki kinjana imice imwimwe y’ico kimenyetso ca Yezu iriko iranguka mu vyo twokwita urugero rw’agaheta. Nk’akarorero, vyoba bishoboka ko intambara zidabuka kuruta uko zabaye kuva mu 1914? Hamwe horamuka habaye Intambara ya III y’Isi Yose, n’ingene hari ibihugu bifise ibirwanisho ruhonyanganda vyokoresha, inyuma y’indwano iyi si yose yosangwa imeze nk’umwavu wayigijwe—ubwoko-muntu na bwo bukazimangana bwose. Ibimeze nk’ivyo, Ivyahishuriwe Yohana 11:18 hǎmenyesheje ko muri iyi misi, mu gihe amahanga ‘yaratse,’ ubwoko-muntu bwobaye buriko ‘bohonya isi.’ Ni bwo bwa mbere mu nkuru y’ivyabaye ubutosekare hamwe n’iyononekara ry’ibidukikije ubu bihanamira ubushobozi uwu mubumbe ufise bw’uguturwako n’abantu! Uwo muce na wo nyene biraboneka ko uriko uraranguka mu rugero rwawo rw’agaheta, canke hafi yarwo. Intambara n’ubutosekare vyoshobora none kubandanya vy’ukuri kwunyuka gushika aho abantu bihonya ubwabo, bo hamwe n’uwu mubumbe? Ihibambewe; kubera yuko Bibiliya ubwayo ivumera ivy’uko iyi si izokwamaho, ituweko n’abantu b’umutima ugororotse.—Zaburi 37:29; Matayo 5:5.

Ubwa gatatu, ikimenyetso c’imisi y’iherezo gitahurika canecane iyo gifatiwe hamwe. Muri rusangi, iyo twihweje imice Yezu yavuze muri za Njili zitatu, iyiri mu vyandiko vya Paulo, n’iyiri mu Vyahishuriwe Yohana, dusanga ico kimenyetso gifise imice myinshi rwose. Umuntu yoshobora kugira ibihari ku muce umwumwe, akavuga ko mu yindi myaka habaye imbangamyi nk’izo nyene, mugabo iyo tuvyihweje tubifatiye hamwe, bidoma urutoke rudahusha ku kiringo kimwe—iki turimwo.

Mbega none ivyo vyose vyoba bisiguye iki? Ko Bibiliya yoba gusa idondora ko iki kiringo turimwo ari igihe c’umuzeruko, c’umwiheburo? Ishwi da!

Inkuru Nziza

Umwe mu mice yibonekeje y’ikimenyetso c’imisi y’iherezo wanditswe muri Matayo 24:14 uku: “[Iyi nkuru nziza y]’ubgami [i]zovugwa mw isi yose, ngo [i]be ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” Muri iki kinjana, Ivyabona vya Yehova bǎraranguye igikorwa kimeze ukwaco mu nkuru y’ivyabaye yerekeye abantu. Baremeye ubutumwa bwa Bibiliya bwerekeye Ubwami bwa Yehova Mana—ico ari co, ukuntu butegeka, hamwe n’ivyo buzorangura—bongera barasagamvya ubwo butumwa kw isi iyo iva ikagera. Barasohoye ivyandikano ku biraba ico kibazo mu ndimi zirenga 300 bongera barabishira abantu mu mihana yabo canke ku mabarabara canke ku bibanza vy’ubucuruzi, vy’ukuri mu gihugu ico ari co cose co kw isi.

Mu kubigenza batyo, barashitsa ico kimenyeshakazoza. Ariko kandi barakwiza hose icizigiro. Menya yuko Yezu iyo yayise ‘inkuru nziza,’ si inkuru mbi. Ivyo vyobaye gute muri ibi bihe vy’umwiza? Kubera yuko ubutumwa nyamukuru bwa Bibiliya buterekeye ukuntu ibintu bizoba ari bibi ku muhero w’iyi si ishaje. Ubutumwa nyamukuru bwayo burimwo ivyerekeye Ubwami bw’Imana, kandi ubwo Bwami busezerana ikintu c’igikundiro ku mutima w’umuntu uwo ari we wese w’inkundamahoro—ukurokorwa.

Nako ukwo kurokorwa ni iki, kandi gushobora kuba ukwawe gute? Turagusavye wihweze ibiganiro bikurikira vyerekeye ico kibazo ku rupapuro 20 gushika 29.

[Akajambo k’epfo]

a Ngaho Titus yategerezwa gutsinda. Ariko rero mu biringo bibiri bihambayehambaye, ntiyashikije ivyo agomba. Yarasavye ko botanga imihoho mu mahoro, mugabo abakuru b’igisagara baravyankanye akagama, mu buryo budasigurika. Hanyuma igihe ibihome vy’igisagara vyari bimaze gusenyurwa, yarasavye ko urusengero rurekwa. Yamara rwatongōwe n’umuriro ubudasigazwa! Ikimenyeshakazoza ca Yezu cari caratomoye icese ko Yeruzalemu horimaguritse n’uko urusengero rwosenyaguwe ubudasigazwa.—Mariko 13:1, 2.

[Iciyumviro ku rup. 5]

Abantu bariko barondera inyishu z’ibibazo bivuruga ubwenge nk’ibi: Ni kuki ibintu bimeze nabi gutya? Ubwoko-muntu buriko buja he?

[Iciyumviro ku rup. 6]

Muri iki gihe, abarenga 90 kw’ijana mu bahitanwa n’intambara ni abanyagihugu

[Ifoto ku rup. 7]

Ikimenyeshakazoza ca Yezu cerekeye isangangurwa rya Yeruzalemu cararangutse bimwe bishitse

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika