Ibifungurwa Bihagije Isi Bizoboneka—Mu Buryo Nyabaki?
“UTWIGORO twacu turushirije dushobora kuba tudahagije kugira ibifungurwa bihagije bigume biboneka nk’uko vyabaye mu gice kinini c’iki kinjana,” uko ni ko Lester Brown, perezida w’ishirahamwe Worldwatch Institute ryo muri Washington, D.C. yiraririye avuga. Nk’uko vyavuzwe n’ikinyamakuru New Scientist, mu ntango zo mu 1995, ibigega vy’intente vyo kw isi vyaragabanutse bimwe bitari bwashike bigera ku matoni imiliyoni 255—ayahagije kugira isi igaburirwe mu misi 48 yonyene. Mu myaka y’imbere y’aho, igihe ibigega vy’intete vyagabanuka gushika aho vyogaburira isi mu misi 60, canke iy’iri musi yayo, ibifungurwa vyarashobora gusubira kuba ibihagije. Mugabo ubu ishirahamwe Worldwatch riri n’amazinda ku vy’ubushobozi bw’isi bw’ukugarura ivyo ryahomvye.
Inyuma y’imyaka itatu y’umwimbu w’intica ntikize, kandi ibihugu biteye imbere na vyo bikoresha intete bwa ngaburo y’ibikoko, intete ziboneka ni nke ku mworo azikeneye bwa gifungurwa mbumbarugo. Ikinyamakuru New Scientist kirabûra ivy’uko niba ukwo kuntu ibintu vyifashe kutitwararitswe mu maguru masha, abantu bangana umuliyaridi basumisha ibice 70 kw’ijana vy’amafaranga binjiza buri mwaka, bazotangura kuyamishwa n’ikigoyi.
Bibiliya yaramenyesheje yuko muri iki gihe ababa kw isi bogize “amapfa.” (Luka 21:11) Yamara Imana ntiyirengagiza ivy’iyo ngorane. Vy’ukuri, umwitwarariko ifise ku biraba ukuntu ivy’abantu vyifashe uzogaragazwa bidatevye igihe Ubwami bwiwe buzotangura kuganza ibintu vyose vyo kw isi. Muri ico gihe “isi i[zokw]imbuka ivyimburo vyayo.” “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi.” (Zaburi 67:6; 72:16) Niho aya majambo menyeshakazoza yerekeye Umuremyi azoranguka: “Ugendera isi, . . . u[ka]yitungisha cane; . . . imyonga yeramw’impeke zirayitwikira.”—Zaburi 65:9, 13.
Iyo mihango y’igitangaza yoba igukwegēra? Woba ushima kumenya uburyo bw’ukuyigiramwo umugabane? Nuko urasaba Ivyabona vya Yehova bakubwire vyinshi ku vyerekeye iyo Paradizo yasezeranywe igihe bazosubira kuramutsa ku rugi iwawe. Niba wokwakīra ayandi mabwirwa, canke ukaba wokunda ko hagira uwukugendera kugira arongôre urwigo rwa Bibiliya rw’i muhira wogirana na we ata co urishe, turagusavye wandikire Association Les Témoins de Jéhovah du Burundi B.P. 2150, Bujumbura, canke ku ndanzi ibereye yinjijwe, ku rupapuro 2.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 32]
Agafoto kongewemwo: Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.