Ugukorera mu Mpisho mw Izina ry’Umukama
IGITERO c’umwuka w’isumu cagizwe ku nzira yo mu kuzimu y’i Tokyo mu Buyapani muri Ntwarante 1995 cishe abantu 12, kirwaza abandi ibihumbi, congera kiranafasha guhishura ibanga. Akadumbi k’idini kitwa Aum Shinrikyo (Ukuri Ruheta) kari karunze ikigega c’umwuka mubi wica wo gukoresha mu gukurikirana ibintu vy’akayoberane.
Hashize ukwezi, ikibombe caraturitse gisanzaza inyubakwa ya Reta Zunze Ubumwe, mu Gisagara c’i Oklahoma, hanyuma cirahira abantu 167. Bisa n’uko ico gitero hari ukuntu coba cari n’ico gipfana n’ingorane intwaro yari ifitaniye n’akagwi k’ivy’idini k’abiyita aba Dawudi k’i Waco muri Texas, hakaba hari haciye imyaka ibiri yuzuye. Ico gihe abari muri ako kagwi bashika nka 80 barapfuye. Ukwo guturika kw’ikibombe kandi kwarahishuye icari gihishijwe abantu benshi, na co ni iki: Hari imigwi myinshi y’ingabo z’ivya gisirikare yitwaza ibirwanisho ubu ikorera muri Reta Zunze Ubumwe, muri yo hakaba hatabuzemwo iyǐcurwa ko itegekanya kurwanya intwaro.
Mu nyuma, mu mpera z’umwaka w’1995, ibiziga biyigijwe vy’abantu 16 vyaratowe mw ishamba ry’iruhande ya Grenoble, mu Bufaransa. Bari bahoze bari mu Muryango w’Urusengero rw’Izuba, kano kakaba ari akagwi k’idini kavuzwe mu makuru muri Gitugutu 1994 mu Busuwisi no muri Kanada, igihe 53 mu bakagize biyahura canke bakagandagurwa. Ariko no mu nyuma y’ico kintu c’agacamutima, ako kadumbi karabandanije gukora. Gushika uyu musi igituma gakora hamwe n’imigambi yako nta wubizi.
Ingeramizi Iva ku Gukorera mu Mpisho kw’Idini
Turavye ivyo vyose biba, biratangaje none kubona abantu benshi ubu bicura imigwi y’ivy’idini? Iyo wumva, nta muntu yorondera gushigikira ishirahamwe rikorera mu mpisho—ryaba iry’ivy’idini canke iritari iry’ivy’idini—ryikinga inyuma y’umutima arifiseko kandi rigatuma akurikirana ibintu atagomba. None abantu bogira iki kugira birinde kugwa mu mutego w’ukuja mu mashirahamwe akorera mu mpisho ateye amakenga?
Ni icibonekeza, umuntu wese ariko yihweza ivy’ukwinjira mw ishirahamwe rikorera mu mpisho vyoba biranga ubwenge abanje kuraba neza ivyo nya shirahamwe rikurikirana. Agahato kava ku bagenzi canke ku ncuti gakwiye kwirindwa, kandi ingingo afata zikwiye kuba zidashingiye ku kuntu nya muntu yiyumvira, ariko riho ku bintu vy’ukuri. Dukwiye kwibuka yuko umuntu ubwiwe ari we azotegerezwa gucumukuzwa n’inkurikizi izo ari zo zose zoshobora kwaduka, si abandi.
Ugukurikiza ingingo za Bibiliya ni bwo buryo butagiramwo amazinda birushirije bw’ukwirinda imigwi iteye ingeramizi, ifise imvo z’urupfasoni ruke. (Yesaya 30:21) Ivyo bisaba ko umuntu aguma yitaramuye mu vya politike, akagirira abandi urukundo, mbere agakunda n’abansi, akirinda “ibikorwa vy’akameremere,” kandi agatsimbataza ivyamurwa ku mpwemu y’Imana. Ikiruta vyose, Abakirisu b’ukuri bategerezwa kutaba ab’isi nk’uko nyene Yezu atari uw’isi, ivyo na vyo bikaba bikuramwo ukuja mu mashirahamwe yo mw isi akorera mu mpisho.—Ab’i Galatiya 5:19-23; Yohana 17:14, 16; 18:36; Abaroma 12:17-21; Yakobo 4:4.
Ivyabona vya Yehova bo ni abatohoji ba Bibiliya bashirutse ubute, badafata minenegwe ukwizera kwabo kandi bagerageza izuba riva kubaho bakwisunga. Kw isi yose, barazwi neza ko ari umugwi w’ivy’idini ‘urondera amahoro kandi ukayakurikirana.’ (1 Petero 3:11) Igitabu cabo Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu, kiravuga kitihenda kiti: “Ivyabona vya Yehova si ishirahamwe rikorera mu mpisho mu buryo na bumwe. Ivyizero vyabo bishingíye kuri Bibiliya birasiguye neza mu bisohokayandikiro bishobora kuronkwa n’uwo ari we wese. Vyongeye, baragira akigoro kadasanzwe kugira batumire abanyagihugu ngo bitabe amahwaniro baheze bibonere kandi biyumvire ibihabera.”
Idini y’ukuri ntikorera mu mpisho namba. Abasenga Imana y’ukuri bǎtegetswe kudahisha akaranga kabo canke ngo banyegeze ico barondera gushikako bwa Vyabona vya Yehova. Abigishwa ba mbere ba Yezu barujuje Yeruzalemu inyigisho yabo. Ku vyerekeye ivyizero vyabo hamwe n’umurimo wabo bǎri ahabona ku mugaragaro. Ni na kwo bimeze ku Vyabona vya Yehova muri iki gihe. Birumvikana, mu gihe intwaro z’agahotoro zikoresheje akarenganyo zikabuza Abakirisu umwidegemvyo wabo w’ugusenga, bategerezwa kwigengesera kandi bakarinduka mu gushishikara umurimo wabo, bakumvira “Imana kuyirutisha abantu,” bikaba ari ibintu bakunda guhatirwako kubera ugushinga icabona kwabo bagira icese n’uburindutsi bwinshi.—Ivyakozwe n’intumwa 5:27-29; 8:1; 12:1-14; Matayo 10:16, 26, 27.
Niba warigeze kwiyumvira yuko Ivyabona vya Yehova boba ari akagwi k’ivy’idini canke akadumbi gakorera mu mpisho, ivyo kumbure kwari ukubera ko ata vyinshi wewe wari ubaziko. Ivyo bitegerezwa kuba ari ko vyagendeye abenshi mu kinjana ca mbere.
Mu Vyakozwe n’intumwa ikigabane ca 28 haratubwira ivy’ihwaniro intumwa Paulo yagiranye n’“abakuru bo mu Bayuda.” Bamubwiye bati: “Turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.” (Ivyakozwe n’intumwa 28:16-22) Mu kwishura, Paulo “arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’Ubgami bg’Imana,” hanyuma “bamwe bemera ivyo avuze.” (Ivyakozwe n’intumwa 28:23, 24) Nta gukeka, ukumenya ibintu nyakuri vyerekeye Ubukirisu bw’ukuri cari ikintu cobazanira ineza iramba.
Ivyabona vya Yehova, uko bihebeye igikorwa bakorera Imana mu bantu ahagaragaye, bazohimbarwa n’uguhishurira ibintu vy’ukuri biri ahabona vyerekeye umurimo wabo n’ivyizero vyabo uwo wese yitaho kumenya aho ukuri kuri. None ntiwoperereza ubwawe, maze ukabona gushobora kumenya ibintu neza ku vyerekeye ukwizera kwabo?
[Ifoto ku rup. 6]
Ivyabona vya Yehova barahimbarwa n’uguhishura abo ari bo hamwe n’ivyo bakora