ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/1 rup. 23-32
  • ‘Mbega Umutima Wawe Urangororokeye?’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Mbega Umutima Wawe Urangororokeye?’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehu w’Iki Gihe na Yehonadabu w’Iki Gihe
  • Baracakwiririza n’Umwete
  • Uguhagarara Bashikamye
  • Ihimbazwa ry’Icibutso Ryibonekeje
  • “Bo mu Mahanga Yose n’Imiryango Yose . . . n’Indimi Zose”
  • ‘Kuguma mu Mukogote’
  • Yehu ashigikira ugusenga gutyoroye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ni Nde Azorokoka ‘Umusi wa Yehova’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ubu ni co gihe c’uko ufata ingingo ntabanduka yo kugira ico ukoze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Umwamikazi mubi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/1 rup. 23-32

‘Mbega Umutima Wawe Urangororokeye?’

“Ngo tujane, urābe ishaka mfitiye [Yehova].”—2 ABAMI 10:16.

1, 2. (a) Ni gute uko ivy’idini vyari vyifashe muri Isirayeli vyagiye vyunyuka? (b) Mu 905 B.G.C., ni amahinduka akomeye ayahe yari agiye kuhaba muri Isirayeli?

UMWAKA w’905 B.G.C. wari igihe c’ihinduka rinini muri Isirayeli. Imyaka nk’100 imbere yaho, Yehova yari yatumye ubwami bwa Isirayeli bwunze ubumwe bwigabura kubera ubuhuni bwa Salomo. (1 Abami 11:9-13) Ubwami bwo mu bumanuko, ari bwo Yudaya, buza kuganzwa n’umuhungu wa Salomo, Rehobowamu, ubwami bwo mu buraruko ari bwo Isirayeli na bwo buganzwa n’Umwami Yerobowamu, Umwefurayimu. Ikibabaje, ubwami bwo mu buraruko bwaragize ivyago mu ntango. Yerobowamu ntiyashaka ko abatwarwa biwe bafata urugendo ngo bamanuke baje mu bwami bwo mu bumanuko gusenga ku rusengero, atinya ko bohava bagira iciyumviro c’ukugaruka ku nzu ya Dawidi. Niho yashinga ivy’ugusenga imasa muri Isirayeli hanyuma gutyo asasagaza ubwoko bw’ugusenga ibigirwamana bwamaze igihe kitari gito mu nkuru z’ivyabaye z’ubwami bwo mu buraruko.—1 Abami 12:26-33.

2 Ibintu vyaradabutse igihe Ahabu mwene Omuri yaba umwami. Umugore wiwe Yezebeli w’umunyamahangakazi yararemesheje ugusenga Bayali yongera arica abahanuzi batumwe na Yehova. Naho umuhanuzi Eliya yatanze imburizi atarya umunwa, Ahabu nta kintu yakoze ngo abuze uwo mugore. Ariko mu 905 B.G.C., Ahabu yarapfuye hanyuma Yoramu umuhungu wiwe araganza. Ico rero cari igihe c’uko igihugu gihumanurwa. Elisa umusubirizi wa Eliya yaramenyesheje umukomanda wa gisirikare Yehu yuko Yehova yari agiye kumusīga ngo abe umwami akurikira wa Isirayeli. Inshingwano yiwe yari iyihe? Gusenyura ya nzu nyavyaha ya Ahabu hanyuma ahōre amaraso y’abahanuzi yari yarasheshwe na Yezebeli!—2 Abami 9:1-10.

3, 4. Ni gute Yehonadabu yerekanye ko umutima wiwe wari ‘ugororokeye umutima wa Yehu’?

3 Yehu yarumviye itegeko ry’Imana, yicisha uwo Yezebeli mubi, hanyuma afata urugendo aja guhumanura Isirayeli mu kugeseza ab’inzu ya Ahabu. (2 Abami 9:15–10:14, 17) Maze ahura n’uwumushigikira. ‘Ahūra na Yehonadabu mwene Rekabu aje kumusanganira; aramuramutsa, aramubaza, ati Mbega umutima wawe urangororokeye, nk’uko uwanje ukugororokeye? Yehonadabu aramwishura, at’Ego me urakugororokeye. Na we at’Asangw’ari ko biri, mpa ukuboko kwawe. Arakumuha, araheza aramwuriza amushira mu mukogote wiwe. Aramubarira, ati Ngo tujane, urābe ishaka mfitiye Yehova. Nukw amujana mu mukogote wiwe.’—2 Abami 10:15, 16.

4 Yehonadabu (ari we Yonadabu) ntiyari Umwisirayeli. Yamara izina ryiwe (irisobanura ngo “Yehova Arabigomba,” “Yehova Ni Rurangiranwa,” canke “Yehova Ni Umutanzi”) ryerekana ko yari uwusenga Yehova. (Yeremiya 35:6) Ni ivy’ukuri, yari yitwararitse bidasanzwe ukubona ingene Yehu ‘agirira ishaka Yehova.’ Tubimenya dute? Emwe, uguhura kwiwe n’uwari agiye kuba umwami ntikwabaye giturumbuka. Yehonadabu yari “aje kumusanganira,” kandi ivyo biba igihe Yehu yari amaze kwica Yezebeli n’abandi bo mu nzu ya Ahabu. Yehonadabu yari azi ibiriko biba igihe yemera ubutumire ahawe na Yehu ngo yurire mu mukogote wiwe. Ntiyihenze kuja ku ruhande rwa Yehu—no ku rwa Yehova—muri ayo matati hagati y’ugusenga kw’ikinyoma n’ukw’ukuri.

Yehu w’Iki Gihe na Yehonadabu w’Iki Gihe

5. (a) Ni amahinduka ayahe agiye kuhaba ku bw’abantu bose? (b) Yehu Mukuru ni nde, kandi ni bande bamuserukira kw isi?

5 Muri iki gihe, ibintu vuba bigiye guhinduka no mu mizi ku bw’abantu bose nk’uko vyahindutse ku bwa Isirayeli kera mu 905 B.G.C. Igihe ubu kiregereje aho Yehova azohumanura isi akayikiza ingaruka mbi zose zaturutse ku kosho ka Shetani, gushiramwo n’idini y’ikinyoma. Yehu w’iki gihe ni nde? Nta wundi atari Yezu Kirisitu, uwubwirwa aya majambo y’ubuhanuzi ngo: “Wa muhizi we, ambara inkota yawe kw itako, ambara ubgiza bgawe n’icubahiro cawe. Ugendane icubahiro, ugendera kw ifarasi, utsinde, urwanire ukuri n’ubugwaneza no kugororoka.” (Zaburi 45:3, 4) Yezu kw isi aserukirwa n’ ‘Abisirayeli b’Imana,’ Abakirisu basizwe “bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise [igikorwa co gu]shingira intahe Yesu.” (Ab’i Galatiya 6:16; Ivyahishuriwe 12:17) Kuva mu 1922 abo bavukanyi ba Yezu barabuye ata gutinya, ivyo Yehova agiye gukora vy’uguca imanza.—Yesaya 61:1, 2; Ivyahishuriwe 8:7–9:21; 16:2-21.

6. Ni bande baje bava mu mahanga ngo bashigikire Abakirisu basizwe, kandi ni gute binjiye mu mukogote wa Yehu Mukuru, mu buryo bw’ikigereranyo?

6 Abakirisu basizwe ntibari bonyene. Nk’uko Yehonadabu yaje gusanganira Yehu, abantu benshi bava mu mahanga baraje gushigikira Yezu, umwe Yehu Mukuru, hamwe n’abamuserukira kw isi mu guhagararira kwabo ugusenga kw’ukuri. (Zekariya 8:23) Nk’uko bitwa na Yezu ngo “izindi ntama,” mu 1932 bamenyekanye ko ari bo muri iki gihe baringaniye na Yehonadabu wa kera, hanyuma baratumirwa ngo ‘binjire mu mukogote’ wa Yehu w’iki gihe. (Yohana 10:16) Gute? Mu ‘kwitondera ivyagezwe n’Imana’ no mu gufadikanya na nya basizwe ‘igikorwa co gushingira intahe Yezu.’ Mu bihe vy’ubu, muri ivyo harimwo ugukwiririza inkuru nziza y’Ubwami bwashinzwe n’Imana burongowe na Yezu we Mwami. (Mariko 13:10) Mu 1935 abo ba “Yonadabu” bagenekerejwe ko ari rya ‘shengero ryinshi’ rivugwa mu Vyahishuriwe 7:9-17.

7. Ni gute Abakirisu muri iki gihe berekanye ko ‘imitima yabo ikigororokeye’ umutima wa Yezu?

7 Kuva mu myaka y’1930, iryo shengero ryinshi hamwe n’abavukanyi babo basizwe baragaragaje n’uburindutsi bwinshi ko bashigikiye ugusenga kw’ukuri. Mu bihugu bimwebimwe vyo mu Buraya bw’Ubuseruko n’Uburengero, mu Buseruko bwa Kure, no muri Afirika, benshi muri bo barapfiriye ukwizera kwabo. (Luka 9:23, 24) Mu bindi bihugu barapfunzwe, barakorerwa amabi n’utugwi, canke barahamwa mu bundi buryo. (2 Timoteyo 3:12) Mbega ukuntu bamenyekanye mu vy’ukwizera! Kandi Raporo y’Umwaka w’Umurimo w’1997 irerekana ko n’ubu baciyemeje gukorera Imana, naho hoba iki. ‘Umutima wabo uracagororokeye’ umutima wa Yezu. Ivyo vyarerekanywe mu 1997, igihe abamamaji b’Ubwami 5 599 931, hafi nka bose bakaba ari ba “Yonadabu,” bamara amasaha 1 179 735 841 mu gikorwa c’ugushingira intahe Yezu.

Baracakwiririza n’Umwete

8. Ni gute Ivyabona vya Yehova berekana umwete bafitiye ugusenga kw’ukuri?

8 Yehu yari azwi ko atwara umukogote wiwe awuhata—kikaba ari ikimenyamenya c’umwete yari afise wo gushitsa igikorwa ashinzwe. (2 Abami 9:20) Yezu, umwe Yehu Mukuru, adondorwa ko ‘aribwa’ n’umwete. (Zaburi 69:9) Ntibitangaje rero, Abakirisu b’ukuri kino gihe, barabonwa ku mwete bafise. Haba mw ikorane canke ku bantu, ‘baravuga ijambo . . . baryihutira mu gihe gikwiye no mu kidakwiye.’ (2 Timoteyo 4:2) Umwete bafise waragaragajwe canecane mu gice ca mbere c’1997 inyuma y’aho ikiganiro co mu Gikorwa Dukorera Ubwami kiremeshereje benshi bashoboka ngo bajemwo mu busuku bw’ubutsimvyi bufasha. Mu gihugu kimwekimwe cose, barishingiye igitigiri c’abatsimvyi bafasha bashaka gushikira. None vyavuyemwo iki? Ni akarangabwami! Amashami menshi yararengeje igitigiri yari yishingiye. Igihugu ca Ekwatori cishingiye abangana n’4 000, ariko muri Ntwarante catanze raporo y’abatsimvyi bafasha 6 936. Ubuyapani bwatanze raporo y’104 215 bose hamwe muri ayo mezi atatu. Muri Zambiya, aho 6 000 ari co gitigiri bari bishingiye, hatanzwe raporo y’abatsimvyi 6 414 muri Ntwarante; 6 532 muri Ndamukiza; 7 695 muri Rusama. Hose kw isi, igitigiri c’agaheta c’abatsimvyi bafasha n’ab’intahorereza cose hamwe cari 1 110 251, rikaba ari iyongerekana rya 34,2 kw ijana rirenze ku mwaka w’1996!

9. Turetse igikorwa c’inzu ku nzu, ni mu bundi buryo ubuhe Ivyabona vya Yehova baronka abantu ngo bababwire inkuru nziza?

9 Intumwa Paulo yabwiye abakurambere b’i Efeso ati: “[N]ta jambo ribereye nacishije i ruhande kubabgira canke kubigishiriza imbere y’abantu mu nzu no mu yindi.” (Ivyakozwe 20:20) Ivyabona vya Yehova muri iki gihe barigana akarorero ka Paulo bagakwiririza n’umwete inkuru nziza inzu ku nzu. Ariko rero, hari aho bitoroha gusanga abantu mu mihana iwabo. Ni co gituma wa ‘mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge’ aremesha abamamaji b’Ubwami kwegera abantu mu bibanza bagiriramwo ubudandaji, mu mayira, ku nkengera z’ibiyaga, mu busitani buhuriramwo abantu bose—aho hose abantu bashobora gusangwa. (Matayo 24:45-47) Ivyavuyemwo vyabaye vyiza agahebuza.

10, 11. Ni gute abamamaji mu bihugu bibiri berekanye umwitumo mwiza mu vyo kumenya ahari abantu bashimishijwe ubusanzwe badashobora gusangwa i muhira?

10 I Copenhagen muri Danemark, hari umugwi mutoyi w’abamamaji bashinze icabona mu mayira inyuma y’ibituro vy’amagarimoshi. Guhera muri Nzero gushika muri Ruheshi, basize ibinyamakuru 4 733, baraganiriza abantu benshi, eka baragira n’amasuro y’isubirayo menshi. Abamamaji batari bake bo muri ico gihugu barashinze inzira z’ibinyamakuru mu duce tuberamwo ubudandaji. Hari igisagara kimwe gifise akaguriro kanini kuri buri Wagatanu, kakaremwa n’abashika mu bihumbi. Nuko ikorane ryararinganije ivyo gushinga icabona ubudahorereza mw isoko. Mu karere kamwe amashure barayagendera bafise ipaki y’amamenyeshwa irimwo ibisohokayandikiro bibereye canecane ku bigisha b’ishure.

11 Muri Hawayi na hone utwigoro twaragizwe ngo hashikirwe abadashoboye gusangwa i muhira. Mu materitwari adasanzwe harimwo n’ibibanza vy’icese, (amabarabara, ubusitani, amaparikingi, n’ibituro vy’amabisi), uturere two mu gisagara, amadandarizo, n’ibibuga vy’indege, ugushinga icabona hakoreshejwe telefone, mu gihe bipakije (gukwiririza mu mabisi), no mu bigo vya za kaminuza. Haritwararikwa ivyo kuraba neza ko harungikwa igitigiri gikwiye c’Ivyabona mw iteritwari imwimwe yose, n’uko bano bamenyerejwe mu buryo bukwiriye. Mu bihugu bitari bike biravugwa ko hagirwa utwigoro twungunganije dusa n’utwo. Ico bivamwo, abantu bashimishijwe barashikirwa, abo bisa n’uko batokwigera baboneka igihe hakorwa igikenurwa c’inzu ku nzu.

Uguhagarara Bashikamye

12, 13. (a) Ni amayeri ayahe Shetani yakoresheje ngo arwanye Ivyabona vya Yehova mu 1997? (b) Ni mu buryo ubuhe ukwamamaza ikinyoma kwasubiye kuri beneco mu gihugu kimwe?

12 Mu bihugu bitari bike mu 1997, Ivyabona vya Yehova barometsweko ibirego bitari vyo vy’ukubambika ibara, bisa n’uko birementanywa mu kurondera uburyo bwo kubashira mu butungane. Ariko ntibagudutse umutima! (Zaburi 112:7, 8) Baributse iri sengesho ry’umwanditsi wa zaburi: “Abibone bandemeye ikinyoma, ariko jeho nzokwitondera amateka washinze n’umutima wanje wose.” (Zaburi 119:69) Ukwo kwamamaza ikinyoma si ikindi atari ikimenyamenya c’ukwankwa kw’Abakirisu b’ukuri nk’uko vyari vyaravuzwe na Yezu. (Matayo 24:9) Kandi rimwe na rimwe kwarabasubiyeko. Hari umugabo mu Bubirigi yasomye ikiganiro gisuzugura Ivyabona vya Yehova mu kinyamakuru ca buri musi kizwi cane. Kubera ababajwe n’amajambo yarimwo y’agacokoro, yaritavye ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami ku Wiyinga ukurikira. Yararinganije ibintu ngo yigane Bibiliya n’Ivyabona, hanyuma akomeza kugira iterambere ryihuta. Uwo mugabo yari yahoze ari uwo mu kagwi k’inkozi z’ikibi. Inyigisho yiwe ya Bibiliya yaramufashije gutyorora ubuzima bwiwe, ivyo birabonwa n’abantu bo mu micungararo. Nta gukeka, umwanditsi w’ico kiganiro c’agacokoro ntiyiyumvira ko hovuyemwo ibintu nk’ivyo!

13 Bamwebamwe mu bantu b’imvugakuri mu Bubirigi baravuze umudatinya barwanya ivyo birego. Muri bo harimwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, uwiyemereye ko yuzuye umwikuguro w’ivyo Ivyabona vya Yehova baranguye. Hari n’umudepite yanditse ati: “Ibihushanye n’ibirego vy’amayeri vyakwiragijwe mu bihe bimwebimwe, [Ivyabona vya Yehova] jewe simbona ko bateye ingeramizi na ntoyi ku nzego za Reta. Ni abanyagihugu b’inkundamahoro, bashira umutima ku bibega, kandi bubaha abakuru.” S’ivy’imbeshere, aya majambo y’intumwa Petero aranga ubukerebutsi: “Mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.”—1 Petero 2:12.

Ihimbazwa ry’Icibutso Ryibonekeje

14. Amaraporo amwamwe y’abitavye Icibutso mu 1997 ateye akanyamuneza ni ayahe?

14 Birabereye ko abashingira intahe Yezu bakwiye kubona Icibutso c’urupfu rwiwe nk’ikintu gihambaye mu mwaka wabo. Mu 1997, abantu 14 322 226 ni ho bari ku wa 23 Ntwarante ngo bahimbaze ico gishikagihe. Ni ukuvuga ko hiyongeyeko 1 400 000 ku bo mu mwaka w’1996. (Luka 22:14-20) Mu bihugu vyinshi abari bitavye Icibutso bararenze kure n’iyo igitigiti c’abamamaji b’Ubwami, bikerekana ivyizero vyiza vy’iyongerekana rizohaba muri kazoza. Nk’akarorero muri Hayiti, umwaka w’1997 wagize igitigiri c’agaheta c’abamamaji 10 621, abantu 67 259 na bo baritaba Icibutso. Igitigiri c’agaheta c’abamamaji 96 686 muri Zambiya barujujwe urweze no kubona abantu 428 697 bitaba iryo himbaza. Ushobora kurabira raporo y’umwaka ku rupapuro 28 gushika kuri 31, urabe ukuntu mu bindi bihugu vyinshi citabwe na benshi ugereranije n’igitigiri c’abamamaji.

15. Mu bihugu bimwebimwe, ni gute abavukanyi bacu batsinze imbangamyi zikomakomeye kugirango bahimbaze Icibutso?

15 Bamwebamwe kwitaba Icibutso ntivyaboroheye. Muri Alubaniya hari hategetswe ukudacaruka isaha 1:00 y’umugoroba kubera uruhagarara rwo mu gihugu. Mu migwi 115 mitomito hirya no hino mu gihugu, Icibutso catanguye isaha 11:45 zo ku mugoroba. Izuba ryarenze isaha 12:8 zo ku mugoroba, biranga ugutangura kw’igenekerezo rya 14 Nisani. Ibimenyetso vyatemberejwe nk’isaha 12:15 zo ku mugoroba. Henshi isengesho rya nyuma ryashikirijwe nk’isaha 12:30 zo ku mugoroba, hanyuma abakirorereye banyarukira i muhira imbere y’uko ukwo kudacaruka gutangura. Mugabo nticabujije ko abarorereye icibutso bangana n’3 154 ugereranije n’igitigiri c’agaheta c’abamamaji kingana n’1 090. Mu gihugu kimwe co muri Afirika, uruhagarara rwo mu gihugu rwatumye habura uburyo bwo gushikira Ingoro y’Ubwami, bituma abakurambere babiri bafata ingingo yo guhurira mu nzu y’umukurambere agira gatatu ngo baringanize ibintu kugirango iryo himbaza rigirwe mu migwi mitomito. Kugirango bashikire iyo nzu, abo bakurambere babiri barinda kujabuka umufurege w’amazi. Yamara hariho indwano muri ako karere, abikingabisaka na bo bakarasa uwo wese agerageje kujabuka uwo mufurege. Umukurambere umwe yarirutse arajabuka ata kibaye. Uwugira kabiri yarajabutse yumva umututuro. Yikubita hasi, agenda akukumba aja ahatekanye, insoro zigenda zimufyofyorera hejuru y’umutwe. Iryo koraniro ry’abakurambere ryaragizwe ata ngorane, ivyo ikorane rikeneye birashirwa mu buryo.

“Bo mu Mahanga Yose n’Imiryango Yose . . . n’Indimi Zose”

16. Ni gute wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge yaringanije ibintu kugirango inkuru nziza ikwiragizwe mu migwi mitomito y’indimi?

16 Intumwa Yohani yavuze ko ishengero ryinshi boje “bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” (Ivyahishuriwe 7:9) Ni co gituma Inama Nyobozi iringaniza ivy’uko ivyandikano biboneka mu ndimi zirushiriza kuba nyinshi—gushiramwo n’izivugwa n’imiryango ya kure hamwe n’imigwi mitomito y’abantu. Muri Mozambike nk’akarorero, itaragiti Ukubaho mu Mahoro mw Isi Nsha yarasohowe mu ndimi zindi zitanu. Muri Nikaragwa, ya boroshire Kuba kw isi ibihe bidashira mu gahimbare! yarabonetse mu rurimi rw’Ikimisikito—kiba co gisohokayandikiro ca mbere c’Ishirahamwe Watch Tower muri urwo rurimi. Abahindi benshi bavuga Ikimisikito bemeye iyo boroshire n’urweze rwinshi kubera babonye ikintu mu rurimi rwabo bwite. Mu 1997 Ishirahamwe ryaremeye isohorwa ry’ivyandikano mu zindi ndimi 25, ryongera ricapura ibinyamakuru birenga umuliyaridi.

17. Ni umugwi w’ururimi uwuhe wafashijwe muri Koreya, kandi ni gute amavidewo yasahirije cane uwo muce w’abanyagihugu?

17 Muri Koreya hari uwundi mugwi w’ururimi wafashijwe. Umwaka w’1997 warabayemwo iteraniro ry’intara rya mbere mu mvugo y’ibimenyetso yo muri Koreya. Hari amakorane 15 akoresha imvugo y’ibimenyetso muri Koreya hakaba n’abamamaji 543, ariko 1 174 baritavye iteraniro ry’intara, kandi 21 na bo barabatijwe. Kugirango hafashwe ibipfamatwi batoroherwa no gutahura ijambo rivuzwe canke ryanditswe, ibisohokayandikiro biriko bihingurwa kuri videwo yo kuraba mu mvugo 13 z’ibimenyetso zitandukanye. Gutyo, twovuga ko ibipfamatwi bariko barafashwe “gusoma” mbere no kwiga inkuru nziza, bikavamwo ibintu vyiza. Muri Reta Zunze Ubumwe, kera vyatwara imyaka ishika kuri itanu kugirango umuntu w’igipfamatwi ashobore gutera imbere kugera ku kubatizwa. Ubu, kubera hariho igitigiri c’amavidewo mu Mvugo y’Ibimenyetso yo Muri Amerika, ku bipfamatwi bamwebamwe, ico gihe caragerutse gushika nko ku mwaka umwe.

‘Kuguma mu Mukogote’

18. Inyuma y’aho Yehu ahuriye na Yehonadabu, ni igiki yaciye atangura gukora?

18 Ca gihe mu 905 B.G.C., inyuma y’aho Yehonadabu yifatanirije na Yehu, uno yaciye atangura gusenyura ugusenga kw’ikinyoma. Yarateye akamo abasenga Bayali bose, ati: “Mushinge ikoraniro ry’agahebuza rya Bayali.” Maze arungika intumwa mu gihugu cose ngo amenye neza ko ata wusenga Bayali asigaye. Aho ayo masinzi bamariye kwisukīra mu rusengero ruhambaye rw’iyo mana y’ikinyoma, vyararabwe neza ko ata wusenga Yehova arimwo. Amaherezo, Yehu n’ingabo ziwe barariritse abasenga Bayali. “Uko ni ko Yehu yahenebereje ya mana Bayali, akayikūra mu Bisirayeli.”—2 Abami 10:20-28.

19. Turavye ibiraririye kuba ku neza y’abantu, ni agatima nyabaki dukwiye kwerekana, kandi ni igikorwa ikihe dukwiye kuba dukora dushirutse ubute?

19 Muri iki gihe, urubanza rwa nyuma rw’idini y’ikinyoma yose ruri hafi cane. Biciye ku buyobozi bwa kimarayika Abakirisu bariko bamenyesha inkuru nziza ku bantu bose, babaremesha gutinya Imana no kwitanya n’idini y’ikinyoma. (Ivyahishuriwe 14:6-8; 18:2, 4) Abicisha bugufi baremeshwa kwiyorohereza Ubwami bw’Imana burongowe n’Umwami Yehova yimitse, Yezu Kirisitu. (Ivyahishuriwe 12:10) Muri iki gihe giteye akamwemwe, dutegerezwa kutareka ngo umwete wacu ugoyagoye uko duhagararira ugusenga kw’ukuri.

20. Ni igiki wiyemeje kugira muri uwu mwaka w’ubusuku w’1998?

20 Igihe kimwe, aho Umwami Dawidi yari mu mukazo ukomeye, yarasenze ati: “Mana, umutima wanje urahamye, umutima wanje urahamye: ndaririmba, mbere ndaririmba ishimwe. [Yehova] nzogushimira mu moko.” (Zaburi 57:7, 9) Natwe tube abahamye. Mu mwaka w’ubusuku w’1997, mu ngorane nyinshi, irango ryumvikana ry’ishemezo ryarakomwe ngo bininahaze Yehova Imana. Irango nk’iryo, mbere riruta aho, rize ryumvikane muri uwu mwaka w’ubusuku. Kandi ivyo bibe uko, ivyo Shetani agerageza gukora ngo aduce intege canke ngo aturwanye vyaba ibiki. Gutyo, tuzokwerekana yuko umutima wacu ugororokeye umutima wa Yehu Mukuru, Yezu Kirisitu, kandi tuzokwitabana ubugingo bwacu bwose uyu mwihanikizo wahumetswe: “Yemwe mwa bagororotsi, munezererwe [Yehova], muhimbarwe: yemwe abafise imitima itunganye mwese, muvuze impundu y’umunezero.”—Zaburi 32:11.

Wosigura?

◻ Ni Amahinduka ayahe yabayeho muri Isirayeli mu 905 B.G.C.?

◻ Yehu w’iki gihe ni nde, kandi ni gute rya ‘shengero ryinshi’ berekanye ko ‘umutima wabo ugororokeye’ umutima wiwe?

◻ Ni ibitigiri ibihe vyo muri raporo y’umwaka bigereranya umwete Ivyabona vya Yehova berekanye mu mwaka w’ubusuku w’1997?

◻ Ivyo Shetani yovyura ngo aturwanye vyaba ibiki, ni agatima nyabaki tuzokwerekana mu mwaka w’ubusuku w’1998?

[Igicapo ku rup. 28-31]

1997 RAPORO Y’UMWAKA W’UMURIMO W’IVYABONA VYA YEHOVA KW ISI YOSE

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

[Ifoto ku rup. 25]

Igitigiri cibonekeje c’abitavye Icibutso kirerekana ivyizero vyiza vy’iyongerekana rizohaba muri kazoza

[Ifoto ku rup. 26]

Nk’uko Yehonadabu yashigikiye Yehu, ni ko rya ‘shengero ryinshi’ muri ino misi rishigikira Yehu Mukuru, Yezu Kirisitu, hamwe n’abavukanyi biwe basizwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika