Yehova Ajana Abana Benshi mu Buninahazwa
‘[Imana] vyari biyibereye, mu kujana abana benshi mu buninahazwa, ko yotunganisha amagorwa indongozi y’ubukiriro bwabo.’—ABAHEBURAYO 2:10, UB.
1. Ni kuki dushobora kwemera tudakeka ko umugambi Yehova afitiye abantu uzoranguka?
YEHOVA yaremye isi ngo ibe ahantu umuryango w’abantu utagira agasembwa wobaye ibihe vyose, wifitiye ubuzima butagira iherezo. (Umusiguzi 1:4; Yesaya 45:12, 18) Ego niko, sogokuruza wacu Adamu yarakoze icaha, gutyo ahēreza uruvyaro rwiwe icaha n’urupfu. Mugabo umugambi Imana yari ifitiye abantu uzoranguka biciye kuri rwa Rubuto rwiwe rw’Isezerano, ni rwo Yezu Kirisitu. (Itanguriro 3:15; 22:18; Abaroma 5:12-21; Ab’i Galatiya 3:16) Ugukunda isi y’abantu kwatumye Yehova atanga “Umwana [wiwe] w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge [ubuzima] budashira.” (Yohana 3:16) Urukundo kandi ni rwo rwatumye Yezu “[a]tanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Iyo ‘ncungu ikwiriye’ iracungura uburenganzira hamwe n’ivyizero vyahombejwe na Adamu, vyongeye igatuma ubuzima budashira bushoboka.—1 Timoteyo 2:5, 6; Yohana 17:3.
2. Ikoreshwa ry’inkuka y’incungu Yezu yatanze ryagereranijwe gute ku Musi w’Impongano waba buri mwaka muri Isirayeli?
2 Ikoreshwa ry’inkuka y’incungu ya Yezu ryaratangiwe ikigereranirizo ku Musi w’Impongano waba buri mwaka. Kuri uwo musi, umuherezi mukuru wa Isirayeli yarabanza agatangako ikimazi imasa rikaba nk’ishikanwa ry’ivyaha, hanyuma agashikana amaraso yayo kw Isandugu ryeranda Ahera Cane h’itaberenakulo, mu nyuma na ho akayashikana mu rusengero. Ivyo vyakorwa ku bwiwe, abo mu rugo rwiwe, no ku bw’umuryango wa Lewi. Na Yezu Kirisitu nyene ni ukwo, yabanje gushikana ku Mana agaciro k’amaraso yiwe kugirango apfuke ivyaha vy’ ‘abavukanyi’ biwe bo mu vy’impwemu. (Abaheburayo 2:12; 10:19-22; Abalewi 16:6, 11-14) Ku Musi w’Impongano, umuherezi mukuru kandi yaratangako ikimazi impene rikaba ishikanwa ry’ivyaha hanyuma agashikana amaraso yayo Ahera Cane, gutyo akaba ahongeye ivyaha vya ya miryango 12 ya Isirayeli itari iy’abaherezi. Na wa Muherezi Mukuru Yezu Kirisitu nyene, azokoresha amaraso y’ubuzima bwiwe ku bw’abo mu muryango w’abantu bagaragaza ukwizera, ahanagure ivyaha vyabo.—Abalewi 16:15.
Bajanywe mu Buninahazwa
3. Dukurikije Abaheburayo 2:9, 10, haciye imyaka 1 900 Imana ikora iki?
3 Harashize imyaka 1 900 Imana ikora ikintu cibonekeje kijanye n’ ‘abavukanyi’ ba Yezu. Ku biraba ivyo, intumwa Paulo yanditse iti: “Uwo Yezu yashizwe umwanya mutoyi munsi y’Abamalayika, tumubona yambitswe urugori rw’ubuninahazwa rumutera icubahiro kubera amagorwa y’urupfu, kugirango inema y’Imana itume arogorera umuntu wese urupfu. Nkako, [Yehova Imana] Uwiremeye ibir[ih]o vyose akabibeshaho vyose, kuko ashaka kujana abana benshi mu buninahazwa, birabereye ko yotunganisha amagorwa indongozi y’ubukiriro bwabo.” (Abaheburayo 2:9, 10, UB) Iyo ndongozi y’ubukiriro ni Yezu Kirisitu, uwize ukugamburuka kutagira agasembwa biciye mu bintu yacumukujwe igihe yari abayeho nk’umuntu kw isi. (Abaheburayo 5:7-10) Yezu ni we yabaye uwa mbere mu kuvyarwa nk’umwana w’Imana wo mu vy’impwemu.
4. Yezu yavyawe nk’Umwana w’Imana wo mu vy’impwemu ryari kandi gute?
4 Yehova yakoresheje impwemu yera yiwe, ari yo nguvu nkorakazi, kugirango avyare Yezu kuba Umwana wiwe wo mu vy’impwemu, kugira amujane mu buninahazwa bw’ijuru. Igihe yari kumwe na Yohani Umubatizi ari bonyene, Yezu yaribijwe wese mu mazi ngo kibe ikimenyetso c’uko yishikanye ku Mana. Inkuru yo mu Njili ya Luka ivuga iti: “Nukw abantu bose babatijwe, na Yesu ahejeje kubatizwa, arikw arasenga, ijuru rirakinguruka, [im]pwemu [y]era iramanuka [i]mugwako, [i]fise ishusho y’umubiri usa n’inuma; ijwi riva mw ijuru, riti Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.” (Luka 3:21, 22) Yohani yabonye impwemu yera iza kuri Yezu, yongera arumva Yehova avuga amushima ku mugaragaro, ko ari Umwana wiwe akunda cane. Ico gihe, Yehova yari avyaye Yezu akoresheje impwemu yera, ngo abe imfura mu ‘bana benshi bojanywe mu buninahazwa.’
5. Ni bande babaye aba mbere mu kwungukira ku nkuka ya Yezu, kandi ni bangahe?
5 ‘Abavukanyi’ ba Yezu babaye aba mbere mu kwungukira ku nkuka yatanze. (Abaheburayo 2:12-18) Mw iyerekwa, intumwa Yohani yarababonye bamaze gushikira ubuninahazwa bari ku Musozi Siyoni wo mw ijuru bari kumwe na wa Mwagazi, ni we Mukama Yezu Kirisitu yazuwe. Yohani kandi yarafoboye igitigiri cabo mu kuvuga ati: “Mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo. . . . Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi. Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ikinyoma: nta gasembga bagira.” (Ivyahishuriwe 14:1-5) Nuko rero abo ‘bana benshi bajanwa mu buninahazwa’ mw ijuru, bose hamwe bangana n’144 001 gusa—bakaba ari Yezu hamwe n’abavukanyi biwe bo mu vy’impwemu.
‘Bavyawe n’Imana’
6, 7. Ni bande ‘bavyarwa n’Imana,’ kandi ivyo bisobanura iki kuri bo?
6 Abo bavyawe na Yehova ni ‘abavyawe n’Imana.’ Intumwa Yohani yanditse ibikurikira abwira abantu mwen’abo, ati: “Umuntu wese yavyawe n’Imana ntakora ivyaha, kukw imbuto yayo [ya Yehova] [y’irondoka, NW] iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, kuko yavyawe n’Imana.” (1 Yohana 3:9) Iyo ‘mbuto y’irondoka’ ni impwemu yera y’Imana. Kubera ko ikora iri kumwe n’ijambo ryiwe, yarahaye umwe wese muri bamwe 144 000 ‘ivuka risha’ ngo bagire icizigiro c’ijuru.—1 Petero 1:3-5, 23.
7 Yezu yari Umwana w’Imana kuva akivuka bwa muntu, nk’uko nyene wa mugabo Adamu atǎgira agasembwa yari ‘umwana w’Imana.’ (Luka 1:35; 3:38) Ariko aho Yezu amariye kubatizwa, aya majambo Yehova yamenyesheje yari n’ico avuze, ngo “Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.” (Mariko 1:11) Biciye kuri ayo majambo yaherekeje ugushunguruka kw’impwemu yera, vyari bitomotse yuko Imana ivyaye Yezu ngo abe Umwana wayo wo mu vy’impwemu. Ni nk’aho Yezu yari ahawe ‘ivuka risha’ akabona kugira uburenganzira bwo kwongera guhabwa ubuzima mw ijuru ari Umwana w’Imana wo mu buryo bw’impwemu. Nka we, ba bavukanyi 144 000 biwe bo mu vy’impwemu na bone ‘baravuka ubwa kabiri.’ (Yohana 3:1-8; raba Umunara w’Inderetsi [mu Gifaransa] wo ku wa 15 Munyonyo 1992, urupapuro 3-6.) Kandi nk’uko vyabaye kuri Yezu, barasîzwe n’Imana bongera bashingwa kumenyesha inkuru nziza.—Yesaya 61:1, 2; Luka 4:16-21; 1 Yohana 2:20.
Icemeza ko Bavyawe
8. Ni icemeza ikihe cahabaye c’ukuvyarwa n’impwemu ku vyerekeye (a) Yezu (b) abigishwa biwe ba mbere?
8 Harabaye icemeza ko Yezu avyawe n’impwemu. Yohani Umubatizi yarabonye impwemu imanuka kuri Yezu yongera arumva Imana imenyesha ivy’uko uwo Mesiya ahejeje gusigwa ari umwana wo mu vy’impwemu. Ariko abigishwa ba Yezu bomenye gute ko bavyawe n’impwemu? Urabona, umusi w’ukwurira mw ijuru kwiwe, Yezu yavuze ati: “Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa n’[im]pwemu [y]era.” (Ivyakozwe 1:5) Abigishwa ba Yezu ‘babatijwe mu mpwemu yera’ ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C. Iryo sukwa ry’impwemu ryaherekejwe n’ ‘ijwi rivuye mw ijuru rimeze nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi’ hamwe n’ ‘ibirimi nk’ivy’umuriro’ kuri umwe wese muri nya bigishwa. Icibonekeje rwose kuruta, ni ubushobozi abo bigishwa bagize bwo “kuvuga izindi ndimi, uko [im]pwemu [i]bahaye kuzivuga.” Nuko rero, harabayeho ikimenyamenya kiboneka kandi cumvikana c’uko inzira yo kwinjira mu buninahazwa bw’ijuru kw’abana b’Imana bwari bwugururiwe abayoboke ba Kirisitu.—Ivyakozwe 2:1-4, 14-21; Yoweli 2:28, 29.
9. Ni icemeza ikihe cahabaye c’uko Abasamariya, Koruneliyo hamwe n’abandi bo mu kinjana ca mbere bavyawe n’impwemu?
9 Mu nyuma haciye igihe gitoyi, Filipo wa mwamamazanjili yarakwiririje i Samariya. Naho Abasamariya bemeye ubutumwa abahaye bakanabatizwa, barabuze ikimenyamenya c’uko Imana yari ibavyaye ngo babe abana bayo. Aho intumwa Petero na Yohani basengeye vyongeye bakarambika ibiganza kuri abo bizeye, ‘batanguye guhabwa impwemu yera’ mu buryo bunaka bwagaragariye abavyitegereza. (Ivyakozwe 8:4-25) Ico cari icemeza ko Abasamariya bizeye bari bavyawe n’impwemu ngo babe abana b’Imana. Muri ubwo buryo nyene, mu 36 G.C., Koruneliyo n’abandi Banyamahanga baremeye ukuri kw’Imana. Petero hamwe n’abizeye b’Abayuda bari bamuherekeje “[barumiwe], kuko n’abanyamahanga na bo basutswekw ingabire, ari yo [m]pwemu [y]era. Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana.” (Ivyakozwe 10:44-48) Abakirisu benshi bo mu kinjana ca mbere barahawe ‘ingabire ari yo mpwemu yera,’ nk’ukuvuga mu zindi ndimi. (1 Ab’i Korinto 14:12, 32) Abo bantu rero bari baronse ikimenyamenya cibonekeje c’uko bavyawe n’impwemu. Ariko Abakirisu bohabaye mu nyuma bomenye gute ko bavyawe canke batavyawe n’impwemu?
Intahe Ishingwa n’Impwemu
10, 11. Wishimikije Abaroma 8:15-17, wovuga gute ko impwemu ishingira intahe abaraganwa na Kirisitu?
10 Ba Bakirisu 144 000 basizwe bose bararonse ikimenyamenya kitagira agahaze c’uko bafise impwemu y’Imana. Muri ivyo, Paulo yanditse ati: ‘Mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data. Impwemu ubwayo ibgiririkanya n’impwemu yacu, ar’icabona, yuko tur’abana b’Imana. Ariko ko tur’abana bayo, tur’abaragwa; tur’abaragwa b’Imana, tur’abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubuninahazwa na we.’ (Abaroma 8:15-17) Abakirisu basizwe bariyumvamwo ko ari abavyawe na Data wo mw ijuru, bakuzurwamwo ivy’uko ari abana biwe. (Ab’i Galatiya 4:6, 7) Barazi ata gukeka namba ko bavyawe n’Imana, ibavyarira kuba abana bayo bo mu buryo bw’impwemu ngo babe abaraganwa na Kirisitu mu Bwami bw’ijuru. Muri ivyo, impwemu yera ya Yehova irarangura uruhara rutomoye.
11 Bitumwe n’impwemu yera y’Imana, agatima kari mu basizwe ari yo nyifato ibiganzamwo, karabagobera kwitabira neza ico Ijambo ry’Imana rivuga ku vyerekeye ca cizigiro c’ijuru. Nk’akarorero, iyo basomye ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye abana bo mu buryo bw’impwemu ba Yehova, baca buno nyene bemanga ko amajambo mwen’ayo ari bo yerekeye. (1 Yohana 3:2) Barazi ko “[ba]batirijwe kuba muri Kristo Yesu” no mu rupfu rwiwe. (Abaroma 6:3) Ukujijuka kwabo gushikamye ni ukw’uko ari abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu, abazopfa hanyuma bakazurirwa ubuninahazwa bw’ijuru, nk’uko vyabaye kuri Yezu.
12. Ni igiki impwemu y’Imana yavyukije mu Bakirisu basizwe?
12 Ukuvyarirwa kuba abana bo mu vy’impwemu si icipfuzo umuntu yikomezamwo. Abavyawe n’impwemu ntibashaka kuja mw ijuru kubera ko babitumwe n’amarushwa baterwa n’amagume ari kw isi ubu. (Yobu 14:1) Ahubwo, impwemu ya Yehova yavyukije mu basizwe vy’ukuri icizigiro n’icipfuzo abantu muri rusangi badasanzwe bagira. Abavyarwa mwen’abo barazi ko ukubaho ibihe bidashira ata gasembwa umuntu agira kw isi y’iparadizo ikikujwe n’umuryango uri mu gahimbare hamwe n’abagenzi vyobaye ari vyiza igitangaza. Ariko rero, ubuzima mwen’ubwo si co cipfuzo nyamukuru kiri mu mitima yabo. Abasizwe bafise icizigiro gikomeye c’ijuru ku buryo bemera guheba ivyizero vyo kw isi hamwe n’ivyo bakunda vyaho.—2 Petero 1:13, 14.
13. Dukurikije 2 Ab’i Korinto 5:1-5, ‘ukwipfuza gukomeye’ Paulo yari afise kwari ukw’iki, kandi ivyo vyerekana iki ku vyerekeye abavyarwa n’impwemu?
13 Ico cizigiro kiva ku Mana c’ubuzima bwo mw ijuru kirakomeye cane muri mwen’abo ku buryo biyumva nk’uko Paulo yiyumva, uwanditse ati: “Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru. Kuko tunihira mur’uru rusago, twifuza kurwambikirwakw inzu yacu izova mw ijuru, namba tuyambaye tutazosangwa twambaye ubusa. Kuko twebge abari mur’uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubu[zima]. Kand’iyaturoranije kubg’ico nyene n’Imana, iyatugwatirije [im]pwemu.” (2 Ab’i Korinto 5:1-5) ‘Ukwipfuza gukomeye’ Paulo yari afise kwari ukw’ukuzurirwa kuja mw ijuru ari ikiremwa c’impwemu kidahwera. Yarerekeje ku mubiri wa kimuntu, akoresha ingereranyo ifatiye ku rusago rushobora gusenyuka, ubuturo bworoshe kandi bumara igihe gito bugereranywa n’inzu. Naho baba kw isi mu mubiri w’inyama upfa, Abakirisu bafise impwemu bwa kimenyetso c’ubuzima bwo mw ijuru buzoza, biteze “inyubako iva ku Mana,” umubiri w’impwemu udahwera kandi utabora. (1 Ab’i Korinto 15:50-53) Cokimwe na Paulo, barashobora kuvugana ubwira bati: “Tu[ra]rinda mu mutima, kand’ico turushiriza gukunda ngiki: n’ukugerēra kure y’umubiri [wa kimuntu], tukaba i wacu [mw ijuru] ku Mwami wacu.”—2 Ab’i Korinto 5:8.
Bajanywe mw Isezerano Ridasanzwe
14. Igihe Yezu yariko atanguza iyubahirizwa ry’Icibutso, ni isezerano irihe yavuze ubwa mbere, kandi rirangura uruhara uruhe mu bijanye n’Abisirayeli bo mu vy’impwemu?
14 Abakirisu bavyawe n’impwemu barazi neza ko bajanywe mu masezerano abiri adasanzwe. Yezu yaravuze rimwe muri ayo igihe yakoresha umukate n’umuvinyu bitambiye kugirango atanguze Icibutso c’urupfu rwiwe rwari rugiye kuza, hanyuma avuga ivy’igikombe c’umuvinyu ati: “Iki gikombe n’isezerano risha ryo mu maraso yanje, abaviriye.” (Luka 22:20; 1 Ab’i Korinto 11:25) Ni bande bari muri iryo sezerano risha? Yehova Imana hamwe n’abagize Isirayeli yo mu vy’impwemu—abo Yehova ategekanya kujana mu buninahazwa bw’ijuru. (Yeremiya 31:31-34; Ab’i Galatiya 6:15, 16; Abaheburayo 12:22-24) Kubera ko iryo sezerano risha ryashizwe mu ngiro n’amaraso ya Yezu yasheshwe, rirakura mu mahanga igisata c’abantu citiriwe izina rya Yehova hanyuma abo Bakirisu bavyawe n’impwemu rikabagira abo mu bagize rwa ‘rubuto’ rwa Aburahamu. (Ab’i Galatiya 3:26-29; Ivyakozwe 15:14) Iryo sezerano risha riratunganiriza ibintu Abisirayeli bo mu vy’impwemu bose kugirango bajanwe mu buninahazwa mu kuzurirwa ubuzima budahwera mw ijuru. Kubera ko ari “isezerano ry’ibihe bidashira,” ivyiza biva muri ryo bizomara ibihe bidashira. Hasigaye kuraba ko iryo sezerano ryoba kandi rizorangura uruhara mu bundi buryo mu gihe ca ya Milenari be no mu nyuma yaho.—Abaheburayo 13:20.
15. Mu buryo buhuye na Luka 22:28-30, abayoboke ba Yezu basizwe batanguye kujanwa mu rindi sezerano irihe, kandi ryari?
15 Abo ‘bana benshi’ Yehova yategekanije ‘kujana mu buninahazwa’ barinjijwe umwumwe ukwiwe mw isezerano rw’ivy’Ubwami bw’ijuru. Ku biraba iryo sezerano hagati ya we ubwiwe hamwe n’abayoboke biwe bagera ikirenge mu ciwe, Yezu yavuze ati: ‘Ni mwebwe mwamanye nanje mu vyo nageragejwe. Nanje ngiranye namwe isezerano, nk’uko Data yagiranye nanje isezerano, ku bw’ubwami, ngo muze murire, munywere ku meza yanje mu bwami bwanje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri.’ (Luka 22:28-30) Isezerano ry’Ubwami ryatanguwe igihe abigishwa ba Yezu basigwa impwemu yera kuri Pentekote yo mu 33 G.C. Iryo sezerano riguma rikora ibihe bidashira hagati ya Kirisitu na ba bami bifatanije na we. (Ivyahishuriwe 22:5) Nuko rero, Abakirisu bavyawe n’impwemu barazi neza ko bari muri rya sezerano risha no mw isezerano ry’Ubwami. Mu bihe vy’ukwubahiriza za Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba rero, abasizwe bakiri kw isi basigaye ari bakeyi ugereranije, ni bo bonyene barya ku mukate ugereranya umubiri wa kimuntu wa Yezu utagira icaha, bakanywa no ku muvinyu uwusobanura amaraso yiwe atagira agasembwa yasheshwe mu rupfu akaba aha agaciro rya sezerano risha.—1 Ab’i Korinto 11:23-26; raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Ruhuhuma 1989, urupapuro 17-20.
Barahamagawe, Baratoranijwe, Kandi Ni Abizerwa
16, 17. (a) Kugirango ba bandi 144 000 bajanwe mu buninahazwa, ni ibiki bibanza kubabako? (b) Ba “bami cumi” ni bande, kandi bafata gute amasigarira y’ ‘abavukanyi’ ba Kirisitu bari kw isi?
16 Ikoreshwa rya mbere ry’inkuka y’incungu ya Yezu rituma bishoboka ko bamwe 144 000 bahamagarirwa ubuzima bwo mw ijuru, vyongeye bagatoranywa mu kuba abo Imana yavyarishije impwemu. Nkako nyene, kugira bajanwe mu buninahazwa, bategerezwa gukora uko ‘bashoboye kwose kugirango uguhamagarwa kwabo n’ugutoranywa kwabo bikomezwe,’ kandi bategerezwa kugaragaza ko ari abizerwa kugeza gupfa. (2 Petero 1:10; Abanyefeso 1:3-7; Ivyahishuriwe 2:10) Ya masigarira makeyi y’abasizwe bakiri kw isi baragumya ukutadohoka kwabo naho barwanywa na ba “bami cumi” bagereranya intwaro nyabubasha zose za gipolitike. Umumarayika umwe yavuze, ati “Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama,” ariko “uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.”—Ivyahishuriwe 17:12-14.
17 Abategetsi b’abantu nta kintu bashoboye kugira Yezu, we ‘Mwami w’abami,’ kuko ari mw ijuru. Ariko baragaragariza urwanko amasigarira y’ ‘abavukanyi’ biwe bakiri kw isi. (Ivyahishuriwe 12:17) Urwo rwanko ruzorangira ku ntambara y’Imana ya Harumagedoni, aho ata kizobuza ko “Umwami w’abami” atsinda hamwe n’ ‘abavukanyi’ biwe—“[a]bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse.” (Ivyahishuriwe 16:14, 16) Mu kurindira, Abakirisu bavyawe n’impwemu bafise vyinshi bakora. None ubu bariko bakora ibiki, imbere y’uko bajanwa na Yehova mu buninahazwa?
Wokwishura Iki?
◻ Ni bande Imana ‘ijana mu buninahazwa bw’ijuru’?
◻ ‘Kuvyarwa n’Imana’ bisobanura iki?
◻ Ni mu buryo ubuhe ‘impwemu ishingira intahe’ Abakirisu bamwebamwe?
◻ Abavyarwa n’impwemu bajanwe mu masezerano ayahe?