Ukwiyegura be n’Umwidegemvyo wo Guhitamwo
“Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo.”—AB’I GALATIYA 5:1.
1. Amajambo y’Igiheburayo n’ay’Ikigiriki ahindurwa ngo “ukwegurira,” “ukwinjira,” canke “guhebera” ahanini yerekeza ku ki?
ABANDITSI ba Bibiliya barakoresheje amajambo y’Igiheburayo n’ay’Ikigiriki atari make kugira baserure iciyumviro co kuba umuntu yaratowe, canke yarashizwe ku ruhande, kugirango akore ibintu vy’Imana. Muri Bibiliya z’Icongereza, ayo majambo ahindurwa mu majambo nka “ukwegurira,” “ukwinjira,” canke “uguhebera.” Mu bihe bimwebimwe, ayo majambo arakoreshwa ku bijanye n’inyubakwa—mu bisanzwe akaba akoreshwa ku vyerekeye urusengero rw’Imana rwari muri Yeruzalemu ya kera hamwe n’ivy’ugusenga vyahagirirwa. Ni gake cane ayo majambo akoreshwa ku biterekeye idini.
Ukwiyegurira ‘Imana ya Isirayeli’
2. Ni kuki vyari bikwiriye ko Yehova yitwa ‘Imana ya Isirayeli’?
2 Mu 1513 B.G.C., Imana yararokoye Abisirayeli ibakura mu buja bwo mu Misiri. Inyuma yaho gato, yarabashize ku ruhande ngo bayibere igisata yiharije, ibinjiza mu bucuti bw’isezerano bagiraniye. Babwiwe uku: ‘None rero, nimwanyumvira vy’ukuri, mukitondera isezerano ryanje, muzombera inyegu niharije, nitoranirije mu mahanga yose: kuko isi yose ari iyanje.’ (Kuvayo 19:5; Zaburi 135:4) Kubera ko Yehova yari yagize Isirayeli inyegu yiwe yiharije, koko vyari bikwiriye ko yitwa ‘Imana ya Isirayeli.’—Yosuwa 24:23.
3. Ni kuki Yehova atari arobanuye ku butoni mu gucagura Isirayeli ngo ibe igisata ciwe?
3 Mu kugira Abisiyeli igisata ciwe yiharije, Yehova ntiyari arobanuye ku butoni, kubera yuko n’abatari Abisirayeli yabiyumviranye urukundo. Yabwirije igisata ciwe ati: “Umunyamahanga ni yaza mu gihugu canyu, akabana namwe, ntimuze mumugirire nabi. Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’uko mwikunda: kuko namwe mwar’abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.” (Abalewi 19:33, 34) Haciye ibinjana, uko Imana ibona ibintu kwarinjijwe mu ntumwa Petero mu buryo bukomeye, uwiyemereye icese ati: “N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.”—Ivyakozwe 10:34, 35.
4. Ni ibiki Isirayeli yasabwa kugirango habe ubucuti hagati yayo n’Imana, kandi mbega Abisirayeli boba barabayeho bavyisunga?
4 Urabona kandi yuko ukuba igisata ciyeguriye Imana hari ico vyasaba. Igihe bari kwumvira Imana badata, bakongera bakagumya isezerano ryayo, ni ho gusa bari kuba “inyegu yiharije.” Ikibabaje, Abisirayeli barananiwe gushitsa ivyo bisabwa. Bamaze gutera akagere Mesiya yatumwe n’Imana mu kinjana ca mbere G.C., baratakaje ico kibanza c’agateka. Yehova ntiyari akibaye ‘Imana ya Isirayeli.’ Abisirayeli bo mu vy’umubiri na bo ntibari bakibaye igisata ciyeguye c’Imana.—Gereranya na Matayo 23:23.
Ukwiyegura kwa ‘Isirayeli y’Imana’
5, 6. (a) Yezu yashaka kuvuga iki mu majambo yiwe y’ubuhanuzi yanditswe muri Matayo 21:42, 43? (b) Ni ryari kandi ni gute ‘Isirayeli y’Imana’ yahavuye ibaho?
5 Ivyo vyoba vyasobanura yuko ico gihe Yehova yobaye ata gisata camwiyeguriye afise? Oya. Yezu Kirisitu yarasubiyemwo amajambo y’umwanditsi wa zaburi, amenyesha ati: “Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: ivyo vyavuye k[uri Yehova], kandi n’igitangaza mu maso yacu? Ni co gitumye mbabgira yuk’ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo.”—Matayo 21:42, 43.
6 Iryo “hanga ryama imbuto zabgo” ryagaragaye ko ari ishengero rya gikirisu. Mu gihe Yezu yari kw isi, yaracaguye aba mbere mu bobaye abarigize. Ariko ku musi wa Pentekote yo mu 33 G.C., ni Yehova Imana ubwiwe yashinze ishengero rya gikirisu mu gusuka impwemu yiwe yera ku barigize ba mbere, abashika nk’120. (Ivyakozwe 1:15; 2:1-4) Nk’uko mu nyuma intumwa Petero yanditse, iryo shengero ryari riherutse gushingwa ico gihe ryacitse “ubgoko bgātoranijwe, [bu]koranije kuba abami n’abaherezi, [bu]r’ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije.” Batoranijwe kubera iyihe mpamvu? Kugirango “[ba]kwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje.” (1 Petero 2:9) Abayoboke ba Yezu, abasizwe impwemu y’Imana, ico gihe bari babaye ihanga ryiyeguye, ‘Isirayeli y’Imana.’—Ab’i Galatiya 6:16.
7. Ni ibiki abagize Isirayeli y’Imana bokwironkeye, kandi kubera ico ni ibiki babwiwe kwirinda?
7 Naho abagize iryo hanga ryeranda bari “abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije,” ntibari kugirwa abaja. Ahubwo riho, bari kwironkera umwidegemvyo munini kuruta uwari ufiswe n’ihanga ryiyeguye rya Isirayeli yo mu vy’umubiri. Yezu yasezeraniye abogize iryo hanga rishasha ati: “Muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yohana 8:32) Intumwa Paulo yarerekanye yuko Abakirisu bahawe umwidegemvyo bakurwako ivyasabwa n’isezerano ry’Ivyagezwe. Kuri ivyo yarakebuye abizeye bagenziwe b’i Galatiya ati: “Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye; ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.”—Ab’i Galatiya 5:1.
8. Ni mu biki indinganizo ya gikirisu iha abantu umwidegemvyo uruta uwo abantu bari bafise mu gihe c’isezerano ry’Ivyagezwe?
8 Atari nka ya Isirayeli yo mu vy’umubiri ya kera, gushika muri iki gihe Isirayeli y’Imana yamye igamburuka neza ibisabwa n’ukwiyegura kwayo. Ivyo ntibikwiye kuba ibitangaje kubera yuko abayigize bihitiyemwo kugamburuka. Mu gihe abagize Isirayeli yo mu vy’umubiri bacika abiyeguye kubera babivukiyemwo, abagize Isirayeli y’Imana bacitse abiyeguye mu kwihitiramwo. Gutyo indinganizo ya gikirisu yari inyuranye n’isezerano ry’Ivyagezwe ry’Abayuda, iryahatira abantu ku kwiyegura ritabarekeye umwidegemvyo wo guhitamwo.
9, 10. (a) Ni gute Yeremiya yerekanye yuko hobaye ihinduka ku biraba ukwiyegura? (b) Ni kuki wovuga yuko muri iki gihe Abakirisu biyeguye bose boba batari mu bagize Isirayeli y’Imana?
9 Umuhanuzi Yeremiya yaravuze ivy’ihinduka mu vy’ukwiyegura igihe yandika ati: “Eh’imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango wa Isirayeli n’umuryango wa Yuda: ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza, ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa; kand’iryo sezerano nyene bāraryishe, naho nari shebuja, ni jewe Uhoraho mbivuze. Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.”—Yeremiya 31:31-33.
10 Kubera ko abagize Isirayeli y’Imana bafise ivyagezwe vy’Imana “imbere muri bo,” nk’aho vyoba vyanditse “mu mitima yabo,” barumva basunikiwe ku kubaho bisunga ukwiyegura kwabo. Ikibibatuma kirakomeye kuruta icabituma Abisirayeli bo mu vy’umubiri, bo biyegura kw ivuka bidaciye ku kwihitiramwo. Muri iki gihe ikintu gikomeye gituma abantu bakora ivyo Imana igomba, nk’uko bigaragazwa na Isirayeli y’Imana, kirafiswe n’abo bafatanije gusenga barenga imiliyoni zitanu bari kw isi yose. Na bo nyene bareguriye Yehova Imana ubuzima bwabo kugirango bakore ivyo agomba. Naho abo bantu badafise icizigiro c’ubuzima bw’ijuru nk’uko gifiswe n’abagize Isirayeli y’Imana, baranezererwa icizero co kubaho ibihe bidashira kw isi barongowe n’intwaro y’Ubwami bw’Imana bwo mw ijuru. Barerekana ko bakengurukira Isirayeli yo mu vy’impwemu mu gushigikira bivuye inyuma bakeyi muri bo bagisigaye, mu kurangura uruhara bashinzwe rwo “[gukwiza] ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje.”
Gukoresha Ubwenge mu Mwidegemvyo Imana Yatanze
11. Umuntu yaremwe afise ubuhe bushobozi, kandi bukwiye gukoreshwa gute?
11 Imana yaremye abantu ngo banezererwe umwidegemvyo. Yarabahaye ubushobozi bwo kwihitiramwo ubwabo. Wa mugabo n’umugore ba mbere barakoresheje umwidegemvyo wabo wo guhitamwo. Ariko rero bagize ihitamwo mu buryo butaranga ubwenge n’urukundo, bo be n’uruvyaro rwabo iryo hitamwo ribakwegera akaga. Mugabo, ivyo biragaragaza neza yuko Yehova atigera na rimwe ahata ibiremwa bifise ubwenge gukora ibintu binyuranye n’ivyo bishaka canke vyipfuza bibiri imbere. Kubera kandi yuko “Imana ikunda ūtanga anezerewe,” ukwiyegura kumwe rudende kwemewe na yo ni ugushimikiye ku rukundo, ukugiranywe umutima ukunze n’umunezero, ugushingiye ku mwidegemvyo wo guhitamwo. (2 Ab’i Korinto 9:7) Ukundi kwiyegura kwose ntikwemewe.
12, 13. Ni gute Timoteyo ari akarorero mu vy’ukurera abana mu buryo bubereye, kandi akarorero kiwe kashikanye abakiri bato batari bake ku ku kugira iki?
12 Kubera ko Ivyabona vya Yehova bemera rwose ico gisabwa, barashigikira ivy’uko umuntu ubwiwe yiyegurira Imana, ariko nta muntu n’umwe bigera bagobera ngo agire ukwiyegura mwen’ukwo, naho mbere boba ari abana babo bwite. Aho Ivyabona vya Yehova bataniye n’amasengero menshi, ntibabatiza abana babo bakiri inzoya nk’aho vyoba bishoboka yuko babahata kwiyegura badakoresheje ukwihitiramwo kwabo bwite. Akarorero ko mu Vyanditswe umuntu yokurikira ni akakurikiwe na wa musore Timoteyo. Igihe yari ageze mu bigero, intumwa Paulo yamubwiye ati: “Ugume mu vyo wize, [ukavyumvishwa], kuk’uzi abākwigishije: kand’uzi yuk’uhereye mu [buhinja] bgawe wamye uzi ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu.”—2 Timoteyo 3:14, 15.
13 Turabona yuko Timoteyo yari azi ivyanditswe vyeranda kubera yuko yavyigishijwe uhereye mu buhinja. Yari yarumvishijwe na nyina hamwe na inakuru kwizera inyigisho za gikirisu—ntiyagoberwa. (2 Timoteyo 1:5) Ico vyavyaye, Timoteyo yarabonye ubwenge buri mu vy’ugucika umuyoboke wa Kirisitu maze rero arahitamwo we ubwiwe kwiyegura aba Umukirisu. Mu bihe vya none, abasore n’inkumi ibihumbi mirongo bafise abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova barakurikiye ako karorero. (Zaburi 110:3) Hari abandi batagakurikiye. Ivyo biva ku kwihitiramwo.
Ni Uguhitamwo Kuba Umushumba wa Nde?
14. Mu Baroma 6:16 hatubwira iki ku vyerekeye umwidegemvyo uherejeko?
14 Nta muntu n’umwe yidegemvya mu buryo buherejeko. Uwo ari we wese arafise aho umwidegemvyo wiwe ugera bivuye ku mategeko agenga ibiriho, nka rimwe ry’uko isi ikwega ibintu, akaba adashobora kwirengagizwa ngo habure ingaruka mbi zihaba. No mu buryo bw’impwemu nyene, nta muntu n’umwe yidegemvya mu buryo buherejeko. Paulo yavuze ati: “Ntimuzi yuko mu kwihebera umuntu nk’abashumba bashaka kumugamburukira mwabaye abashumba b’uwo mugamburukira, mukaba [r]ero abashumba b’igicumuro ngo mushikire urupfu canke mukaba abashumba b’ubugamburutsi ngo mushikire ubutungane?”—Abaroma 6:16, Ubwuzure Bushasha (UB).
15. (a) Abantu biyumva gute ku vyerekeye ukuba abashumba, ariko abenshi amaherezo bakora ibiki? (b) Ni ibibazo ibihe bibereye twoshobora kwibaza?
15 Iciyumviro c’ukuba umushumba w’umuntu kirankwa n’abantu benshi. Ariko rero, uko ibintu vyifashe mw isi ya kino gihe, usanga abantu kenshi bareka bakagirwa utuzeze bakanoshwa mu buryo bwinshi cane bw’urwenge, ku buryo amaherezo baza basanga bariko barakora ivyo abandi bashaka ko bakora, batanabishaka. Nk’akarorero, iyamamaza ry’ibidandazwa hamwe n’isi y’ivy’ukwinezereza birinanata guhindura abantu ngo biyumvire kumwe, bakore bimwe, bikabashingira ingingo ngenderwako bakwiye gukurikiza. Amashirahamwe ya gipolitike n’ay’idini arakwegēra abantu ngo bashigikire ivyiyumviro n’imigambi vyayo, kenshi hadakoreshejwe ivyiyumviro bijijura, ariko babakwegakwegesheje ivy’ugufashanya n’ukudahemuka. Kubera ko Paulo yavuze yuko ‘turi abashumba b’uwo tugamburukira,’ umwe wese muri twebwe yoba agize neza yibajije ati: ‘Noba ndi umushumba wa nde? Ni nde agira akosho kanini kuruta ku ngingo mfata no ku buryo mbayeho? Boba ari abakuru b’amadini, indongozi zo mu vya politike, abatunzi karuhariwe, canke abantu bakina ibinezereza? Noba numvira nde—Imana canke abantu?’
16. Ni mu buryo ki Abakirisu ari abashumba b’Imana, kandi ni mu buryo bubereye ubuhe umuntu akwiye kubona ubwo bushumba?
16 Abakirisu ntibabona ivy’ukwumvira Imana nk’ibirengera akarimbi umwidegemvyo bifitiye ubwabo. Barakoresha umwidegemvyo wabo n’umutima ukunze nk’uko Yezu Kirisitu Karorero wabo yabigize, ivyipfuzo vyabo bwite hamwe n’ivyo bashira mu kibanza ca mbere bakabihuza n’ivyo Imana igomba. (Yohana 5:30; 6:38) Baratsimbataza “ivyiyumviro vya Kirisitu,” bakamuyobokera we Mutwe w’ishengero. (1 Ab’i Korinto 2:14-16; Ab’i Kolosayi 1:15-18) Ivyo bisa cane n’umugore yabirwa n’umugabo yikundira kandi agafashanya na we n’umutima ukunze. Nkako, umugwi w’Abakirisu basizwe uvugwa ko ari nk’isugi idatyoye Kirisitu yemerewe kuzokwabira.—2 Ab’i Korinto 11:2; Abanyefeso 5:23, 24; Ivyahishuriwe 19:7, 8.
17. Ivyabona vya Yehova bose bahisemwo gucika iki?
17 Buri Cabona ca Yehova wese, yaba afise icizigiro c’ijuru canke ico kw isi, ubwiwe yariyeguriye Imana kugirango akore ivyo igomba kandi ayumvire nka yo Mutware. Ku Cabona wese, ukwiyegura ryabaye ihitamwo yigiriye ubwiwe ryo gucika umushumba w’Imana hako aguma ari umushumba w’abantu. Ivyo birajanye n’impanuro intumwa Paulo yatanze ngo: “Mwaraguzwe igiciro; ntimwigire noneho abashumba b’abantu.”—1 Ab’i Korinto 7:23, UB.
Nitumenye Kwironsa Inyungu
18. Ni ryari uwuraririye kuba Icabona aba akwije ibisabwa ngo abatizwe?
18 Imbere y’uko umuntu ashobora gukwiza ibisabwa kugira abe Icabona ca Yehova, ategerezwa kwuzuza kamere zisabwa n’Ivyanditswe. Abakurambere baritondera ivy’ukwemeza ko umuntu araririye kuba Icabona atahura vy’ukuri ibijana n’ukwiyegura kwa gikirisu. Yoba vy’ukuri ashaka kuba Icabona ca Yehova? Yoba ashaka n’umutima ukunze kubaho yisunga ico ivyo birimwo? Niba atari ukwo, ntakwije ibikenewe kugirango abatizwe.
19. Ni kuki ata mpamvu iriho yo kunegura umuntu afashe ingingo yo gucika umusavyi yiyeguye w’Imana?
19 Ariko, igihe umuntu akwije ibisabwa vyose, ni kuki yonegurwa kubera yifatiye ingingo ata gahato yo kureka ngo yoshwe n’Imana hamwe n’Ijambo ryayo ryahumetswe? Umuntu aretse we ubwiwe akoshwa n’Imana hako areka ngo yoshwe n’abantu, vyoba ari vyo bishimwa buhoro? Canke ivyo vyoba birimwo inyungu nke? Ukwo si ko Ivyabona vya Yehova bavyibaza. Baremerana umutima wabo wose aya majambo yanditswe na Yesaya ngo: “Ni jewe [Yehova] Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.”—Yesaya 48:17.
20. Ni mu biki abantu bagirwa abidegemvya n’ukuri kwa Bibiliya?
20 Ukuri kwa Bibiliya kuragira abantu abidegemvya kukabakiza ukwemera inyigisho z’idini y’ikinyoma, nk’ukubabarizwa ibihe bidashira mu muriro udahera. (Umusiguzi 9:5, 10) Ahubwo, kuruzuza imitima yabo ugukura ubwatsi kubera icizigiro nyakuri kihari ku bapfuye—ari co zuka, iryashobotse biciye ku nkuka y’incungu Yezu Kirisitu yatanze. (Matayo 20:28; Ivyakozwe 24:15; Abaroma 6:23) Ukuri kwa Bibiliya kuragira abantu abidegemvya kukabakiza ugutaha zirayoye guterwa n’ukwizera amasezerano ya gipolitike akunda kunanirwa. Mu gishingo c’ivyo, kuratuma imitima yabo isesekara umunezero wo kumenya yuko Ubwami bwa Yehova bumaze kuganza mw ijuru kandi ko ubu bwa vuba bugiye gutegeka isi yose. Ukuri kwa Bibiliya kuratuma abantu bidegemvya bakareka ingeso zitesha iteka Imana kandi zigakwega ingaruka mbi zikomeye, nk’ugusambuka kw’ubucuti, indwara, hamwe n’ugupfa kwihuse, naho nyene usanga izo ngeso zinezera umubiri waguye. Muri make, kuba umushumba w’Imana bivamwo inyungu iruta kure n’iyo kuba umushumba w’abantu. Nkako, ukwiyegurira Imana kutuzanira inyungu ‘muri iki gihe . . . mu gihe kizoza na ho ubuzima budashira.’—Mariko 10:29, 30.
21. Ivyabona vya Yehova babona gute ukwiyegurira Imana, kandi icipfuzo cabo ni ikihe?
21 Ivyabona vya Yehova muri iki gihe ntibacitse abo mw ihanga ryiyeguye kw ivuka nkuko vyaba ku Bisirayeli ba kera. Ivyabona bagize umuce w’ishengero ry’Abakirisu biyeguye. Buri Cabona yabatijwe yacitse we akoresheje we ubwiwe umwidegemvyo afise wo kwihitiramwo, mu kwiyegura. Vy’ukuri, ku Vyabona vya Yehova ukwiyegura bivamwo ubucuti burangwa igishika umuntu agirana n’Imana mu kuyikorera n’umutima ukunze. Baripfuza n’umutima wabo wose kugumana ubwo bucuti, bakazokwama bumiye ku mwidegemvyo Yezu Kirisitu yabarondereye.
Wokwishura Gute?
◻ Ni kuki Imana itari itoranije ku butoni mu gucagura Isirayeli ngo ibe “inyegu yiharije”?
◻ Ni kuki wovuga yuko ukwiyegura kwa gikirisu kutarimwo ukuba umuntu atakaje umwidegemvyo?
◻ Inyungu ziva mu kwiyegurira Yehova Imana ni izihe?
◻ Ni kuki kuba umusavyi wa Yehova biruta kuba umushumba w’abantu?
[Ifoto ku rup. 13]
Muri Isirayeli ya kera, ukwiyegurira Imana kwava kw ivuka
[Ifoto ku rup. 14]
Ukwiyegura kwa gikirisu kuva ku kwihitiramwo