Turakwinginze Kwifatanya Natwe mu Guhimbaza Ikintu Kidasanzwe
ku wa Gatandatu, Igenekerezo rya 11 Ndamukiza 1998
IVYABONA VYA YEHOVA baragutumiye n’igishika cinshi ngo wibukane na bo ingabirano Imana yatanze y’Umwana wayo, Yezu Kirisitu. Iyo ngabirano yarahaye abantu icizero c’ukuronka ubuzima budashira kw isi.—Yohana 3:16.
Uno mwaka Icibutso c’urupfu rwa Yezu kizokwubahirizwa izuba rirenze ku wa Gatandatu, igenekerezo rya 11 Ndamukiza. Iryo genekerezo rihuye n’uwa 14 Nisani ku kirangamisi ngengamezi ca Bibiliya. Turakwinginze ubaze Ivyabona vya Yehova b’aho uba aho bazohurira be n’isaha bazohurirako.