ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/5 rup. 32
  • Ubwo Ntiwokwifatanya na Bo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwo Ntiwokwifatanya na Bo?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/5 rup. 32

Ubwo Ntiwokwifatanya na Bo?

NDJAUKUA ULIMBA afise imyaka 73 y’amavuka, mu mwaka uheze yarafashe urugendo rw’ibirometero nk’450. Urwo rugendo rwose yarugenze n’amaguru, arumarako imisi 16.

Uwo mutama w’intore yagize urwo rugendo rurerure kugira ngo yitabe rimwe mu materaniro y’Ivyabona vya Yehova aba uko umwaka utashe. Inyuma y’iryo teraniro, yasubiye i muhira n’amaguru—ahagenda iyindi misi 16 akamwemwe kamusya, agenda akomejwe mu vy’impwemu. Ubwo vyari bikwiriye ko yigora gutyo? Ego cane! Ndjaukua Ulimba aramaze imyaka itari mike agira urwo rugendo uko umwaka utashe.

Uwo mugabo w’Umunyafirika yarimwo mu barenga imiliyoni 15 baturuka mu bihugu birenga 230, bitavye amateraniro y’Ivyabona vya Yehova mu mwaka uheze. Birumvikana, benshi ntibategerezwa kugenda n’amaguru imisi n’iyindi baja ahagirirwa iryo teraniro. Benshi bahashikanywe n’umuduga, ibisi, igari ya moshi, canke indege. Muri abo woba warimwo?

Mu 1998, amateraniro azosubira kuba kw isi iyo iva ikagera, canecane akazoba mu mezi yo mu ci. Kumbure Ndjaukua Ulimba azosubira kugira rwa rugendo rurerure amagara niyamukundira, kugira ngo yitabe rimwe muri ayo materaniro. We hamwe n’abandi amamiliyoni bazokurikira porogarama ngirakimazi, ikomeza ukwizera, kandi itanga ingoga. Iryo teraniro rizoba ari ikintu cibonekeje ku bazoryitaba bose muri uyu mwaka. Nawe nyene urahawe ikaze n’igishika ngo uzoryitabe. Ivyabona vya Yehova baba mu karere urimwo bazonezerwa no kukubwira aho iryo teraniro rizobera hakwegereye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika