ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w98 1/10 rup. 22-27
  • ‘Yehova, Imana Yuzuye Imbabazi n’Ubuntu’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Yehova, Imana Yuzuye Imbabazi n’Ubuntu’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwana w’Umugarariji Ava i Muhira
  • Ukwiheburira mu Gihugu ca Kure
  • Wa Mwana w’Igishushungwe Yisubirako
  • Umusi Mukuru w’Akezamutima
  • Nitwigane Imbabazi za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Inkuru y’Umuhungu Yazimiye
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ushobora Gufasha Gute Umwana w’“Icangazi”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Umwana w’icangazi agaruka
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
w98 1/10 rup. 22-27

‘Yehova, Imana Yuzuye Imbabazi n’Ubuntu’

‘Yehova, Yehova, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, nteba kuraka, nkagira ikigongwe cinshi, mpora ndi umwizigirwa.’—KUVAYO 34:6.

1. (a) Bibiliya ihumuriza gute ababonye uwabo ata ugusenga gutyoroye? (b) Yehova abona gute abatirimuka?

“HARI sebibondo w’Umukirisu yavuze ati: “Umwigeme wanje yambwiye ko atagishaka kuba uwo mw’ishengero rya gikirisu. Mu nyuma y’ico gihe namaze imisi, imishamvu eka mbere n’amezi numva mu mubiri wanje umubabaro uguguna. Vyarutwa no gupfa.” Kukaba nkako, biratuntuza kubona uwo wakunda ata inzira y’ugusenga gutyoroye. Ibintu nk’ivyo vyoba bimaze kugushikira? Niba bimaze kugushikira, uraza guhumurizwa n’ukumenya yuko Yehova agufitiye ikibabarwe. (Kuvayo 3:7; Yesaya 63:9) Ariko, mwene abo bazimira ababona gute? Bibiliya yerekana yuko Yehova n’imbabazi n’akantu abatera akamo ngo bagaruke basubire mu butoni bwiwe. Yaringinze ba Bayuda b’abagarariji bo mu misi ya Malaki ati: “Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako.”—Malaki 3:7.

2. Bibiliya yerekana gute ko imbabazi ari ikintu gisanzwe kiri muri kamere ya Yehova?

2 Imbabazi z’Imana zaratomorewe Musa ku musozi Sinayi. Kuri uwo musozi, Yehova yihishuye ko ari ‘Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, igahora ari nyizigirwa.’ (Kuvayo 34:6) Iryo tangazo rirashimika ku vy’uko imbabazi ari ikintu gisanzwe kiri muri kamere ya Yehova. Ya ntumwa w’Umukirisu Petero yanditse ati: “Igomba ko bose bihana.” (2 Petero 3:9) Birumvikana, imbabazi z’Imana si izitagira aho zigera. Musa yabwiwe yuko ‘itazobura guhana.’ (Kuvayo 34:7, NW; 2 Petero 2:9) Ariko rero, “Imana [ni] urukundo,” kandi imbabazi ni umuce munini w’iyo kamere. (1 Yohana 4:8; Yakobo 3:17) Yehova “nt[azo]horana uburake imisi yose,” kandi ‘ahimbarwa no kugira imbabazi.’—Mika 7:18, 19.

3. Ukuntu Yezu yabona ivy’imbabazi kwari guhushanye gute n’ukuntu abanyabwenge b’ivyanditswe be n’Abafarizayo babibona?

3 Yezu yaragize ibigaragaza Se wiwe wo mw’ijuru bimwe bitagira agahaze. (Yohana 5:19) Ukuba yarafatana imbabazi inkozi z’ikibi ntikwari ugukingira ikibaba ibicumuro vyabo, ahubwo kwari ukugaragaza za nyiyumvo nyene yagaragarije abarwaye ku mubiri. (Gereranya na Mariko 1:40, 41.) Ni vyo, Yezu yashize imbabazi mu “bihambaye” vyo mu vyagezwe vy’Imana. (Matayo 23:23) Igihushanye n’ivyo, rimbura ba banyabwenge b’Ivyanditswe na ba Bafarizayo, ababona ubutungane mu buryo bushimikiye kw’itegeko gusa bigatuma kenshi batagira imbabazi. Igihe babona Yezu yifatanya n’abanyavyaha, baridodomvye bati: “Uyo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.” (Luka 15:1, 2) Yezu yishuye abo bamwagiriza akoresheje ibigereranirizo bitatu, kimwe cose kikaba cashimika ku mbabazi z’Imana.

4. Ni ibigereranirizo bibiri ibihe Yezu yatanze, kandi muri kimwe cose yashaka kwerekana iki?

4 Ubwa mbere, Yezu yavuze ivyerekeye umugabo yasize intama 99 kugira ngo aje guhiga imwe yari yatakaye. Yashaka kuvuga iki? “Mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.” Hanyuma, Yezu yavuze ivyerekeye umugore yahize ihera ryari ryatakaye, maze aho aritoreye akanezerwa. Yashaka kwigisha iki? “Ha[ra]ba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana ku bg’umunyavyaha umwe yihannye.” Yezu yiganye ikigereranirizo ciwe kigira gatatu mu buryo bw’umugani.a Benshi baje kuwufata nk’aho ari ko kagani kagufi keza mu yigeze gucibwa yose. Nitwihweza uwo mugani biradufasha gutahura imbabazi z’Imana no kuzigana.—Luka 15:3-10.

Umwana w’Umugarariji Ava i Muhira

5, 6. Wa muhungu w’umuhererezi wo mu kigereranirizo kigira gatatu ca Yezu yagaragaje gute ukubura ugukenguruka bimwe bivuna umutima?

5 “Hābaye umuntu yar’afise abahungu babiri. Umuhererezi abgira se, ati Data, mpa umugabane w’ibintu notwaye. Abagaburira itunga ryiwe. Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu.”—Luka 15:11-13.b

6 Uwo muhungu w’umuhererezi avugwa ngaho yagaragaje ukubura ugukenguruka bimwe bivuna umutima. Ubwa mbere, yasavye iragi ryiwe, hanyuma aryayisha “ubuhumbu.” Imvugo ngo “ubuhumbu” ikuwe mw’ijambo ry’Ikigiriki risobanura ngo “ubuzima buteye isoni.” Incabwenge imwe yavuze yuko iryo jambo “riserura uguta buhere ivy’ukwigenza runtu.” Birakwiriye rero kuba uwo musore wo mu mugani wa Yezu kenshi yitwa igishushungwe, iryo rikaba ari ijambo ridondora umuntu w’umwononyi kandi w’insesaguzi bimwe vy’icasame.

7. Muri iki gihe ni bande basa nka wa mwana w’igishushungwe, kandi ni kuki abantu benshi mwene abo baronderera umwidegemvyo “mu gihugu ca kure”?

7 Muri iki gihe hoba hariho abantu basa n’uwo mwana w’igishushungwe? Egome bariho. Ikibabaje ni uko usanga hariho abantu bakeyi ugereranije bataye ahameze nk’ “umuhira” urangwa itekane wa Data wa twese wo mw’ijuru Yehova. (1 Timoteyo 3:15) Bamwebamwe muri abo biyumvamwo yuko mu nzu y’Imana ari nk’aho babohewe, yuko ijisho rireretsi rya Yehova ari igitangirizi aho kuba uburinzi. (Gereranya na Zaburi 32:8.) Rimbura ivyerekeye umugore umwe w’Umukirisu yarerewe mu ngingo ngenderwako za Bibiliya mugabo mu nyuma akaza kwisuka mu vy’akaborerwe n’ugufata ibiyayura umutwe. Atereje amaso inyuma kuri ivyo bihe vy’umwiza yaciyemwo mu buzima bwiwe, avuga ati: “Nashaka kwerekana yuko nshobora kwironsa ubuzima bwiza kuruta. Nashaka gukora ivyo nishakiye, kandi sinshake yuko hagira umuntu ambwira ibindi.” Uwo mugore akiri muto yarondera umwidegemvyo nka wa mwana w’igishushungwe. Ikibabaje ni uko, bitewe n’ingeso ziwe zitajanye n’Ivyanditswe, yategerejwe kwirukanwa mw’ishengero rya gikirisu.—1 Ab’i Korinto 5:11-13.

8. (a) Abipfuza kubaho mu buryo buhushanye n’ingingo ngenderwako z’Imana bashobora gufashwa gute? (b) Ni kuki umuntu akwiye kurimbura yitonze amahitamwo agira mu vyerekeye ivy’ugusenga?

8 Vy’ukuri biravuna umutima igihe uwo dusangiye ukwemera agaragaje icipfuzo co kubaho mu buryo buhushanye n’ingingo ngenderwako z’Imana. (Ab’i Filipi 3:18) Igihe ivyo bishitse, abakurambere be n’abandi bakwije ibisabwa mu vy’impwemu barinanata kugira babogore uwo yatirimutse. (Ab’i Galatiya 6:1) Ariko rero, nta muntu ahatwa kwemera ya ngǒgo y’ukuba umwigishwa wa Kirisitu. (Matayo 11:28-30; 16:24) Igihe abakiri bato bamaze kugera mu bigero, na bo nyene bategerezwa kwifatira ingingo ku vyerekeye ugusenga. Ku bwa ngingo, umwe wese muri twebwe ni umuntu afise uburenganzira bwo guhitamwo, akazogira ico abazwa n’Imana ku vyiwe. (Abaroma 14:12) Birumvikana kandi ko ‘tuzokwimbura ico twabivye’—kikaba ari icigwa wa mwana w’igishushungwe wo mu mugani wa Yezu atatevye kuhakura.—Ab’i Galatiya 6:7, 8.

Ukwiheburira mu Gihugu ca Kure

9, 10. (a) Ni ibiki vyahindutse kuri wa mwana w’igishushungwe, kandi yavyifashemwo gute? (b) Tanga akarorero k’ukuntu bamwebamwe mu bata ugusenga kw’ukuri muri iki gihe bashikirwa n’ibintu bibi bimeze nk’ivyashikiye wa mwana w’igishushungwe.

9 “Abimaze vyose, ikigoyi gikomeye gitera mur’ico gihugu, atangura gufutana. Aragenda, ashumba ku muntu wo mur’ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube. Yifuza guhāzwa n’ibishishwa ingurube zārya, ntihāgira ūmunūtsa.”—Luka 15:14-16.

10 Naho uwo mwana w’igishushungwe ata co yari agisigaranye, ntiyiyumviriye no gupfuma asubira i muhira. Ahubwo yagiye ku muntu umwe w’aho, amuha akazi ko kuragira ingurube. Kubera ko Ivyagezwe vya Musa vyavuga yuko ingurube ari ibitungwa bihumanye, Umuyuda ntiyokwemeye gukora bene ako kazi. (Abalewi 11:7, 8) Ariko, niba uwo mwana w’igishushungwe yarumva n’umusonga w’ijwi ryo mu mutima, yategerejwe kuriwuvya. Na kare, ntiyari kwitega ko umukoresha wiwe, umunyagihugu w’aho hantu, yitwararika inyiyumvo z’umunyamahanga w’umwinazi. Abenshi muri iki gihe bata inzira igororotse y’ugusenga gutyoroye barashikirwa n’ibintu bibi vyashikiye uwo mwana w’igishushungwe. Kenshi usanga abo bantu bisuka mu bikorwa boba bahora babona ko ari ibiteye isoni. Nk’akarorero, igihe umusore umwe yari afise imyaka 17, yaragararije indero ya gikirisu yahawe. Yiyemerera ati: “Ubuhumbu n’ugufata ibiyayura umutwe vyarahinduye ubusa inyigisho ishingiye kuri Bibiliya nahawe mu myaka n’iyindi.” Uwo musore ntiyatevye gutabwa mu munyororo azize kwiba yitwaje ibirwanisho be no kwica. Naho mu nyuma yakize mu vy’impwemu, ese ukuntu yahishuriye bimwe bibabaje bitewe n’ “ukumara igihe [gito] mu bihimbaro vy’ivyaha”!—Gereranya n’Abaheburayo 11:24-26.

11. Ingorane za wa mwana w’igishushungwe zunyutse gute, kandi muri iki gihe ni gute bamwebamwe basanze ibiryosharyosha vy’isi ari “ibihendo vy’ubusa”?

11 Ingorane wa mwana w’igishushungwe yarimwo zunyuwe n’uko ‘ata wamunutsa ikintu.’ Abagenzi bashasha yari yaronse bari hehe none? Ico gihe ata n’igiceri yari agifise, yari yahindutse nk’ ‘uwankwa.’ (Imigani 14:20) No muri iki gihe nyene abatari bake bakevya bagata ukwizera basanga ibiryosharyosha vyo muri iyi si be n’uko ibona ibintu ari “ibihendo vy’ubusa.” (Ab’i Kolosayi 2:8) Umugore umwe akiri muto yamaze igihe yarataye ishirahamwe ry’Imana avuga ati: “Naragize akababaro kenshi ndanatuntura igihe nari ntakirongōrwa na Yehova. Naragerageje gukurikira isi, ariko kubera yuko ntari meze nk’abandi vy’ukuri, barantaye. Numvise meze nk’umwana yatakaye akeneye umuvyeyi amurongōra. Ico gihe ni ho natahura yuko nkeneye Yehova. Sinigeze nsubira gushaka kubaho ntamwisunga.” Wa mwana w’igishushungwe wo mu kigereranirizo Yezu yatanze yahavuye atahura ibintu muri ubwo buryo nyene.

Wa Mwana w’Igishushungwe Yisubirako

12, 13. Ni ibiki vyafashije bamwebamwe muri iki gihe kwisubirako? (Raba uruzitiro.)

12 “Yisubiyemwo, aribgira, at’Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahāzwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano. Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe. Ava hasi, aja kwa se.”—Luka 15:17-20.

13 Wa mwana w’igishushungwe “y[ar]isubiyemwo.” Yari amaze igihe yigīra mu vy’ukwinezereza, nk’aho yoba yaba mw’isi yo mu ndoto. Ariko ico gihe yatanguye kwibonera neza ukuntu amerewe mu vy’impwemu. Egome, naho uwo musore yari yaguye, ntiyaribwagende akagirire. Hariho ikintu ciza cashobora gusangwa muri we. (Imigani 24:16; gereranya na 2 Ngoma 19:2, 3.) Twovuga iki ku bava mu mukuku w’Imana muri iki gihe? Ubwo vyoba vyumvikana umuntu avuze yuko bose bagiye akagirire, yuko uko vyogenda kwose ingendo yabo y’ubugarariji igaragaza ko bacumuye ku mpwemu yera y’Imana? (Matayo 12:31, 32) Si ngombwa ngo bibe ari ukwo bimeze. Bamwe muri bo barababazwa n’ingendo yabo y’ubugaba, hanyuma hashize igihe abenshi muri abo bakisubirako. Igihe umuvukanyikazi umwe yatereza amaso ku gihe yamaze ari hanze y’ishirahamwe ry’Imana, yavuze ati: “Nta na rimwe nigeze nibagira Yehova, habe n’umusi n’umwe. Nama nantaryo nsaba yuko, uko vyogenda kwose, umusi umwe yonyakira nkagaruka mu kuri.”—Zaburi 119:176.

14. Wa mwana w’igishushungwe yafashe ingingo yo kugira iki, kandi mu kubigenza atyo ni gute yari yerekanye ukwicisha bugufi?

14 Mugabo, abayovye bashobora kugira iki ku vyerekeye ukuntu ivyabo vyifashe? Muri wa mugani wa Yezu, wa mwana w’igishushungwe yafashe ingingo yo kugira urugendo agasubira i muhira kugira ngo asabe ikigongwe se wiwe. Uwo mwana w’igishushungwe yiyemeje kuvuga ati: “Pfuma ungira umucangero wawe.” Umucangero yari umukozi akora agahemberwa umusi, akaba yashobora kwirukanwa umusi uwo ari wo wose. Uwo yari munsi y’umushumba, kuko umushumba we hari ukuntu yari nk’uwo mu bagize umuryango. Uwo mwana w’igishushungwe rero ntiyiyumvira ivy’ugusaba yuko yosubira gufatwa nk’umwana nk’uko yahora. Yokwemeye n’umutima ukunze ikibanza co hasi kuruta, kugira ngo ku musi ku musi agaragaze ko yasubiriye kuba intadohoka kuri se. Ariko, uwo mwana w’igishushungwe hariho ikintu comutangaje.

Umusi Mukuru w’Akezamutima

15-17. (a) Se w’uwo muhungu yavyifashemwo gute aho amuboneye? (b) Ya kanzu, ya mpeta na za nkweto se wa nya muhungu yamuhaye vyasobanura iki? (c) Ivy’uko uwo muvyeyi yagirishije umusi mukuru vyerekana iki?

15 “Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mw izosi, aramugumbira. Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe. Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge, muzane ya shūri inuze, muyibāge, turye tunezerwe: kuk’uyu mwana wanje yari yarapfuye, non’arazutse; yari yarahavye, non’arahabutse. Nuko batangura kunezerwa.”—Luka 15:20-24.

16 Umuvyeyi munyarukundo wese yoshashara kubona umwana akira mu vy’impwemu. Kubera ivyo, turashobora kwiyumvira se w’uwo mwana w’igishushungwe yama yeraguza mu kayira ko kw’irembo uko bukeye uko bwije amaso ari umunani, ngo arabe ko umuhungu wiwe yogaruka. Ubu akubise amaso umuhungu wiwe adugana ako kayira! Uwo mwana ategerezwa kuba yarafutanye pe. Ariko, se wiwe yamumenye “akiri kure.” We ntabona impuzu zafutanye n’ukuntu yihebuye; yiboneye umuhungu wiwe, maze yirukanga kumusanganira!

17 Igihe uwo muvyeyi yashikira umuhungu wiwe, yamuguye mw’izosi amugumbirana ikibabarwe cinshi. Maze yaciye abwiriza abashumba biwe kumuronderera ikanzu, impeta n’inkweto. Iyo kanzu nticari ikintu apfa kwambara gusa, ariko “yaruta izindi”—kumbure ikaba yari impuzu itātse neza, bene zimwe bashikiriza umushitsi w’iteka. Kubera ko ata mushumba yakunda kwambara impeta n’inkweto, uwo sebibondo yariko aragaragaza yuko uwo muhungu asubiriye guharurwa mu bagize umuryango. Ariko se ntiyagarukiye aho. Yagirishije umusi mukuru kugira ngo yigine ukugaruka kw’umuhungu wiwe. Birumvikana yuko uwo mugabo atapfuye kubabarira umuhungu wiwe, canke ngo abigire kubera gusa ukugaruka kw’umuhungu kumuhatiye kubigira; kumubabarira yarabishaka. Vyaramuteye akanyamuneza.

18, 19. (a) Uwo mugani w’igishushungwe ukwigisha iki ku vyerekeye Yehova? (b) Nkuko vyerekanwa n’ivyo Yehova yagiranye na Yuda be na Yeruzalemu, ni mu buryo ki ‘aguma arindiriye’ ukugaruka kw’umucumuzi?

18 Gushika aha none, uwo mugani w’umwana w’igishushungwe utwigishije iki ku vyerekeye Imana twatewe iteka ryo gusenga? Ubwa mbere, utwigishije yuko Yehova ‘yuzuye imbabazi n’ubuntu, ateba kuraka, akagira ikigongwe cinshi, agahora ari umwizigirwa.’ (Kuvayo 34:6) Kukaba nkako, imbabazi ni kamere ihambaye y’Imana. Ni muri ubwo buryo asanzwe avyifatamwo ku bazikeneye. Maze, uwo mugani wa Yezu utwigisha yuko Yehova “[a]gabirije guharira.” (Zaburi 86:5) Ni nkaho yoba aguma areretse ko haba ikintu gihinduka mu mutima w’abantu b’abanyavyaha comuha ishingiro ryo kugaragaza imbabazi.—2 Ngoma 12:12; 16:9.

19 Nk’akarorero, iyumvire ivyo Imana yagiranye na Isirayeli. Umuhanuzi Yesaya yarahumekewe na Yehova ngo adondore ukuntu Yuda na Yeruzalemu hari ‘harwaye kuva ku mutwe gushika ku birenge.’ Ariko yavuze kandi ati: ‘Yehova arashamaje kugira ngo abagirire ubuntu.’ (Yesaya 1:5, 6; 30:18; 55:7; Ezekiyeli 33:11) Nk’uko sebibondo wo mu mugani wa Yezu yabigize, ni nk’aho Yehova yoba ‘ahanze amaso inzira’. Arindiranye umushasharo ukugaruka kw’uwo wese yataye inzu yiwe. Ivyo none si vyo twokwitega kuri sebibondo munyarukundo?—Zaburi 103:13.

20, 21. (a) Ni mu buryo ki benshi muri iki gihe bakwegērwa n’imbabazi z’Imana? (b) Mu kiganiro gikurikira twihweza ibiki?

20 Uko umwaka utashe, imbabazi za Yehova zirakwegerera benshi ku kwisubirako no ku kugaruka mu gusenga kw’ukuri. Ese umunezero ivyo bizanira ababo! Nk’akarorero, dufate wa muvyeyi w’Umukirisu twavuga mu ntango. Ikinezereje ni uko umukobwa wiwe yakize mu vy’impwemu kandi ubu akaba ari umukenuzi w’igihe cose. Avuga ati: “Ndahimbawe uko bishoboka muri iyi si ishaje. Amosozi yanje y’intuntu yahindutse amosozi y’umunezero.” Nta nkeka, Yehova na we biramunezereza!—Imigani 27:11.

21 Ariko uwo mugani w’igishushungwe ntugarukiriza aho. Yezu yarabandanije inkuru yiwe kugira ngo atange itandukaniro riri hagati y’imbabazi za Yehova n’umutima w’ukudakonywa n’uguhinyura abandi wari weze mu banyabwenge b’Ivyanditswe n’Abafarizayo. Ukuntu yabigize—n’ico ivyo bisobanura kuri twebwe—birihwezwa mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Imigani be n’ibindi bigereranirizo vyiganywe muri Bibiliya ntibirinda kuba vyarabaye koko. Ikindi, kubera ko intumbero y’utwo dukuru yari iyo gutanga icigwa, ntibikenewe ko turondera insobanuro ngereranyo y’ido n’ido ry’utuntu twose twavuzwemwo.

b Insobanuro menyeshakazoza y’uwo mugani yashikirijwe mu Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1989, urupapuro 16, 17.

Isubiramwo

◻ Ukuntu Yezu yabona ivy’imbabazi gutandukanye gute n’ukuntu Abafarizayo babibona?

◻ Ni bande muri iki gihe bameze nka wa mwana w’igishushungwe, kandi ni mu buryo ki?

◻ Ni ibiki vyabaye bica bituma wa mwana w’igishushungwe yisubirako?

◻ Se w’uwo muhungu yihanye yamugaragarije imbabazi gute?

[Uruzitiro ku rup. 25]

BARISUBIYEKO

Ni ibiki vyafashije bamwe bari barirukanywe mw’ishengero rya gikirisu kwisubirako? Ivyavuzwe bikurikira birahishura ivy’ico kibazo.

“Mu mutima wanje nari nkizi aho ukuri kuri. Imyaka nari naramaze niga Bibiliya nongera nja ku makoraniro ya gikirisu yari yarasize ikintu kinini muri jewe. Noshoboye gute none kubandanya gutera umugongo Yehova? We ntiyari yantaye; nije nari naramutaye. Amaherezo, nariyemereye ko nari mu makosa n’uko nari nabaye intabarirwa, n’uko Ijambo rya Yehova ryamye nantaryo rivuga ukuri’​—ico ubivye ni co wimbura.’​—C.W.

“Akana kanje k’agakobwa kari gatanguye kuvuga, kandi ivyo vyarankora ku mutima kubera nashaka kukigisha ibintu bimwebimwe, nka Yehova uwo ari we n’ukuntu umuntu yomusenga. Sinashobora gutora agatiro, maze mu gicuku kimwe nja mu busitani ndarira. Nararize, ndasenga Yehova hari haciye igihe kirekire ntabigira. Ico nari nzi gusa ni uko nari nkeneye ko Yehova agaruka mu buzima bwanje, kandi nari nizigiye yuko yoshobora kungirira ikigongwe.’​—G.H.

“Igihe haba havyutse ikibazo cerekeye idini, nabwira abantu yuko uwompa guhitamwo idini yigisha ukuri, noba Icabona ca Yehova. Maze naca mvuga yuko nigeze kumuba, ariko ko ntashoboye kubaho ndavyisunga, nca ndabivamwo. Kubera ko ivyo nabibona, nama kenshi numva hari ikintu niyagiriza kandi nkama mbabaye. Amaherezo nariyemereye yuko ‘ngowe, ko nkeneye kugira ivyo mpindura mu maguru masha.’​—C.N.

“Hari haraciye imyaka mirongo itatu n’itanu twe n’umunega wanje duciwe. Maze mu 1991, twaranezerejwe no kugenderwa n’abakurambere babiri tutari tuvyiteze, batumenyesha yuko hariho uburyo bwo kugaruka kwa Yehova. Haciye amezi atandatu, twaragize akamwemwe ko kugarukanwa. Je mfise imyaka 63, umunega wanje akagira 79.’​—C.A

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika