ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/3 rup. 32
  • Carasubije Impeta ku Ntoke Zabo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Carasubije Impeta ku Ntoke Zabo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/3 rup. 32

Carasubije Impeta ku Ntoke Zabo

“ITEGEREZE intoke zanje. Hoba hari ico ubona cahindutse?” Hari umugabo yaramvuriye igikonjo ciwe umugore umwe, wo mu Vyabona vya Yehova, uwo akubitijeko ijisho aca abona ubwo nyene ko impeta yiwe y’ubugeni ata yikiriko. Yasiguye yuko we n’umugore wiwe batari bagishobokana, gutyo bakaba bafashe ingingo yo kwahukana. Ico Cabona yavuze ati: “Ntibishoboka! Akira iki gitabu maze ugisome. Kizogufasha mu mubano wo mu rugo.” Avuze atyo, yamuhaye igitabu gishingiye kuri Bibiliya citwa Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira.a

Haheze imisi, uwo mugabo yarasubiye kuri ca Cabona akamwemwe kamusya. Yaramweretse ca gikonjo ciwe. Ico gihe, yari yambaye impeta yiwe y’ubugeni. Yamubwiye yuko we n’umugore wiwe basomye ca gitabu Ubumenyi, kandi yuko ico gihe bari bahimbawe cane. Ico gitabu carasubije busubize impeta ku ntoke zabo.

Impanuro ya Bibiliya irashobora gufasha umunega n’umukenyezi kugaragarizanya urukundo nyakuri. Ivyo ni ko biri kubera ko umwanditsi wa Bibiliya ata wundi atari Umuremyi wacu, uwuvuga ati: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.”​—Yesaya 48:17.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika