ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/4 rup. 9-14
  • Uburongozi bwa Kirisitu Bwoba Atari Umugani Kuri Wewe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburongozi bwa Kirisitu Bwoba Atari Umugani Kuri Wewe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Rwaruka, Nimubandanye ‘Kugwiza Ubwenge’
  • ‘Nimugamburukiranire’
  • ‘Mubanze Mwitwararike Ubwami’
  • Nukurikire Kristu, we Ndongozi itagira agahaze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Kirisitu Ararongora Ishengero Ryiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ico wogira ngo mu rugo iwanyu harangwe agahimbare
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • ‘Indongozi yanyu ni imwe, ni Kristu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/4 rup. 9-14

Uburongozi bwa Kirisitu Bwoba Atari Umugani Kuri Wewe?

“Ntimukīyite [“indongozi,” NW] kuk’[“indongozi,” NW y]anyu ar’umwe, ari Kristo.”​—MATAYO 23:10.

1. Ni umuntu umwe rudende uwuhe ari indongozi y’Abakirisu nyakuri?

HARI ku wa Kabiri, igenekerezo rya 11 Nisani. Yezu Kirisitu yokwishwe inyuma y’imisi itatu. Iryo ryari ryo rya nyuma atembereye ku rusengero. Kuri uwo musi nyene, Yezu yarahaye icigwa gihambaye ishengero ryari ryahatororokaniye be n’abigishwa biwe. Yavuze ati: “Ntimukitwe Rabi, kuk’umwigisha wanyu ar’umwe, namwe mwese mur’abavukana. Kandi ntimukīte umuntu wo mw isi Data, kuko So ar’umwe, ar’uwo mw ijuru. Kandi ntimukīyite [indongozi], kuk’[indongozi y]anyu ar’umwe, ari Kristo.” (Matayo 23:8-10) Biragaragara yuko Yezu Kirisitu ari we ndongozi y’Abakirisu nyakuri.

2, 3. Kwumvira Yehova no kwemera indongozi yagenye bigira ingaruka iyihe mu buzima bwacu?

2 Ese ingene uburongozi bwa Yezu bugira ingaruka nziza ku buzima bwacu igihe tubwemeye! Mu kubura umuzo w’iyo ndongozi, Yehova Imana yamenyesheje biciye ku mumenyeshakazoza Yesaya ati: “Yemwe abafise inyota, ni muze ku mazi, kandi n’ūdafise amahera na we n’aze; ni muze mugure, murye: ni mugure vino n’amata, mudatanze amahera cank’ibiguzi. . . . Mugire umwete wo kunyumvira, ni ho muzorya ivyiza, ubugingo bganyu bunezererwe ibishashagira. . . . Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’[“indongozi,” NW] na segaba w’amahanga.”​—Yesaya 55:1-4.

3 Yesaya yakoresheje ibintu biseseka bimenyerewe: amazi, amata na vino, bwa bigereranyo mberanya kugira ngo yerekane ukuntu bigira ico bikoze ku buzima bwacu bwite, igihe twumvirije Yehova tukongera tugakurikira ya Ndongozi akaba na Segaba yaduhaye. Biramara akanyota. Bimeze nk’ukunywa ikirahuri c’amazi gipfutse ku musi izuba rimena imbwa agahanga. Inyota tunyotewe ukuri n’ukugororoka iragabanuka. Nka kurya amata akomeza inzoya akongera akazifasha gukura, ni ko ‘amata ya rya jambo’ adukomeza akongera agatuma dukura mu vy’impwemu no mu bucuti dufitaniye n’Imana. (1 Petero 2:1-3) Vyongeye ni nde yohakana yuko vino idatuma umuntu anezerwa mu bihe vy’umusi mukuru? Mu buryo bw’ikigereranyo, gusenga Imana y’ukuri no kugera ikirenge mu c’indongozi yagenye bituma ubuzima buba ‘ubunezereye.’ (Gusubira mu Vyagezwe 16:15) Birahambaye rero yuko twese, abato n’abakuze, abagabo n’abagore twerekana yuko uburongozi bwa Kirisitu atari umugani kuri twebwe. Ariko none, twokwerekana gute mu buzima bwacu bwa misi yose yuko Mesiya ari indongozi yacu?

Rwaruka, Nimubandanye ‘Kugwiza Ubwenge’

4. (a) Ni ibiki vyabaye igihe Yezu yaja i Yeruzalemu kuri Pasika amaze imyaka 12? (b) Ni gute Yezu yari yarigishijwe neza afise imyaka 12 gusa?

4 Rimbura akarorero indongozi yacu yasigiye abakiri bato. Naho tuzi bike ku vyerekeye ubwana bwa Yezu, ikintu kimwe cabaye kirahishura vyinshi. Igihe Yezu yari amaze imyaka 12, abavyeyi biwe baramujanye ku rugendo bama bagira ku mwaka ku mwaka baja i Yeruzalemu kuri Pasika. Ico gihe ikiyago gishingiye ku Vyanditswe caramutwaye, maze umuryango wiwe uramusiga utabizi. Haciye imisi itatu abavyeyi biwe, Yozefu na Mariya, bahagaritse umutima; bamusanze mu rusengero, “yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ababaza.” Vyongeye, “abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’abishura.” Iyumvire na we, Yezu amaze imyaka 12 yonyene, ntiyashobora kubaza ibibazo vyo mu buryo bw’impwemu bisaba kuzirikana gusa ariko kandi yaratanga inyishu ziranga ubwenge! Nta gukeka, inyigisho ya kivyeyi yari yararonse yaramufashije.​—Luka 2:41-50.

5. Abakiri bato bosuzuma gute ukuntu babona ivyerekeye inyigisho ya Bibiliya y’umuryango?

5 Kumbure uracari muto. Nimba abavyeyi bawe ari abasavyi b’Imana bayihebeye, birashoboka ko hariho porogarama y’inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza i muhira iwanyu. Iyo nyigisho y’umuryango uyibona gute? Ni kuki utozirikana kuri mwene ibi bibazo: ‘Noba nshigikira n’umutima wanje wose indinganizo yo kwiga Bibiliya yashinzwe mu muryango iwacu? Noba ndayubahiriza, nsinkore ikindi kintu cociramwo uwo mwanya?’ (Ab’i Filipi 3:16) ‘Noba ngira uruhara n’umwete muri iyo nyigisho? Igihe bibereye, noba mbaza ibibazo ku bijanye n’ayo mayagwa twiga nkongera ngatanga insasanuro z’ukuntu yoshirwa mu ngiro? Uko ntera imbere mu buryo bw’impwemu, noba ntsimbataza akayabagu k’“ivyo kurya bigumye [vy]’abakuze”?’​—Abaheburayo 5:13, 14.

6, 7. Ku bakiri bato, porogarama yo gusoma Bibiliya ku musi ku musi ishobora kubabera ngirakamaro gute?

6 Porogarama yo gusoma Bibiliya ku musi ku musi na yo nyene ni ngirakamaro. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, . . . Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirak’umutima ku murango no mw ijoro.” (Zaburi 1:1, 2) Umusubirizi wa Musa, ari we Yosuwa ‘yasoma ibiri mu gitabu c’ivyagezwe ku murango no mw’ijoro.’ Ivyo vyatumye ashobora gukorana ubukerebutsi yongera araroranirwa mu kurangura igikorwa yari yarashinzwe n’Imana. (Yosuwa 1:8) Indongozi yacu Yezu Kirisitu, yavuze ati: “Vyanditswe ng’Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.” (Matayo 4:4) Nimba dukenera gufungura imfungurwa z’ivy’umubiri imisi yose, ibaze rero ukuntu bikenewe ko turushiriza gufungura imfungurwa z’ivy’impwemu ubudahorereza!

7 Nicole, agakobwa k’imyaka 13 kamaze gutahura yuko gakeneye ivy’impwemu, karatanguye gusoma Bibiliya imisi yose.a Ubu ageze ku myaka 16, aramaze gusoma Bibiliya yose incuro ya mbere kandi akaba ayigejeje nko hagati ubugira kabiri. Uburyo abigenza buroroshe. Avuga ati: “Niyemeje gusoma n’imiburiburi ikigabane kimwe ku musi.” Ugusoma Bibiliya kwiwe ku musi ku musi vyamufashije gute? Yishura ati: “Utwosho tubi muri iki gihe ni twinshi. Ku musi ku musi ndahura n’imikazo igeramira ukwizera kwanje kw’ishure n’ahandi. Gusoma Bibiliya imisi yose biramfasha kwibuka ningoga amabwirizwa n’ingingo ngenderwako vyo muri Bibiliya bindemesha kunanira iyo mikazo. Ico vyavuyemwo, numva niyegereje rwose Yehova na Yezu.”

8. Yezu yari afise akamenyero akahe ku biraba isinagogi, kandi abakiri bato bashobora kumwigana gute?

8 Yezu yari afise akamenyero ko kwumviriza no kugira uruhara mu gusoma Ivyanditswe mw’isinagogi. (Luka 4:16; Ivyakozwe 15:21) Mbega ukuntu ari vyiza ko abakiri bato bakurikira ako karorero mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu ubudasiba, aho Bibiliya isomwa ikongera ikigwa! Richard, umuhungu w’imyaka 14, mu guserura ukuntu akenguruka amakoraniro mwene ayo, avuga ati: “Amakoraniro ni ngirakamaro kuri jewe. Nama nantaryo nibutswa ivyerekeye iciza ico ari co n’ikibi ico ari co, inyifato nziza iyo ari yo n’inyifato mbi iyo ari yo, ico kumera nka Kirisitu bisobanura n’ico bidasobanura. Ivyo sindinda kubimenya mbanje kwibonerako, mu kwigerezako.” Emwe, “[“icibutswa ca Yehova ni ico kwizigirwa,” NW], [g]iha umutungu ubgenge.” (Zaburi 19:7) Nicole kandi yiyemeje kwitaba amakoraniro yose y’ishengero uko ari atanu agirwa ku ndwi ku ndwi. Vyongeye akaba amara kandi amasaha ava kuri abiri gushika kuri atatu ariko arayategura.​—Abanyefeso 5:15, 16.

9. Abakiri bato bashobora gute kubandanya ‘kugwiza ubwenge’?

9 Ubuto ni igihe ciza co kuronka ‘ubumenyi bwerekeye Imana yonyene y’ukuri, n’uwo yatumye Yezu Kirisitu.’ (Yohana 17:3) Ushobora kuba uzi abakiri bato bamara umwanya munini basoma ibitabu birimwo udukuru dutwenza, barorera televiziyo, bakina udukino two mu mavidewo, canke bisamaza mu kurondera amakuru muri Internet. Wumva ukwiye kubigana igihe woba ushaka gukurikiza akarorero keza k’Indongozi yacu? Akiri agahungu gatoyi, yahimbarwa no kwiga ivyerekeye Yehova. Ivyo na vyo vyavuyemwo iki? Kubera yakunda ibintu vy’impwemu, ‘Yezu yabandanije kugwiza ubwenge.’ (Luka 2:52) Na wewe urashobora kubandanya kubugwiza.

‘Nimugamburukiranire’

10. Ni igiki kizofasha kugira ngo ubuzima bwo mu rugo bube isoko ry’amahoro n’ubuhirwe?

10 Muhira harashobora kuba ahantu h’amahoro kandi hamara akanyota canke hakaba ahantu h’umuryano no gushihana. (Imigani 21:19; 26:21) Twemeye uburongozi bwa Kirisitu birafasha mu gutuma mu rugo haba amahoro n’ubuhirwe. Kukaba nkako, akarorero ka Yezu ni icitegererezo c’ubucuti bukwiye kuba mu rugo. Ivyanditswe bivuga biti: “Mugamburuk[ir]anire, kuko mwubashe Kristo. Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu. Kuk’umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’umutwe w’ishengero, akaba Umukiza waryo, ari wo mubiri wiwe. . . . Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura.” (Abanyefeso 5:21-25) Intumwa Paulo yandikiye ishengero ry’i Kolosayi ati: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu muri vyose, kukw ivyo ari vyo bishimwa mu Mwami wacu.”​—Ab’i Kolosayi 3:18-20.

11. Umugabo ashobora gute kwerekana yuko uburongozi bwa Kirisitu atari umugani kuri we?

11 Gukurikiza iyo mpanuro bisobanura yuko umugabo ari we aja imbere mu rugo, umugore wiwe akamushigikira adahemuka, abana na bo bakagamburukira abavyeyi babo. Ariko rero ukuba umutwe kw’umugabo kuvamwo ubuhirwe igihe gusa gukurikijwe mu buryo bubereye. Umugabo w’inkerebutsi ategerezwa kwiga ukuntu akoresha ububemutwe bwiwe mu kwigana umutwe wiwe akaba n’Indongozi yiwe, ari we Kirisitu Yezu. (1 Ab’i Korinto 11:3) Naho Yezu mu nyuma yahawe “ishengero ngw abe umutwe waryo wo gusumba vyose,” ntiyaje kw’isi “gukorerwa atar’ugukorera abandi.” (Abanyefeso 1:22; Matayo 20:28) Muri ubwo buryo nyene, umugabo w’Umukirisu ntakoresha ububemutwe bwiwe ku bw’inyungu yiwe, ariko abukoresha kugira ngo yitwararike ineza y’umugore wiwe n’abana biwe, emwe ni ukuvuga ko abukoresha ku bw’ineza y’urugo rwose. (1 Ab’i Korinto 13:4, 5) Arondera kwigana kamere ziranga ukuyobokera Imana z’umutwe wiwe Yezu Kirisitu. Cokimwe na Yezu, araba umugwaneza kandi akiyorosha mu mutima. (Matayo 11:28-30) Utujambo nk’utu ngo “Urantunga” canke ngo “Uvuze ukuri” usanga tutamugora kuvuga igihe ari mw’ikosa. Akarorero kiwe keza gatuma umugore wiwe yoroherwa no kuba “umufasha,” “umwunganizi,” n’“umugenzi” w’umugabo nk’uyo, akamwigirako kandi agakorana na we bafatanye mu nda.​—Itanguriro 2:20; Malaki 2:14.

12. Ni igiki kizofasha umugore kwemera n’umutima ukunze ingingo ngenderwako yerekeye ububemutwe?

12 Ku ruhande rwiwe, umugore ategerezwa kugamburukira umugabo wiwe. Ariko rero, nimba yaranyengerewe n’agatima k’isi, ivyo vyoshobora gutangura kwonona uburyo abona ingingo ngenderwako y’ububemutwe, kandi iciyumviro c’ukugamburukira umugabo nticomukwegera. Ivyanditswe ntibivuga yuko umugabo akwiye kumuhahaza, ariko bisaba yuko abagore bagamburukira abagabo babo. (Abanyefeso 5:24) Bibiliya ivuga kandi ko umugabo canke sebibondo hari ico azobazwa, kandi igihe impanuro ziri muri yo azishize mu ngiro, ivyo biratuma mu rugo haba amahoro n’urutonde.​—Ab’i Filipi 2:5.

13. Ni akarorero akahe ko kugamburuka Yezu yahaye abana?

13 Abana bategerezwa kugamburukira abavyeyi babo. Yezu yaratanze akarorero ntangere muri ivyo. Inyuma y’aho bamusigiye inyuma hagaca imisi itatu ari mu rusengero, ico gihe akaba yari amaze imyaka 12, Yezu “[y]amanukan[ye] n’[abavyeyi biwe], aja i Nazareti, yama abumvira.” (Luka 2:51) Abana bagamburukiye abavyeyi babo biratuma mu rugo haba amahoro n’ukunama rimwe. Igihe umuntu wese mu rugo agamburukira ububemutwe bwa Kirisitu, bituma mu rugo haba agahimbare.

14, 15. Ni ibiki bizodufasha kuroranirwa igihe duhanganye n’ibintu bigoye i muhira? Tanga akarorero.

14 No mu gihe i muhira hadutse ibintu bigoye, icotuma baroranirwa ni ukwigana Yezu no kwemera ubuyobozi bwiwe. Nk’akarorero, igihe Jerry, amaze imyaka 35 yabira Lana, akaba yari nyina w’umukobwa w’umuyabaga, vyarabateje ingorane ata n’umwe muri bo yari yigeze yibaza. Jerry asigura ati: “Nari nzi yuko kugira ngo mbe umutwe mwiza, nari nkwiye gukurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya zimwe zituma iyindi miryango iroranirwa. Mugabo budakeye na kabiri nasanze yuko nategerezwa kuzikurikiza ndabigiranye ubukerebutsi bwinshi n’ugutahura kwinshi.” Umukobwa w’umugore wiwe yabona Jerry nk’umuntu yaje kumutandukanya na nyina kandi akumva amwanka cane. Jerry yari akeneye ugutahura kugira ngo abone yuko ako gatima kagira ico gakoze ku vyo nya mukobwa yavuga no ku vyo yakora. Ivyo bintu yabitoreye umuti gute? Jerry yishura ati: “Lana na jewe twaremeye yuko n’imiburiburi kuva ico gihe, Lana yokwitwararika umuce w’ivyo gutanga indero ya kivyeyi mu gihe nanje nshimika ku vyo kugiranira ubucuti bwiza n’uwo mukobwa w’umugore wanje. Mu nyuma, ubwo buryo bwaravuyemwo ikintu ciza.”

15 Igihe duhanganye n’ibintu bigoye i muhira, turakeneye ugutahura kugira ngo dutore igituma abagize umuryango bavuga gutyo be n’igituma bakora gutyo. Turakeneye kandi ubukerebutsi kugira ngo dukurikize ingingo ngenderwako z’Imana mu buryo bubereye. Nk’akarorero, Yezu yaratahuye mu buryo butomoye igituma wa mugore yari agwaye ubutinyanka yamukozeko, kandi yamufashe mu buryo buranga ubukerebutsi n’imbabazi. (Abalewi 15:25-27; Mariko 5:30-34) Ubukerebutsi n’ugutahura ni vyo biranga Indongozi yacu. (Imigani 8:12) Turahimbarwa mu gihe dukoze nk’uko yokora.

‘Mubanze Mwitwararike Ubwami’

16. Ni igiki gikwiye kuja mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu, kandi Yezu yavyerekanye gute biciye ku karorero kiwe?

16 Yezu yaratomoye neza igikwiye kuja mu kibanza ca mbere mu buzima bw’abantu bemera uburongozi bwiwe. Yavuze ati: “Ariko mubanze mwitwararike ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo.” (Matayo 6:33) Kandi bivuye ku karorero yatanze, yaratweretse ukuntu twobigira. Ku mpera za ya misi 40 yamara yisonzesheje, azirikana yongera asenga vyakurikiwe n’ibatisimu yiwe, Yezu yarahuye n’inyosha mbi. Shetani yamuhaye gutegeka “ubgami bgose bgo mw isi.” Ibaze ubuzima Yezu yari kugira iyo aramuka yemeye ivyo Shetani yari amuhaye! Ariko rero, Kirisitu yitwararitse gukora ivyo Se agomba. Yaratahuye kandi yuko ubuzima nk’ubwo bwo mw’isi ya Shetani bwobaye bugufi. Ubwo nyene yaciye yamirira kure ivyo Shetani yari amuhaye, avuga ati: “Vyanditswe, ng’Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo usaba yonyene.” Bidatevye inyuma y’aho, Yezu yaciye “atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ubgami bgo mw ijuru buri hafi.” (Matayo 4:2, 8-10, 17) Ubuzima bwose yamaze kw’isi, Kirisitu yari umwamamaji w’Ubwami bw’Imana w’igihe cose.

17. Dushobora kwerekana gute yuko ivy’Ubwami bifise ikibanza ca mbere mu buzima bwacu?

17 Vyoba vyiza twiganye Indongozi yacu maze ntitureke ngo isi ya Shetani itureshe mu gutuma intumbero yacu nyamukuru yo mu buzima, iba ukuronka akazi canke umwuga bituma duhembwa menshi. (Mariko 1:17-21) Ese ukuntu bwoba ari ubupfu kuri twebwe kugwa mu mutego w’ivyo gukurikirana ivy’isi ku buryo ivy’Ubwami biza gusa mu kibanza ca kabiri! Yezu yatujeje igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Ego ni ko, dushobora kuba dufise amabanga yo mu muryango canke ayandi twitwararika, mugabo ntitunezerwa no gukoresha imigoroba canke impera z’imishamvu kugira ngo turangure ibanga ryacu rya gikirisu ryo kwamamaza no kwigisha? Vyongeye ese ukuntu biremesha kubona mu mwaka w’umurimo w’2001, abantu bagera ku 780.000 barashoboye gukora ari abasuku b’igihe cose, canke ari abatsimvyi!

18. Ni igiki kidufasha kuronka umunezero mu busuku?

18 Inkuru zo mu Njili zidondora Yezu ko yari umuntu akunda ibikorwa kandi afise inyiyumvo z’ikibabarwe. Abonye ukuntu abantu bari bamukikije bakeneye ivy’impwemu, yarabumvira impuhwe maze agaca abafasha abigiranye umwete. (Mariko 6:31-34) Ubusuku bwacu buratera umunezero igihe tubugiramwo uruhara tubitumwe n’urukundo dukunda abandi be n’icipfuzo nyakuri co kubafasha. Mugabo none icipfuzo nk’ico dushobora kukironka gute? Umusore umwe yitwa Jayson avuga ati: “Nkiri umuyabaga, sinanezererwa ubusuku.” Ni igiki camufashije gutsimbataza ugukunda ico gikorwa? Jayson yishura ati: “Mu muryango wanje, imisi ya Gatandatu mu gitondo cari igihe nantaryo cahebewe kuja mu murimo wo mu ndimiro. Ivyo vyari vyiza kuri jewe kubera yuko uko narushiriza kuja mu busuku, ni ko narushiriza kubona iciza kivamwo kandi nkarushiriza kukinezerererwa.” Na twebwe dukwiye kugira uruhara mu busuku ubudahorereza kandi tubigiranye umwete.

19. Umwiyemezo wacu ukwiye kuba uwuhe kubiraba uburongozi bwa Kirisitu?

19 Mu vy’ukuri biraruhura kandi biraturonsa impera kwemera uburongozi bwa Kirisitu. Igihe tubigize, ubuto buraba igihe co gutera imbere mu bumenyi no mu bukerebutsi. Ubuzima bwo mu rugo buraba isoko ry’amahoro n’agahimbare, ubusuku na bwo bukaba umurimo utera umunezero no gushira akanyota. Turavye ivyo vyose rero, nimuze twiyemeze kwerekana mu buzima bwacu bwa misi yose no mu ngingo dufata yuko uburongozi bwa Kirisitu atari umugani kuri twebwe. (Ab’i Kolosayi 3:23, 24) Ariko rero, Yezu Kirisitu yarabaye indongozi yacu biciye no mu bundi buryo, ni ukuvuga ishengero rya gikirisu. Ikiganiro gikurikira kiraza guca irya n’ino ukuntu dushobora kwungukira kuri iyo ntunganyo.

[Akajambo k’epfo]

a Amazina amwamwe yarahinduwe.

Woba Uvyibuka?

• Gukurikira Indongozi yacu yagenywe n’Imana bitwungura gute?

• Abakiri bato bashobora kwerekana gute yuko bashaka gukurikira uburongozi bwa Yezu?

• Ku bagamburuka uburongozi bwa Kirisitu, ni akosho akahe bugira ku buzima bwabo bwo mu rugo?

• Ubusuku bwacu bushobora kwerekana gute yuko uburongozi bwa Kirisitu atari umugani kuri twebwe?

[Amafoto ku rup. 10]

Ubuto ni igihe ciza co kuronka ubumenyi bwerekeye Imana n’ubwerekeye Indongozi yacu yagenywe

[Ifoto ku rup. 11]

Kugamburuka uburongozi bwa Kirisitu biratuma haba agahimbare mu rugo

[Amafoto ku rup. 13]

Yezu yabanje kurondera Ubwami. Weho bite?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika