ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/4 rup. 31
  • Ntawigera Asaza Gushika Aho Atoba Aciga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntawigera Asaza Gushika Aho Atoba Aciga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/4 rup. 31

Ntawigera Asaza Gushika Aho Atoba Aciga

KSENIYA yavutse mu 1897. Yari afise abakobwa 3, umuhungu umwe, abazukuru 15 n’abuzukuruza 25. Mu buzima bwiwe bwose yarakoze ivyo abavyeyi biwe bamwigishije gukora. Naho nyene yari yaraje i Moscou ari impunzi ahunga intambara yatabaguye Repubulika ya Abkhazie, iri amaja hagati y’Ikiyaga Cirabura n’intara y’imisozi ya Caucase, yari ahimbawe cane n’ubuzima yari afise, canecane agahimbarwa n’ico yita ukuri yarazwe.

Mu 1993, umukobwa wa Kseniya yitwa Meri yaracitse Icabona ca Yehova. Meri yatanguye kuganirira Kseniya ivyerekeye Yehova Imana be na Bibiliya, ariko ntiyashaka kwumviriza. Kseniya yaguma abwira uwo mukobwa wiwe ati: “Nararengeranye kuba no kwiga ikindi kintu gishasha.”

Yamara, umukobwa wiwe Meri; umugore w’umwuzukuru wiwe yitwa Londa; hamwe n’abuzukuruza biwe ari bo Nana na Zaza, abo bose bakaba bari baracitse Ivyabona vya Yehova, bashishikaye kumuganirira ivyerekeye Bibiliya. Mw’ijoro rimwe ryo mu 1999, barasomeye Kseniya icanditswe kimwe camukoze ku mutima. Carimwo amajambo ashika ku nyota Yezu yabwiye intumwa ziwe z’intadohoka igihe yariko aratanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba. (Luka 22:19, 20) Amaze imyaka 102, Kseniya yafashe ingingo muri iryo joro nyene yo gutangura kwiga Bibiliya.

Kseniya avuga ati: “Maze kubaho imyaka 102, ni ho nagiye natahura insobanuro y’ubuzima. Ubu ndabona yuko ata kindi kintu kiriho kiruta gusukurira Imana yacu y’inyarukundo, y’agahore, Yehova. Ndacabasha kandi ndacafise n’utugara. Ndashobora gusoma ntakoresheje amarori kandi ndifatanya n’umuryango wanje ndabigiranye umwete.”

Ku wa 5 Munyonyo 2000, Kseniya yarabatijwe. Yivugira ati: “Ubu ndahereje Yehova ubuzima bwanje kugira ndamusukurire ndabigiranye urukundo. Ndashikiriza ibinyamakuru n’udupapuro tw’inkuru nziza mu gihe mba nicaye ku gituro c’imiduga yunguruza abantu kiri hafi y’i muhira. Kenshi incuti ziraza kungendera kandi ndahimbarwa no kubabwira ukuri kwerekeye Yehova.”

Kseniya ariteganye igishika igihe ‘umubiri wiwe uzotonyanga itōto kurusha uw’umwana, akiyubura akaba nko mu misi yo mu buto bwiwe.’ (Yobu 33:25) Nimba umuntu arumije imyaka ijana atumva ashaje cane gushika aho atoba aciga insobanuro y’ubuzima muri Bibiliya, weho bite?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika