Urukundo ni ntahara
TUTARAVYE imyaka umuntu afise, imico kama, ururimi canke ibara ry’urukoba, abantu bose barafise inzara y’urukundo. Igihe bataronse igituma iyo nzara ihera, ntibahimbarwa. Hari umushakashatsi mu vy’ubuvuzi yanditse ati: “Urukundo be n’ukugiranira ubucuti bwa hafi biri mu bintu nyamukuru bituma turwara canke bigatuma tugira amagara meza, bituma tubabara canke duhimbarwa, bituma ducumukura canke bikadushikana ku kworoherwa. Nka hamwe hoboneka umuti uvura cokimwe n’urukundo, abaganga nka bose bo mu gihugu ni wo muti bohimirije abarwayi babo gufata. Kutawandikira abarwayi ntivyoba biranga ubukerebutsi”.
Yamara, ikibano ca kino gihe, na canecane urwego menyeshamakuru rwaco be n’abantu bitwa ko ari ntangakarorero bazwi cane, kenshi usanga gishimika ku butunzi, ku bukuru, ku kuba rurangiranwa no ku vy’igitsina kuruta uko gishimika ku vy’uko umuntu akeneye ubucuti burangwamwo igishika n’urukundo. Abigisha benshi usanga bashimika ku mahangiro no ku myuga vyo muri iyi si, bagasigura ko ari vyo ubwa mbere na mbere vyerekana ko umuntu kanaka aroraniwe. Ego ni ko, inyigisho be no gutsimbataza ububangukirwe umuntu afise birahambaye, ariko none umuntu yoba akwiye kubikurikirana n’umwiyemezo n’akantu gushika n’aho abura umwanya wo kuba ari kumwe n’umuryango hamwe n’abagenzi? Umwanditsi w’umuhanga wa kera akaba yari umuntu azi kwihweza uko abantu bameze, yagereranije umuntu w’ububangukirwe mugabo atagira urukundo n’“umuringa uvuga, cank’icuma kivuzwa kigasāma” (1 Ab’i Korinto 13:1). Abantu nk’abo boshobora kuba abatunzi, washaka bakaba na barurangiranwa, mugabo ntibigere vy’ukuri bahimbarwa.
Yezu Kirisitu, uwatahura abantu bimwe bishika ibwina akongera akabagirira urukundo rurangwa igishika, ugukunda Imana na mugenzawe ni co cari ikintu c’ishimikiro mu nyigisho yiwe. Yavuze ati: “Mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose n’ubgenge bganyu bgose. . . . Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda” (Matayo 22:37-39). Abari gukurikiza ayo majambo ni bo bonyene bobaye vy’ukuri abayoboke ba Yezu. Ni co gituma yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje”.—Yohana 13:35.
Ariko none, umuntu atsimbataza gute urukundo muri iyi si ya none? Kandi abavyeyi bokwigisha gute urukundo abana babo? Ikiganiro gikurikira kirishura ivyo bibazo.
[Amafoto ku rup. 3]
Ni urugamba gutsimbataza urukundo mw’isi iganzwa n’umwina