ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/7 rup. 30
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Uraba maso Shetani ashaka kukurotsa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Shetani
    Be maso!—2013
  • Ikibazo Gihambaye Kikwerekeye
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Nitumenye umwansi wacu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/7 rup. 30

Ibibazo vy’abasomyi

Mu Baheburayo 2:14, ni kubera iki Shetani yitwa “ūfise ubushobozi [“bwo guteza”, NW] urupfu”?

Muri make, Paulo yashaka kuvuga yuko Shetani, ubwiwe canke abicishije ku bakozi biwe, ashobora guteza abantu urupfu. Mu buryo buhuye n’ivyo, Yezu yavuze ko Shetani ‘yahereye ubwa mbere na mbere ari umwicanyi’.​—Yohana 8:44.

Ugutahura ibintu ukutari kwo kurashobora kuvyuka ku bijanye n’Abaheburayo 2:14 bivanye n’ukuntu impinduro zimwezimwe zihahindura, mu kuvuga yuko Shetani afise “ubushobozi bg’urupfu” canke “ububasha bw’urupfu” (Bibiliya Yera; UB). Ukwo kuntu hahindurwa kwoshobora gutuma vyumvikana yuko Shetani afise ubushobozi butagira umupaka bwo kwica umuntu uwo ari we wese ahisemwo. Ariko rero, biragaragara neza yuko atari ukwo biri. Iyo biba ari ukwo biri, biboneka yuko Shetani aba yaraherengeteje kuva kera na rindi abasavyi ba Yehova kw’isi.​—Itanguriro 3:15.

Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo “ubushobozi bg’urupfu” mu mpinduro zimwezimwe ikongera igahindurwa ngo ‘ubushobozi bwo guteza urupfu’ muri Bibiliya Traduction du monde nouveau ni “kraʹtos tou tha·naʹtou”. Imvugo ngo tou tha·naʹtou ni inyubako y’imvugo isobanura “urupfu”. Ijambo kraʹtos ahanini risobanura “inguvu, inkomezi, ubushobozi”. Nk’uko inyizamvugo imwe (Theological Dictionary of the New Testament) ibivuga, iryo jambo ryerekana “ukuhaba kw’inguvu canke inkomezi be n’ico izo nkomezi zisobanura, aho kwerekana ikoreshwa ryazo”. Kubera ico, mu Baheburayo 2:14, Paulo ntashaka kuvuga yuko Shetani afise ubushobozi ntayegayezwa ku rupfu. Ahubwo, ashaka kuvuga uburyo Shetani afise bwo guteza urupfu.

None Shetani akoresha gute ‘ubushobozi bwo guteza urupfu’? Mu gitabu ca Yobu, tuhasoma ikintu cabaye gishobora kuvugwa ku rugero kanaka yuko ari imbonekarimwe. Iyo nkuru ivuga ko Shetani yakoresheje igihuhusi kugira ngo ‘atume abana ba Yobu bapfa’. Ariko rero, urabona yuko Shetani yashoboye gukora ivyo ari uko gusa Imana imuhaye uburenganzira, ubwo burenganzira bukaba bwaratanzwe kubera yuko hariho ikibazo gihambaye cariko kiraharirwako (Yobu 1:12, 18, 19). Kukaba nkako, Shetani ntiyashobora kwica Yobu ubwiwe. Ntiyaronse uburenganzira bwo kubigira (Yobu 2:6). Ivyo vyerekana yuko, naho nyene rimwe na rimwe Shetani yashoboye guteza urupfu abantu b’abizerwa, tudakwiye gutinya yuko yoshobora kuduteza urupfu igihe ico ari cose abishakiye.

Shetani kandi yarateje urupfu abicishije ku bantu akoresha. Kubera ico, abakirisu benshi barapfuye bahorwa ukwizera kwabo, bamwebamwe bakagandagurwa n’amasinzi y’abantu barakaye canke bakicwa bazira ubusa bitegetswe n’abakuru bo mu ntwaro canke abacamanza bononekaye.​—Ivyahishuriwe 2:13.

Ikindi kandi, Shetani rimwe na rimwe yarateje urupfu mu gukorera ku bugoyagoye bw’abantu. Kera mu misi ya Isirayeli, umuhanuzi Balamu yagiriye inama Abanyamowabu yo kuryosharyosha Abisirayeli kugira ngo ‘bacumure kuri Yehova’ (Guharura 31:16). Ivyo vyatumye hapfa Abisirayeli barenga 23.000 (Guharura 25:9; 1 Ab’i Korinto 10:8). Muri ubwo buryo, muri iki gihe bamwebamwe baragwa mu “mitego” (UB) ya Shetani maze bakisuka mu bushegabo canke mu bindi bikorwa biranga ukutubaha Imana (Abanyefeso 6:11). Ego ni ko, mwene abo bantu ntibaca batakaza ubuzima bwabo ubwo nyene. Mugabo, barahakwa kubura ubuzima budashira, muri ubwo buryo Shetani akaba atumye bashikirwa n’urupfu.

Naho nyene dutahura ko Shetani ashobora kugira akaryo ko gukora ikibi, ntidukwiye kumutinya mu buryo burenze urugero. Igihe Paulo yavuga yuko Shetani afise ubushobozi bwo guteza urupfu, yaravuze kandi yuko Kirisitu yapfuye kugira ngo ‘ashobore guhindura Shetani ubusa . . . yongere arokore abajakariye ubwoba bw’urupfu bose, imisi yose y’ukubaho kwabo’ (Abaheburayo 2:14, 15). Egome, Yezu yaratanze incungu, gutyo abantu bamwizera aba abakuye mu buja bw’icaha n’urupfu.​—2 Timoteyo 1:10.

Ego ni ko, kuzirikana ku vy’uko Shetani afise ubushobozi bwo guteza urupfu biratesha umutwe. Mugabo turizigiye yuko Yehova ashobora gukinga ikibi ico ari co cose giterwa na Shetani be n’abakozi biwe. Yehova aradukura amazinda yuko Yezu yazutse ‘azosangangura ibikorwa vya wa Murwanizi’ (1 Yohana 3:8). Yezu akoresheje ububasha bwa Yehova, azozura abapfuye, gutyo abe ahinduye ubusa urupfu ubwarwo (Yohana 5:28, 29). Yezu azoheza ashire ku kabarore mu buryo bukomeye aho ububasha bwa Shetani bugarukira mu kumuterera mu gisumanyenzi. Amaherezo Shetani azosangangurwa ubutagisubira kubaho.​—Ivyahishuriwe 20:1-10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika