Ividewo yagenewe gukora ku mutima urwaruka
ABAKIRI bato benshi bararemeshejwe kurimbura bitonze ingendo yabo igihe baraba ya videwo yitwa Les jeunes s’interrogent . . . Comment se faire de vrais amis?a (Urwaruka ruribaza—Noshobora gute kugira abagenzi nyakuri?) Iyo videwo irimwo impanuro ngirakamaro zishingiye ku Vyanditswe, amajambo yivugiwe n’abakirisu bakiri bato be n’igikino gikora ku mutima kijanye n’iki gihe gishingiye kuri ya nkuru ya Bibiliya ivuga ivyerekeye Dina (Itanguriro, ikigabane ca 34). Amajambo akurikira yavuzwe ku bijanye n’iyo videwo, yavuye mu gihugu ca Megizike.
Uwitwa Martha yigana ati: “Iyo videwo yarankoze ku mutima bimwe bishika ibwina. Umengo ni jewe nyene bayiteguriye. Niyumvira ko kuba abigisha banje be n’abo twigana bazi yuko ndi Icabona ca Yehova vyari bihagije. Sinashoboye kuvyerekana mu kubabwira inkuru nziza. Ndakenguruka cane ku bw’ayo makuru yose Yehova atanga, na canecane igihe adukora ku mutima bimwe bishika ibwina nk’uko iyo videwo ibigira”.
Uwitwa Juan Carlos avuga ati: “Iyi videwo vy’ukuri ituma umuntu azirikana. Kubera yuko ndi umusore, narakoze amakosa amwamwe atuma mera neza na neza nka bamwebamwe mu bantu bavugwa muri ico gikino. Mu myaka nk’ingahe iheze, naragize ubuzima burimwo tubiri, ariko narabonye yuko ubuzima nk’ubwo bushobora gukwega akarambaraye. Maze kuraba iyo videwo, niyemeje kuba umwizigirwa kuri Yehova”.
Uwitwa Sulem yiyemerera ati: “Igihe naraba iyo videwo, narakozwe ku mutima cane. Imbere y’aho, nari narahagaritse gusoma Bibiliya, kandi natura isengesho Yehova gake. Igihe numviriza amajambo yavuzwe n’abakiri bato muri iyo videwo, naravyuriwe umutima wo kwongera kwiga Bibiliya no gutura isengesho Yehova”.
Muri iki gihe, abakiri bato barahangana n’ingorane nyinshi, kandi uguhitamwo abagenzi kwabo akenshi kurashobora kugira akosho bimwe bikomeye ku kuntu babaho (Zaburi 26:4; Imigani 13:20). Ividewo Les jeunes s’interrogent . . . Comment se faire de vrais amis? (Urwaruka ruribaza—Noshobora gute kugira abagenzi nyakuri?) iriko irafasha benshi gufata ingingo nziza muri ivyo.
[Akajambo k’epfo]
a Yahinguwe n’Ivyabona vya Yehova.