“Carandonkeje ivyo nkeneye mu mutima”
“NDABAKENGURUKIYE bivuye ku mutima ku bwa ya ngabirano y’akaroruhore ivuga ngo Niwiyegereze Yehova. Iyo ngabirano yarandonkeje ivyo nkeneye mu mutima, ni ukuvuga icipfuzo co gukundwa no gushimwa na Yehova. Ubu numva negereye Yehova n’Umwana wiwe mukundwa. Nipfuza kubwira uwo ari we wese ivyerekeye iki gitabu no kugiha abo nkunda bose”. Ukwo ni ko Icabona ca Yehova umwe yiyumvise ku vyerekeye ca gitabu gishasha c’impapuro 320 casohorwa kw’Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete” ryabaye mu mwaka wa 2002/2003. Nimuze twihweze imice imwimwe igize ico gitabu gishasha n’igituma casohowe.
Imice imwimwe igize ico gitabu gishasha
Ico gitabu gishasha kirimwo ibiki? Kirimwo amayagwa yose yashikirijwe mu biganiro bibiri vyo kwiga biri muri iyi nomero, n’ibindi vyinshi! Ico gitabu gifise ibigabane 31, ikigabane kimwe cose kikaba kireha n’ikiganiro co kwiga co mu Munara w’Inderetsi. Inyuma y’intangamarara be n’ibigabane bitatu vya mbere, ico gitabu kigabuwemwo ibihimba bine, igihimba kimwe kikaba kigenewe kamere imwimwe muri kamere nyamukuru za Yehova. Igihimba kimwekimwe cose gitangura gica ku masonga kamere imwe. Ibigabane nka bingahe bikurikira birimbura ingene Yehova agaragaza iyo kamere. Igihimba kimwekimwe cose kirimwo ikigabane kivuga ivyerekeye Yezu. Uti kubera iki? Urabona, Yezu yavuze ati: “Ūbonye jewe aba abonye Data” (Yohana 14:9). Kubera yuko Yezu yigana neza na neza Yehova, araduha akarorero kazima ka kamere z’Imana mu bikorwa. Igihimba kimwekimwe cose gisozerwa n’ikigabane kitwigisha ingene twokwigana Yehova mu kugaragaza iyo kamere iba iriko irarimburwa. Mu kurimbura kamere za Yehova, iki gitabu gishasha kikurungika mu bitabu vyose vya Bibiliya.
Igitabu Niwiyegereze Yehova kirimwo kandi imice imwimwe idasanzwe. Guhera ku kigabane ca 2, ikigabane kimwekimwe cose kirimwo agasandugu k’umutwe uvuga ngo “Ibibazo vy’Ukuzirikanako”. Ivyanditswe n’ibibazo bitangwa ntivyashiriwemwo kuba isubiramwo ry’ico kigabane. Ahubwo riho, vyagenewe kugufasha mu gukoresha Bibiliya ngo uzirikane bimwe bishika ibwina kuri ico kiganiro. Vyoba vyiza usomye witonze icanditswe kimwekimwe cose muri ivyo Vyanditswe. Nuheze uzirikane ku kibazo, maze ugerageze kuvyirabishako wewe ubwawe. Kuzirikana mwene ukwo birashobora kugufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova.—Zaburi 19:14.
Amashusho ari mu ico gitabu Niwiyegereze Yehova yaragiriwe ubushakashatsi bwitondewe, kandi yateguriwe kwigisha abantu no kubavyurira umutima wo kugira ico bakoze. Ibigabane 17 birimwo amashusho meza cane akwiye ku rupapuro rwose yerekana inkuru zo muri Bibiliya.
Ni kubera iki casohowe?
Ni kubera iki ico gitabu Niwiyegereze Yehova casohowe? Intumbero nyamukuru y’ico gitabu gishasha ni ukudufasha kurushiriza kumenya Yehova kugira ngo dushobore kugiranira n’Imana yacu ubucuti bwa hafi bukomeye kuruta.
Woba ushobora kwiyumvira umuntu yokwungukira kuri ico gitabu Niwiyegereze Yehova, kumbure umutohoji wa Bibiliya canke mbere umuvukanyi canke umuvukanyikazi mukirisu yahororokewe? Weho bite? Woba waratanguye gusoma ico gitabu gishasha? Nimba utaratangura, ni kubera iki utorondera umwanya ugatangura vuba bishoboka? Nufate umwanya wo kuzirikana ku vyo usoma. Ese iki gitabu gishasha cogufasha kurushiriza kwiyegereza Yehova Imana, kugira ngo uzokwamamaze inkuru nziza y’Ubwami bwiwe n’umunezero mwinshi be n’umwete mwinshi!