Dukwiye kubona abantu gute uko umusi wa Yehova wegereza?
“Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, . . . Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bi[gay]a”. —2 PETERO 3:9.
1, 2. (a) Yehova abona abantu gute muri iki gihe? (b) Ni ibibazo ibihe twokwibaza?
ABASAVYI ba Yehova barafise ibanga ryo ‘guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa’ (Matayo 28:19). Uko turangura ico gikorwa twongera turindira wa “musi uhambaye w’Uhoraho”, dukwiye kubona abantu nk’uko Yehova ababona (Zefaniya 1:14). Mbega none ababona gute? Intumwa Petero avuga ati: “Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bi[gay]a” (2 Petero 3:9). Imana ibona abantu nk’abashobora gushika ku kwigaya. “Igomba kw abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri” (1 Timoteyo 2:4). Emwe, Yehova arahimbarwa igihe ‘umunyavyaha ahindukiye, akava mu ngeso ziwe akabaho’!—Ezekiyeli 33:11.
2 Twoba ubwacu tubona abantu nk’uko Yehova ababona? Cokimwe na we, twoba tubona ko abantu b’ubwoko bwose n’amahanga yose bashobora kuba “intama zo mu canya ciwe” (Zaburi 100:3; Ivyakozwe 10:34, 35)? Nimuze turimbure uburorero bubiri bwerekana akamaro ko kubona ibintu nk’uko Imana ibibona. Muri ubwo burorero bwompi, ugusangangurwa kwaba kwimirije, kandi abasavyi ba Yehova baba bamenyeshejwe ico kintu imbere y’igihe. Ubwo burorero buri n’ico buvuze na canecane uko turindira umusi uhambaye wa Yehova.
Aburahamu yabona ibintu nk’uko Yehova abibona
3. Yehova yabona gute abantu b’i Sodomu n’i Gomora?
3 Akarorero ka mbere, kerekeye umwe sekuruza w’imiryango w’umwizerwa Aburahamu be na vya bisagara vyari vyuzuyemwo ububisha ari vyo Sodomu na Gomora. Igihe Yehova yumva “induru zir’i Sodomu n’i Gomora kw ari nyinshi”, ntiyaciye ubwo nyene asangangura ivyo bisagara be n’ababibamwo. Yabanje kugira itohoza (Itanguriro 18:20, 21). Abamarayika babiri bararungitswe i Sodomu, baka indaro mu nzu ya wa mugororotsi Loti. Mw’ijoro ry’umusi abo bamarayika bashikiyeko, “abagabo bose bo mur’ico gisagara . . . bakikiza iyo nzu, uhereye ku bakuru n’abato, abantu bose bavuye impande zose”, bipfuza gusambanya abo bamarayika. Biratomoye ko iyo nyifato y’abantu bataye ubuntu bo muri ico gisagara yerekana ko cari gikwiye kurandurwa. Yamara, abo bamarayika babwiye Loti bati: “Har’abandi bantu ufise hano? Abakwe bawe n’abahungu bawe n’abakobga bawe n’ab’ufise bose mur’iki gisagara, bakūre aha hantu”! Yehova yaratanze akaryo ko gutuma abantu bamwebamwe baba muri ico gisagara barokoka, mugabo amaherezo, Loti n’abakobwa biwe babiri ni bo bonyene barokotse iryo sangangurwa.—Itanguriro 19:4, 5, 12, 16, 23-26.
4, 5. Ni kubera iki Aburahamu yatakamvye asabira abantu b’i Sodomu, kandi ukuntu yabona abantu kwoba kwari guhuje n’ukuntu Yehova ababona?
4 Reka dusubire kuri ca gihe Yehova yahishura umugambi wiwe wo kugenzura ibisagara vya Sodomu na Gomora. Ico gihe ni ho Aburahamu yatakamba ati: “Kumbure mur’ico gisagara hobamw’abagororotsi mirongwitanu: none wokirandura ntugitunge, kandi kirimw’abagororotsi mirongwitanu? Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?”. Aburahamu yakoresheje incuro zibiri imvugo ngo “Icompa bikaba kure yawe”. Afatiye ku vyo yari yariboneye, Aburahamu yari azi yuko Yehova atosanganguriye hamwe abagororotsi n’abagabitanya. Igihe Yehova yavuga yuko atosanganguye Sodomu mu gihe hoba hari “abagororotsi mirongwitanu mur’ico gisagara”, Aburahamu yagiye aragabanya igitigiri gushika aho gishika ku bantu cumi gusa.—Itanguriro 18:22-33.
5 None Yehova yoba yari kwumviriza ugutakamba kwa Aburahamu iyo kuba kudahuje n’ukuntu abona ibintu? Biraboneka ko atari kukwumviriza. Kubera yuko Aburahamu yari “umukunzi w’Imana”, biboneka yuko yari azi ukuntu Yehova abona ibintu akaba na we nyene ari ko abibona (Yakobo 2:23). Igihe Yehova yahindukirira Sodomu na Gomora, yari yiteguriye gushitsa ivyo Aburahamu yari yamusavye. Kubera iki? Kubera ko Data wa twese wo mw’ijuru ‘atagomba ko hagira abahona ariko agomba ko bose bigaya’.
Ukuntu Yona yabona abantu kwari gutandukanye cane n’ukuntu Yehova yababona
6. Abanyaninewe bakiriye gute ivyo Yona yatangaje?
6 Ubu na ho, reka turimbure akarorero kagira kabiri, na ko kakaba ari aka Yona. Ubu hoho, igisagara categerezwa gusangangurwa ni Ninewe. Umumenyeshakazoza Yona yabwiwe gutangaza yuko ububi bw’ico gisagara ‘bwashitse imbere ya Yehova’ (Yona 1:2). Igisagara ca Ninewe dushizemwo n’imicungararo yaco cari kinini ku buryo “kugikikuza rwar’urugendo rw’imisi itatu”. Igihe amaherezo Yona yagamburuka akinjira muri Ninewe, yagumye atangaza ati: “Hasigaye imisi mirongwine, Ninewe hagakomvomvorwa”. Bumvise ivyo, “abantu b’i Ninewe bemera Imana, bashinga ngo habeho kwisonzesha, baca bambara amagunira”. Mbere n’umwami w’i Ninewe yarigaye.—Yona 3:1-6.
7. Yehova yabonye gute agatima ko kwigaya k’Abanyaninewe?
7 Ivyo vyari bitandukanye cane n’ukuntu ab’i Sodomu bavyakiriye! None Yehova yabonye gute Abanyaninewe bigaye? Muri Yona 3:10 havuga hati: “Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza”. Yehova ‘yarigaruye’ mu buryo bw’uko yahinduye ivyo yari kugirira Abanyaninewe kubera bahinduye inzira zabo. Ingingo mfatirwako za Yehova ntizahindutse, mugabo Yehova yarahinduye ingingo yari yafashe amaze kubona yuko Abanyaninewe bigaye.—Malaki 3:6.
8. Ni kubera iki Yona yazinze umunkanyari?
8 Yona amaze gutahura yuko Ninewe hatosanganguwe, yoba yarabonye ibintu nk’uko Yehova abibona? Si ko yabibonye, kubera tubwirwa duti: “Arikw ivyo bishavuza Yona cane araraka”. Ni ikindi giki Yona yagize? Iyo nkuru ivuga iti: “Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi” (Yona 4:1, 2). Yona yari azi ivyerekeye kamere za Yehova. Ariko rero, muri ico gihe, uwo mumenyeshakazoza yarazinze umunkanyari yanka kubona Abanyaninewe bari bigaye nk’uko Imana yababona.
9, 10. (a) Ni icigwa ikihe Yehova yahaye Yona? (b) Ni kubera iki dushobora gushika ku ciyumviro c’uko Yona yahavuye abona Abanyaninewe nk’uko Yehova yababona?
9 Yona yaravuye mu gisagara c’i Ninewe, yubaka agasago, maze yicara mu gatutu kako “yiteze kurāba amaherezo yaco”. Yehova yaramejeje ikibonobono kugira ngo gitume Yona aronka agatutu. Ariko rero, ku musi ukurikira, nya kibonobono carumye. Igihe ivyo vyashavuza Yona, Yehova yamubwiye ati: “Ugiriye ikibabarwe ico kibonobono, . . . none jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimw’abantu ibihumbi ijana na mirongwibiri basāga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso; hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi?” (Yona 4:5-11). Mbega icigwa Yona yakuye ku kuntu Yehova abona abantu!
10 Ukuntu Yona yakiriye amajambo Imana yavuze ajanye n’ukugirira ikigongwe abantu b’i Ninewe ntivyanditswe. Yamara, biragaragara yuko uwo mumenyeshakazoza yabogoye ukuntu yabona ba Banyaninewe bari bigaye. Dushitse kuri ico ciyumviro dufatiye ku vy’uko Yehova yamukoresheje mu kwandika iyo nkuru yahumetswe.
Wewe ufise agatima nyabaki?
11. Biboneka ko Aburahamu yari kubona gute abantu babayeho muri iki gihe?
11 Muri iki gihe, turiteze irindi sangangurwa, rikaba ari isangangurwa ry’uru runkwekwe rubi rw’ibintu rizoba kuri wa musi uhambaye wa Yehova (Luka 17:26-30; Ab’i Galatiya 1:4; 2 Petero 3:10). None Aburahamu yari kubona gute abantu baba muri iyi si yimirije gusangangurwa? Biraboneka rwose yuko yari kurazwa ishinga n’ivyerekeye abantu batarumva “ubutumwa bgiza bg’ubgami” (Matayo 24:14). Aburahamu yaratakambiye Imana yisubiriza ku bijanye n’abagororotsi bashobora kuba bari i Sodomu. Twoba ubwacu turazwa ishinga n’ivyerekeye abantu bova mu nzira z’iyi si itwarwa na Shetani nka hamwe boronka akaryo ko kwigaya maze bagasukurira Imana?—1 Yohana 5:19; Ivyahishuriwe 18:2-4.
12. Ni kubera iki vyoroshe gutsimbataza agatima nk’aka Yona ku vyerekeye abantu duhura mu busuku bwacu, kandi twokora iki ku bijanye n’ivyo?
12 Nta kibi kiri mu kwipfuza yuko ububisha burangira (Habakuki 1:2, 3). Ariko rero, biroroshe cane gutsimbataza agatima nk’aka Yona, ntiturazwe ishinga n’ineza y’abantu boshobora kwigaya. Ivyo birashoboka na canecane igihe tuguma duhura n’abantu batanegwa ibintu, baturwanya canke mbere b’abanyamahane igihe tubagendeye tubashiriye ubutumwa bw’Ubwami. Hari aho tutokwitwararika abo Yehova atarakorakoranya abakuye muri uru runkwekwe rubi rw’ibintu (Abaroma 2:4). Nimba twisuzumye ata gufyina tugasanga dufise agatima nka kamwe Yona yabanza kugirira Abanyaninewe naho hoba ari ku rugero rutoyi, turashobora gusenga dusaba gufashwa kugira ngo tubone ibintu nk’uko Yehova abibona.
13. Ni kubera iki twovuga yuko Yehova arajwe ishinga n’abantu muri kino gihe?
13 Yehova ararajwe ishinga n’abantu bataratangura kumusukurira, kandi arumviriza ugutakamba kw’abasavyi biwe bamwiyeguriye (Matayo 10:11). Nk’akarorero, ‘azotuma hagirwa ibiranga ubutungane’ mu kwishura amasengesho yabo (Luka 18:7, 8). Vyongeye, Yehova azoshitsa imihango yose yatanze be n’imigambi yiwe yose igihe yashinze nicashika (Habakuki 2:3). Aho hazoba harimwo gukura kw’isi ibibi vyose, nka kurya nyene yasanganguye Ninewe inyuma y’aho abahaba basubiriye kwivobeka mu bukozi bw’ikibi.—Nahumu 3:5-7.
14. Dukwiye kuba turiko dukora iki mu gihe turindiriye wa musi uhambaye wa Yehova?
14 Imbere y’uko uru runkwekwe rubi rw’ibintu rukurwaho kuri wa musi uhambaye wa Yehova, twoba tuzorindira twihanganye, dufise vyinshi turangura mu gukora ivyo agomba? Ntituzi ido n’ido ry’ivyerekeye ukuntu igikorwa co kwamamaza kigisigaye kurangurwa kingana imbere y’uko umusi wa Yehova ushika, mugabo turazi neza yuko inkuru nziza y’Ubwami izokwamamazwa kw’isi yose ibako abantu gushika aho Imana inyurwa imbere y’uko umuhero uza. Vyongeye birumvikana ko dukwiye kurazwa ishinga n’‘ibintu vy’igiciro’ bitarazanwa mu nzu ya Yehova uko abandanya kuyuzuza ubuninahazwa.—Hagayi 2:7.
Ukuntu tubona ibintu kugaragarira mu vyo dukora
15. Ni igiki gishobora gutuma turushiriza guha agaciro igikorwa co kwamamaza?
15 Kumbure tuba mu kibano aho usanga igikorwa co kwamamaza kitakirwa neza, kandi tukaba tudashobora kwimukira aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi. Dufate yuko abantu cumi bashobora kuboneka mu cibare dukoreramwo imbere y’uko umuhero uza. Twoba tubona yuko abo cumi bikwiriye ko tubarondera? Yezu ‘yaraterwa akagongwe’ n’ishengero “kuko bāri bagowe, basābagiye nk’intama zitagira umwungere” (Matayo 9:36). Mu kwiga Bibiliya no mu gusoma twitonze ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi no muri Réveillez-vous!, turashobora kurushiriza guca mu kajisho ku bijanye n’ukuntu isi imerewe. Ivyo na vyo birashobora gutuma turushiriza guha agaciro ivy’uko dukeneye kwamamaza inkuru nziza. Vyongeye, gukoresha mu buryo buranga ugukenguruka amayagwa ashingiye kuri Bibiliya atangwa biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” birashobora gutuma turushiriza kujijuka igihe twamamaza mu vyibare bikorerwamwo kenshi.—Matayo 24:45-47, NW; 2 Timoteyo 3:14-17.
16. Twokora iki kugira ngo turushirize kwererwa mu busuku turangura?
16 Ukwitwararika kwacu aboba bagishobora kwakira ubutumwa bwa Bibiliya burokora ubuzima, gutuma duhindura ibihe tuja kwamamaza tukongera tukarimbura uburyo butandukanye twokoresha kugira ngo tuganirize abo duhura mu busuku. Twoba dusanga benshi batari i muhira igihe tubagendeye? Nimba ari ukwo biri, twoshobora kurushiriza kwererwa mu busuku turangura mu kuza turahindura ibihe tugirako kwamamaza be n’aho twamamariza. Abarovyi baja kuroba igihe bazi ko bashobora gufata ifi. Twoba dushobora kugira ikintu nk’ico mu gikorwa cacu co kuroba mu buryo bw’impwemu (Mariko 1:16-18)? Kubera iki utogerageza gushinga intahe ku mugoroba canke ukoresheje telefone aho bidateye kubiri n’amategeko? Bamwebamwe basanze ibibanza baparikamwo imiduga, aho imiduga igenda irahagarara, aho banyweshereza ibitoro no ku mamangazini ari ‘ahantu ho kuroba’ himbuka. Ukuba dufise agatima nk’aka Aburahamu ku vyerekeye abantu bigaragarira kandi mu kutagisha uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye.
17. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kuremesha abamisiyonari be n’abandi basukurira mu bihugu vyo hanze?
17 Abantu amamiliyoni ntibarumva ubutumwa bw’Ubwami. Uretse ukuba twamamaza, twoba dushobora kwitwararika mwene abo bantu tutarinze mbere kuva aho tuba? Twoba tuzi abamisiyonari canke abasuku b’igihe cose boba basukurira mu bindi bihugu? Nimba tubazi, twoshobora kwiyumvira ivyo kubandikira amakete yerekana yuko dukenguruka igikorwa bakora. Ivyo vyokwerekana gute yuko twitwararika abantu muri rusangi? Amakete twandikira abo bamisiyonari yo kubaremesha no kubakeza yoshobora kubakomeza bakaguma mu gikebere cabo, gutyo bagafasha abantu benshi kumenya ukuri (Abacamanza 11:40). Turashobora kandi gusabira abamisiyonari tukongera tugasabira abanyotewe ukuri bo mu bindi bihugu (Abanyefeso 6:18-20). Ubundi buryo bwo kugaragaza ubwitwararitsi, ni mu gutanga intererano z’amahera ku bw’igikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose.—2 Ab’i Korinto 8:13, 14; 9:6, 7.
Vyoba vyogushobokera kwimuka?
18. Abakirisu bamwebamwe bakoze iki kugira ngo bateze imbere ivy’Ubwami mu gihugu babamwo?
18 Abimukiye aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi barahezagiwe kubera utwigoro bagize turanga ukwitanga. Ariko rero, ibindi Vyabona vya Yehova naho bagumye mu bihugu vyabo, barize urundi rurimi kugira ngo bafashe mu vy’impwemu abanyamahanga baba mu gihugu cabo. Utwigoro mwene utwo twaravuyemwo impera vy’ukuri. Nk’akarorero, Ivyabona indwi bafasha Abashinwa baba mu gisagara kimwe co muri Texas ho muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bakiriye abantu 114 kw’ihimbaza ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba mu 2001. Abafasha mwene iyo migwi barabonye yuko imirima yabo igeze kwimburwa.—Matayo 9:37, 38.
19. Uremeshwa gukora iki mu gihe urimbura ivyo kwimukira mu kindi gihugu kugira ngo uteze imbere igikorwa co kwamamaza Ubwami muri co?
19 Kumbure wewe n’umuryango wawe murabona yuko mwoshobora kwimukira aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi. Birumvikana yuko umuntu akwiye kubanza kwicara ‘akarimbura ico vyomutwara’ (Luka 14:28). Ivyo ni ko akwiye kubigenza na canecane igihe umuntu arimbura ivyo kwimukira mu kindi gihugu. Umuntu wese ariko ararimbura nimba ivyo vyoshoboka vyoba vyiza yibajije ibibazo nk’ibi: ‘Vyoba bizonshobokera gutunga umuryango wanje? Noba noshobora kuronka uburenganzira bwo kuba muri ico gihugu? Noba nsanzwe mvuga ururimi rukoreshwa muri ico gihugu, canke noba niteguriye kurwiga? Noba maze kuzirikana ku kuntu ikirere caho be n’imico kama yaho bimeze? Abo dusangiye ukwemera baba muri ico gihugu, noba vy’ukuri nshobora kubabera “imfashanyo ikomeza” sindababere umuzigo?’ (Ab’i Kolosayi 4:10, 11, NW). Kugira ngo umenye uko inkenero iri muri ico gihugu wiyumvira kwimukiramwo ingana, vyama nantaryo bibereye kwandikira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova bihagarikiye igikorwa co kwamamaza muri ako karerea.
20. Umukirisu umwe akiri muto yitanze gute ku bw’ineza y’abo basangiye ukwizera be no ku bw’ineza y’abandi mu gihugu kimwe co hanze?
20 Umukirisu umwe yamaze igihe agira uruhara mu gikorwa co kwubaka Ingoro z’Ubwami mu Buyapani, yaramenye yuko mu gihugu ca Paragwe hari hakenewe abakozi bafise ubuhanga kugira ngo bubake aho gusengera. Kubera yuko yari umwirebange akaba kandi yari afise inkomezi z’ubusore, yarimukiye muri ico gihugu maze akora kuri iyo poroje amezi umunani ari we musuku w’igihe cose wenyene. Igihe yari ngaho, yarize igisupanyoli, ararongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana. Yarabona yuko hakenewe abamamaji b’Ubwami muri ico gihugu. Naho yasubiye mu Buyapani, bidatevye yaciye yongera kuja muri Paragwe maze arajamwo mu vyo gutororokaniriza abantu muri ya Ngoro y’Ubwami yafasha kwubaka.
21. Ni ikintu nyamukuru ikihe be n’ukubona ibintu ukuhe dukwiye kwitwararika, uko turindira umusi uhambaye wa Yehova?
21 Imana izokwitwararika ivy’uko igikorwa co kwamamaza kirangurwa bimwe bishitse, mu buryo buhuje n’ukugomba kwayo. Muri iki gihe, iriko irihutisha iyimbura rya nyuma ryo mu buryo bw’impwemu (Yesaya 60:22). Uko turindira umusi wa Yehova rero, nimuze tugire uruhara n’umwete mu gikorwa c’iyimbura twongere tubone abantu nk’uko Imana yacu y’inyarukundo ibabona.
[Utujambo tw’epfo]
a Ntivyama bikubera vyiza kwimukira mu gihugu aho igikorwa co kwamamaza kibujijwe. Ubigize gutyo, vyoshobora mbere kugirira nabi abamamaji b’Ubwami bakorera mu kinyegero mu bihe mwene ivyo.
Woba uvyibuka?
• Uko turindira umusi wa Yehova, dukwiye kubona abantu gute?
• Aburahamu yabona gute abagororotsi bashobora kuba baba i Sodomu?
• Yona yabona gute abantu bigaye b’i Ninewe?
• Abantu batarumva inkuru nziza dushobora gute kwerekana yuko tubabona nk’uko Yehova ababona?
[Ifoto ku rup. 16]
Aburahamu yabona abantu nk’uko Yehova ababona
[Ifoto ku rup. 17]
Abanyaninewe bigaye Yona yahavuye ababona nk’uko Yehova yababona
[Amafoto ku rup. 18]
Ukwitwararika abantu gutuma duhindura umwanya tugirako kwamamaza inkuru nziza tukongera tukarimbura uburyo butandukanye twokoresha