ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/7 rup. 21-23
  • Niwiyumvire neza, ukore ivy’ubukerebutsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwiyumvire neza, ukore ivy’ubukerebutsi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ntiwiyizigire kurenza urugero
  • Uragaba ku vyiyumviro vy’abantu
  • Uragaba ku “mangetengete y’abantu”
  • Ntiwibeshe
  • Niwimbe urondera “ukumenya Imana”
  • ‘Nugume usaba Imana’
  • Wisunga ivyiyumviro vya nde?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Nunanire impwemu y’isi igenda ihindagurika
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • «Ubukerebutsi buva mw’ijuru» bwoba buriko burakora mu buzima bwawe?
    Niwiyegereze Yehova
  • Ubukerebutsi nyakuri buguma bushira ijwi hejuru
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/7 rup. 21-23

Niwiyumvire neza, ukore ivy’ubukerebutsi

NIWIHE ishusho y’iki kintu cabaye: Yezu Kirisitu ariko asigura yuko abansi bo mu vy’idini b’i Yeruzalemu bazomugirira nabi bimwe bikomeye hanyuma bakamwica. Intumwa Petero, umugenzi wiwe somambike, ntashobora kuvyemera. Kukaba nkako, Petero afata Yezu akamwihereranya hanyuma agatangura kumwamira. Ukuba Petero bimuraje ishinga bimwe bivuye ku mutima si agaseseshwarumuri. Mugabo Yezu yakira gute ivyiyumviro vya Petero? Yezu avuga ati: “Herēra inyuma yanje, Satani; ur’ikintsitaza, kukw ivy’Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’abantu”.​—Matayo 16:21-23.

Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyaravunye umutima Petero! Aho kugira ngo abere Shebuja mukundwa imfashanyo, muri ico gihe yari amubereye ‘igitsitaza’. Vyagenze gute ngo amubere igitsitaza? Petero ashobora kuba yahenzwe n’akanenge gakunze kuboneka mu vyiyumviro vy’abantu: kwemera gusa ivyo yashaka kwemera.

Ntiwiyizigire kurenza urugero

Ikintu kigeramira ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira neza ni impengamiro yo kwiyizigira kurenza urugero. Intumwa Paulo yagabishije abakirisu bagenziwe baba i Korinto ha kera ati: “Uwiyumvira kw ahagaze ni yiyubare ntagwe” (1 Ab’i Korinto 10:12). Ni kubera iki Paulo yavuze ayo majambo? Biboneka ko ari kubera yari azi ukuntu vyoroshe kugoreka ivyiyumviro vy’abantu, mbere ko n’imizirikanyi y’abakirisu yoshobora ‘kwononekara igaca ireka ukugororoka n’ukwera mu vya Kirisitu’.​—2 Ab’i Korinto 11:3.

Ivyo vyari vyarashikiye iyaruka ryose uko ringana rya basekuruza ba Paulo. Muri ico gihe, Yehova yababwiye ati: ‘Ivyiyumviro vyanje si vyo vyiyumviro vyanyu, kandi inzira zanyu si zo nzira zanje’ (Yesaya 55:8). Bari barigize ‘abanyabwenge ubwabo’ bibakwegera akarambaraye (Yesaya 5:21). Birumvikana rero yuko dukwiye gusuzuma ingene twoshobora kuguma twiyumvira neza gutyo natwe tukirinda kwikwegera akarambaraye.

Uragaba ku vyiyumviro vy’abantu

Abantu bamwebamwe baba i Korinto bari barononywe cane n’ivyiyumviro vy’abantu (1 Ab’i Korinto 3:1-3). Barashimika cane ku mafilozofiya y’abantu aho gushimika kw’Ijambo ry’Imana. Nta gukeka, abantu b’Abagiriki biyumvira gushika kure bo muri ico gihe bari incabwenge cane. Ariko rero, mu nyonga z’Imana bari ibipfu. Paulo yavuze ati: “Handitswe, ngo Nzohonnya ubgenge bg’abanyabgenge, n’ubuhanga bg’abahanga nzobuhindura ubusa. Umunyabgenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihāri wo mur’iki gihe ari hehe? Mbeg’Imana ntiyahinduye ubupfu ubgenge bg’iyi si?” (1 Ab’i Korinto 1:19, 20). Mwene abo banyabwenge bayoborwa n’“impwemu y’iyi si” aho kuyoborwa n’impwemu y’Imana (1 Ab’i Korinto 2:12). Amafilozofiya yabo n’ivyiyumviro vyabo ntivyahuza n’ivyiyumviro vya Yehova.

Isoko nyamukuru rya mwene ivyo vyiyumviro vy’abantu ni Shetani wa Mucokoranyi, uwakoresheje inzoka kugira ngo ahende Eva (Itanguriro 3:1-6; 2 Ab’i Korinto 11:3). Yoba akiri ingeramizi kuri twebwe? Egome! Nk’uko Ijambo ry’Imana ribivuga, Shetani ‘yarahumye imitima’ y’abantu ku buryo bw’uko ubu ariko “[a]zimiza abari kw isi bose” (2 Ab’i Korinto 4:4; Ivyahishuriwe 12:9). Ese ukuntu bihambaye ko tuba maso ku migabo yiwe!​—2 Ab’i Korinto 2:11.

Uragaba ku “mangetengete y’abantu”

Intumwa Paulo yaragabishije kandi ku vyerekeye “amangetengete y’abantu” (Abanyefeso 4:14). Yarahura n’“abakozi bagunga” bigira ko bashikiriza ukuri ariko ku bwa ngingo bakugoreka (2 Ab’i Korinto 11:12-15). Kugira ngo bashike ku ntumbero zabo, abantu nk’abo boshobora kwifashisha ibimenyamenya bishigikira ivyiyumviro vyabo, imvugo ikora ku nyiyumvo, ukuri kutuzuye kwo kuyovya abantu, imvugo ihinyitse eka mbere bakifashisha n’ibinyoma vyambaye ubusa.

Abakwiragiza amaporopagande bakunze gukoresha imvugo ngo “akadumbi” kugira ngo basuzuguze abandi. Mw’ikoraniro ry’abashingamateka bagize inama y’Abanyaburaya, haratanzwe iciyumviro c’uko igihe abategetsi bagira itohoza ku migwi mishasha y’ivy’idini, “vyoba vyiza bahanuwe kudakoresha iyo mvugo”. Uti kubera iki? Vyabonetse yuko imvugo ngo “akadumbi” itahurwa nabi cane. Yongeyeko ati: “Mu mizirikanyi y’abantu benshi muri iki gihe, akadumbi ni ikintu kibi cane canke ikintu giteye akaga cane”. Muri ubwo buryo nyene, incabwenge z’Abagiriki zagirije intumwa Paulo zimubeshera ko yari ‘umuntu adedemba’, canke tubifashe urudome ku rundi ni ukuvuga ‘umuntu anoba imbuto’. Ivyo vyashaka kwerekana yuko ngo yishinga kuvuga ibintu bitagira epfo na ruguru, umuntu agenda aranoba udusigazwa gusa tw’ubumenyi tukaba ari two agenda arasubiramwo. Mu vy’ukuri, Paulo “yavuga ubutumwa bgiza bga Yesu n’ubg’ukuzuka”.​—Ivyakozwe 17:18.

Uburyo abagira poropagande bakoresha hoba hari ico buvamwo? Egome. Bwarabaye ikintu nyamukuru mu vyo kuvyura urwanko rushingiye ku bwoko no kw’idini mu kugoreka ukuntu abantu babona ibindi bihugu canke ayandi madini. Benshi barakoresheje ubwo buryo mu gucinyiza abantu b’inkehwa badahabwa nirwere. Adolf Hitler yarakoresheje ubwo buryo araroranirwa igihe yavuga ko Abayuda n’abandi ari abantu “bagayitse”, “babi,” kandi “bateye akaga” kuri Leta. Ntuze wigere ureka ngo ubwo bwoko bw’amangetengete bwonone ivyiyumviro vyawe.​—Ivyakozwe 28:19-22.

Ntiwibeshe

Biroroshe kandi yuko twibesha. Kukaba nkako, ushobora gusanga bigoye cane guheba ivyiyumviro umuntu yikundira rwose canke mbere kubigirako amakenga. Kubera iki? Kubera ko usanga mu mutima, twibohera ku vyiyumviro vyacu. Twoshobora rero kwihenda mu kugira ivyiyumviro bitari vyo, nk’akarorero mu kwiremaremera imvo zodufasha gushigikira ivyo twemera bitari vyo na gato kandi bizimiza.

Ivyo vyarashikiye abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere. Bari bazi Ijambo ry’Imana, mugabo ntibaretse ngo riyobore ivyiyumviro vyabo. Baruhiye ‘kwibesha mu kwiyumvira ukutari kwo’ (Yakobo 1:22, 26). Icogaragaza yuko dushobora kuba twaraguye muri mwene ubwo buryo bw’ukwibesha, ni mu gihe dushavura iyo ivyo twemera bihigishijwe. Aho gushavura, vyoba biranga ubukerebutsi tubaye abantu bugurutse kandi batega ugutwi bitonze ivyo abandi bavuga, naho nyene twoba tubona neza yuko iciyumviro cacu ari co c’ukuri.​—Imigani 18:17.

Niwimbe urondera “ukumenya Imana”

Twokora iki kugira ngo tugume twiyumvira neza? Hariho ibintu vyinshi vyodufasha, mugabo dutegerezwa kugira umutima ukunze wo kubirondera. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Mwana wanje, ni wemera amajambo yanje, ukabīka amabgirizwa yanje muri wewe, bigatuma utega ugutwi ub[ukerebutsi], ugashira umutima ku gutahura; mbere ni wahamagara ub[ukerebutsi], ugashira ijwi hejuru uririra ugutahura; ni waburondera nk’ifeza, ukabusesangura nk’ūrondera izahabu zanyegejwe; ni ho uzotahura ukwubaha Uhoraho ukw ari kwo, ukaronka ukumenya Imana” (Imigani 2:1-5). Ego cane, nitwagira akigoro ko kwuzuza umuzirikanyi wacu n’umutima wacu ukuri kwerekeye Ijambo ry’Imana, tuzoronka ubukerebutsi nyakuri, uguca mu kajisho nyakuri be n’ugutegera nyakuri. Nkako, tuzoba turiko twimba turondera ibintu bifise agaciro karuta kure n’iyo ifeza canke ubundi butunzi ubwo ari bwo bwose bw’ivy’umubiri.​—Imigani 3:13-15.

Ubukerebutsi be n’ubumenyi, nta nkeka ko ari ibintu bihambaye mu bijanye n’ukwiyumvira neza. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Kuk’ub[ukerebutsi] buzokwinjira mu mutima wawe, kand’ukumenya kuzohimbara ubugingo bgawe. Amakenga azogushibamira, ugutahura kuzokuzigama, ngo bigukize inzira y’ikibi, n’abantu badadika, bata inzira zo kugororoka, ngo bagendere mu nzira z’umwiza”.​—Imigani 2:10-13.

Birahambaye canecane kureka ivyiyumviro vy’Imana bikayobora ivyiyumviro vyacu mu bihe vy’ingorane canke vy’akaga. Inyiyumvo zikomeye nk’ishavu canke ubwoba zirashobora gutuma umuntu atiyumvira neza. Salomo avuga ati: “[Agahahazo ga]hindura umunyabgenge igipfu” (Umusiguzi 7:7). Mbere birashoboka ko ‘tugirira Yehova umwikomo’ (Imigani 19:3). Uti gute? Mu kuvuga ko Imana ari yo yaduteje ingorane turimwo maze tukazigira icitwazo co gukora ibintu biteye kubiri n’amategeko yayo be n’ingingo ngenderwako zayo. Aho kwiyumvira yuko twama nantaryo dushika ku ngingo y’ukuri, nimuze twumvirize twicishije bugufi abahanuzi b’inkerebutsi barondera kudufasha bakoresheje Ivyanditswe. Vyongeye nimba bikenewe, nimuze twitegurire guheba mbere ivyiyumviro bikomeye dufise igihe bigaragaye yuko birimwo amakosa.​—Imigani 1:1-5; 15:22.

‘Nugume usaba Imana’

Tubayeho mu bihe bivuruga umutwe kandi birimwo ingeramizi. Ukwama dusenga dusaba uburongozi bwa Yehova ni ntahara nimba dushaka kwiyumvira neza, tugakora ivy’ubukerebutsi. Paulo yandika ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Igihe tudafise ubukerebutsi bwo kwihanganira ingorane canke ibigeragezo bivuruga ubwenge, dukwiye ‘kuguma dusaba Imana, igabira bose ata kinubwe, idaterana imirarwe’.​—Yakobo 1:5-8.

Kubera yuko intumwa Petero yari azi ko abakirisu bagenziwe bari bakeneye kugira ubukerebutsi, yararondeye ‘gukabura ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira’. Yashaka yuko ‘bibuka amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera, be n’icagezwe c’Umwami ari we Mukiza’ Yezu Kirisitu (2 Petero 3:1, 2). Ivyo nitwabigira, ivyiyumviro vyacu na vyo tukaguma tubihuza n’Ijambo rya Yehova, tuzokwiyumvira neza, dukore ivy’ubukerebutsi.

[Amafoto ku rup. 21]

Abakirisu bo mu ntango barareka ubukerebutsi bw’Imana bukabumbabumba ukwiyumvira kwabo, aho kubumbabumbwa n’ivyiyumviro vy’amafilozofiya

[Abo dukesha amafoto]

Abafilozofe uvuye ibubamfu uja iburyo: Epikuro: Ifoto yafashwe na courtesy of the British Museum; Cicero: Yakuwe mu gitabu The Lives of the Twelve Caesars; Pulato: Roma, Musei Capitolini

[Amafoto ku rup. 23]

Isengesho be n’ukwiga Ijambo ry’Imana ni ntahara

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika