ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/9 rup. 10-15
  • Ibiyago vyo mu vy’impwemu birubaka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibiyago vyo mu vy’impwemu birubaka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uraba maso ku biri mu mutima
  • ‘Abe ari vyo mubandanya kwiyumvira’
  • Mugiranire ibiyago vyubaka
  • Ibiyago vyo mu vy’impwemu bivamwo ivyiza
  • Ikiganiro gishasha kidufasha gutanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ingene twokoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Nuronkere umunezero mu gutanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/9 rup. 10-15

Ibiyago vyo mu vy’impwemu birubaka

“Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana”.​—ABANYEFESO 4:29.

1, 2. (a) Ubushobozi umuntu afise bwo kuvuga bufise agaciro kangana gute? (b) Abasavyi ba Yehova bipfuza gukoresha gute ururimi rwabo?

“UBUSHOBOZI umuntu afise bwo kuvuga ni akayoberabahinga; ni ingabirano iva ku Mana, ni ikintu gitangaje”. Ukwo ni ko umutohozamajambo yitwa Ludwig Koehler yanditse. Kumbure iyo ngabirano iva ku Mana tuyifata nk’aho ari ikintu kidahambaye (Yakobo 1:17). Mugabo rimbura ivyo uba uhomvye uko bingana, igihe indwara yonona igihimba co mu bwonko itumye uwawe atakaza ububasha bwo kuvuga atobora. Joan, uwo umugabo wiwe aheruka gufatwa n’iyo ndwara, asigura ati: “Kuyaga vyaratuma tugiriranira ubucuti budasanzwe. Ese ukuntu bimbabaje kubona tutakiyaga!”.

2 Ibiyago birashobora gukomeza ubucuti, kuvura ukutumvikana, kuremesha abavunitse umutima, gukomeza ukwizera no gutuma ubuzima bumera neza. Mugabo, ivyo ntibipfa kwizana. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Har’ūvuga ibisunitswe n’impwemu bimeze nk’ugucumita kw’inkota, arik’ururimi rw’abanyabgenge ruravūra” (Imigani 12:18). Uko turi abasavyi ba Yehova, dushaka yuko ibiyago vyacu bivura bikongera bikubaka aho kubabaza no gusambura. Twipfuza kandi gukoresha ururimi rwacu mu gushemeza Yehova, mu busuku turangurira ku mugaragaro be no mu biyago vyacu. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Imana ni yo twirata umusi ukīra, kandi tuzoshima izina ryawe ibihe bidashira”.​—Zaburi 44:8.

3, 4. (a) Ni ingorane iyihe twese duhangana ku bijanye n’imvugo yacu? (b) Ni kubera iki imvugo yacu iri n’ico ivuze?

3 Umwigishwa Yakobo agabisha ati: “Ururimi nta muntu yoshobora kurugunda”. Atwibutsa ati: “Twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose” (Yakobo 3:2, 8). Nta n’umwe muri twebwe atunganye. Naho twoba dufise intumbero nziza, ivyo tuvuga ntivyama nantaryo vyubaka abandi canke ngo bitume Umuremyi wacu ashemezwa. Ku bw’ivyo, dutegerezwa kwiga kuba maso ku vyo tuvuga. Vyongeye, Yezu yavuze ati: “Ijambo ryose risunitswe n’impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w’amateka. Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda cank’amajambo yawe ni yo azotuma utsindwa” (Matayo 12:36, 37). Si ivy’imbeshere, Imana y’ukuri izogira ico itubaza ku vyo tuvuga.

4 Bumwe mu buryo bwiza cane bwo kwirinda imvugo ibabaza, ni ugutsimbataza akamenyero ko kugira ibiyago vyo mu vy’impwemu. Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino ukuntu ivyo twobigira, ivyo twoyaga ivyo ari vyo be n’ivyiza dushobora gukura mu mvugo yubaka.

Uraba maso ku biri mu mutima

5. Ni gute umutima ufise uruhara ruhambaye mu vyo kuremesha ibiyago vyubaka?

5 Igihe dutsimbataza akamenyero ko kugira ibiyago vyubaka, dutegerezwa kubanza gutahura yuko imvugo yacu igaragaza ibiri mu mutima wacu. Yezu yavuze ati: “Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga” (Matayo 12:34). Tubivuze mu buryo bworoshe, dukunda kuyaga ku bintu tubona ko bihambaye kuri twebwe. Turakeneye rero kwibaza duti: ‘Ibiyago ngira bihishura iki ku bijanye n’uko umutima wanje umeze? Igihe ndi kumwe n’umuryango wanje canke n’abo dusangiye ukwizera, ibiyago tugirana vyoba bishingira ku bintu vy’impwemu, canke vyoba vyama bishingira ku vy’inkino, ku vyambarwa, ku masenema, ku bifungurwa, ku vyo mperutse kugura canke ku bintu bidahambaye?’. Kumbure bitavuye ku gushaka kwacu, ubuzima bwacu be n’ivyiyumviro vyacu bishobora kuba vyarashitse aho bishingira ku bintu bidahambaye cane. Guhindura ivyo dushira imbere y’ibindi, bizoryohora ibiyago vyacu be n’ubuzima bwacu.​—Ab’i Filipi 1:10.

6. Ni uruhara uruhe ukuzirikana kugira mu biyago vyacu?

6 Ukuzirikana kuri n’intumbero, ni ubundi buryo bwo kuryohora ivyo tuvuga. Tugize akigoro kavuye ku mutima ko kwiyumvira ivy’impwemu, tuzosanga ibiyago vy’impwemu vyizana. Wa Mwami Dawidi yarabonye iryo sano. Yaririmvye ati: “Amajambo yo mu kanwa kanje, n’ivyiyumviro vyo mu mutima wanje, bize bishimwe mu nyonga zawe, Uhoraho” (Zaburi 19:14). Umwanditsi wa Zaburi Asafu na we yavuze ati: “Nzokwiyumvira ivyo [Imana y]akoze vyose, nshire umutima ku bikomeye [y]akoze” (Zaburi 77:12). Umutima be n’umuzirikanyi vyitwararika cane ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana mu bisanzwe bizobogabogamwo amajambo akwiye gushimwa. Yeremiya ntiyashobora kureka kuvuga ivyo Yehova yari yaramwigishije (Yeremiya 20:9). Ni ko na twebwe dushobora kubigira nimba twama tuzirikana ku bintu vy’impwemu.​—1 Timoteyo 4:15.

7, 8. Ni ibintu ibihe bibereye vyoshirwa mu biyago vyubaka?

7 Kugira akamenyero keza ko mu vy’impwemu biraturonsa ibintu vyinshi twoganirako mu biyago vyubaka (Ab’i Filipi 3:16). Amateraniro, amahwaniro, amakoraniro y’ishengero, ibisohokayandikiro biherutse gusohoka, icanditswe c’umusi hamwe n’insasanuro zaco zanditse, ivyo vyose biraturonsa ibintu vy’agaciro vyo mu vy’impwemu twobwira abandi (Matayo 13:52). Ese ukuntu ivyo twabonye mu busuku bwacu bwa gikirisu bishobora gukabura mu buryo bw’impwemu!

8 Wa Mwami Salomo yararyoherwa n’ubwoko bwinshi butandukanye bw’ibiti, ibikoko, inyoni n’amafi yitegereza muri Isirayeli (1 Abami 4:33). Yahimbarwa no kuyaga ku bikorwa vy’irema vy’Imana. Na twebwe turashobora kugira nk’ukwo nyene. Abasavyi ba Yehova bararyoherwa no kuyaga ku bintu bitandukanye, mugabo ibintu vyo mu vy’impwemu vyama nantaryo biryosha ibiyago vy’abantu bakunda ivy’impwemu.​—1 Ab’i Korinto 2:13.

‘Abe ari vyo mubandanya kwiyumvira’

9. Ni inkeburo iyihe Paulo yahaye Abanyafilipi?

9 Ivyo tuyagako vyaba bimeze gute, ibiyago vyacu bizokwubaka abandi nimba bihuye n’inkeburo intumwa Paulo yahaye ishengero ry’i Filipi. Yanditse ati: “Ivy’ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ingeso nziza, ni haba hariho [ibishimagiz]wa, abe ari vyo [mubandanya k]wiyumvira” (Ab’i Filipi 4:8). Ivyo Paulo adondagura birahambaye cane ku buryo bw’uko avuga ngo ‘abe ari vyo mubandanya kwiyumvira’. Ivyo ni vyo dukwiye kwuzuza mu mizirikanyi yacu no mu mitima yacu. Reka rero turabe ukuntu kwitwararika kimwekimwe cose mu bintu umunani Paulo yavuze bishobora kudufasha mu biyago vyacu.

10. Ibiyago vyacu bishobora gute kujamwo ibintu vy’ukuri?

10 Ivy’ukuri ntibisobanura gusa amakuru atarimwo amakosa, atari ay’ikinyoma. Vyerekeza ku bintu bigororotse, vyo kwizigirwa, nk’akarorero ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Ku bw’ivyo, igihe tuyaga n’abandi ivyerekeye ukuri kwa Bibiliya kwadukoze ku mutima, insiguro zatunyuze, canke impanuro zo mu Vyanditswe zadufashije, tuba turiko turiyumvira ibintu vy’ukuri. Ku rundi ruhande, turiyamiriza “ivyitwa ubgenge atari bgo”, ibiboneka gusa nk’aho umenga ni ukuri (1 Timoteyo 6:20). Vyongeye turirinda kuza turavuga urusaku canke kwigana inkuru ziteye amakenga umuntu adashobora kuronkera ibimenyamenya.

11. Ni ibintu ibihe vyo kwubahwa twoshira mu biyago vyacu?

11 Ivyo kwubahwa ni ibiganiro biteye iteka kandi bihambaye, si ibintu ata co bivuze canke bitagira mvura. Birimwo kwitwararika ubusuku bwacu bwa gikirisu, ibihe bigoye tubayemwo be n’uko dukeneye kuguma dufise inyifato nziza. Igihe tuganira ku bintu bihambaye nk’ivyo, turakomeza umwiyemezo dufise wo kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu, tukaguma turi intadohoka kandi tukabandanya kwamamaza inkuru nziza. Nkako, ivyo twiboneye bishimishije mu busuku bwacu be n’ibiba bitwibutsa yuko tubayeho mu misi y’iherezo, biraturonsa amayagwa atandukanye twoshira mu biyago vyacu bikabura.​—Ivyakozwe 14:27; 2 Timoteyo 3:1-5.

12. Turavye impanuro Paulo yatanze yo kwiyumvira ibintu bigororotse kandi bitanduye, ni ibiki dukwiye kwirinda?

12 Ijambo ibigororotse risigura ibitunganye mu nyonga z’Imana, ni ukuvuga ibihuje n’ingingo mfatirwako zayo. Ijambo ibitānduye ritanga iciyumviro co kudahumana mu vyiyumviro no mu nyifato. Gucokorana, ibitwenza bibi, canke ibishegu nta kibanza bifise mu biyago vyacu (Abanyefeso 5:3; Ab’i Kolosayi 3:8). Ku kazi canke kw’ishure, abakirisu bariyonjorora babigiranye ubukerebutsi igihe hatanguye mwene ivyo biyago.

13. Tanga uturorero tw’ibiyago bishingiye ku bintu vy’igikundiro n’ibishimwa.

13 Igihe Paulo adusaba kwiyumvira ivy’igikundiro, aba ashaka kuvuga ibintu bihimbaye kandi bishimwa canke bivyura urukundo, aho kuba ibintu bivyura urwanko, umururazi be n’amahane. Ibishimwa vyerekeza ku makuru aratwa canke avugwa neza. Amakuru meza nk’ayo yoshirwamwo inkuru z’ubuzima z’abavukanyi n’abavukanyikazi b’abizerwa, izama zisohoka mu binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Ni kubera iki utobwira abandi ivyagukoze ku mutima aho umariye gusoma ivyo biganiro bikomeza ukwizera? Vyongeye, urazi ingene biremesha kwumva ivyo abandi baranguye mu vy’impwemu? Ibiyago nk’ivyo bizotsimbataza urukundo n’ubumwe mw’ishengero.

14. (a) Kugaragaza ingeso nziza bidusaba iki? (b) Mu vyo tuvuga, dushobora gute gushiramwo ibintu vyo gushimagizwa?

14 Paulo aravuga ‘ibirimwo ingeso nziza’. Ijambo ingeso nziza, ryerekeza ku kumera neza canke ku bintu vyiza cane mu bijanye n’inyifato runtu. Dutegerezwa kuba maso tukaraba yuko iminwa yacu iyoborwa n’ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe be n’uko idakevya ngo ive ku bigororotse, ku bitanduye kandi birimwo ingeso nziza. Ibishimagizwa bisigura “ibikezwa”. Wumvise insiguro iryoshe canke ukabona umuntu atanga akarorero k’ubwizerwe mw’ishengero, nubimubwire wongere ubibwire n’abandi. Intumwa Paulo yama ashimagiza kamere nziza z’abo basangiye ukwizera (Abaroma 16:12; Ab’i Filipi 2:19-22; Filemoni 4-7). Erega ni ko, ibikorwa vy’Umuremyi wacu birabereye gushimagizwa koko. Muri ivyo bikorwa, turasangamwo ibintu bitari bike vyoshirwa mu biyago vyubaka.​—Imigani 6:6-8; 20:12; 26:2.

Mugiranire ibiyago vyubaka

15. Ni itegeko irihe ryo mu Vyanditswe risaba abavyeyi kugiranira n’abana babo ibiyago biri n’ico bivuze?

15 Mu Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7 havuga hati: “Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse”. Biratomoye ko iryo tegeko risaba abavyeyi kugiranira n’abana babo ibiyago biri n’ico bivuze kandi vyo mu buryo bw’impwemu.

16, 17. Ni igiki abavyeyi bakirisu bashobora kwigira ku karorero ka Yehova n’aka Aburahamu?

16 Turashobora kwiha ishusho y’ibiganiro birebire Yezu ategerezwa kuba yaragiranye na Se wiwe mw’ijuru igihe bariko barihweza ibijanye n’igikorwa ciwe co kw’isi. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n’ivyo nkwiye gusigura” (Yohana 12:49; Gusubira mu vyagezwe 18:18). Umwe sokuruza Aburahamu ategerezwa kuba yamaze amasaha n’amasaha aganira n’umuhungu wiwe Isaka ku bijanye n’ukuntu Yehova yari yarabahezagiye, bo ubwabo be na basekuruza babo. Nta mazinda ko ibiganiro nk’ivyo vyafashije Yezu na Isaka kugamburuka ivyo Imana igomba babigiranye ukwicisha bugufi.​—Itanguriro 22:7-9; Matayo 26:39.

17 Abana bacu na bo nyene barakeneye ibiyago vyubaka. Abavyeyi bategerezwa kurondera umwanya wo kuganira n’abana babo mu rutonde rwabo rurimwo vyinshi. Nimba bishoboka, ni kubera iki utoringaniza ivy’uko musangirira hamwe uko mugize umuryango n’imiburiburi rimwe ku musi? Mu gihe co gufungura be n’inyuma y’aho, hazoba hariho uturyo two kugiranira ibiyago vyubaka bishobora kuba ngirakamaro ku magara yo mu vy’impwemu y’umuryango.

18. Niwigane icabonywe cerekana ivyiza biva ku biyago vyiza biba hagati y’abavyeyi n’abana.

18 Alejandro, umutsimvyi arengeje gatoyi imyaka 20, aribuka amadidane yahorana igihe yari afise imyaka 14. Yigana ati: “Kubera akosho k’abo twigana be n’abigisha, narakekeranya ku vy’uko Imana ibaho be n’uko Bibiliya yoba ari iyo kwizigirwa. Abavyeyi banje baramaze amasaha menshi bamfasha kuzirikana babigiranye ukwihangana. Ivyo biyago ntivyamfashije gusa guhera amadidane nari mfise muri ivyo bihe bitoroshe, ariko kandi vyatumye mfata ingingo nziza mu buzima bwanje”. Bite ho ubu? Alejandro abandanya ati: “Ndacaba i muhira. Mugabo urutonde rwacu rurimwo vyinshi, rutuma twe na dawe bitatworohera kuganira turi ukwa twenyene. Ku bw’ivyo rero, twempi uko turi babiri turafungurira hamwe rimwe mu ndwi ku kazi aho akorera. Ndaha agaciro vy’ukuri ivyo biyago”.

19. Ni kubera iki twese dukeneye ibiyago vyo mu vy’impwemu?

19 None, ntiduha agaciro kandi uturyo two kugiranira n’abo dusangiye ukwizera ibiyago vyo mu vy’impwemu bimara akanyota? Turaronka utwo turyo ku makoraniro, mu busuku bwo mu ndimiro be n’igihe turi kumwe n’abagenzi canke igihe turi ku rugendo. Paulo yari arindiranye umushasharo kuyaga n’abakirisu b’i Roma. Yabandikiye ati: “Nifuza kubabona, . . . ni kwo guhūmurizanya namwe, mpūmurizwe n’ukwizera kwanyu, namwe muhūmurizwe n’ukwanje” (Abaroma 1:11, 12). Umukurambere mukirisu umwe yitwa Johannes avuga ati: “Kugirana ibiyago vyo mu vy’impwemu n’abakirisu bagenzanje birandonsa ikintu ca nkenerwa nkeneye. Baranshwangamura kandi bakandemurura imitwaro ya misi yose. Ndakunda gusaba abageze mu zabukuru ngo banyagire ku vyerekeye ubuzima bwabo be no ku cabafashije kuguma ari abizerwa. Uko imyaka yagiye irengana, naraganiriye n’abatari bake, kandi umwe wese muri abo yarandonkeje ubukerebutsi canke uguca mu kajisho kwatumye menya utuntu n’utundi mu buzima bwanje”.

20. Twokora iki nimba duhuye n’umuntu w’amasoni?

20 Tuvuge iki none hamwe umuntu yoba asa n’uwutabinegwa igihe utanguje ikiyago gishingiye ku vy’impwemu? Ntuce uheba. Kumbure urashobora kuronka akandi karyo mu nyuma. Salomo yavuze ati: “Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza” (Imigani 25:11). Nugaragaze ko utahura abantu b’amasoni. “Inama yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, arik’umuntu w’umunyabgenge arayivoma”a (Imigani 20:5). Ikiruta vyose, ntiwigere ureka ngo inyifato abandi bagaragaza ikubuze kuvuga ibintu bigukora ku mutima.

Ibiyago vyo mu vy’impwemu bivamwo ivyiza

21, 22. Ni ivyiza ibihe tuhakura igihe tugira uruhara mu biyago vyo mu vy’impwemu?

21 Paulo yatanze iyi mpanuro igira iti: “Ntihaze hagire ibiyāgo bibi biva mu kanwa kanyu, ariko muvuge ijambo ryiza ryose ryo gukuza ūkwiye kuribgirwa, kugira ngo riheshe abaryumvise ubuntu bg’Imana” (Abanyefeso 4:29; Abaroma 10:10). Bishobora gusaba akigoro kugira ngo umuntu yerekeze ibiyago mu nzira nziza, mugabo ivyiza bivamwo ni vyinshi. Ibiyago vyo mu vy’impwemu biratuma tubwira abandi ukwizera kwacu kandi bigatuma dukomeza ikivukano cacu.

22 Nimuze rero dukoreshe iyo ngabirano yo kuvuga mu kuremesha abandi no mu gushemeza Imana. Ibiyago nk’ivyo bizotubera isôko ry’ugushira akanyota vyongere bibe isôko ry’indemesho ku bandi. Ikiruta vyose, bizotuma umutima wa Yehova unezerwa kubera yuko yitwararika ibiyago vyacu kandi agahimbarwa igihe dukoresha ururimi rwacu mu buryo bubereye (Zaburi 139:4; Imigani 27:11). Iyo ibiyago vyacu bishingiye ku vy’impwemu, turashobora kudakeka yuko Yehova atazotwibagira. Bibiliya irerekeza ku basukurira Yehova muri iki gihe cacu ikavuga iti: “Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe” (Malaki 3:16; 4:5). Ese ukuntu ari nkenerwa ko ibiyago vyacu biba ivyubaka mu buryo bw’impwemu!

[Akajambo k’epfo]

a Amariba amwamwe yo muri Isirayeli yari maremare cane. I Gibeyoni, abacukuzi barubuye ikinogo c’amazi kireha n’imetero nka 25 uja mu kuzimu. Kirimwo ingazi zafasha abantu kumanuka gushika hasi kugira ngo bavome amazi.

Wokwishura gute?

• Ibiyago vyacu bihishura iki kuri twebwe?

• Ni ibintu vyubaka ibihe dushobora kuganirako?

• Ni uruhara ruhambaye uruhe ibiyago bigira mu muryango no mw’ishengero rya gikirisu?

• Ni ivyiza ibihe biva mu biyago vyubaka?

[Amafoto ku rup. 12]

Ibiyago vyubaka bishingiye ku . . .

“vy’ukuri vyose”

“vyo kwubahwa vyose”

‘bishimagizwa’

“bishimwa vyose”

[Abo dukesha amafoto]

Ifoto iri ku gipfukisho c’ividewo, Stalin: U.S. Army photo; Ifoto yo ku gipfukisho c’igitabu Créateur, Eagle Nebula: J. Hester and P. Scowen (AZ State Univ.), NASA

[Ifoto ku rup. 13]

Ibihe vyo gufungura biratanga uturyo tudasanzwe two kugiranira ibiyago vyo mu vy’impwemu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika