Inkuru y’ubuzima
Yehova arakwēgēra abaciye bugufi ku kuri
NK’UKO VYAVUZWE NA ASANO KOSHINO
Mu 1949, hashize imyaka mikeyi gusa Intambara ya Kabiri y’isi yose irangiye, hari umugabo w’umunyamahanga muremure kandi w’umutima mwiza yagendeye umuryango nakorera mu gisagara ca Kobe. Yari we mumisiyonari wa mbere wo mu Vyabona vya Yehova aje mu Buyapani. Kuba yaratugendeye vyaranciriye inzira yo kwumva ukuri kwa Bibiliya. Mugabo, reka mbanze ndabiganire kahise kanje.
NAVUTSE mu 1926, mvukira mu gasagara kamwe ko mu Buraruko bw’intara ya Okayama. Nagira gatanu mu bana umunani. Dawe yari umuntu yijukiye ivy’ugusenga imana yo mu kirimba c’abashinto co ngaho. Ku bw’ivyo, twebwe abana twararyoherwa n’ukuja mu birori be n’uguhurira hamwe turi umuryango ku misi mikuru yo mu vy’idini yagirwa mu mwaka wose.
Uko nagenda nkura, naragira ibibazo vyinshi bijanye n’ubuzima, mugabo narazwa ishinga canecane n’ivyerekeye urupfu. Imigenzo yasaba yuko abantu bapfira i muhira be n’uko abana baba ari ho bari igihe uwo mu muryango agira apfe. Narumvise mbabaye cane igihe nyokuru yapfa be n’igihe gasazanje kapfa kataranashikana umwaka. Cari ikintu giteye ubwoba kuri jewe kubona nzokwitegereza ukuntu abavyeyi banje bapfa. ‘Ivyo vyoba vy’ukuri ari vyo vyonyene umuntu arindiriye? Ubuzima bwoba bushobora kugira ikindi kintu buvuze’? Nari ndajwe ishinga no kubimenya.
Mu 1937, igihe nari ngeze mu mwaka wa gatandatu w’amashure y’intango, ya Ntambara y’Ubushinwa n’Ubuyapani yaradutse. Abagabo barafatwa hanyuma bakarungikwa ku rugamba mu Bushinwa. Abanyeshure barabona ukuntu ba se babo be n’abo bavukana b’abahungu baha impumdu umwami w’abami bavuga ngo “Banzai!” (narambe). Abantu bari bazi yuko intsinzi yotahukanywe n’Ubuyapani, ubwo babona ko ari ihanga ry’imana, umwami w’abami wabwo na we bakabona ko ari imana nzima.
Hataraca n’igihe, imiryango yaratanguye kuronka inkuru z’ababo bapfiriye ku rugamba. Imiryango igandaye yari mu gahinda kenshi. Urwanko rwarushiriza gukura mu mitima yabo, kandi baranezerwa igihe ivyago bikomeye bishikiye umwansi. Mugabo, muri ico gihe nyene, niyumvira nti: ‘Abari ku ruhande rw’abansi bategerezwa na bo nyene kuba bababara cane nkatwe igihe babuze ababo’. Igihe narangiza amashure y’intango, intambara yari ikaze cane mu Bushinwa.
Mpura n’umunyamahanga ntari ndavyiteze
Kubera yuko twari abarimyi, umuryango wacu wama ukenye, mugabo dawe yarandekuriye kubandanya amashure mu gihe ata mahera yasabwa. Kubera ico, mu 1941, narinjiye mw’ishure ry’abigeme ryo mu gisagara ca Okayama cari nko ku bilometero 100 uvuye aho twaba. Iryo shure ryari rigenewe kuronsa abigeme inyigisho zizotuma baba ba inarugo na ba inabibondo babishoboye, kandi ryarungika abanyeshure kubana n’imiryango itunze yo muri ico gisagara kugira bimenyereze ibikorwa vyo mu nzu. Mu gitondo, abanyeshure biga mu gukora muri ayo mazu, maze ku muhingamo bakaja kw’ishure.
Ibirori vy’uguha ikaze abanyeshure bashasha birangiye, mwigisha wanje, uwari yambaye kimono (inyambaro kavukire y’Abayapani), yaranjanye ku nzu nini. Mugabo, bivuye ku mvo itazwi, umukenyezi wo kuri iyo nzu ntiyemeye kunyakira. Mwigisha yaciye abaza ati: “Tugende none muhira ku mupfasoni Koda?”. Yaciye anjana ku nzu yubatswe nk’iz’Abanyamerika hanyuma aca avuza agakengeri ko ku rugi. Haheze akanya, haciye haza umukenyezi muremure, afise imishatsi yera. Naratangaye cane! Ntiyari Umuyapanikazi kandi sinari bwigere mbona Umunyamerika mu buzima bwanje. Uwo mwigisha yaciye amenyekanisha ku Mupfasoni Maud Koda maze ubwo nyene aca aragenda. Naciye ninjira mu nzu mfise ubwoba, ngenda ndakwega amasakoshi yanje. Nahavuye menya yuko umupfasoni Maud Koda yari Umunyamerikakazi yubakanye n’Umuyapani yize muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yigisha icongereza ku mashure y’ivy’ubudandaji.
Bwapfuye guca nca ndatangura ubuzima burangwa n’ibikorwa vyinshi. Umugabo wa Koda yari arwaye intandara, nkaba rero nategerezwa gufasha mu vyo kumwitwararika. Kubera ko ntumva icongereza na gato, narahagaritse umutima gatoyi. Nagiye guturura aho umupfasoni Koda amvugishirije mu kiyapani. Imisi yose narabumva bayaga mu congereza, maze bukebuke ntangura kumenyera urwo rurimi. Nararyoherwa n’akayaga keza karangwa i muhira.
Naratangajwe n’ukuntu Maud yaguma yitaho umugabo wiwe arwaye. Uwo mugabo yarakunda gusoma Bibiliya. Mu nyuma ni ho namenye yuko uwo mugabo be n’umugore wiwe bari bararonse insohore yo mu kiyapani y’igitabu Le divin Plan des Âges, bayikuye ku mangazini idandaza ibitabu vyakoze kandi ko bari bamaze imyaka itari mike biyandikishije kwama baronka insohore yo mu congereza y’Umunara w’Inderetsi.
Umusi umwe naragabiwe Bibiliya. Naranezerewe kubera ko ryari ryo rya mbere mu buzima bwanje ndonse Bibiliya nigabira. Narayisoma igihe naba ndiko nja kw’ishure canke mvayo, mugabo natahuramwo bike. Kubera ko narerewe mw’idini y’abashinto y’Abayapani, Yezu Kirisitu yasa n’uwundi kure mu bwenge. Sinatahuye yuko iyo yari intango y’ivyohavuye binshikana ku kwakira ukuri kwa Bibiliya kwokwishuye ibibazo nari mfise ku vyerekeye ubuzima n’urupfu.
Ibintu bitatu vyabaye biteye umubabaro
Imyaka ibiri y’ukumenyerezwa ntiyatevye kurangira, bica biba ngombwa ko nsezera uwo muryango. Maze kurangiza amashure, naciye nja mw’ishirahamwe ry’abakobwa b’abitanzi, maze nifatanya na bo mu guhingura imyambaro y’abasirikare barwanira mu mazi. Ibitero vyagizwe n’indege B-29 z’Abanyamerika zitera amabombe vyaratanguye, maze ku wa 6 Myandagaro 1945, ibombe ruhonyanganda irakororerwa i Hiroshima. Haciye imisi mikeyi, naciye ndonka telegarama imenyesha ko mawe arwaye cane. Naciye mfata igariyamoshi ya mbere injana i muhira. Nururutse, naciye mpura n’incuti hanyuma imbarira yuko mawe yari yaramaze gupfa. Yari yapfuye kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro. Ico nari maze imyaka ntinya, cari carashitse! Ntiyokwigeze asubira kumvugisha canke kumwenyurira.
Kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro, Ubuyapani bwaratsinzwe. Nabwirijwe rero guhangana n’ibintu bitatu bibabaje, ivyo vyose bikaba vyabaye mu gihe kigufi c’imisi cumi: ica mbere ryari iturika rya ya bombe ruhonyanganda, ica kabiri ukubura mawe, ica nyuma na co, ni kwa gutsindwa kw’intibagirwa kw’Ubuyapani. Uko biri kwose, vyarahumuriza kumenya yuko abantu batazokwigera basubira gupfira mu ntambara. Narumva ko hari ico mbuze mu mutima wanje, nca mva muri nya hinguriro nsubira iwacu ku gatumba.
Nkwēgērwa ku kuri
Umusi umwe, nararonse ikete ntari niteze rivuye kwa Maud Koda i Okayama. Yambajije niba noshobora kugenda hanyuma nkamufasha gukora udukorwa tw’i muhira kubera yuko yashaka gutanguza ishure ry’icongereza. Narijijanije imitima nibaza ico nkwiye gukora, mugabo ndemera ivyo yansavye. Haciye imyaka mikeyi, narimukiye i Kobe ndi kumwe n’umuryango wa Koda.
Mu ntango z’ici ryo mu 1949, hari umugabo muremure kandi w’umutima mwiza yagendeye umuryango wa Koda. Yitwa Donald Haslett, akaba yari aje i Kobe avuye i Tokyo, aje kurondera inzu abamisiyonari bobamwo. Yari we mumisiyonari wa mbere wo mu Vyabona vya Yehova aje mu Buyapani. Inzu yarabonetse, maze muri Munyonyo 1949, abamisiyonari batari bake baca barashika i Kobe. Umusi umwe, batanu muri bo baraje kuramutsa umuryango wa Koda. Babiri muri bo, ari bo Lloyd Barry be na Percy Iszlaub, baraganirije abari bakoraniye mu nzu, umwe wese abaganiriza nk’iminuta cumi. Maud yari azwi ko ari umuvukanyikazi w’abo bamisiyonari kandi biboneka ko yaremeshwa no kwifatanya na bo. Ico gihe ni ho navyurirwa umutima wo kwiga icongereza.
Ndabifashijwemwo n’abamisiyonari b’abanyamwete, nagiye ndatahura buhorobuhoro ukuri kw’ishimikiro kwa Bibiliya. Nararonkeye inyishu ibibazo nari mfise kuva mu bwana. Egome, Bibiliya iratanga icizigiro co kubaho ibihe bidahera kw’isi izoba yabaye iparadizo be n’umuhango w’izuka ry’“abari mu mva [“z’icibutso”, NW] bose” (Yohana 5:28, 29; Ivyahishuriwe 21:1, 4). Narakengurukiye Yehova kubona yaratumye ico cizigiro gishoboka biciye ku nkuka y’incungu y’Umwana wiwe Yezu Kirisitu.
Ibikorwa vya gitewokarasi biteye agahimbare
Kuva kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 1949 gushika ku rya 1 Nzero 1950, iteraniro rya mbere rya gitewokarasi ryo mu Buyapani ryabereye ku nzu y’abamisiyonari i Kobe. Najanye na Maud. Iyo nzu nini yahora ari iy’Abanazi kandi ikaba yari ahantu heza harabana n’ikiyaga be n’izinga rya Awaji. Kubera yuko nari mfise ubumenyi bukeyi bwa Bibiliya, natahura bike mu vyavugwa. Yamara, narakozwe ku mutima cane n’abamisiyonari bari bivanze n’Abayapani ata co binona. Insiguro y’icese kuri iryo teraniro yari yitabwe n’abantu bose hamwe 101.
Bidatevye inyuma y’aho, naciye mfata ingingo yo kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro. Vyansavye uburindutsi kuja ku nzu no ku yindi kubera yuko nari nsanzwe ndi umuntu atinyatinya. Igihe kimwe mu gitondo, umuvukanyi Lloyd Barry yaraje i muhira iwacu kuntora kugira tujane mu busuku. Yahereye ku nzu nyene yakurikira iy’umuvukanyikazi Koda. Naciye mera nk’uwinyegeza inyuma yiwe, numviriza ingene atanguza ikiyago. Igihe nasohoka ubugira kabiri, nakoranye n’abandi bamisiyonari babiri. Hari umugore ageze mu za bukuru w’Umuyapanikazi yaduhaye ikaze mu nzu, aratwumviriza hanyuma arazimana umwe wese muri twebwe ikirahuri c’amata. Yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana hanyuma arahava aba umukirisu yabatijwe. Vyari ibiremesha kubona ukuntu yateye imbere.
Muri Ndamukiza 1951, umuvukanyi Nathan H. Knorr wo ku cicaro gikuru c’i Brooklyn yaragendeye Ubuyapani ari bwo bwa mbere. Haje nk’abantu 700 ku nsiguro y’icese yabereye mu nyubakwa ya Leta y’amakoraniro y’i Kyoritsu i Kanda muri Tokyo. Kuri iryo koraniro ridasanzwe, abari baje baranezerejwe n’isohoka ry’Umunara w’Inderetsi mu kiyapani. Mu kwezi kwakurikiye, umuvukanyi Knorr yaragendeye Kobe, hanyuma kw’ikoraniro ridasanzwe ryahabereye, ndabatizwa bwa kimenyetso c’uko niyeguriye Yehova.
Haciye nk’umwaka, nararemeshejwe kwinjira mu busuku bw’igihe cose, ni ukuvuga umurimo w’ubutsimvyi. Hariho abatsimvyi bakeyi gusa mu Buyapani ico gihe, kandi naribaza ukuntu nari gushobora kwibeshaho. Nariyumviriye kandi ukuntu imigambi yanje y’ukwubaka yohavuye igenda. Mugabo ico gihe naratahuye yuko gusukurira Yehova ari vyo bikwiye kuza mu kibanza ca mbere mu buzima, ku bw’ico nca mba umutsimvyi mu 1952. Ikinezereje, ni uko nashoboye gukorera umuvukanyikazi Koda ikiringo c’amasaha makeyi ku musi, igihe nari umutsimvyi.
Muri ico gihe, musazanje mukuru, uwo niyumvira ko yari yaguye mu ntambara, yaratahutse ari kumwe n’umuryango wiwe bavuye i Tayiwani. Umuryango wanje ntiwigeze werekana ko witaho ubukirisu, mugabo ndabigiranye umwete, umwe nyene uranga abatsimvyi, naratanguye kubarungikira ibinyamakuru n’udutabu. Mu nyuma, musazanje yarimukiye i Kobe be n’umuryango wiwe kubera akazi yakora. Narabajije muramukazanje nti: “Mwoba mwarasomye vya binyamakuru?”. Naratangaye kubona yishura ati: “Ni ibinyamakuru biryoshe”. Yaratanguye kwigana Bibiliya n’umwe muri ba bamisiyonari, na murumunanje yaba iwabo aca arifatanya na we mu kwiga Bibiliya. Mu nyuma, bompi baracitse abakirisu babatijwe.
Mpimbarwa cane n’ikivukano mpuzamakungu
Bidatevye, naratangajwe no kuronka ubutumire bwo kwitaba umugwi ugira 22 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower. Twe n’umuvukanyi Tsutomu Fukase twabaye aba mbere bavuye mu Buyapani batumiriwe kuri iryo shure. Mu 1953, imbere y’uko iryo somero ritangura, twarashoboye kwitaba iteraniro ryitiriwe abagize Ikibano c’isi nshasha ryabereye ku kibuga c’inkino c’i Yankee, i New York. Narahimbawe cane n’ikivukano mpuzamakungu c’abasavyi ba Yehova.
Ku musi ugira gatanu w’iryo hwaniro, intumwa zari zaje ziva mu Buyapani, izari ahanini zigizwe n’abamisiyonari, zategerezwa kwambara kimono. Kubera yuko kimono nari natumyeko hanze itari bwashike, naciye ntira iy’umukenyezi wa Knorr. Mu kiringo c’iteraniro, imvura yaratanguye kugwa, bituma mpagarikwa umutima n’uko iyo kimono ihava ijoba. Ako kanya nyene, hari umuntu yari inyuma yanje yaciye ampfuka bukebuke ikoti y’imvura. Umuvukanyikazi yari ahagaze imbere yanje yaciye ambaza ati: “Urazi uwo ari we?”. Mu nyuma, nahavuye menya yuko yari umuvukanyi Frederick W. Franz wo mu bagize Inama Nyobozi. Narabonye koko igishika kiri mw’ishirahamwe rya Yehova!
Umugwi ugira 22 w’abasohoka Ishure ry’i Gileyadi mu vy’ukuri wari mpuzamakungu, ukaba wari ugizwe n’abanyeshure 120 baturuka mu bihugu 37. Naho hariho intambamyi zimwezimwe zijanye n’ururimi, twarinovoye bimwe bishitse ikivukano mpuzamakungu. Muri Ruhuhuma 1954, ku musi hari shelegi, ni ho naronka urupapuro rw’umutsindo, ndaheza nsubira mu Buyapani ari na ho narungitswe gukorera. Uwo twiganye muri iryo somero ari we Inger Brandt, umuvukanyikazi wo muri Suwede ni we twategerezwa gukorana mu gisagara c’i Nagoya. Muri ico gisagara, twasanzeyo umugwi w’abamisiyonari wari warahahungishirijwe uvuye muri Koreya kubera intambara. Imyaka mikeyi namaze mu murimo w’ubumisiyonari yambereye iy’agaciro.
Umurimo uteye umunezero ndi kumwe n’uwo twubakanye
Muri Nyakanga 1957, naratumiwe gukorera kuri Beteli y’i Tokyo. Inzu y’imbaho igizwe n’igorofa zibiri ni yo yari ibiro vy’ishami vyo mu Buyapani. Kw’ishami, hari abantu bane gusa, ushizemwo umuvukanyi Barry, uwari ahagarikiye ishami. Abasigaye mu bagize umuryango bari abamisiyonari. Nahawe igikorwa c’uguhindura no gusuzuma ivyahinduwe, ugaca ushirako gukora isuku, gukora mw’imesuriro, guteka, n’ibindi.
Igikorwa mu Buyapani cariko congerekana, bituma abavukanyi benshi batumirwa kuza kuri Beteli. Umwe muri bo yaciye aba umucungezi mw’ishengero narimwo. Mu 1966, uwo muvukanyi Junji Koshino ni we twahavuye twubakana. Tumaze kwubakana, Junji yaciye ashingwa igikorwa c’umuzunguruko. Vyari biteye umunezero kumenya abavukanyi n’abavukanyikazi benshi cane uko twagendera amashengero atandukanye. Kubera ko nari nahawe igikorwa c’uguhindura, nagikorera ku muhana twamarako indwi. Mu gihe c’ingendo, twategerezwa gutwara inyizamvugo ziremereye, ugashirako n’amavarisi be n’ayandi masakoshi.
Twarinovoye igikorwa c’umuzunguruko mu myaka irenga ine twongera turibonera ukuntu ishirahamwe ribandanya kwaguka. Ishami ryimukiye i Numazu, hashize imyaka ryimukira i Ebina, aho inyubakwa z’ishami ziri muri iki gihe. Jewe na Junji turamaze igihe kirekire twinovora umurimo wo kuri Beteli, ubu tukaba dukora turi abagize umuryango bababa 600. Muri Rusama 2002, abagenzi bo kuri Beteli barahimbaje n’umutima mwiza imyaka 50 maze mu murimo w’igihe cose.
Ngira umuhezagiro wo kwibonera iyongerekana
Igihe natangura gusukurira Yehova mu 1950, hari gusa abamamaji bari ku rushi mu Buyapani. Ubu hari abamamaji b’Ubwami barenga 210.000. Vy’ukuri, abantu ibihumbi n’ibihumbi bameze nk’intama barakwegerewe kuri Yehova nk’uko vyangendeye.
Ba bavukanyi bane b’abamisiyonari na wa muvukanyikazi batugendera i muhira kwa Koda mu 1949, be n’umuvukanyikazi Maud Koda, bose basozereye ubuzima bwabo ari abizerwa. Na musazanje, uwari umukozi w’ishengero hamwe na muramukazanje, uwari amaze nk’imyaka 15 mu murimo w’ubutsimvyi, na bo nyene barapfuye. None ivyizigiro vya kazoza bizoba ibihe ku bavyeyi banje, abo natinya kubona urupfu rwabo igihe nari nkiri umwana? Umuhango Bibiliya itanga werekeye izuka urandonsa icizigiro be n’impumurizo.—Ivyakozwe 24:15.
Ntereje amaso inyuma, nca numva yuko, kuba narahuye na Maud mu 1941, vyatumye haba ihinduka mu buzima bwanje. Iyo ntahura na we ico gihe, kandi iyo ntemera ubutumire yandungikiye bwo kumukorera inyuma y’intambara, kumbure mba ndi kw’itongo iwacu, mu karere ka kure, kandi simba naramenyanye n’abamisiyonari muri ico gihe co mu ntango. Ese ukuntu nkurira ubwatsi Yehova kubona yarankwegereye ku kuri biciye kuri Maud be no ku bamisiyonari ba mbere!
[Ifoto ku rup. 25]
Turi kumwe na Maud Koda be n’umunega wiwe. Ndi imbere ibubamfu
[Ifoto ku rup. 27]
Ndi kumwe n’abamisiyonari bo mu Buyapani ku kibuga c’inkino c’i Yankee mu 1953. Ndi hirya ibubamfu
[Amafoto ku rup. 28]
Kuri Beteli, ndi kumwe n’umunega wanje Junji