ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/2 rup. 8-12
  • “Mukama, twigishe gusenga”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mukama, twigishe gusenga”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umuvyeyi munyarukundo
  • Ugukunda izina rya Yehova
  • Ubwami dusaba
  • Ni kubera iki twoguma dusaba ko Ubwami buza?
  • “Ivyo ugomba bibe”
  • Ivyo Yehova agomba mw’ijuru
  • Ivyo Yehova agomba kw’isi
  • Tubeho duhuza na rya sengesho ry’akarorero—Igice ca 1
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ku bijanye n’amasengesho Imana yumva
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ca gisabisho ca Dawe wa twese—ico gisobanura kuri wewe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ingene twosenga: Igisabisho ca Dawe wa twese coba ari co kibereye?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/2 rup. 8-12

“Mukama, twigishe gusenga”

“Umwe mu bigishwa biwe aramubaza ati: ‘Mukama, twigishe gusenga’”.—LUKA 11:1, UB.

1. Ni kubera iki umwe mu bigishwa ba Yezu yamusavye kubigisha gusenga?

IGIHE kimwe mu 32 G.C., hari umwigishwa wa Yezu yamwitegereje ariko arasenga. Ntiyashobora kwumva ivyo Yezu yariko arabwira Se wiwe, kubera ko rishobora kuba ryari isengesho ryo mu gacerere. Naho ari ukwo, Yezu arangije gusenga, nya mwigishwa yamubwiye ati: “Mukama, twigishe gusenga” (Luka 11:1, UB). Ni igiki catumye amusaba ico kintu? Isengesho ryari mu bintu Abayuda bama bagize mu buzima bwabo no mu bijanye n’ugusenga kwabo. Ivyanditswe vy’igiheburayo birimwo amasengesho umuyoro dusanga mu gitabu ca Zaburi be n’ahandi hose. Ku bw’ivyo, uwo mwigishwa ntiyariko asaba kwigishwa ikintu ata co yari akiziko, canke atari bwigere agira. Nta gukeka ko yari amenyereye amasengesho yo guheza umwuga yaturwa n’indongozi z’idini y’Abayuda. Mugabo ico gihe yari yihweje Yezu ariko arasenga, maze kumbure arabona yuko hari itandukaniro rinini hagati y’amasengesho y’ukwiyerekana yagirwa n’abarabi be n’uburyo Yezu yasenze.—Matayo 6:5-8.

2. (a) Ni igiki cerekana yuko Yezu atashatse kuvuga yuko dusubiramwo rya sengesho ry’akarorero ijambo ku rindi? (b) Ni kubera iki dukeneye kumenya ingene twosenga?

2 Nk’amezi 18 imbere y’aho, muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yari yarahaye abigishwa biwe akarorero bokwisunga mu gutura amasengesho yabo (Matayo 6:9-13). Bishoboka ko uwo mwigishwa atari ho yari ari ico gihe, ari co gituma Yezu yasubiyemwo abigiranye umutima mwiza ivyiyumviro nyamukuru vyo muri iryo sengesho ry’akarorero. Icibonekeje co ni uko atarisubiyemwo ijambo ku rindi, bikaba vyerekana yuko atariko atanga isengesho risubirwamwo ku mutwe mu bihe vyo gusenga, ata kwiyumvira (Luka 11:1-4). Cokimwe n’uwo mwigishwa atavugwa izina, na twebwe dushaka kwigishwa gusenga kugira ngo amasengesho yacu atume turushiriza kwiyegereza Yehova. Nimuze rero dusuzume mu buryo burushirije kuba ubwuzuye iryo sengesho ry’akarorero, nk’uko ryanditswe n’intumwa Matayo. Rigizwe n’ibintu indwi vyo gusaba, bitatu muri ivyo bikaba vyerekeye imigambi y’Imana, bine na vyo bikaba vyerekeye ivyo dukeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. Muri iki kiganiro, twihweza bitatu vya mbere muri vyo.

Umuvyeyi munyarukundo

3, 4. Guhamagara Yehova ngo “Data wa twese” bishaka kuvuga iki?

3 Kuva mu ntango, Yezu yarerekanye yuko amasengesho yacu akwiye kugaragaza ubucuti bwa somambike ariko buranga icubahiro dufitaniye na Yehova. Yezu ariko avuga ahanini ku bw’inyungu y’abigishwa biwe bari bakoraniye iruhande yiwe ku mucamo w’uwo musozi, yababwiye guhamagara Yehova ngo “Data wa twese wo mw ijuru” (Matayo 6:9). Nk’uko incabwenge imwe ibivuga, Yezu yaba yavuze mu giheburayo kimenyerewe canke mu giharameya, ijambo yakoresheje kuri “Data” ni ijambo rifitaniye isano cane n’arya majambo aranga igishika y’umwana, ari ko ‘kajambo k’umwana’. Guhamagara Yehova ngo “Data wa twese” vyerekana ubucuti burangwa igishika n’ukumwizigira.

4 Mu kuvuga ngo ‘Data wa twese’, tuba kandi twemeye icese ko turi mu bagize umuryango munini w’abagabo n’abagore bemera ko Yehova ari we Mutanzi w’ubuzima (Yesaya 64:8; Ivyakozwe 17:24, 28). Abakirisu bavyawe n’impwemu baracika “[a]bana b’Imana”, kandi barashobora ‘gutaka Abba, Data’ berekeza kuri we (Abaroma 8:14, 15, ni twe tubihiritse.). Abantu amamiliyoni baracitse abagenzi babo b’intahemuka. Bano bareguriye ubuzima bwabo Yehova hanyuma baragereranya ukwiyegura kwabo mu kubatizwa mu mazi. Izo “zindi ntama” bose barashobora kwegera Yehova mw’izina rya Yezu hanyuma bakamuhamagara ngo “Data wa twese” (Yohana 10:16; 14:6). Turashobora kwitura ubudahorereza Data wa twese wo mw’ijuru mw’isengesho ryo kumushemeza no kumukengurukira kubera ibintu vyose atugirira biranga ukumera neza kwiwe, tukongera tukamukorera imitwaro yacu, twizigiye yuko atubabara.—Ab’i Filipi 4:6, 7; 1 Petero 5:6, 7.

Ugukunda izina rya Yehova

5. Amajambo atangura muri rya sengesho ry’akarorero ni ayahe, kandi ni kubera iki abereye?

5 Amajambo atangura muri iryo sengesho arerekana ubwo nyene ibikwiye kuja mu kibanza ca mbere. Avuga ngo: “Izina ryawe ryubahwe” (Matayo 6:9). Egome, ukwo kwubahwa ari kwo kwezwa kw’izina rya Yehova gukwiye kuba co kintu nyamukuru twitwararika kubera yuko tumukunda kandi twanka kubona iceyi cose casizwe izina ryiwe. Ukugarariza kwa Shetani be n’ugutuma umugabo n’umugore ba mbere bagambararira Yehova Imana, vyaratyoje izina ryiwe mu gutuma haba amakenga ku bijanye n’uburyo Imana yariko ikoresha ubusegaba ifise ku vyaremwe vyose (Itanguriro 3:1-6). Vyongeye, uko ibinjana vyagiye birengana, izina rya Yehova ryarasizwe iceyi biciye ku bikorwa n’inyigisho bigayitse vy’abivugisha ko bamuserukira.

6. Ni igiki tutazokora nimba dusaba ko izina rya Yehova ryezwa?

6 Isengesho dutura dusaba ko izina rya Yehova ryezwa rirerekana aho duhagaze ku bijanye na ca kibazo c’uwukwiye kuba segaba w’isi n’ijuru, ni ukuvuga ko tuba dushigikiye mu buryo burashe uburenganzira Yehova afise bwo kuganza ivyaremwe vyose. Yehova ashaka yuko isi n’ijuru bibamwo ibiremwa bifise ubwenge, bigamburuka ubusegaba bwiwe bugororotse bibigiranye umutima ukunze be n’umunezero kubera yuko bimukunda ndetse bigakunda n’ibintu vyose izina ryiwe rigereranya (1 Ngoma 29:10-13; Zaburi 8:1; 148:13). Urukundo dukunda izina rya Yehova ruzotuma twirinda gukora ikintu ico ari co cose coteza urubwa iryo zina ryeranda (Ezekiyeli 36:20, 21; Abaroma 2:21-24). Kubera yuko isi n’ijuru be n’ababibamwo amahoro biyakesha ukwezwa kw’izina rya Yehova be n’ukugamburuka ubusegaba bwiwe bimwe biranga urukundo, ugusenga tuvuga ngo “izina ryawe ryubahwe” kwerekana ko twizigira yuko umugambi wa Yehova uzoranguka ku bw’ugushemezwa kwiwe.—Ezekiyeli 38:23.

Ubwami dusaba

7, 8. (a) Ni Ubwami ubuhe Yezu yatwigishije gusaba? (b) Ni igiki twiga ku bijanye n’ubwo Bwami mu gitabu ca Daniyeli be n’ic’Ivyahishuriwe?

7 Ikintu kigira kabiri dusaba muri rya sengesho ry’akarorero ni iki: “Ubgami bgawe buze” (Matayo 6:10). Ico kintu dusaba kirafitaniye isano cane na kimwe kiza imbere yaco. Ico Yehova azokoresha mu kweza izina ryiwe ryeranda ni Ubwami burongowe na Mesiya, ni ukuvuga intwaro yiwe yo mw’ijuru iyobowe n’Umwana wiwe Yezu Kirisitu, akaba ari we Mwami yagenywe abikwiriye (Zaburi 2:1-9). Ubuhanuzi bwa Daniyeli bugereranya Ubwami burongowe na Mesiya n’“ibuye” risituwe ku “musozi” (Daniyeli 2:34, 35, 44, 45). Uwo musozi ugereranya ukugaba n’ukuganza kwa Yehova. Ubwami bugereranywa n’ibuye rero, ni inseruro nshasha y’ubutegetsi Yehova afise bwo kuganza ivyaremwe vyose. Muri ubwo buhanuzi, ibuye riraheza ‘rigacika umusozi munini rikuzura isi yose’, ivyo bikaba vyerekana yuko Ubwami burongowe na Mesiya buzoserukira ubusegaba bw’Imana mu gutegeka isi.

8 Abifatanije na Kirisitu muri iyo ntwaro y’Ubwami ni ba bandi 144.000 “bācunguwe mu bantu” kugira ngo bategeke bari kumwe na we ari abami n’abaherezi (Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1-4; 20:6). Daniyeli avuga ko abo ari “abera b’Īsumba vyose”, baronkera hamwe na Kirisitu we Mutwe wabo, “ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose. . . . Ubgami bga[b]o n’ubgami buzokwamaho, kand’abami bose bazo[ba]korera ba[b]umvire” (Daniyeli 7:13, 14, 18, 27). Iyo ni yo ntwaro yo mw’ijuru Kirisitu yigishije abayoboke biwe gusaba.

Ni kubera iki twoguma dusaba ko Ubwami buza?

9. Ni kubera iki bibereye ko dusaba yuko Ubwami bw’Imana buza?

9 Muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero, Kirisitu yatwigishije gusaba ko Ubwami bw’Imana buza. Iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya rirerekana yuko Ubwami burongowe na Mesiya bwashinzwe mw’ijuru mu 1914a. Vyoba none bikibereye ko dusaba yuko ubwo Bwami ‘buza’? Ego cane. Kubera yuko mu buhanuzi bwa Daniyeli, Ubwami burongowe na Mesiya bugereranywa n’ibuye, buhanganye neza na neza n’intwaro za gipolitike z’abantu, izigereranywa n’igishushanyo amahero. Iryo buye rizokwikubita kuri ico gishushanyo, rigisavye ku buryo gicika ifu. Ubuhanuzi bwa Daniyeli buvuga buti: “Ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose”.—Daniyeli 2:44.

10. Ni kubera iki dushashaye ko Ubwami bw’Imana buza?

10 Turashashaye kubona Ubwami bw’Imana buhagurukira urunkwekwe rubi rw’ibintu rwa Shetani kubera yuko ivyo bizoba bisobanura ukwezwa kw’izina ryeranda rya Yehova be n’ikurwaho ry’abantu bose barwanya ubusegaba bw’Imana. Dusengana ubwira duti: “Ubgami bgawe buze”, kandi twifatanije n’intumwa Yohani, turavuga duti: “Amen, urakaza, Mwami Yesu” (Ivyahishuriwe 22:20). Egome, Yezu naze kweza izina rya Yehova no kwemeza ubusegaba bwiwe, kugira ngo aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi ashobore kuranguka: “Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa [“Yehova”, NW], kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose”.—Zaburi 83:18.

“Ivyo ugomba bibe”

11, 12. (a) Ni igiki tuba turiko dusaba igihe dusenga tuvuga ngo ivyo Imana igomba “bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”? (b) Ni igiki kandi tuba dushaka kuvuga igihe dusaba yuko ivyo Yehova agomba biba?

11 Ubukurikira, Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:10). Ijuru n’isi vyabayeho kubera Yehova yabigomvye. Ibiremwa vyo mw’ijuru vy’ububasha bisemerera biti: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye” (Ivyahishuriwe 4:11). Hari umugambi Yehova afitiye “ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi” (Abanyefeso 1:8-10). Mu gusaba yuko ivyo Imana igomba biba, ku bwa ngingo tuba turiko turasaba Yehova ngo ashitse umugambi wiwe. Bisubiye, tuba rero tugaragaje yuko dushashaye kubona ivyo Imana igomba bikorwa hose mw’isi no mw’ijuru.

12 Biciye kuri iryo sengesho, tuba kandi twerekanye umutima ukunze dufise wo guhuza ubuzima bwacu n’ivyo Yehova agomba. Yezu yavuze ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe” (Yohana 4:34). Bwa bakirisu biyeguye, turahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba, nka kumwe kwa Yezu. Urukundo dukunda Yehova be n’Umwana wiwe ruradusunikira kubaho ‘tutagikorera ivyipfuzo vy’abantu, ariko dukora ivy’Imana igomba’ (1 Petero 4:1, 2; 2 Ab’i Korinto 5:14, 15). Turihatira kwirinda gukora ibintu tuzi yuko biteye kubiri n’ivyo Yehova agomba (1 Ab’i Tesalonike 4:3-5). Ducunguye umwanya wo gusoma no kwiga Bibiliya, ‘turatahura ivyo Yehova agomba ivyo ari vyo’, ivyo na vyo bikaba birimwo kugira uruhara n’umwete mu kwamamaza “ubu butumwa bgiza bg’ubgami”.—Abanyefeso 5:15-17; Matayo 24:14.

Ivyo Yehova agomba mw’ijuru

13. Ni gute ivyo Imana igomba vyakorwa imbere y’uko Shetani agarariza?

13 Ivyo Yehova agomba vyarakorwa imbere y’uko umwe mu bana biwe b’impwemu agarariza hanyuma agacika Shetani. Igitabu c’Imigani kidondora Umwana w’imfura w’Imana ko ari ubwenge bufashwe nk’umuntu. Kirerekana yuko mu gihe kirekire cane, Umwana w’ikinege w’Imana ‘yahimbarwa na yo imisi yose’, akanezererwa gukora ivyo Se agomba. Amaherezo, yaracitse “umukozi w’umuhanga” wa Yehova mu kurema ibintu vyose, “ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi, ibiboneka n’ibitaboneka” (Imigani 8:22-31; Ab’i Kolosayi 1:15-17). Yehova yarakoresheje Yezu bwa Jambo canke Umuvugizi wiwe.—Yohana 1:1-3.

14. Ni igiki dushobora kwigira kuri Zaburi ya 103 ku bijanye n’ukuntu abamarayika barangura ivyo Yehova agomba mw’ijuru?

14 Umwanditsi wa Zaburi arerekana yuko ubusegaba bwa Yehova buri hejuru ya vyose be n’uko amasinzi y’abamarayika atega yompi amacishabwenge yiwe be n’amategeko yiwe. Dusoma duti: “Uhoraho yahamangiye intebe yiwe mw ijuru: ubgami bgiwe buganza vyose. Muhimbaze Uhoraho, mwebge bamarayika biwe: mwebge banyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryiwe kubangira ugutwi ijwi ry’ijambo ryiwe. Muhimbaze Uhoraho, mwebge ngabo ziwe zose, yemwe basavyi biwe bakora ibimuhimbara. Muhimbaze Uhoraho, yemwe bikorwa vyiwe vyose, mumuhimbarize ahantu hose aganza [canke ahantu hose agaragariza ubusegaba bwiwe]”.—Zaburi 103:19-22.

15. Ukuronka ububasha bw’Ubwami kwa Yezu kwagize ico gukoze gute ku bijanye no gukora ivyo Imana igomba mw’ijuru?

15 Inyuma y’aho Shetani amariye kugarariza, yagumye afise uburenganzira bwo kwinjira mu birimba vyo mw’ijuru, nk’uko vyerekanwa n’igitabu ca Yobu (Yobu 1:6-12; 2:1-7). Ariko rero, igitabu c’Ivyahishuriwe carabuye yuko igihe coshitse aho Shetani n’amadayimoni yiwe bokwirukanywe mw’ijuru. Ico gihe biboneka ko cashitse inyuma gatoyi y’aho Yezu Kirisitu aronkeye ububasha bw’Ubwami mu 1914. Kuva ico gihe, abo bagarariji nta kibanza babaye bagifise mw’ijuru. Bugaraniwe mu micungararo y’isi (Ivyahishuriwe 12:7-12). Nta jwi na rimwe ry’amahane ricumvikana mw’ijuru, humvikana gusa amajwi ahurijwe hamwe mu guha impundu “Umwagazi w’intama” Kirisitu Yezu, no mu gushemeza Yehova kuranga ukugamburuka (Ivyahishuriwe 4:9-11). Ivyo Yehova agomba biriko birakorwa koko mw’ijuru.

Ivyo Yehova agomba kw’isi

16. Rya sengesho ry’akarorero ribeshuza gute inyigisho abiyita abakirisu bigisha ku vyerekeye icizigiro c’abantu?

16 Amadini y’abiyita abakirisu arakumira isi mu migambi y’Imana, akivugisha yuko abeza bose baja mw’ijuru. Mugabo Yezu yatwigishije gusenga ngo: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi, nk’uko biba mw ijuru” (Matayo 6:10). Naho umuntu yoba yiyumvira bigeze hehe, hari uwovuga yuko, muri rusangi ivyo Yehova agomba biriko birakorwa muri iki gihe kw’isi isinzikajwe n’ubukazi, akarenganyo, indwara be n’urupfu? Eka da! Dukwiye rero gusengana ubwira dusaba ko ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi, mu buryo buhuje n’uwu muhango wanditswe n’intumwa Petero: “Nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha [intwaro y’Ubwami irongowe na Mesiya ari we Kirisitu] n’isi nsha [ikibano c’abantu bagororotse], ivyo ukogororoka kuzobamwo”.—2 Petero 3:13.

17. Ni umugambi uwuhe Yehova afitiye isi?

17 Yehova yari afise umugambi kanaka igihe yarema isi. Yahumekeye umumenyeshakazoza Yesaya kwandika ati: “Uku ni k’Uhoraho agize, uwaremye amajuru, ni we Mana; uwabumvye isi akayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngw ibek’ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu: ati Ni jewe Uhoraho, kandi nta wundi” (Yesaya 45:18). Imana yashize wa mugabo n’umugore ba mbere mw’itongo ry’iparadizo, hanyuma ibategeka iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze” (Itanguriro 1:27, 28; 2:15). Biragaragara ko umugambi Umuremyi afise ari uw’uko isi ibako ubwoko butagira agasembwa bw’abantu bagororotse, bahimbarwa n’ukugamburuka ubusegaba bwa Yehova, maze bakabaho ibihe bidahera muri ya Paradizo yasezeranwa na Kirisitu.—Zaburi 37:11, 29; Luka 23:43.

18, 19. (a) Ni igiki gitegerezwa gukorwa imbere y’uko ivyo Imana igomba biba kw’isi mu buryo bushitse? (b) Ni iyindi mice iyihe ya rya sengesho ry’akarorero rya Yezu yihwezwa mu kiganiro gikurikira?

18 Ivyo Yehova agomba ku bijanye n’isi ntibishobora kwigera biranguka mu buryo bushitse, isi ikibako abagabo n’abagore barwanya ubusegaba bwiwe. Imana ikoresheje ingabo zayo zigizwe n’ibiremwa vy’impwemu vy’ububasha bizoba birongowe na Kirisitu, ‘izohonya abahonya isi’. Urunkwekwe rubi rw’ibintu rwa Shetani rwose uko rwakabaye, udasize inyuma idini y’ikinyoma, ivya politike vyononekaye, ubudandaji burimwo umwina n’ubusuma be n’igisoda gisenyura ibintu, bizokurwaho buhere (Ivyahishuriwe 11:18; 18:21; 19:1, 2, 11-18). Ubusegaba bwa Yehova buzoba bwemejwe, n’izina ryiwe ryejejwe. Ivyo vyose ni vyo dusaba igihe tuvuga ngo: “Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru”.—Matayo 6:9, 10.

19 Ariko rero, muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero, Yezu yarerekanye yuko dushobora gusaba n’ivyacu. Iyo mice y’amacishabwenge yatanze ku bijanye n’isengesho irihwezwa mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Raba ikigabane ca 6 c’igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel!, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Mu buryo bwo gusubiramwo

• Ni kubera iki bibereye ko duhamagara Yehova ngo “Data wa twese”?

• Ni kubera iki bihambaye rwose ko dusaba yuko izina rya Yehova ryezwa?

• Ni kubera iki dusaba yuko Ubwami bw’Imana buza?

• Iyo dusavye ko ivyo Imana igomba biba kw’isi nk’uko biba mw’ijuru, tuba dushaka kuvuga iki?

[Ifoto ku rup. 9]

Amasengesho ya Yezu yari atandukanye cane n’amasengesho y’ukwiyerekana y’Abafarizayo

[Ifoto ku rup. 10]

Abakirisu basaba yuko Ubwami bw’Imana buza, izina ryayo ryezwa be n’uko ivyo igomba bigirwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika