Ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi
UMUSI umwe Charles ariko arataha avuye ku kazi aho akorera kuri kaminuza imwe yo muri Kenya, yarataye telefone ngendanwa yiwe. Muri Kenya, mwene izo telefone ziracari ikintu kizimvye cane c’abifise.
Charles yavuze ati: “Sinari niteze ko hogize uwuyingarukanira”. Ariko rero, hashize imisi mikeyi, yaratangajwe no kwumva telefone ivuye ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Kenya. Vyaramugoye kwemera igihe yumva bamusaba kugenda hanyuma akakira telefone ngendanwa yiwe! Yahavuye amenya yuko hari umusuku w’igihe cose wo mu Vyabona vya Yehova bari kumwe mu muduga maze aratora nya telefone. Mu kugerageza kurondera nyeneyo, nya musuku yarazanye iyo telefone ku biro vy’ishami. Abishakire bahakorera bahavuye batora inomero za Charles bakoresheje ibiharuro vyiyanditse muri iyo telefone.
Mw’ikete Charles yandikiye ibiro vy’ishami, yavuze ati: “Ndakenguruka cane utwigoro twagizwe kugira ngo mumpamagare naho ivyo bitari vyoroshe. Ndakengurukiye bimwe bivuye ku mutima abo mw’ishirahamwe ryanyu batoye iyo telefone, bakamenya ko ari iyanje, hanyuma bakayinsubiza. Ntivyoroshe kuronka umuntu w’inzirabugunge muri iki gihe, mugabo biraremesha kubona hari abantu nk’abo b’Ivyabona nyakuri vya Yehova Imana batameze nk’abandi bantu”.
Ivyabona vya Yehova hose barazwi ko ari inzirabugunge. Barigana intumwa Paulo, we yavuze ati: “Tuzi tudakekeranya ko turi n’imitima itarimw’ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose” (Abaheburayo 13:18; 1 Ab’i Korinto 11:1). Baratahura yuko inyifato nk’iyo ininahaza Yehova Imana nk’uko Yezu yabivuze ati: “Umuco wanyu ubonesh[e] imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru”.—Matayo 5:16.