Idini yoba ari yo muzi w’ingorane z’abantu?
“IYO idini itariko irakokeza umuryano, iba iriko ikora nka kurya ibiyayuramutwe bitimbisha ijwi ryo mu mutima ry’abantu kandi bikuzuza mu bwonko bwabo ivyiyumviro bituma biyobagiza uko ibintu biri koko. . . . Ituma abantu batabona kure, bemera ibintazi, buzura urwanko be n’ubwoba”. Uwahoze ari umumisiyonari w’umumetodiste yanditse ivyo, yongeyeko ati: “Ivyo bagiriza idini ni ivy’ukuri. Hariho idini mbi n’idini nziza”.—Start Your Own Religion.
Hari abovuga bati: ‘Mu vy’ukuri ivyo bayagiriza ntibigira ishingiro’. Yamara, ni nde ashobora guhakana ivyabaye muri kahise? Idini ahanini, iyisigurwa ko ari “umurimo urangurirwa Imana n’ugusenga Imana canke ikintu nsigabwenge”, ifise kahise k’agacamutima. Yari ikwiye kutumurikira no gutuma tugira ico dukoze. Ariko rero, ico kenshi ikora ni ugutuma haba umuryano, ukwinubana be n’urwanko. Ni kubera iki ari ukwo biri?
“Umumarayika w’umuco” azimiza
Nk’uko Bibiliya ivyerekana, hariho inyishu yoroshe cane. Shetani wa Mucokoranyi mu kwigira nk’“umumarayika w’umuco”, yarazimije abantu amamiliyoni barakurikira inyigisho ziwe aho gukurikira inyigisho z’Imana (2 Ab’i Korinto 11:14). Intumwa Yohani yarerekanye yuko akosho ka Shetani gakwiye hose ku buryo “isi yose iri muri wa Mubi” (1 Yohana 5:19, ni twe tubihiritse.). Yohani yari azi yuko Shetani yariko “[ara]zimiza abari kw isi bose”.—Ivyahishuriwe 12:9.
Inkurikizi z’ivyo zabaye izihe? Shetani yaratumye haba urunkwekwe rw’amadini ruboneka inyuma ko ari rweranda. Rufise “ishusho y’‘idini’”, mugabo uko rumeze vy’ukuri kubonekera ku vyamwa bibi rwama (2 Timoteyo 3:5, J. B. Phillips; Matayo 7:15-20). Aho gufasha gutorera umuti ingorane z’abantu, idini mu vy’ukuri iri mu bitera izo ngorane.
Ntuce wihutira kwanka ico ciyumviro nk’aho umenga ntigishoboka canke nticumvikana. Uribuka yuko ukuntu uruhendo rumeze, usanga ari uko uwuriko arahendwa atabimenya. Intumwa Paulo yarabitangiye akarorero igihe yandika ati: “Ibimazi abanyamahanga batanga, babiha abadayimoni, . . . ntibabiha Imana” (1 Ab’i Korinto 10:20). Nta nkeka ko abo bantu bari kugwa mu gahundwe bamenye ko bariko basenga abadayimoni. Biyumvira ko bariko basenga imana nziza yinaka canke zinaka. Yamara, mu vy’ukuri, bari barahenzwe n’“impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru”, izishigikira Shetani mu twigoro agira two kuzimiza abantu.—Abanyefeso 6:12.
Nk’akarorero, nimuze twihweze ukuntu Shetani yashoboye guhenda no kuzimiza abantu benshi bivugisha ko ari abakirisu, bahitamwo kwirengagiza imburizi intumwa Yohani yatanze yerekeye akosho kabi k’abadayimoni.—1 Ab’i Korinto 10:12.
Ivyo Yezu yigisha vyava ku Mana
Yezu Kirisitu yavuze ati: “Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’uwantumye” (Yohana 7:16). Urabona yuko ivyo yigisha vyava ku Mana Mushoboravyose. Ni co gituma inyigisho za Yezu zari zifise akosho gakomeye kandi zikamurikira abamwumviriza. ‘Ntizatimbisha ijwi ryo mu mutima ry’abantu canke ngo zuzuze mu bwonko bwabo ivyiyumviro bituma biyobagiza uko ibintu biri koko’. Ahubwo, inyigisho za Yezu zatuma abantu bidegemvya bakava mu buzimire bw’idini no mu mafilozofiya y’abantu yahinguwe n’isi, “ivyiyumviro vya[y]o bi[kaba vya]ri mu mwiza” kubera uruhendo rwa Shetani.—Abanyefeso 4:18; Matayo 15:14; Yohana 8:31, 32.
Abakirisu b’ukuri ntibamenyekanira ku kuvuga gusa ko bayobokera Imana, ariko bamenyekanira ku kwizera kugaragaza kamere z’akaroruhore ziva ku mpwemu yera y’Imana (Ab’i Galatiya 5:22, 23; Yakobo 1:22; 2:26). Iyibonekeje cane muri izo kamere, ari na co kimenyetso kiranga ubukirisu nyakuri, ni ya kamere ntangere y’urukundo.—Yohana 13:34, 35.
Ariko rero, raba iki ciyumviro gihambaye: yaba Yezu canke intumwa ziwe, nta n’umwe yari yiteze ko ishengero rya gikirisu ribandanya kuguma nk’uko ryari rimeze mu ntango. Bari bazi yuko ubuhakanyi bwokwadutse be n’uko idini y’ukuri yomaze igihe kinaka itwikiriwe.
Idini y’ukuri yaramaze igihe kinaka itwikiriwe
Mu kigereranirizo Yezu yatanze c’uburo n’urwamfu, yarabuye yuko idini y’ukuri yomaze igihe kinaka imeze nk’iyitwikiriwe. Niwisomere iyo nkuru muri Matayo 13:24-30, 36-43. Yezu yabivye mu murima uburo, “imbuto nziza”, izagereranywa n’abigishwa biwe b’abizerwa bogize ishengero rya gikirisu ryo mu ntango. Yabuye yuko “umwansi”, ari we Shetani wa Mucokoranyi hogeze igihe akabiba mu murima w’uburo “urwamfu”, ni ukuvuga abantu bivugisha ko bakurikira Yezu Kirisitu mugabo ku bwa ngingo barateye akagere inyigisho ziwe.
Inyuma gatoyi y’urupfu rw’intumwa za Yezu, harabonetse abantu bagaragaye ko ari “urwamfu”, bahitamwo inyigisho z’abantu zigoretse aho guhitamwo ‘ijambo ry’Uhoraho’ (Yeremiya 8:8, 9; Ivyakozwe 20:29, 30). Ivyo vyatumye kw’isi haboneka ubukirisu bwononekaye kandi bw’urwigano. Bwari bwiganziwe n’ico Bibiliya yita “umugarariji”, ni ukuvuga umugwi w’abakuru b’idini bononekaye buzuye “ubugunge bgose bgo kugabitanya” (2 Ab’i Tesalonike 2:6-10). Yezu yabuye yuko ivyo bintu vyohindutse mu gihe c’“insozero y’urunkwekwe rw’ibintu” (NW). Abakirisu bameze nk’uburo bokwegeranirijwe hamwe mu bumwe, “urwamfu” na rwo amaherezo rwoturiwe.
Ubwo bukirisu bw’urwigano ni bwo bwagirwa n’“ibinjana vyaranzwe n’ubunyamaswa” be n’umwiza wo mu vy’impwemu watwiriye abiyita abakirisu mu binjana vyakurikiye. Kubera yuko ivyo intumwa Petero yabibonye imbere y’igihe be n’ibindi bikorwa vyose vyononekaye kandi vy’ubukazi vyokozwe kuva ico gihe kw’izina ry’idini, yarabuye bikwiriye yuko ‘bivuye kuri abo bivugisha ko ari abakirisu, inzira y’ukuri yotutswe’.—2 Petero 2:1, 2.
“Tewolojiya ikokeza uburake n’urwanko”
Nta nkeka, abiyita abakirisu si bo bonyene batumye idini ivugwa nabi. Iyumvire ivyerekeye inkuru zivuga ivy’“ukuyobokera Imana gukabije” kugirwa n’abanywanyi b’amadini. Nk’akarorero, uwahoze ari umubikira yitwa Karen Armstrong avuga yuko ukwo kuyobokera Imana gukabije kwanduruka ku “migenzo yose ikomakomeye y’idini”. Nk’uko Armstrong abivuga, isuzumwa rikomeye rihanze idini iyo ari yo yose ni iry’uko ikwiye kugira “imbabazi zibonekera mu bikorwa”. Ni igiki cavuzwe ku madini yumira ku nyigisho zayo za kera mu bijanye n’ivyo? Yandika ati: “Ukwemera kurimwo ukwumira ku nyigisho za kera, kwaba ukw’Abayuda, ukw’abakirisu canke ukw’abisilamu, kurananirwa gushitsa ico kintu mu gihe guhindutse tewolojiya ikokeza uburake n’urwanko” (The Battle for God—Fundamentalism in Judaism, Christianity and Islam). Ariko none, amadini “yumira ku nyigisho zayo za kera” yoba ari yo yonyene yananiwe gushitsa ico kintu maze agacika “tewolojiya ikokeza uburake n’urwanko”? Kahise karerekana ko atari yo yonyene.
Kukaba nkako, Shetani yarashizeho inganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma, irangwa n’uburake, urwanko be n’ugusesa amaraso kumeze nk’ukudahera. Bibiliya yita iyo nganji “Babuloni Hahambaye, nyina . . . w’ibihumanya vyo mw isi”, kandi idondorwa nk’imaraya yicaye ku mugongo w’urunkwekwe rw’ivya politike rumeze nk’igikoko. Biragaragara ko ari we akwiye kubazwa “amaraso . . . y’abishwe bo kw isi bose”.—Ivyahishuriwe 17:4-6; 18:24.
Si bose bahenzwe
Ariko rero, kahise karerekana yuko atari bose bahenzwe. Melvyn Bragg avuga yuko no mu gihe ibintu vyari bimeze nabi cane, “abantu benshi b’umutima mwiza bakoze iciza naho benshi mu bari babakikuje bari babi”. Abakirisu b’ukuri barabandanije ‘gusenga Imana mu mpwemu no mu kuri’ (Yohana 4:21-24). Baritandukanije n’urunkwekwe rw’ivy’idini rukwiye kw’isi yose rwigize maraya mu “gushigikira inteko za gisirikare”. Baranse kwivanga mu bucuti buri hagati y’idini na leta, ubwo kahise gahishura yuko ari “ikintu cagizwe na Shetani aho kugirwa na Yezu w’i Nazareti”.—Two Thousand Years—The Second Millennium: From Medieval Christendom to Global Christianity.
Mu bihe vya vuba cane, Ivyabona vya Yehova baramenyekanye kubera akosho kabo ko gutuma abantu bakora iciza. Kugira ngo birinde kwanduzwa n’idini y’ikinyoma, ivyo bemera be n’ivyo bakora babishingira gusa kw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ari ryo Bibiliya (2 Timoteyo 3:16, 17). Kandi cokimwe n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere, barakurikije ibwirizwa rya Yezu ryo ‘kutaba ab’isi’ (Yohana 15:17-19; 17:14-16). Nk’akarorero, mu Budagi bw’Abanazi, baranse kudohoka ku ngingo ngenderwako za gikirisu, ivyo bituma batemerwa nk’uko ivyiyumviro vy’Abanazi vyari biri. Hitler yarabanse kubera iyo mpagararo yabo. Igitabu c’ishure kimwe kivuga giti: “Ivyabona vya Yehova . . . barakurikije inyigisho ya Bibiliya ibuza gufata ibirwanisho naho vyoba bitumwe n’iki. Ku bw’ivyo, baranse kuja mu gisoda canke kugira ikintu na kimwe gifitaniye isano n’Abanazi. Mu kubihora, igipolisi c’Abanazi carapfunze imiryango yose y’Ivyabona vya Yehova. Hafi ica gatatu c’Ivyabona vya Yehova bose bo [mu Budagi] baragandaguriwe mu makambi y’itunatuniro”.—Germany—1918-1945.
Ego ni ko, abandi bantu b’abarindutsi bo mu madini atandukanye baracumukuye bahorwa ivyo bemera. Ariko rero, Ivyabona vya Yehova bacumukuye uko bagize umugwi w’idini wunze ubumwe. Nta nkeka ko benshi mu Vyabona vya Yehova bagumye bashikamye kuri iyi ngingo ngenderwako y’ishimikiro yo mu Vyanditswe: “Kwumvira Imana kuyirutisha abantu”.—Ivyakozwe 5:29; Mariko 12:17.
Umuzi w’ingorane
Ku rugero runaka rero, ni ivy’ukuri yuko idini ari yo muzi w’ingorane zose z’abantu. Idini y’ikinyoma ni yo muzi wazo. Yamara, Imana ifise umugambi wo gukuraho amadini y’ikinyoma yose ubu bwa vuba (Ivyahishuriwe 17:16, 17; 18:21). Itegeko iha abantu bose bakunda ubutungane no kugororoka ni iri: “Bantu banje, ni muve i we [ni ukuvuga, muri Babiloni Hahambaye, inganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma], kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe. Kukw ivyaha vyiwe vyārundanijwe bigashika kw ijuru, kand’Imana yibutse ukugabitanya kwiwe” (Ivyahishuriwe 18:4, 5). Emwe, Imana ubwayo irababazwa rwose n’idini ‘ikokeza umuryano, itimbisha ijwi ryo mu mutima ry’abantu, ibuzuza mu bwonko ivyiyumviro bituma biyobagiza uko ibintu biri koko kandi ituma abantu batabona kure, bemera ibintazi, buzura urwanko be n’ubwoba’!
Mu kurindira, Imana iriko iregeraniriza mw’idini ityoroye abantu bakunda ukuri. Ni idini yumira ku ngingo ngenderwako no ku nyigisho vy’Umuremyi yuzuye urukundo, ubutungane be n’imbabazi (Mika 4:1, 2; Zefaniya 3:8, 9; Matayo 13:30). Urashobora kuba mu bayigize. Nimba ushima kumenya vyinshi ku bijanye n’ukuntu wotora idini ityoroye, ntiwitinye kwandikira abasohora iki kinyamakuru canke gusaba uwo ari we wese mu Vyabona vya Yehova ngo agufashe.
[Ifoto ku rup. 7]
Abantu b’amamuko atandukanye bararonkeye umunezero mw’idini ityoroye