ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/2 rup. 8-9
  • Impumurizo ku bari mu marushwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impumurizo ku bari mu marushwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • 2 Abakorinto 12:9: «Ubuntu bganje buraguhāgije»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Gusenga vyokumarira iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Yehova arakiza uwuri mu mubabaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • “Ivyo mugomba bimenyeshwe Imana”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/2 rup. 8-9

Impumurizo ku bari mu marushwa

IGIHE abagabo n’abagore b’abizerwa bo mu bihe vya kera baba bari mu marushwa, barasenga Imana babigiranye ubwira kugira ngo ibarongore. Ariko rero, baragira kandi ico bakoze kugira bagabanye ayo marushwa, nk’akarorero bagakoresha ubwenge kugira ngo bahunge ababahahaza. Nk’akarorero, kuba Dawidi yarihetse kuri Yehova akongera akagira akigoro, vyatumye ashobora kwihanganira amagume. Tuvuge iki ku bitwerekeye muri iki gihe?

Igihe uri mu marushwa, birumvikana yuko ugira ico ukoze kugira ngo utorere umuti ingorane urimwo. Nk’akarorero, mu gihe uri mu bushomeri, ntugira none akigoro kugira ngo uronke akazi kabereye kazogufasha wewe hamwe n’umuryango wawe (1 Timoteyo 5:8)? Canke mu gihe urwaye, nturondera none umuti wovura iyo ndwara? Biri n’ico bivuze kubona Yezu, uwari afise ububasha buva ku Mana bwo gukiza ubwoko bwose bw’indwara, yaremeye icese yuko ‘umurwayi akenera umuvuzi’ (Matayo 9:12). Ariko rero, ingorane urimwo zoshobora kutama zakuweho; hari aho woba ubwirizwa kubandanya kuzihanganira ku rugero runaka.

Ni kubera iki ico kibazo utokibwira Yehova Imana mw’isengesho? Nk’akarorero, igihe turiko turarondera akazi, kwiheka ku Mana mw’isengesho bizodufasha kunanira ikintu ico ari co cose cohava kitwosha ngo twemere akazi gateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Tuzokwirinda kandi ‘kuzimira tugata ukwizera’, tuzimijwe n’umwina canke ugukunda amahera (1 Timoteyo 6:10). Kukaba nkako, igihe turiko turafata ingingo zihambaye zerekeye imyitwarariko y’akazi canke y’umuryango canke y’amagara, turashobora gukurikiza ico Dawidi aduhimiriza ati: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: Ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa”.—Zaburi 55:22.

Isengesho rivuye ku mutima rizodufasha kandi kuguma dufise uburimbane mu bwenge kugira ngo amarushwa turimwo ntaturengere. Intumwa Paulo, uwari umukirisu nyakuri, yanditse ati: “Muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka”. Ni mu buryo ubuhe isengesho rivuye ku mutima rishobora kuduhumuriza? “Amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu” (Ab’i Filipi 4:6, 7). Amahoro y’Imana “a[ra]ruta uko yomenywa n’umuntu wese”. Ku bw’ivyo rero, arashobora gutuma dutekana igihe turengewe n’intuntu. ‘Azoshibamira imitima yacu n’ivyiyumviro vyacu’, gutyo adufashe kwirinda gukora gihuruduka canke mu buryo butaranga ubukerebutsi, ivyo bikaba vyotuma amarushwa yacu yongerekana.

Isengesho rirashobora mbere gutuma ibintu bihinduka mu buryo butangaje. Igihe intumwa Paulo yari apfungiwe i Roma, yarasavye abigiranye ukwicisha bugufi abakirisu bagenziwe ngo bamusengere. Ni kubera iki Paulo yabasavye ngo bamusengere? Yabandikiye ati: “Ndabinginga nshimitse ngo mudusengere, kugira ngo ntebutswe kubagarukanirwa vuba” (Abaheburayo 13:19). Mu yandi majambo, Paulo yari azi yuko ukuba Yehova yari kwumviriza amasengesho atavanako ya bagenziwe bizeye, vyari gushobora kugira ico bikoze ku gihe yorekuriweko.—Filemoni 22.

None nitwasenga, hari ico bizohindura ku marushwa turimwo? Vyoshika hakagira igihinduka. Ariko rero, dukwiye kumenya yuko vyoshika Yehova Imana ntiyishure amasengesho yacu nk’uko tuvyipfuza. Paulo yarasenze incuro nyinshi ku bijanye n’‘igisata yari afise mu mubiri’ kumbure ico gisata ari ryo hwa kikaba cari ingorane yo ku mubiri. Ariko rero, aho kugira ngo Imana ikureho ayo marushwa, yabwiye Paulo iti: “Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke”.—2 Ab’i Korinto 12:7-9.

Rero, hari aho amarushwa yacu atoca avaho ubwo nyene. Ariko rero, tuzoronka akaryo ko kugaragaza yuko twiheka kuri Dawe wa twese wo mw’ijuru (Yakobo 1:2-4). Nuhere amazinda yuko naho nyene Yehova Imana atodukurako amarushwa, ashobora ‘kuducira icanzo, kugira ngo tubone ingene dushobora kuyihanganira’ (1 Ab’i Korinto 10:13). Birahambaye kubona Yehova yitwa “Imana yirura imibabaro yose, itwirura mu marushwa yacu yose” (2 Ab’i Korinto 1:3, 4). Imana irashobora kuduha ivyo dukeneye kugira ngo twihangane, bisubiye turafise icizigiro co kuzoronka ubuzima budahera.

Ijambo ry’Imana Bibiliya risezerana yuko Yehova “[a]zohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho” (Ivyahishuriwe 21:3, 4). Woba ubona yuko isi itarimwo amarushwa idashobora kubaho? Woshobora kubona ko itobaho nimba usanzwe uri mu magume. Ariko rero, Imana yatanze umuhango w’uko izokuraho ubwoba hamwe n’ivyago, kandi umugambi wayo uzoranguka ata kabuza.—Yesaya 55:10, 11.

[Amafoto ku rup. 9]

Kuva mu mwiheburo ugashika ku gutabarwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika