Ibibazo vy’abasomyi
Inyuma y’Umwuzure, Nowa ari mu bwato yararungitse inuma igaruka ifise “akababi k’umwelayo”. Ni hehe iyo numa yakuye ako kababi?
Bibiliya itubwira yuko “amazi [y]arushiri[je] cane kwiganza kw isi, imisozi miremire yose yo musi y’ijuru iyo riva rikagera irarengerwa” (Itanguriro 7:19). Amazi y’umwuzure amaze kugabanuka, Nowa yarungitse inuma incuro zitatu, akabigira uko haciye indwi. Igihe yayirungika ubugira kabiri, iyo numa yagarukanye “akababi kabisi k’umwelayo mu kanwa. Nuko Nowa aca amenya kw amazi agabanutse kw isi”.—Itanguriro 8:8-11.
Ariko ntiwumve, ubu nta kuntu umuntu yomenya igihe agace kanaka k’isi kamaze karengewe n’amazi, kubera yuko Umwuzure utegerezwa kuba warahinduye ukuntu isi imeze. Naho ari ukwo, birashoboka ko amazi yamaze igihe kirekire bihagije arengeye uturere tutari duke, ku buryo ibiti vyinshi bihona. Yamara, biboneka ko ibiti bimwebimwe bitahonye, ivyo bituma bishobora kuzana iyindi mivyaro amazi amaze kugabanuka.
Ku vyerekeye igiti c’umwelayo, inyizamvugo imwe (The New Bible Dictionary) ivuga iti: “Igihe ciciwe, imivyaro mishasha ica inaga ku mizi yaco, ku buryo haca hakura uduti dushasha dushika nka dutanu. Imyelayo iri mu kwuma, kenshi inaga muri ubwo buryo nyene”. Inkoranyabumenyi imwe (The New Schaff-Herzog Encyclopedia of Religious Knowledge) ivuga yuko ari “nk’aho igiti c’umwelayo kidashobora guhona”. Nta n’umwe muri iki gihe azi ido n’ido ry’ivyari bigize ayo mazi y’umwuzure, ukuntu umunyu wari muri yo wangana canke urugero rw’ubukanye n’urw’ubushuhe bwayo. Ku bw’ivyo, ntidushobora kumenya neza ingaruka ayo mazi y’umwuzure ashobora kuba yaragize ku biti vy’imyelayo be no ku bindi bimera.
Ariko rero, umwelayo wo mw’ishamba ntushobora kuba ahantu hakanye, nka kurya kwo ku misozi miremire cane. Mu bisanzwe umera mu turere turi ku bukiruruke buri munsi y’imetero 1.000, aho usanga urugero rw’ubushuhe ruri hejuru ya dogere 10. Igitabu kimwe (The Flood Reconsidered) kivuga giti: “Gutyo rero, Nowa afatiye kuri iryo babi ribisi inuma yakondoye, yarashoboye kumenya yuko amazi yariko arakama mu tubande”. Igihe Nowa yarekura iyo numa haciye indwi, ntiyagarutse, bikaba vyerekana yuko hari ibimera vyinshi be n’aho iyo numa ishobora kuba.—Itanguriro 8:12.