Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova baguma bakugendera?
KW’ISI yose, birazwi cane yuko Ivyabona vya Yehova baguma bakomeye kw’ibanga mu busuku barangura inzu ku nzu. Abantu bamwebamwe baribaza igituma Ivyabona baguma babagendera, na canecane igihe baba baragaragaje ko badashimishwa n’ubutumwa babashikiriza. Amakete abiri yavuye mu Burusiya arafasha gusigura igituma.
Umwigeme umwe w’imyaka 19 yitwa Masha w’i Khabarovsk yiyemerera ati: “Mvugishije ukuri, kera naririnda cane Ivyabona vya Yehova”. Ariko rero, amaze gusoma bikeyi mu binyamakuru bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova, yarahinduye inyifato. Masha yandika ati: “Vyose birashimishije cane kandi bituma umuntu amenya vyinshi, mugabo igihambaye kuruta ibindi vyose ni uko bituma ubona isi mu buryo butandukanye n’uko wari usanzwe uyibona. Buhorobuhoro naratanguye gutahura igituma abantu babaho”.
Uwitwa Svetlana wo mu gisagara ca Ussuriysk kiri nko ku birometero 80 mu buraruko bwa Vladivostok, yanditse ati: “Maze igihe gito ntanguye gusoma Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!. Ivyo binyamakuru birakenewe cane muri iki gihe cacu. Ndakunda ibiganiro vyose birimwo. Birashimishije cane, birigisha kandi bituma umuntu amenya vyinshi. Ndabakengurukiye! Ndabakengurukiye cane kuba muri muri iyi si no kuba muriko murakora ico gikorwa ciza kandi gikenewe”.
Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi barafatana uburemere iki kibazo gisaba ukuzirikana intumwa Paulo yabajije: “[Abantu] bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe?” (Abaroma 10:14). Ni kubera iki utofata iminuta mikeyi ukumviriza Ivyabona nibasubira kukugendera? Na wewe woshobora gushimishwa n’ubutumwa buhumuriza buri mw’Ijambo ry’Imana, ari ryo Bibiliya.