Abantu bararondera guhimbara Imana
“NTA kibano c’abantu na kimwe cigeze kubaho ngo usange ata vy’Imana bikirangwamwo, aho bemera ko Imana ari yo igaba ibiriho vyose kandi ikaba na yo Rurema. Ukwo ni ko biri mbere no ku bibano vyahisemwo kutitaho ivy’Imana”. Ivyo bivugwa n’uwitwa John Bowker mu gitabu ciwe (God—A Brief History). Ivyo kurondera Imana no gushaka gutoneshwa na yo usanga hari ukuntu vyinjiye mu nyifato z’abantu. Hirya no hino kw’isi, benshi barafise icipfuzo kivuye ku mutima co guhimbara Imana. Ariko ntiwumve, uburyo bagerageza guhimbara Imana usanga butandukana bivanye n’ivyo bemera.
Bamwe bemera yuko ikintu gusa gikenewe kugira ngo umuntu atoneshwe n’Imana ari ukubaho yigenza neza. Abandi biyumvira yuko baronka ubutoni ku Mana biciye ku gufasha abakene. Ku bandi bantu amamiliyoni na bo, ibirori be n’imigenzo bagira vy’idini usanga ari ibintu bafata ko bihambaye.
Ku rundi ruhande, hariho abantu bemera yuko batoshobora gushikira Imana, ngo iri kure cane canke ngo ifatiriwe n’ibindi bintu vyinshi ku buryo itoshobora kwitwararika abantu basanzwe. Umufilozofe yitwa Épicure wo mu Bugiriki bwa kera bivugwa yuko yemera ko ‘imana ziri kure rwose ku buryo zitoshobora kukugirira nabi canke ngo zikugirire neza’. Ikibabaje ni uko abantu benshi bafise mwene ivyo vyiyumviro usanga ari abanyedini. Bamwebamwe boshobora mbere gutanga ibimazi bakanagira ibintu kanaka vy’imigenzo, bizigiye gutururuza basokuru babo bapfuye.
Wewe uvyiyumvirako iki? Imana yoba ibona koko utwigoro tugira two kurondera kuba abatoni bayo? Vyoba bishoboka ko Imana tuyikora ku mutima kandi tukayihimbara?
[Abo dukesha ifoto ku rup. 2]
IGIPFUKISHO: Tuyikesha ROE/Anglo-Australian Observatory, ifoto yafashwe na David Malin