ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/5 rup. 29-31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Ntimutuntuze impwemu nyeranda ya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/5 rup. 29-31

Ibibazo vy’abasomyi

• Dushobora gute kubabaza impwemu yera y’Imana, kandi iyo mpwemu atari umuntu?

Intumwa Paulo ni we yanditse ati: ‘Ntimukababaze impwemu yera y’Imana’ (Abanyefeso 4:30). Abantu bamwebamwe bafata ayo majambo nk’ikimenyamenya c’uko impwemu yera ari umuntu. Ariko rero, ibisohokayandikiro vya wa “mubgiriza wo kwizigirwa”, akatari gake vyaratanze ibimenyamenya vyo mu Vyanditswe be n’ivyo muri kahise vyerekana yuko abakirisu bo mu ntango batabona ko impwemu yera ari umuntu canke imana ingana na Musumbavyose, iri mu bigize ico bita ngo ni Ubutatua (Luka 12:42). Rero, Paulo ntiyariko avuga ko impwemu yera y’Imana ari umuntu.

Impwemu yera y’Imana ni inguvu zikora zayo zitaboneka (Itanguriro 1:2). Yezu yobatirishije ‘impwemu yera’, nk’uko na Yohani yabatirisha amazi (Luka 3:16). Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., abigishwa nka 120 ‘barujujwe impwemu yera’, bikaba biboneka yuko batujujwe umuntu (Ivyakozwe 1:5, 8; 2:4, 33). Abo basizwe bararonse icizigiro co kuzoja mw’ijuru, kandi impwemu y’Imana yarabayoboye mu buzima bwo kuba abizerwa (Abaroma 8:14-17; 2 Ab’i Korinto 1:22). Iyo mpwemu yaramye muri bo ivyamwa bishimwa n’Imana yongera irabafasha kwirinda “ibikorwa vy’akameremere” birangwamwo icaha vyari gushobora gutuma batemerwa n’Imana.—Ab’i Galatiya 5:19-25.

Nimba turi abasavyi b’Imana bafise icizigiro co kuzoba kw’isi, ntitwasizwe impwemu yera. Ariko rero, ico ntikibuza ko dushobora kugira impwemu y’Imana ingana n’iyo abafise icizigiro co kuzoja mw’ijuru bafise. Ku bw’ico rero, na twebwe nyene twoshobora kubabaza iyo mpwemu. Ariko none twoyibabaza gute?

Nka hamwe twokwirengagiza impanuro yo mu Vyanditswe yanditswe biciye ku buyobozi bw’impwemu yera, twohava dutsimbataza ingeso zoshobora gutuma ducumura n’ibigirankana kuri iyo mpwemu, tugatakaza ubutoni kuri Yehova, maze amaherezo tukazosangangurwa (Matayo 12:31, 32). Dushobora kuba tutaragwa mu caha gikomeye, mugabo tukaba turiko dutangura kugendera mu nzira itari yo, iyohava itwerekeza ahanyuranye n’ubuyobozi iyo mpwemu itanga. Ibintu vyifashe mwene ukwo, twoba turiko turababaza impwemu yera.

None twokwirinda gute kubabaza impwemu y’Imana? Nta gukeka ko dutegerezwa gucungera ivyiyumviro vyacu n’ibikorwa vyacu. Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abanyefeso, mu kigabane ca 4, yaravuze ibijanye no kwirinda impengamiro zo kuvuga amajambo arimwo ububeshi, kwirinda uburake budahera, ubunebwe be n’imvugo itabereye. Nimba twarambaye “wa muntu musha” mugabo tukaba tucirekerana tugasubira ku bintu mwene ivyo, wumva none twoba turiko turagira iki? Twoba turiko turaca kubiri na ya mpanuro yo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya yahumekwa n’impwemu. Tugize ivyo, twoba turiko turababaza impwemu yera.

Mu Banyefeso ikigabane ca 5 turahasoma impanuro Paulo yatanze ku bijanye no kwirinda kwitsimbatazamwo ivyipfuzo bibi vy’ubusambanyi. Iyo ntumwa yarahimirije kandi abo basangiye ukwizera kwirinda ingeso ziteye isoni be n’ibitebu vy’ibiterasoni. Nimba tudashaka kubabaza impwemu yera y’Imana, dukwiye kwamiza ivyo bintu ku muzirikanyi igihe duhitamwo ivyo tugira mu kwisamaza. Ni kubera iki none twotwarwa na mwene ivyo bintu mu kubiganira, mu kubisoma be no mu kubirorera aho vyerekanwa kuri televiziyo canke ahandi?

Ariko ntiwumve, twoshobora kubabaza iyo mpwemu mu bundi buryo. Impwemu ya Yehova iraremesha ubumwe mw’ishengero. Mugabo dufate ko dukwiragije insaku canke tukaremesha ubudumbidumbi mw’ishengero. Ntitwoba none turiko turaca kubiri n’ubuyobozi impwemu itanga bwo kugira ngo habeho ubumwe? Tubivuze muri rusangi, twoba turiko turababaza impwemu yera, nka kumwe kwa ba bandi barema ibice mw’ishengero ry’i Korinto (1 Ab’i Korinto 1:10; 3:1-4, 16, 17). Twoba kandi turiko turababaza iyo mpwemu nka hamwe twosiga iceyi n’ibigirankana abagabo bagenywe n’impwemu bo mw’ishengero.—Ivyakozwe 20:28; Yuda 8.

Biratomoye rero yuko twoba tugize ibiranga ubukerebutsi turimbuye inyifato yacu be n’ivyo dukora, twisunze ivyo tuzi ko ari ubuyobozi bw’impwemu yera, nk’uko bigaragarira muri Bibiliya no mw’ishengero rya gikirisu. Nimuze kandi twame ‘dusengera mu mpwemu yera’, tuyireke itwoshe kandi twame nantaryo dukora mu buryo buhuye n’ibivugwa mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe (Yuda 20). Ese twokwiyemeza kutigera na rimwe tubabaza iyo mpwemu, mugabo tukama nantaryo tuyoborwa na yo, kugira ngo bitere iteka rya zina ryeranda rya Yehova.

• Yezu Kirisitu yafashe ingorane umutunzi yogira yo kwinjira mu Bwami ayigereranya n’ingamiya iriko iragerageza guca mu zuru ry’urushinge. Yezu yoba none yashaka kuvuga ya ngamiya isanzwe na rwa rushinge rwo kubarira?

Bubiri mu buryo butatu iyo nkuru yashikirijwe mu Vyanditswe burasa cane. Twisunze inkuru yanditswe na Matayo, Yezu yavuze ati: “Icoroshe [ni] ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta k’umutunzi yinjira mu bgami bg’Imana” (Matayo 19:24). Muri ubwo buryo nyene, muri Mariko 10:25 hasomwa uku: “Icoroshe [ni] ingamiya guca mu zuru ry’urushinge biruta umutunzi ko yinjira mu bgami bg’Imana”.

Ibitabu bimwebimwe bivuga yuko icitwa “izuru ry’urushinge” kari akaryango gatoyi gatobowe muri umwe mu miryango mininiminini ya Yeruzalemu. Mu gihe uwo muryango munini waba wugaye mw’ijoro, nya karyango gatoyi karashobora kwugururwa. Bivugwa yuko ingamiya yashobora kugacamwo. None ico ni co Yezu yari afise mu bwenge?

Bigaragara ko atari co yari afise mu bwenge. Biboneka ko Yezu yariko avuga urushinge rwo kubarira. Kubera ko urushinge rw’igufa be n’urw’icuma zo mu gihe ca kera zatowe zompi muri iyo ntara, zitegerezwa kuba zari ibintu bakunda gukoresha mu rugo. Muri Luka 18:25 harakura amakenga ayo ari yo yose ku vyerekeye amajambo ya Yezu, kuko havuga yuko yavuze ati: “Icoroshe [ni] ingamiya guca mu zuru ry’urushinge [“rwo kubarira”, NW] biruta umutunzi ko yinjira mu bgami bg’Imana”.

Abanditsi batandukanye b’ibitabu bitohoza amajambo baremeranya n’ihindurwa ry’aho hantu ngo ‘urushinge rwo kubarira’ nk’uko biri muri Bibiliya Traduction du monde nouveau. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “urushinge” muri Matayo 19:24 no muri Mariko 10:25 (ari ryo rha·phisʹ), ryakuwe mu rivuga risobanura ngo “kubarira”. Ijambo ry’ikigiriki na ryo dusanga muri Luka 18:25 (ari ryo be·loʹne) barikoresha iyo bavuga urushinge rwo kubarira ibisebe. Igitabu kimwe (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words) kivuga giti: “Iciyumviro co gukoresha imvugo ‘izuru ry’urushinge’ ku turyango dutoduto bisa n’uko ari ico mu gihe ca none; nta na hamwe biboneka ko kera bayikoresha gutyo. Intumbero Umukama yabivuganye kwari ukwerekana ibitoshobokera umuntu, kandi ntitwokwirirwa turagerageza kworosha ukwo kudashoboka kw’ibintu mu gufata ko urwo rushinge rusobanura ikindi kintu atari rwa rushinge rusanzwe”.—1981, igitabu ca 3, urupapuro rwa 106.

Hari n’abavuga yuko muri iyo mirongo, ijambo “ingamiya” rikwiye guhindurwa ngo “umugozi”. Ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa mu kuvuga umugozi (ari ryo kaʹmi·los) be n’irikoreshwa mu kuvuga ingamiya (ari ryo kaʹme·los) arasa. Ariko rero, ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa mu kuvuga “ingamiya”, atari irikoreshwa mu kuvuga “umugozi”, ni ryo riboneka muri Matayo 19:24 mu vyandiko vy’iminwe vyo mu ikigiriki vya kera kuruta ibindi vyose vy’Injili ya Matayo biboneka (na vyo bikaba ari ivyitwa Sinaiticus, Vaticanus 1209 na Alexandrinus). Bivugwa yuko Matayo yabanje kwandika Injili yiwe mu Giheburayo kandi bikaba bishoboka ko ari na we yayihinduriye mu kigiriki. Yari azi neza ico Yezu yavuze, akaba rero yakoresheje ijambo ribereye.

Yezu rero yashaka kuvuga urushinge rwo kubarira rusanzwe be n’ingamiya isanzwe. Ivyo yariko abikoresha kugira ashimike ku kudashoboka kw’ikintu. Mugabo none, Yezu yoba yashaka kuvuga ko ata mutunzi yoshobora kwinjira mu Bwami? Oya, kubera yuko ayo majambo Yezu yavuze atari ayo gufata nk’uko ari. Yariko akoresha imvugo ndenzarugero kugira ngo atange ikigereranirizo c’uko, nka kurya nyene ingamiya isanzwe idashobora guca mu zuru ry’urushinge bushinge rwo kubarira, ari na ko bidashoboka ko umutunzi yinjira mu Bwami mu gihe abandanya kwumira ku butunzi bwiwe, ntashire Yehova mu kibanza ca mbere mu buzima bwiwe.—Luka 13:24; 1 Timoteyo 6:17-19.

Yezu yavuze ayo majambo inyuma gato y’aho umutunzi umwe akiri muto amariye kwanka agateka gahambaye ko gucika umuyoboke wiwe (Luka 18:18-24). Umuntu w’umutunzi akunda amatungo yiwe kuruta ibintu vy’impwemu, ntashobora kwitega kuzoronka ubuzima budahera mu ndinganizo y’Ubwami. Ariko ntiwumve, hariho abantu bamwebamwe b’abatunzi bacitse koko abigishwa ba Yezu (Matayo 27:57; Luka 19:2, 9). Rero, umuntu w’umutunzi atahura ko akeneye ivy’impwemu kandi akarondera imfashanyo iva ku Mana, arashobora kuronka ubukiriro butangwa n’Imana.—Matayo 5:3; 19:16-26.

[Akajambo k’epfo]

a Raba agatabu Doit-on croire à la Trinité? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika