ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/7 rup. 3
  • Imana yoba ari yo yobazwa ingorane zidushikira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yoba ari yo yobazwa ingorane zidushikira?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ivyo bijanye
  • Imana irakubabaye koko
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • 3 Iradufasha guhangana n’ingorane
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Ingene bamwebamwe baronse inyishu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/7 rup. 3

Imana yoba ari yo yobazwa ingorane zidushikira?

IGIHE umukobwa wa Marion akuze yakomereka mu bwonko bimwe bikomeye, Marion yagize ico abenshi muri twebwe bokoraa. Yarasavye Imana ngo imufashe. Marion avuga ati: “Sinibuka ko hari ikindi gihe nari bwigere numva nataye umutwe kandi ndi jenyene nk’ico gihe”. Mu nyuma, umukobwa wiwe yararemvye maze Marion atangura gukekeranya ku vyerekeye Imana. Yibajije ati: “Ni kubera iki ibi biriko biranshikira?”. Ntiyashobora gutahura ukuntu Imana ikundana kandi yitwararikana yoshobora kumuheba.

Ivyashikiye Marion ni vyo bishikira n’abandi. Abantu benshi cane mw’isi yose bahora biyumvamwo ko Imana yabahevye iyo bari mu bihe vy’amagorwa. Mu nyuma y’aho umwuzukuru wa Lisa agandaguriwe, Lisa avuga ati: “N’ubu muri jewe ndacanyinyurana na vya ‘bibazo vy’ukwibaza igituma IMANA ireka ivyo bintu bikaba’. Sinahevye rwose kwizera Imana, mugabo umwizero nari ndayifitiye waragabanutse”. Mu buryo nk’ubwo nyene, inyuma y’aho umugore umwe ashikiwe n’amakuba agahungu kiwe kagapfa mu buryo butumvikana, yavuze ati: “Imana ntiyampumurije na gato ku vyanshikiye. Nta co yanyeretse c’uko imbabaye canke ngo inyumvire akagongwe”. Yongeyeko ati: “Sinzokwigera ndayirekurira”.

Abandi baca bashavurira Imana iyo batereje akajisho hirya no hino muri ino si babayemwo. Barabona ibibano vyugarijwe n’ubukene be n’ikigoyi, impunzi zihebuye zahunze bivuye ku ntambara, igitigiri kitovugwa c’abana baba impfuvyi bitewe na SIDA be n’abantu amamiliyoni bacumukujwe n’izindi ndwara. Iyo abantu benshi bahanganye n’ivyo bintu be n’ayandi mabi asa n’ayo, baca bagiriza Imana ko umenga nta co iriko irakora.

Ariko rero, ikintu c’ukuri coco ni uko Imana atari yo twokwegekako ingorane zugarije umuryango w’abantu. Kukaba nkako, hariho imvo zumvikana zo kwemera yuko Imana vuba igiye gusubiza mu buryo amabi yatejwe ku muryango w’abantu. Turagutumiye ngo uje ku kiganiro gikurikira maze wibonere yuko Imana itubabaye koko.

[Akajambo k’epfo]

a Amazina yarahinduwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika