Abantu bararondera ubuhirwe
MU MYAKA mikeyi iheze, mu Bufaransa, mu Budagi, mu Bwongereza no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika abantu babajijwe ikibazo kigira giti: “Hakenewe iki kugira ngo umuntu aronke ubuhirwe?”. Mu babajijwe, ibice 89 kw’ijana bavuze yuko hakenewe amagara meza; ibice 79 kw’ijana bavuze umubano w’ababiranye urangwa umunezero; ibice 62 kw’ijana berekeje ku kuronka ibibondo; ibice 51 kw’ijana na bo bavuze ko biyumvira yuko umwuga mwiza ari wo ukenewe kugira ngo umuntu aronke ubuhirwe. Ikindi kandi, naho abantu benshi bahuriza ku vy’uko amahera atazana ubuhirwe, ibice 47 kw’ijana vy’ababajijwe baremeje yuko amahera azana ubuhirwe. None ibimenyamenya vyerekana iki?
Ubwa mbere, raba isano rivugwa ko riri hagati y’amahera n’ubuhirwe. Itohoza ryagizwe kuri ba bantu ijana batunze kuruta abandi bose muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ryerekanye yuko batari abahirwe kuruta abandi bantu muri rusangi. Vyongeye, naho benshi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika basa n’abagwije nka kabiri amatungo yabo muri iyi myaka mirongo itatu iheze, nta buhirwe vyabongerereje, nk’uko abahinga mu vy’amagara yo mu mutwe babivuga. Kukaba nkako, hari raporo ivuga iti: “Muri ico kiringo nyene, igitigiri c’abicwa n’intimba caraduze bwampi. Imiyabaga yiyahura yarongerekanye incuro zitatu. Abahukana bariyongereye incuro zibiri”. Mu bihugu nka 50 bitandukanye, abashakashatsi batohoje isano riri hagati y’amahera n’ubuhirwe bashitse ku ciyumviro c’uko amahera adashobora kugura ubuhirwe.
Ubukurikira, ibintu nk’amagara meza, umubano w’ababiranye urangwa umunezero be n’umwuga mwiza bihambaye ku rugero rungana iki mu gutuma umuntu aronka ubuhirwe? Kubwa ngingo, nka hamwe ivyo bintu vyoba bikenewe vyanse bikunze kugira ngo umuntu abe umuhirwe, twovuga iki ku bantu amamiliyoni badafise amagara meza be n’abantu bose badafise umubano w’ababiranye urangwa umunezero? Bite hoho ku bubakanye badafise abana be no ku bagabo n’abagore bose usanga badafise umwuga mwiza? Abo bantu bose boba bategerezwa kugira ubuzima bw’amagorwa? Ikindi kandi, abo bitwa ko ari abahirwe kubera bafise amagara meza canke kubera bafise umubano w’ababiranye urangwa umunezero, ubuhirwe bwabo bwoba bwozimangana nka hamwe uko ivyabo vyifashe kwohinduka?
Twoba turiko turonderera ahantu nyaho?
Umuntu wese ashaka guhirwa. Ivyo ntibitangaje kubera ko nyene kurema umuntu adondorwa ko ari “Imana ihimbawe”, umuntu na we akaba yaremwe mw’ishusho y’Imana (1 Timote 1:11, UB; Itanguriro 1:26, 27). Ni ibisanzwe rero yuko abantu barondera guhimbarwa. Ariko rero, basanga gushishikara kurondera ubuhirwe ari cokimwe no kugumya udutete tw’umusenyi, kubera ko vyompi bica umuntu mu myanya y’intoki bitagoranye.
Ariko none, vyoba bishobora kuvugwa yuko bamwebamwe barenza urugero mu kurondera ubuhirwe? Ico ni co ciyumviro umufilozofe wo mu vy’imibano yitwa Eric Hoffer yari afise. Yavuze ati: “Kurondera ubuhirwe ni kimwe mu bintu nyamukuru bituma umuntu abura ubuhirwe”. Ivyo ni ko bimera mu gihe turondereye ubuhirwe ahatari ho. Muri ico gihe, nta gukeka ko dutegerezwa gutaha zirayoye. Kwihatira gucika umutunzi; kwita ku rutare kugira ngo umuntu abe rurangiranwa canke amenyekane; gukurikirana amahangiro yo mu vya politike, mu vy’ikibano canke mu vy’ubutunzi; canke kubaho gusa umuntu yironderera ivyiwe be n’ukuryoherwa kw’akanya gato, nta na kimwe muri vyo gishobora gutuma umuntu aronka ubuhirwe. Ntibitangaje rero kubona bamwebamwe basigaye babona ibintu mu buryo burimwo agahemo nk’uko umwanditsi umwe yabivuze ati: “Hamwe tworeka ivyo kurondera kuba abahirwe twoshobora kumererwa neza”!
Biri n’ico bivuze rero kubona rya tohoza twavuze mu ntango z’iki kiganiro ryarerekanye kandi yuko abantu 4 kuri 10 biyumvira yuko ubuhirwe buva mu gukora ivyiza no mu gufasha abandi. Vyongeye, umuntu 1 kuri 4 yashimitse ku vy’uko ukwizera be n’ukwemera mu vy’Imana bigira uruhara nyamukuru mu vyo kugira ubuhirwe. Biragaragara rero yuko dukeneye kwihweza twitonze igikenewe kugira ngo umuntu abe umuhirwe vy’ukuri. Ikiganiro gikurikira kirabidufashamwo.
[Amafoto ku rup. 3]
Benshi biyumvira yuko amahera, ubuzima bwo mu muryango bwiza, canke umwuga mwiza ari co kintu nyamukuru gituma umuntu aronka ubuhirwe. Woba uvyemera?