ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/9 rup. 8-13
  • Ninahaza Imana “n’akanwa kamwe”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ninahaza Imana “n’akanwa kamwe”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu ubumwe bwa gikirisu buhambaye
  • ‘Mwakirane’
  • Urukundo rwa kivukanyi rurazana ubumwe muri iki gihe
  • Twirinde gutsitaza abandi
  • Ingene wogumana ijwi ryo mu mutima ryiza
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Nugire ijwi ryo mu mutima ryiza
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoba ryaramenyerejwe neza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Abakirisu bo mu ntango be n’Ivyagezwe vya Musa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/9 rup. 8-13

Ninahaza Imana “n’akanwa kamwe”

“Muhimbaze [canke, “muninahaze”, “NW”] n’umutima umwe [be] n’akanwa kamwe Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se”.—ABAROMA 15:6.

1. Ni icigwa ikihe Paulo yahaye abo bari basangiye ukwizera ku bijanye n’ugutorera umuti ukutabona ibintu kumwe?

ABAKIRISU bose ntibagira amahitamwo amwe canke ngo bakunde bimwe. Yamara, abakirisu bose bategerezwa kugendera muri ya nzira y’ubuzima bafatanye mu nda. Ivyo vyoba bishoboka? Birashoboka niba tudafata utuntu dutoduto tudahurizako ngo tutugire ibibazo bikomakomeye. Ico ni icigwa intumwa Paulo yahaye abo bari basangiye ukwizera mu kinjana ca mbere. Yasiguye gute ico ciyumviro gihambaye? Kandi dushobora gute gukurikiza impanuro yiwe yahumetswe muri iki gihe?

Ukuntu ubumwe bwa gikirisu buhambaye

2. Paulo yashimitse gute ku vy’uko ubumwe bukenewe?

2 Paulo yari azi yuko ubumwe bwa gikirisu buhambaye, akaba rero yaratanze impanuro nziza kugira afashe abakirisu kwihanganirana mu rukundo (Abanyefeso 4:1-3; Ab’i Kolosayi 3:12-14). Ariko rero, aho amariye gushinga amashengero menshi akongera akagendera n’ayandi mu kiringo c’imyaka irenga 20, yari azi yuko kuzigama ubumwe vyobaye urugamba (1 Ab’i Korinto 1:11-13; Ab’i Galatiya 2:11-14). Ku bw’ivyo, yahimirije abo basangiye ukwizera baba i Roma ati: “Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe . . . [kuninahaza] n’umutima umwe [be] n’akanwa kamwe Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se” (Abaroma 15:5, 6). Muri iki gihe, na twebwe dutegerezwa kuninahaza Yehova Imana “n’akanwa kamwe”, turi umugwi w’abasavyi biwe wunze ubumwe. None ivyo turiko tubikora ku rugero rungana iki?

3, 4. (a) Abakirisu b’i Roma bari batandukanye gute uravye ivyo bakuriyemwo? (b) Abakirisu b’i Roma boshoboye gute gukorera Yehova “n’akanwa kamwe”?

3 Abakirisu benshi b’i Roma bari abagenzi ba Paulo (Abaroma 16:3-16). Naho amamuko y’abavukanyi ba Paulo bose be n’ivyo bakuriyemwo bitasa n’ivya Paulo, yaremeye ko ari ‘abakundwa n’Imana’. Yanditse ati: “Mwese mbashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo, kukw inkuru y’ukwizera kwanyu ikwiye mw isi yose”. Biribonekeza ko Abaroma bari intangakarorero mu buryo bwinshi (Abaroma 1:7, 8; 15:14). Ariko kandi, bamwebamwe mw’ishengero ntibabona ibintu bimwebimwe cokimwe n’abandi. Kubera yuko abakirisu muri iki gihe usanga batakuriye mu bintu bimwe canke mu mico kama imwe, kwiga impanuro yahumetswe Paulo yatanze ku bijanye n’uburyo bwo gutorera umuti ukudahuza, birashobora kubafasha kuvuga “n’akanwa kamwe”.

4 I Roma hări abizera b’Abayuda be n’abakomoka mu Banyamahanga (Abaroma 4:1; 11:13). Abakirisu bamwebamwe b’Abayuda biboneka ko batari barahevye imigenzo imwimwe bakurikiza mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, naho nyene bari bakwiye gutahura yuko iyo migenzo atari yo yotumye umuntu aronka ubukiriro. Ku rundi ruhande, abakirisu b’Abayuda batari bake baremeye yuko inkuka ya Kirisitu yabakuyeko amategeko ntarengwa bahora bubahiriza imbere y’uko bacika abakirisu. Ivyo vyatumye bahindura bimwebimwe mu bintu bari bamenyereye gukora canke imwimwe mu migenzo bakurikiza (Ab’i Galatiya 4:8-11). Naho ibintu vyari vyifashe gutyo, nk’uko Paulo yabivuze, bose bari ‘abakundwa n’Imana’. Bose boshoboye gushemeza Imana “n’akanwa kamwe” mu gihe bogumye babonana nk’uko bibereye. Na twebwe muri iki gihe twoshobora kuba tutabona kumwe ibintu kanaka. Vyoba vyiza rero turimbuye twitonze ukuntu Paulo asigura iyo ngingo ngenderwako ihambaye.—Abaroma 15:4.

‘Mwakirane’

5, 6. Ni kubera iki abo mw’ishengero ry’i Roma batabona ibintu kumwe?

5 Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, aravuga ivyerekeye ikintu kităbonwa kumwe. Yanditse ati: “Umuntu umwe afise ukwizera kwo kumurisha vyose, arik’ūdakomeye arya ibirimwa gusa”. Kubera iki vyari vyifashe gutyo? Urabona, mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, inyama z’ingurube ntizari zemewe kuribwa (Abaroma 14:2; Abalewi 11:7). Ariko rero, ivyo Vyagezwe ntivyari bigikora Yezu amaze gupfa (Abanyefeso 2:15). Maze rero, hashize imyaka itatu n’igice inyuma y’urupfu rwa Yezu, umumarayika yabwiye intumwa Petero yuko, umuntu afatiye ku kugene Imana yabona ibintu, ata mfungurwa na zimwe zari zikwiye kubonwa ko zihumanye (Ivyakozwe 11:7-12). Bafise ivyo mu muzirikanyi, abakirisu bamwebamwe b’Abayuda bashobora kuba biyumvisemwo ko boshoboye gufungura inyama z’ingurube, canke gufungura izindi mfungurwa zimwezimwe zari zibujijwe mu gihe c’Ivyagezwe.

6 Ariko, iciyumviro ubwaco c’ugufungura izo mfungurwa zahora zibonwa ko zihumanye cobaye ari ikintu gitera ikinya ku bandi bakirisu b’Abayuda. Mwene abo bantu b’inkomwahato bashobora kuba barababajwe no kubona abavukanyi babo muri Kirisitu b’Abayuda bafungura imfungurwa nk’izo. Vyongeye, abakirisu bamwebamwe bakomoka mu Banyamahanga, abari bakuriye aho idini ritigera rigira ivyo ribuza ku bijanye n’imfungurwa, bashobora kuba barazazaniwe no kubona hari abavyura ibibazo ku bijanye n’imfungurwa. Birumvikana ko umuntu atobaye agize nabi yirinze imfungurwa zimwezimwe mu gihe adashimitse avuga yuko ukwo kwirinda kuzifungura ari nkenerwa kugira ngo umuntu aronke ubukiriro. Ariko rero, ukutabona ibintu kumwe kwari gushobora kuvyura impari mw’ishengero bitagoranye. Abakirisu b’i Roma bokeneye kuba maso kugira ngo ukwo kudahuza ntiguhave kubabuza kuninahaza Imana “n’akanwa kamwe”.

7. Ni ukutabona ibintu kumwe ukuhe kwari kuhari ku bijanye n’ukwubahiriza umusi udasanzwe buri yinga?

7 Paulo aratanga akarorero kagira kabiri: “Umuntu umwe ashima umusi umwe kuwurutisha iyindi; uwundi agashima imisi yose” (Abaroma 14:5a). Mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, nta gikorwa na kimwe categerezwa gukorwa kw’Isabato. Mbere no gufata urugendo vyari bibujijwe rwose kuri uwo musi (Kuvayo 20:8-10; Matayo 24:20; Ivyakozwe 1:12). Ariko rero, igihe Ivyagezwe vyakurwaho, ayo mategeko yabuza ivyo yarahavuye. Naho ari ukwo, abakirisu bamwebamwe b’Abayuda bashobora kuba bumvise mu mutima batorohewe no gukora igikorwa ico ari co cose canke kugira urugendo rurerure ku musi bari bahoze babona ko ari mweranda. Mbere n’inyuma y’aho bamariye kuba abakirisu, umusi w’indwi bashobora kuba bawuhebera gusa ibintu vy’impwemu, naho umuntu afatiye ku kuntu Imana yabona ibintu, Isabato itari igikora. Boba none bariko bakora nabi? Oya, mu gihe batashimika ku vy’uko kwubahiriza Isabato cari ikintu gisabwa n’Imana. Ku bw’ivyo, kubera ko Paulo yubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abavukanyi biwe bakirisu, yanditse ati: “Umuntu wese n’ashirwe mu mutima wiwe”.—Abaroma 14:5b.

8. Naho abakirisu b’i Roma bari gushobora kugaragaza ko bubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abandi, ni igiki babwirizwa kudakora?

8 Ariko rero, naho Paulo yaremesheje abavukanyi biwe abigiranye ikibabarwe ngo bihanganire abari bagihagarika umutima ku bintu vyasaba gukoresha ijwi ryo mu mutima, yariyamirije bimwe bikomeye abagerageza guhatira abo basangiye ukwizera kuyoboka Ivyagezwe vya Musa nka co kintu gisabwa kugira ngo umuntu aronke ubukiriro. Nk’akarorero, nko mu 61 G.C., Paulo yaranditse igitabu c’Abaheburayo, rikaba ari ikete rikomeye ryarungikiwe abakirisu b’Abayuda ryasigura mu buryo butomoye yuko kuyoboka Ivyagezwe vya Musa bitari bigifise akamaro kubera yuko abakirisu bari bafise icizigiro kiri hejuru gishingiye ku nkuka y’incungu ya Yezu.—Ab’i Galatiya 5:1-12; Tito 1:10, 11; Abaheburayo 10:1-17.

9, 10. Abakirisu bakwiye kwirinda kugira iki? Sigura.

9 Nk’uko twabibonye, Paulo avuga yuko kugira amahitamwo atandukanye atari ngombwa ngo bigeramire ubumwe mu gihe ata kurenga ku ngingo ngenderwako za gikirisu gutomoye kwahabaye. Ku bw’ivyo, Paulo abaza abakirisu bafise ijwi ryo mu mutima ryoroshe ati: “N’iki gituma uhinyura mwene So?”. Maze abaza abafise irikomeye (kumbure bakaba ari abo ijwi ryabo ryo mu mutima ribarekurira gufungura imfungurwa zimwezimwe zari zibujijwe mu gihe c’Ivyagezwe canke ribarekurira gukora ibikorwa vy’umubiri ku musi w’Isabato) ati: “N’iki gituma ukēngēra mwene So?” (Abaroma 14:10). Nk’uko Paulo yabivuze, abakirisu bafise ijwi ryo mu mutima ryoroshe bategerezwa kwirinda kunegura abavukanyi babo babona ibintu mu buryo bwagutse. Muri ico gihe nyene, abakirisu bakomeye bategerezwa kudasuzugura barya usanga ijwi ryabo ryo mu mutima ricoroshe mu mice minaka. Bose bakwiye kwubahiriza imvo zibereye zituma abandi bakora ibintu kandi bakareka ‘kwifata uko batari’.—Abaroma 12:3, 18.

10 Ehe raba ingene Paulo yasiguye ukubona ibintu kuri ku burimbane: “Ūrya inyama yoye gukēngēra ūtazirya; kand’ūtazirya yoye guhinyura ūzirya, kukw Imana yamwemeye”. Vyongeye, avuga ati: “Kristo na we ya[ratw]emeye, kugira ngw Imana ishimishwe, [canke, “ininahazwe”, NW]”. Kubera yuko abakomeye n’aboroshe bompi bemerwa n’Imana be na Kirisitu, dukwiye natwe kuba abantu babona ibintu mu buryo bwagutse maze ‘tukemerana’ canke tukakirana (Abaroma 14:3; 15:7). Ni nde yoba afise ishingiro ryo guhakana ivyo?

Urukundo rwa kivukanyi rurazana ubumwe muri iki gihe

11. Ni ikintu kimeze ukwaco ikihe cari kihari mu gihe ca Paulo?

11 Mw’ikete Paulo yandikiye Abaroma, yariko avuga ivyerekeye ikintu kimeze ukwaco. Yehova yari aherutse gukuraho isezerano rimwe maze ashiraho irindi rishasha. Bamwebamwe vyarabagoye guhuza n’iryo sezerano rishasha. Ivyo bintu kandondwa ntibiriho muri iki gihe, ariko vyoshika hakavyuka ibibazo bisa n’ivyo.

12, 13. Ni mu bintu bimwebimwe ibihe abakirisu muri iki gihe bashobora kugaragazamwo ko bubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abavukanyi babo?

12 Nk’akarorero, umugore mukirisu yoshobora kuba yahora mw’idini ryashimika ku kwambara impuzu idasharijwe no kwitunganya mu buryo busanzwe. Ariko rero, igihe yemeye ukuri, yoshobora gusanga bigoye guhuza n’iciyumviro c’uko mu bihe bibereye bitabujijwe kwambara impuzu z’urupfasoni ariko zisharijwe, canke kwisiga mu buryo butarengeje urugero. Kubera yuko ata ngingo ngenderwako yo muri Bibiliya iba yarenzweko, ntivyoba bibereye ko hagira umuntu n’umwe agerageza kujijura uwo mugore mukirisu ngo akore ibiteye kubiri n’ijwi ryiwe ryo mu mutima. Muri ico gihe nyene, uwo mugore aratahura yuko adakwiye kunebagura abakenyezi bakirisu ijwi ryabo ryo mu mutima rirekurira gukoresha ibintu nk’ivyo.

13 Rimbura akandi karorero. Umukirisu w’umugabo yoshobora kuba yakuriye ahantu kunywa inzoga wari umuziro. Amaze kumenya ukuri, aramenye yuko Bibiliya ivuga ko vino ari ingabirano iva ku Mana kandi ko ishobora kunyobwa ku rugero (Zaburi 104:15). Aremeye ico ciyumviro. Ariko rero, bivanye n’aho yakuriye, ahisemwo kwirinda rwose inzoga, mugabo ntanebaguye abazinywa ku rugero. Gutyo, aba akurikije amajambo ya Paulo agira ati: “Dukurikire ivy’amahoro n’ivyo gukomezanya”.—Abaroma 14:19.

14. Ni mu bintu ibihe abakirisu bashobora gukurikiza iciyumviro kiri muri ya mpanuro Paulo yaha Abaroma?

14 Hari ibindi bintu bishika bisaba ko umuntu akurikiza iciyumviro kiri muri ya mpanuro Paulo yaha Abaroma. Ishengero rya gikirisu rigizwe n’abantu benshi, kandi usanga badakunda bimwe. Ku bw’ivyo, vyoshika bakagira amahitamwo atandukanye, nk’akarorero mu vy’inyambaro no mu vy’ukwitunganya. Birumvikana ko Bibiliya ishinga ingingo ngenderwako zitomoye abakirisu bose b’inziraburyarya bakurikiza. Nta n’umwe muri twebwe akwiye kwambara canke gutunganya imishatsi mu buryo bw’ikivuruvundi canke butaranga urupfasoni canke butuma aboneka nk’abantu bo mw’isi bataye ubuntu (1 Yohana 2:15-17). Abakirisu baribuka yuko mu bihe vyose, eka mbere no mu gihe boba bariko basama akayaga, ari abasuku baserukira umwe Segaba w’isi n’ijuru (Yesaya 43:10; Yohana 17:16; 1 Timoteyo 2:9, 10). Ariko rero, mu mice myinshi hariho amahitamwo menshi cane yemerwa abakirisu bashobora kugiraa.

Twirinde gutsitaza abandi

15. Ni ryari umukirisu yoshobora kwirinda gukora ivyo afitiye uburenganzira ku bw’inyungu y’abavukanyi biwe?

15 Hariho ingingo ngenderwako ihambaye ya nyuma Paulo yerekezako ivyiyumviro vyacu mu mpanuro yahaye abakirisu b’i Roma. Rimwe na rimwe, umukirisu afise ijwi ryo mu mutima ryamenyerejwe neza yoshobora gufata ingingo yo kwirinda guhitamwo ikintu atari abujijwe. Kubera iki? Kubera abona yuko akurikiye ingendo yinaka vyohava bigirira nabi abandi. Ico gihe none, dukwiye gukora iki? Paulo avuga ati: “Ni ciza kutarya inyama, canke kutanywa vino, canke kudakora ikindi cose gitsitaza mwene So” (Abaroma 14:14, 20, 21). Gutyo, “twebwe abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza. Umuntu wese muri twebge anezereze mugenzi we, kugira ngw abone ivyiza, akomezwe” (Abaroma 15:1, 2). Mu gihe ijwi ryo mu mutima ry’umukirisu mugenzi wacu ryobabazwa n’ivyo dukoze, urukundo rwa gikirisu ruzodusunikira kwiyumvira abandi no kuraba ivyo duhitamwo kugira ntitubababaze. Akarorero k’ivyo, koshobora kuba nk’ibijanye n’inzoga. Umukirisu ararekuriwe kunywa inzoga ku rugero. Mugabo, niba kuzinywa vyohava bitsitaza mugenziwe, ntiyoshimika ku vyo we afitiye uburenganzira.

16. Twokwerekana gute ko twiyumvira abo mu cibare cacu?

16 Iyo ngingo ngenderwako yoshobora gukora kandi mu bijanye n’imigenderanire tugiranira n’abandi batari abo mw’ishengero rya gikirisu. Nk’akarorero, twoshobora kuba tuba mu karere aho usanga amadini menshi yigisha abayoboke bayo kubona umusi kanaka wo mu ndwi nk’umusi w’akaruhuko. Ku bw’ivyo, kugira ntiduhave dutsitaza ababanyi bacu maze bigahava biba intambamyi ku gikorwa co kwamamaza, tuzokwirinda uko bishoboka kwose gukora kuri uwo musi ikintu cose cohava kibabaza ababanyi bacu. Ahandi na ho, vyoshika umukirisu yifise akimukira gukorera ahakeneye gukorerwa kuruta, mu bantu batishoboye. Yoshobora kugaragaza ko yiyumvira abo babanyi biwe bashasha mu kwambara mu buryo bubayabaye cane canke mu kubaho mu buryo buri hasi naho afise uburyo mu vy’amahera.

17. Ni kubera iki ari ivyumvikana kwiyumvira abandi mu mahitamwo tugira?

17 Vyoba vyumvikana kwitega yuko “abakomeye” bagira mwene ayo mahinduka? Zirikana kuri iki kigereranirizo: Mu gihe turiko dutwara umuduga duca mw’ibarabara riramvuye, tubonye imbere yacu abana nka bangahe bariko bagenda bagomba kwita mw’ibarabara. Mbega twoca tubandanya kunyonga umuduga n’ubunyarutsi bwa nyuma bwemerwa ngo ni uko gusa tubifitiye uburenganzira? Oya, turagabanya igitensi kugira ngo ntiduhave duhitanisha nya bana. Rimwe na rimwe, turasabwa kugira umutima wo kugenda buhorobuhoro canke kugira ivyo duhevye mu bijanye n’imigenderanire tugirana n’abo dusangiye ukwizera canke abandi. Twoshobora kuba turiko dukora ikintu dufitiye uburenganzira bwose kandi akaba ata ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya turiko turarenga. Naho ari ukwo, niba twoshobora kubabaza abandi canke kugirira nabi abafise ijwi ryo mu mutima ryoroshe, urukundo rwa gikirisu ruzodusunikira ku gukorana ukwiyubara (Abaroma 14:13, 15). Kuzigama ubumwe no gushira imbere ivyungura Ubwami ni vyo bihambaye kuruta gukora ivyo twebwe ubwacu dufitiye uburenganzira.

18, 19. (a) Mu kwerekana ko twiyumvira abandi, ni gute dukurikiza akarorero ka Yezu? (b) Twese dukora twunze ubumwe mu biki, kandi ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?

18 Dukoze muri ubwo buryo, tuba dukurikiye ka karorero keza cane karuta ubundi bwose. Paulo avuga ati: “Na Kristo [ntiy]inejereje, nk’uko handitswe, ngw Ibitutsi vy’abāgutuka vyaguye kuri jewe”. Yezu yaremeye avyigombeye gutanga ubuzima bwiwe ku bwacu. Nta gukeka ko twokwemera guheba bimwebimwe mu vyo dufitiye uburenganzira niba ivyo bizotuma “abadakomeye” baninahaza Imana bunze ubumwe natwe. Mu vy’ukuri, kugaragaza agatima k’ukwihanganira abakirisu bafise ijwi ryo mu mutima ryoroshe no kubagirira umutima mwiza, canke kwemera tuvyishakiye kugabanya amahitamwo twigirira no kudashimika ku vyo twebwe ubwacu dufitiye uburenganzira, biragaragaza ya “nyifato yo mu mutima Kirisitu Yezu yari afise”.—Abaroma 15:1-5, NW.

19 Naho ukubona ibintu dufise mu vyo usanga ata ngingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zirenzweko kwoba gutandukanye mu buryo bunaka, mu bijanye n’ugusenga dukora twunze ubumwe (1 Ab’i Korinto 1:10). Mwene ubwo bumwe bugaragarira nk’akarorero mu nyifato tugira ku barwanya ugusenga kw’ukuri. Abantu nk’abo barwanya ugusenga kw’ukuri, Ijambo ry’Imana ribita ab’ahandi kandi ritugabisha kwiyubara ngo ntitwumvirize ‘ijwi ry’ab’ahandi’ (Yohana 10:5). Abo b’ahandi dushobora gute kubamenya? Dukwiye kwifata gute kuri bo? Ivyo bibazo birarimburwa mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Abana batoyi bayoborwa n’ivyipfuzo vy’abavyeyi babo mu bijanye n’inyambaro.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki kuba umuntu atabona ibintu kimwe n’uwundi bidakwiye kugeramira ubumwe?

• Ni kubera iki twebwe abakirisu dukwiye kugaragaza ko twiyumvira abandi tubigiranye urukundo?

• Muri iki gihe, ni uburyo bumwebumwe ubuhe twoshobora gukurikiza impanuro Paulo yatanze ku vyerekeye ubumwe, kandi ni igiki kizodusunikira ku kubigenza gutyo?

[Ifoto ku rup. 9]

Impanuro Paulo yatanze ku vyerekeye ubumwe yari ihambaye kw’ishengero

[Ifoto ku rup. 10]

Abakirisu barafatanye mu nda naho batandukanye uravye aho bakuriye n’ivyo bakuriyemwo

[Ifoto ku rup. 12]

Ni igiki uwu mushoferi akwiye gukora?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika