Niwiyubare ‘ntiwumvirize ijwi ry’ab’ahandi’
“Arik’uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi [ijwi ry’ab’ah]andi”.—YOHANA 10:5.
1, 2. (a) Mariya avyifatamwo gute igihe Yezu amuhamagara mw’izina, kandi ni amajambo ayahe Yezu yavuze imbere y’aho ashira ahabona ivyo bintu biba? (b) Ni igiki gituma tuguma hafi ya Yezu?
YEZU amaze kuzuka, aritegereza umugore ahagaze hafi y’imva yiwe igaragara. Aramuzi neza. Ni Mariya Magadalene. Nk’imyaka ibiri imbere y’aho, Yezu yari yaramukijije amadayimoni yari yaramwiziziye. Kuva ico gihe yama amuherekeza ari kumwe n’intumwa ziwe, akama yitwararika ivyo bakeneye ku musi ku musi (Luka 8:1-3). Ubu rero, Mariya ariko yiyuha iryosozi, akaba yarengewe n’umubabaro kubera yabonye Yezu apfa kandi n’ikiziga ciwe ubu akaba ata n’uwuzi irengero ryaco! Yezu rero amubajije ati: “Mbega nyina wanje, urizwa n’iki? Urondera nde?”. Kubera ko Mariya yiyumvira yuko uwo muntu ari umurimyi wo ngaho, yishuye ati: “Mugenzi, namb’ari wewe wamukūye hano, ndangira aho wamushize, ndamukūreyo”. Yezu aciye avuga ati: “Mariya!”. Buno nyene Mariya aciye amenya uburyo yari amenyereye kumuvugisha. Aciye atangara n’akamwemwe ati: “Mwigisha!”. Maze aciye amugumbira.—Yohana 20:11-18.
2 Iyo nkuru irerekana mu buryo bukora ku mutima ivyo Yezu yavuze imbere y’aho. Mu kwigereranya n’umwungere abayoboke biwe na bo akabagereranya n’intama, avuga yuko umwungere ahamagara intama ziwe mu mazina, na zo zikamenya ijwi ryiwe (Yohana 10:3, 4, 14, 27, 28). Nkako, nk’uko intama imenya umwungere wayo, ni ko na Mariya yamenye Umwungere wiwe Kirisitu. Ivyo ni ko biri no ku bayoboke ba Yezu bo muri kino gihe (Yohana 10:16). Nk’uko ugutwi kw’intama kuzi gutegera gutuma nya ntama iguma hafi y’umwungere wayo, ni ko n’ugutegera kwacu kwo mu vy’impwemu gutuma tugenda tugera ikirenge mu ca wa Mwungere Mwiza wacu Yezu Kirisitu.—Yohana 13:15; 1 Yohana 2:6; 5:20.
3. Ni ibibazo ibihe ca kigereranirizo Yezu yatanga c’uruhongore rw’intama gituma twibaza?
3 Ariko rero, nk’uko ico kigereranirizo nyene kivyerekana, kuba intama ishobora kumenya gutandukanya amajwi y’umuntu ntibiyifasha kumenya umugenzi wayo vyonyene, ariko kandi birayifasha kumenya n’umwansi wayo. Ivyo birahambaye cane kubera yuko dufise abaturwanya b’uruyeri. Ni bande? Bakora gute? Dushobora gute kubirinda? Kugira ngo tubimenye, reka turabe ibindi bintu Yezu avuga muri ca kigereranirizo ciwe c’uruhongore.
‘Uwudaca mw’irembo’
4. Nk’uko ca kigereranirizo c’umwungere kivyerekana, ni nde intama zikurikira, kandi ni nde zidakurikira?
4 Yezu avuga ati: “Ūca mw irembo ni we mwungere w’intama. Umuteramyi w’irembo aramwugururira, kand’intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara iziwe ntama mu mazina yazo, akaziturutsa. Kand’iy’amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe. Arik’uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi [ijwi ry’ab’ah]andi” (Yohana 10:2-5). Urabona ko Yezu akoresha ijambo “ijwi” incuro zitatu. Incuro zibiri, avuga ivy’ijwi ry’umwungere, mugabo incuro igira gatatu, yerekeza kw’‘ijwi ry’ab’ahandi’. Ab’ahandi Yezu ariko yerekezako ni abantu bwoko ki?
5. Ni kubera iki tutagaragariza ubwakiranyi uw’ahandi avugwa muri Yohana ikigabane ca 10?
5 Yezu ntariko avuga uw’ahandi twoshima kugaragariza ubwakiranyi, rino rikaba ari ijambo mu rurimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango risobanura “ugukunda ba kavantara” canke ab’ahandi (Abaheburayo 13:2). Mu kigereranirizo ca Yezu, nya muntu w’ahandi si umushitsi aba yatumiwe. ‘Ntaca mw’irembo ry’urugo rw’intama, ahubwo yuririra ahandi’. Ni “igisuma n’umwambuzi” (Yohana 10:1). Ni nde muntu wa mbere na mbere avugwa mw’Ijambo ry’Imana yacitse igisuma n’umwambuzi? Ni Shetani wa Mucokoranyi. Ikimenyamenya tugisanga mu gitabu c’Itanguriro.
Igihe ijwi ry’uw’ahandi ryumvikana ari bwo bwa mbere
6, 7. Ni kubera iki Shetani ashobora kwitwa mu buryo bubereye ko ari uw’ahandi be n’umusuma?
6 Mw’Itanguriro 3:1-5 haradondora ingene ijwi ry’uw’ahandi ryumvikanye kw’isi ari bwo bwa mbere. Iyo nkuru yigana ko Shetani yegereye wa mugore wa mbere Eva abicishije ku nzoka hanyuma avugana na we mu buryo bw’ukumuyovya. Ni ivy’ukuri yuko muri iyo nkuru Shetani atavugwa urudome ku rundi ko ari ‘uw’ahandi’. Yamara rero, ibikorwa vyiwe birerekana mu buryo bwinshi ko yari nk’umwe w’ahandi adondorwa mu kigereranirizo ca Yezu canditswe muri Yohana ikigabane ca 10. Rimbura amasano bafitaniye.
7 Yezu avuga yuko uw’ahandi aca mu buryo buziguye igihe yegera intama zo mu ruhongore aba arondera kwiba. Na Shetani nyene yegereye uwo yashaka gucakira aciye mu buryo buziguye, ni ukuvuga akoresheje inzoka. Ubwo buryo bw’uruyeri bwarashize ku kabarore Shetani uwo ari we vy’ukuri: ni umwambuzi w’uruyeri. Vyongeye, wa muntu w’ahandi aba yinjiye mu ruhongore, aca atangura kuraba ingene yokwiba intama nyene zo. Nkako, ni umubisha kurusha igisuma kuko we afise kandi intumbero yo ‘kwica no gutikiza’ (Yohana 10:10). Mu buryo nk’ubwo nyene, Shetani yari igisuma. Mu guhenda Eva, yarivye ukuyoboka kwiwe kwari kugenewe Imana. Vyongeye, Shetani yazaniye urupfu abantu. Ku bw’ivyo, ni umwicanyi.
8. Shetani yagoretse gute ivyo Yehova yavuze be n’intumbero ziwe?
8 Ubugunge bwa Shetani bwagaragariye mu buryo yagoretse ivyo Yehova yavuze be n’intumbero ziwe. Yabajije Eva ngo: ‘Mbega n’ivy’ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe?’. Shetani yigize nk’aho yoba yari yaguye mu gahundwe, nk’aho yoba yariko avuga ati: ‘Vyoshoboka gute ngo Imana isabe ibirenze gutyo?’. Yongeyeko ati: “Imana izi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza”. Raba amajambo yavuze ngo: “Imana izi”. Ni nk’aho Shetani yavuze ngo: ‘Ndazi ivyo Imana izi. Ndazi intumbero ifise, kandi intumbero ifise ni mbi’ (Itanguriro 2:16, 17; 3:1, 5). Ikibabaje, Eva na Adamu ntibanse kwumviriza ijwi ry’uwo w’ahandi. Ahubwo riho, bararyumviye maze bibakwegera ibara vyongera birikwegera n’uruvyaro rwabo.—Abaroma 5:12, 14.
9. Ni kubera iki dukwiye kwitega yuko ijwi ry’ab’ahandi ryumvikana muri iki gihe?
9 Shetani akoresha mwene ubwo buryo nyene mu kuzimiza abasavyi b’Imana muri iki gihe (Ivyahishuriwe 12:9). Ni ‘se w’ibinyoma’, kandi abakora nka we bakagerageza kuzimiza abasavyi b’Imana ni abana biwe (Yohana 8:44). Reka turabe uburyo bumwebumwe ijwi ry’abo b’ahandi ririko ryumvikana muri iki gihe.
Ingene ijwi ry’ab’ahandi ryumvikana muri iki gihe
10. Ni mu buryo bumwe ubuhe ijwi ry’ab’ahandi ririko ryumvikaniramwo?
10 Ivyiyumviro vy’uruhendo. Intumwa Paulo avuga ati: “Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse” (Abaheburayo 13:9). Ni inyigisho bwoko ki? Kubera yuko zishobora ‘kudutwara’, biratomoye yuko Paulo yerekeza ku nyigisho zituma uburimbane bwacu bwo mu vy’impwemu bugoyagoya. Ni bande bariko basamiriza inyigisho nk’izo z’icaduka? Paulo yabwiye umugwi w’abakurambere bakirisu ati: “Muri mwebge ubganyu hazokwadukamw’abantu bavuga ibigoramye kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo” (Ivyakozwe 20:30). Koko, muri iki gihe, nk’uko vyari biri mu gihe ca Paulo, abantu bamwebamwe bahora ari abo mw’ishengero rya gikirisu ubu baragerageza kuzimiza intama mu kuvuga “ibigoramye”, ni ukuvuga ukuri kw’igice be n’ibinyoma vyeruye. Nk’uko intumwa Petero abivuga, bakoresha ‘amajambo y’uruhendo’, akaba ari amajambo asa n’aho ari ukuri mugabo ku bwa ngingo akaba ata co amaze nka kurya kw’amahera atari yo.—2 Petro 2:3, UB.
11. Amajambo ari muri 2 Petero 2:1, 3 ashira gute ku kabarore uburyo abahakanyi bakoresha be n’intumbero yabo?
11 Ubukurikira, Petero arashira ku kabarore uburyo abahakanyi bakoresha mu kuvuga yuko “bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice” (2 Petero 2:1, 3). Nk’uko wa musuma avugwa mu kigereranirizo ca Yezu c’uruhongore atinjirana “mw irembo ry’urugo rw’intama, arik[o y]ūririra ahandi”, ni ko n’abahakanyi batwegera mu buryo bwihishije (Ab’i Galatiya 2:4; Yuda 4). Intumbero yabo ni iyihe? Petero yongerako ati: ‘Bazokwungukira kuri mwebwe’. Mu vy’ukuri, naho abahakanyi bovuga ibimeze gute mu kwisigura, intumbero nyakuri y’abitera mu bandi ni “ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza” (Yohana 10:10). Niwiyubare mwene abo b’ahandi!
12. (a) Abo twigana bashobora gute gutuma twumviriza ijwi ry’ab’ahandi? (b) Ni isano irihe riri hagati y’amayeri ya Shetani be n’amayeri y’ab’ahandi muri iki gihe?
12 Abagenzi bonona. Ijwi ry’ab’ahandi rishobora kwumvikana biciye ku bo twifatanya. Abagenzi bonona bageramira canecane urwaruka (1 Ab’i Korinto 15:33). Ibuka yuko Shetani yatumbereye Eva, uwari muto muri ba bantu babiri ba mbere kandi akaba ari na we yari muto mu vyo kumenya utuntu n’utundi. Shetani yajijuye Eva yuko Yehova yari yarazitiye umwidegemvyo wiwe bitari ngombwa, mu gihe mu vy’ukuri Yehova yari yaramuhaye umwidegemvyo. Yehova yarakunda ibiremwa-bantu vyiwe kandi yaritwararika ivy’uko bimererwa neza (Yesaya 48:17). Cokimwe no muri iki gihe, ab’ahandi baragerageza kujijura mwebwe urwaruka yuko abavyeyi banyu b’abakirisu bazitira bitari ngombwa umwidegemvyo wanyu. Ab’ahandi nk’abo bashobora gute kugira ico bakoze kuri wewe? Umukobwa umwe w’umukirisukazi yiyemerera ati: “Mu kiringo kinaka, abo twigana mw’ishure baratumye ukwizera kwanje kugoyagoya gushika ku rugero runaka. Baguma bavuga yuko idini ryanje ribohera abantu amaboko i mugongo be n’uko risaba ibirenze”. Yamara, ico womenya co ni uko abavyeyi bawe bagukunda. Igihe rero abo mwigana mw’ishure bagerageje kukujijura ngo ntiwizigire abavyeyi bawe, ntuhendwe nka kumwe kwa Eva.
13. Ni ingendo iranga ubukerebutsi iyihe Dawidi yafashe, kandi ni mu buryo bumwe ubuhe dushobora kumwigana?
13 Ku biraba abagenzi bonona, Dawidi umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Sinicarana n’abanyabinyoma, kandi sinzogendera indyarya” (Zaburi 26:4). Woba kandi wabonye ikintu kiranga ab’ahandi? Barahisha akaranga kabo, nk’uko nyene Shetani yahishije akaranga kiwe mu gukoresha inzoka. Muri iki gihe, abantu bamwebamwe bataye ingeso runtu barahisha akaranga kabo be n’imigabo yabo nyakuri mu gukoresha Internet. Muri ya mihora yo kuri Internet y’ukuganirirako, abakuze bataye ubuntu bashobora kwidondora ko ari abakiri bato kugira bagute mu mutego. Yemwe rwaruka, turabinginze mwiyubare rwose kugira ngo mwoye guhava mumererwa nabi mu buryo bw’impwemu.—Zaburi 119:101; Imigani 22:3.
14. Rimwe na rimwe, ni gute ibimenyeshamakuru bikwiragiza ijwi ry’ab’ahandi?
14 Ukwagirizwa ibinyoma. Naho amakuru amwamwe avugwa ku Vyabona vya Yehova usanga ata ho ahengamiye, rimwe na rimwe ibimenyeshamakuru birakoreshwa kugira bisamirize ijwi ry’ab’ahandi riri n’aho rihengamiye. Nk’akarorero, mu gihugu kimwe hari amakuru yavuze ibitari vyo yuko ngo Ivyabona bashigikiye intwaro ya Hitler mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’isi yose. Mu kindi gihugu na ho, raporo imwe yagirije Ivyabona yuko basambura amasengero. Mu bihugu bitari bike, ibimenyeshamakuru vyaragirije Ivyabona yuko ngo banka kuvuza abana babo be n’uko ngo barenza uruho rw’amazi ku vyaha bikomeye bikorwa n’abo basangiye ukwizera (Matayo 10:22). Naho ari ukwo, abantu b’inziraburyarya batuzi baremera icese yuko ivyo twagirizwa ari ikinyoma.
15. Ni kubera iki bitaranga ubukerebutsi kwemera ikintu cose gishikirizwa mu bimenyeshamakuru?
15 Dukwiye gukora iki mu gihe twoba duhanganye n’ibirego bikwiragizwa n’ijwi ry’ab’ahandi nk’abo? Vyoba vyiza tugumije ku mutima iyi mpanuro iri mu Migani 14:15: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye”. Ntibiranga ubukerebutsi kwemera ikintu cose gishikirizwa mu bimenyeshamakuru nk’aho ari ukuri. Naho mu vy’ukuri tutabona ko amakuru yose yo mw’isi atari ayo kwizigirwa, turemera vy’ukuri yuko “isi yose iri muri wa Mubi”.—1 Yohana 5:19, ni twe tubihiritse.
‘Dusuzume amajambo y’amahumekano yose’
16. (a) Inyifato intama butama zigira yerekana gute ko ya majambo ya Yezu yo muri Yohana 10:4 ari ay’ukuri? (b) Bibiliya ituremesha kugira iki?
16 Dushobora gute kumenya neza yuko twoba turiko tuvugana n’umugenzi canke n’umwansi? Urabona, Yezu avuga yuko intama zikurikira umwungere “kuko zizi ijwi ryiwe” (Yohana 10:4). Ukuntu nya mwungere aboneka inyuma si vyo bituma intama zimukurikira; ahubwo ni ijwi ryiwe. Igitabu kimwe kivuga ivy’ibihugu bivugwa muri Bibiliya kirigana yuko uwagendeye aho hantu, igihe kimwe yavuze yuko ngo intama zitamenyera umwungere wazo kw’ijwi ryiwe, ariko yuko ngo zimumenyera ku mpuzu ziwe. Umwungere umwe yishuye yuko ijwi ari ryo zizi. Mu guhinyuza ivyo, yaciye akaba impuzu n’uwo muntu w’ahandi canke iyo ngenzi. Iyo ngenzi yarambaye impuzu z’umwungere hanyuma irahamagara nya ntama, mugabo nta co zagize. Ntizari zizi ijwi ryiwe. Yamara, igihe nya mwungere yazihamagara, naho yari yiyoberanije, intama zaciye ubwo nyene ziza. Gutyo, umuntu yoshobora gusa n’umwungere, ariko ku ntama ico si co cemeza yuko ari we koko. Intama mu vy’ukuri zirasuzuma ijwi rya nyene kuzihamagara, zikarigereranya n’ijwi ry’umwungere. Ijambo ry’Imana ritubwira ko twogira nk’ukwo nyene, ni ukuvuga ‘tugasuzuma amajambo y’amahumekano yose kugira ngo turabe nimba ava ku Mana’ (1 Yohana 4:1, NW; 2 Timoteyo 1:13). Ni igiki kizodufasha kubigenza gutyo?
17. (a) Dushobora gute kuba abamenyereye ijwi rya Yehova? (b) Kumenya Yehova bidufasha kugira iki?
17 Birumvikana yuko uko turushiriza kumenya neza ijwi rya Yehova canke ubutumwa bwiwe ari ko turushiriza guca tumenya ijwi ry’uw’ahandi. Bibiliya irerekana ukuntu dutsimbataza ubwo bumenyi. Ivuga iti: “Amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana” (Yesaya 30:21). Iryo “jambo” riduturuka inyuma riva mw’Ijambo ry’Imana. Igihe cose dusomye Ijambo ry’Imana, ni nk’aho twumva ijwi rya wa Mwungere wacu Mukuru Yehova (Zaburi 23:1). Ku bw’ivyo, uko turushiriza kwiga Bibiliya, ni ko turushiriza kuba abamenyereye ijwi ry’Imana. Ubwo bumenyi bushika kure buraheza na bwo bukadufasha kumenya ijwi ry’ab’ahandi.—Ab’i Galatiya 1:8.
18. (a) Kumenya ijwi rya Yehova birimwo n’iki? (b) Twisunze ibivugwa muri Matayo 17:5, ni kubera iki dukwiye kugamburuka ijwi rya Yezu?
18 Kumenya ijwi rya Yehova birimwo iki kandi? Turetse ukwumva, birimwo kandi n’ukugamburuka. Subira urabe muri Yesaya 30:21. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Iyi ni yo nzira”. Vyemere, biciye ku kwiga Bibiliya, turumva ubuyobozi bwa Yehova. Ubukurikira, adutegeka ngo: “Mube ari yo mujana”. Yehova ashaka ko dushira mu ngiro ivyo twumva. Gutyo, dushize mu ngiro ivyo twiga, tuba twerekanye ko tutumvise gusa ijwi rya Yehova, ariko kandi ko twanaryumviye (Gusubira mu vyagezwe 28:1). Kugamburuka ijwi rya Yehova bisobanura kandi kugamburuka ijwi rya Yezu, kubera ko Yehova ubwiwe adutegeka kurigamburuka (Matayo 17:5). Ni igiki Yezu, wa Mwungere Mwiza, atubwira gukora? Atwigisha guhindura abantu abigishwa no kwizigira “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (Matayo 24:45, NW; 28:18-20). Tugamburutse ijwi ryiwe bituma tuzoronka ubuzima budahera.—Ivyakozwe 3:23.
“Zomuhunga”
19. Dukwiye kuvyifatamwo gute twumvise ijwi ry’ab’ahandi?
19 Dukwiye kuvyifatamwo gute none twumvise ijwi ry’ab’ahandi? Nka kumwe kw’intama. Yezu avuga ati: “Uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga” (Yohana 10:5). Inyifato tugira irimwo ibintu bibiri. Ubwa mbere, ‘ntitwokurikira na mba’ uwo tutazi canke uw’ahandi. Egome, turiyamiriza twivuye inyuma uw’ahandi. Kukaba nkako, mu kigiriki co muri Bibiliya, amajambo “na mba” aserura uburyo bukomeye kuruta ubundi bwo kuvuga ko wanse muri urwo rurimi (Matayo 24:35; Abaheburayo 13:5). Ubugira kabiri, ‘twomuhunga’, canke twomuca kure. Ubwo ni bwo buryo bwiza bwonyene bwo kuvyifatamwo ku bijanye n’abazana inyigisho zidahuye n’ijwi rya wa Mwungere Mwiza.
20. Tuzovyifatamwo gute nitwaba duhanganye (a) n’abahakanyi bazimiza, (b) n’abagenzi bonona, (c) n’amakuru ari n’aho ahengamiye ashikirizwa n’ibimenyeshamakuru?
20 Ku bw’ivyo, igihe duhanganye n’abaserura ivyiyumviro vy’ubuhakanyi, twoshima gukora ivyo Ijambo ry’Imana rivuga riti: “[Mugume m]witegereza abazana ivyo gutandukanya n’ibitsitaza, bidahūra n’ivyo mwize, mubazibukire” (Abaroma 16:17; Tito 3:10, ni twe tubihiritse.). N’urwaruka rukirisu ruhangana n’akaga gaterwa n’abagenzi bonona rwoshima gushira mu ngiro impanuro Paulo yahaye wa musore Timoteyo igira iti: “Kwifuza kw’ubusore uguhunge”. Vyongeye, igihe twagirijwe ibinyoma mu bimenyeshamakuru, tuzokwibuka iyi mpanuro yindi Paulo yahaye Timoteyo igira iti: “[Abumviriza ijwi ry’ab’ahandi] bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma. Ariko weho, wirinde muri vyose” (2 Timoteyo 2:22; 4:3-5, ni twe tubihiritse.). Naho ijwi ry’ab’ahandi ryosa n’iriryoheye ugutwi gute, turahunga ikintu cose cokwonona ukwizera kwacu.—Zaburi 26:5; Imigani 7:5, 21; Ivyahishuriwe 18:2, 4.
21. Ni impera iyihe abamirira kure ijwi ry’ab’ahandi barindiriye?
21 Mu kwamirira kure ijwi ry’ab’ahandi, abakirisu basizwe impwemu baba bashize mu ngiro amajambo ya wa Mwungere Mwiza ari muri Luka 12:32. Muri ico canditswe, Yezu ababwira ati: “Yemwe mwa busho buto, ntimutinye: kuko So bimuhimbara kubaha ubgami”. N’“izindi ntama” ziriteganye umushasharo kwumva aya majambo ya Yezu avuga ati: “Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi” (Yohana 10:16; Matayo 25:34). Ese ukuntu ari impera yeza umutima turindiriye niba twamirira kure ‘ijwi ry’ab’ahandi’!
Woba uvyibuka?
• Ni gute Shetani ahuye n’indondoro ihabwa wa muntu w’ahandi avugwa mu kigereranirizo ca Yezu c’uruhongore?
• Ijwi ry’ab’ahandi ryumvikana mu buhe buryo muri iki gihe?
• Dushobora gute kumenya ijwi ry’ab’ahandi?
• Dukwiye kuvyifatamwo gute twumvise ijwi ry’ab’ahandi?
[Ifoto ku rup. 15]
Mariya yaramenye ijwi rya Kirisitu
[Ifoto ku rup. 16]
Uw’ahandi ntaza atumbereye neza na neza intama
[Ifoto ku rup. 18]
Tuvyifatamwo gute twumvise ijwi ry’ab’ahandi?