Ni intoranwa iyihe ukwiye kuronderera abana bawe?
PAVLOS ni serugo aba mu Buraya bwo mu Bumanuko. Ni gake aba ari i muhira kugira amarane umwanya n’umukenyezi wiwe be n’abana biwe batatu: abakobwa babiri, umwe w’imyaka 13 n’uwundi w’imyaka 11, be n’agahungu k’imyaka 7. Mu misi indwi yose igize umushamvu, Pavlos arakora amasaha menshi, agerageza kurondera amahera ahagije yo gushitsa imigambi yiwe yamye yipfuza rwose gushikako. Ashaka kugurira inzu umwumwe wese mu bakobwa biwe, akaba kandi yipfuza gutanguriza umuhungu wiwe urucuruza. Umukenyezi wiwe Sofia arakora cane kugira aronke ibitambara, amashuka, ivyombo, ibikoresho vyo ku meza bikozwe mw’ibumba be n’ibikozwe mw’ifeza, bikaba ari ivyoshirwa muri izo nzu z’abana biwe. Iyo babajijwe igituma bakora bagatama bigeze iyo hose, bishurira rimwe bati: “Ni ku bw’ineza y’abana bacu!”.
Nk’ukwo kwa Pavlos na Sofia, abavyeyi benshi bo hirya no hino kw’isi barakora uko bashoboye kwose kugira bashirireho abana babo intango nziza mu buzima. Bamwe baraziganiriza abana amahera bazokoresha muri kazoza. Abandi na bo baritwararika ivy’uko abana babo biga amashure ahagije maze bakaronka ubuhanga buzoheza bukabafasha mu buzima. Naho abavyeyi benshi babona ko ivyo vyoba ari intoranwa babahaye iranga urukundo, kuronka mwene ivyo bintu akenshi bituma abavyeyi baja mu mukazo ukomeye wo kugerageza gushitsa ivyo incuti, abagenzi be n’abandi bo mu kibano babamwo babitezeko. Ku bw’ivyo, abavyeyi bitwararika birabereye kubona bibaza bati: ‘Dukwiye kuronderera abana bacu ibingana gute?’.
Gutegekaniriza kazoza
Uretse ko ari ibisanzwe yuko abavyeyi bagira ivyo bategekanirije abana babo, baranabisabwa n’Ivyanditswe. Intumwa Paulo yabwiye abakirisu bo mu gihe ciwe ati: “Abana [si bo b]akwiye kuziganiriza abavyeyi, arikw abavyeyi ni bo bakwiye kuziganiriza abana” (2 Ab’i Korinto 12:14). Paulo yavuze kandi ko kwitaho abana ari ibanga rikomeye ryega abavyeyi. Yanditse ati: “Arik’umuntu n’atātunga abo mu nzu y’i wabo, cane-cane abiwe, azoba yihakanye ukwizera, kand’azoba abaye hanyuma y’ūtizera” (1 Timoteyo 5:8). Inkuru nyinshi zo muri Bibiliya zirerekana ukuntu ivy’intoranwa vyari bihambaye mu basavyi b’Imana bo mu bihe vya Bibiliya.—Rusi 2:19, 20; 3:9-13; 4:1-22; Yobu 42:15.
Ariko rero, rimwe na rimwe abavyeyi baratwarwa n’umwitwarariko wo kuronderera abana babo intoranwa nini. Kubera iki? Manolis, akaba ari sebibondo yimukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuye mu Buraya bwo mu Bumanuko, arerekana imvo imwe mu kuvuga ati: “Abavyeyi bacumukujwe n’amabi y’Intambara ya Kabiri y’isi yose be n’ikigoyi n’ubukene, bafise umwiyemezo wo gutuma ubuzima bw’abana babo buba bwiza kuruta”. Yongerako ati: “Kubera ko abavyeyi usanga bakavya mu kwiyumvamwo amabanga bajejwe, bakaba kandi bafise icipfuzo co gushiriraho abana babo intango nziza mu buzima, rimwe na rimwe bariteza ingorane”. Nkako, abavyeyi bamwebamwe bariyima ivya nkenerwa mu buzima canke bakabaho mu buryo bw’ukwibabaza kugira babikire ibibondo vyabo amatungo. Mugabo none, vyoba biranga ubukerebutsi abavyeyi bakurikiranye ingendo nk’iyo?
‘Ni ubusa, kandi ni ibara’
Wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera yaratanze ingabisho ku bijanye n’intoranwa. Yanditse ati: “Kandi naciye nanka ubutame bganje bgose, ubgo natamiye musi y’izuba: kuko nzoba nkwiye kubisigarana ūzonkurikira. Kandi ni nde yomenya yuk’uyo azoba umunyabgenge cank’igipfu? Yamar’azoganza ivyavuye mu butame bganje bgose ivyo natamiye, nkerekaniramw’ubgenge musi y’izuba. Ivyo na vyo nyene n’ubusa. . . . Kuk’umuntu mu butame bgiwe ari n’ubgenge n’ukumenya n’uburyo; yamar’azobisigarana uwundi atābitamiye, bibe umugabane wiwe. Ivyo na vyo nyene n’ubusa, kandi n’ibara”.—Umusiguzi 2:18-21.
Nk’uko Salomo abisigura, abaronka intoranwa bashobora kutabona agaciro kayo kose kubera baba batayibiriye akuya. Ku bw’ivyo, bene gutorana bashobora gufata nabi ivyo abavyeyi babo baba barabiriye akuya babaronderera. Bashobora mbere no gusesagura amatungo nk’ayo yabonetse bigoranye (Luka 15:11-16). Mbega ukuntu ivyo vyoba ari ‘ubusa kandi bikaba n’ibara’!
Intoranwa be n’umwina
Hari ikindi kintu abavyeyi bakeneye kurimbura. Mu mico aho usanga abantu barazwa ishinga cane n’ivyerekeye intoranwa y’amatungo be n’ivyo baha abana bashinga urwabo kugira baze bibesheho, abana barashobora kuba abanyamwina, bagasaba amatungo canke ibintu umukobwa aza azaniye umuhungu igihe bubakanye birengeye ivyo abavyeyi bashoboye gutanga. Sebibondo umwe wo mu Bugiriki yitwa Loukas, avuga yitwengera ati: “Arigorewe umugabo afise abakobwa babiri canke batatu”. Avuga ati: “Vyoshika abakobwa bakagereranya ivyo se ashoboye gutanga be n’ivyo abandi bavyeyi barundaniriza abana babo ‘n’umutima mwiza’. Boshobora kwerekana yuko bazohava babura uwo bubakana hamwe batoba bafise ibintu biboneka umukobwa azogenda atwaye”.
Manolis, umwe twamaze kuvuga, agira ati: “Umusore ashobora kurehura ikiringo c’ukureshanya gushika se w’umukobwa azotwara amwemereye ikintu azoha nya mukobwa wiwe, akenshi rikaba ari itongo canke inzu, canke igitigiri kitari gito c’amahera. Birashobora gucika nk’iterabwoba”.
Bibiliya irihaniza ubwoko bwose bw’umwina. Salomo yanditse ati: “Umwandu utoranywe mu maguru masha [canke “mu mwina”, NW], hanyuma nta mugisha ugira” (Imigani 20:21). Intumwa Paulo yavuze ashimitse ati: “Gukunda amahera [ni] imizi y’ibibi vyose”.—1 Timoteyo 6:10; Abanyefeso 5:5.
‘Ubukerebutsi hamwe n’intoranwa’
Ego ni ko, intoranwa irafise agaciro ku rugero runaka, ariko ubukerebutsi bwo bufise agaciro karuta ak’amatungo y’ivy’umubiri. Umwami Salomo yanditse ati: “Ubgenge bungana n’umwandu [canke “intoranwa”, NW] mu kuba bgiza: mbere burushiriza [kuba] bgiza . . . Kuk’ubgenge ar’ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ubgugamo; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’ubgenge buzigama ubugingo bga nyenebgo” (Umusiguzi 7:11, 12; Imigani 2:7; 3:21). Naho amahera atanga ubwugamo ku rugero runaka, agatuma nyeneyo ashobora kuronka ivyo akeneye, vyoshika agatakara. Ku rundi ruhande, ubgenge canke ubukerebutsi, ari bwo bushobozi bwo gukoresha ubumenyi mu gutorera umuti ingorane canke mu gushika ku migambi kanaka, burashobora kuzigama umuntu ntiyite mu kaga atari kugwamwo. Igihe ubwo bukerebutsi bushingiye ku gutinya Imana kubereye, burashobora kumufasha kuzoronka ubuzima budahera mw’isi nshasha y’Imana yimirije, iyo si nshasha ikaba ari intoranwa y’agaciro koko!—2 Petero 3:13.
Abavyeyi bakirisu barakoresha mwene ubwo bukerebutsi mu kwishingira ibikwiye kuza imbere y’ibindi bakongera bakabishingira n’abana babo (Ab’i Filipi 1:10). Amatungo y’ivy’umubiri arundanirizwa abana ngo bazoyakoreshe si yo akwiye gushirwa imbere kuruta ivy’impwemu. Yezu yaremesheje abayoboke biwe ati: “Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa” (Matayo 6:33). Abavyeyi bashingira imigambi y’ivy’impwemu imiryango yabo ya gikirisu, barashobora kwitega kuronka impera nini. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Se w’umugororotsi azogira akanyamuneza kenshi, n’ūvyaye umwana w’ubgenge azomunezererwa. So na nyoko ni banezerwe, nyoko yakuvyaye n’ahimbarwe”.—Imigani 23:24, 25.
Intoranwa iramba
Ku Bisirayeli ba kera, ivyo gutorana amatungo cari ikintu gihambaye cane (1 Abami 21:2-6). Ariko rero, Yehova yabakebuye ati: “Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse” (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7). Muri ubwo buryo nyene, abavyeyi bakirisu babwirwa bati: “[Abana banyu] mubarere, mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba”.—Abanyefeso 6:4.
Abavyeyi babona ibintu mu buryo bw’impwemu baratahura yuko kuronsa abo mu rugo rwabo ivyo bakeneye harimwo n’ukubaha inyigisho yo muri Bibiliya. Andreas, se w’abana batatu, avuga ati: “Igihe abana bize gukurikiza ingingo ngenderwako z’Imana mu buzima bwabo, bazoba bafise ivya ngombwa bizobafasha muri kazoza”. Bene iyo ntoranwa iranashimika ku vyo kubafasha kwunga ubucuti n’Umuremyi wabo kandi bakabutsimbataza.—1 Timoteyo 6:19.
Woba umaze kwiyumvira ivyo kuronderera umwana wawe kazoza ko mu vy’impwemu? Nk’ akarorero, abavyeyi bokora iki nimba umwana wabo ariko akurikirana ubusuku bw’igihe cose? Naho nyene umusuku w’igihe cose adakwiye gusaba ngo ahabwe vyanse bikunze amahera yo kumufasha canke ngo yitege kuyahabwa, abavyeyi b’abanyarukundo boshobora gufata ingingo yo ‘gusabikanya na we baravye ivyo akeneye’, kugira bamufashe kuguma mu murimo w’igihe cose (Abaroma 12:13, NW; 1 Samweli 2:18, 19; Ab’i Filipi 4:14-18). Agatima nk’ako k’ugushigikirana ntikobura guhimbara Yehova.
Ni igiki none abavyeyi bakwiye guha abana babo? Uretse kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’umubiri, abavyeyi bakirisu bakwiye kuraba yuko abana babo baronka intoranwa ihambaye yo mu buryo bw’impwemu izobagirira akamaro ibihe bidahera. Gutyo, amajambo ari muri Zaburi 37:18 azoheza aranguke, na yo akaba agira ati: “Uhoraho arazi imisi y’abatācumuye, umwandu wabo uzokwamah’ibihe vyose”.
[Amafoto ku rup. 26, 27]
Ni kazoza akahe wipfuriza abana bawe?