ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/10 rup. 3-7
  • Niwungukire ku gukurikira ingingo ngenderwako z’ivy’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwungukire ku gukurikira ingingo ngenderwako z’ivy’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu ingingo ngenderwako z’ivy’Imana ari kaminuza
  • Bibiliya iremesha ingingo ngenderwako ziruta izindi zose
  • Ingingo ngenderwako z’ivy’Imana zirazana impera
  • Ubwo koko biri n’akamaro?
  • Nukurikire ubutunzi buramba bwo mu vy’Imana
  • Imico runtu ngirakamaro vy’ukuri
    Be maso!—2013
  • Ubwo Amatungo Yoshobora Kukuzanira Ubuhirwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Kuzigamwa n’imico runtu idata igihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ugusagamba nyakuri mw’isi nshasha y’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/10 rup. 3-7

Niwungukire ku gukurikira ingingo ngenderwako z’ivy’Imana

“Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu”.—Umusiguzi 5:10.

GUKORA birenze urugero birashobora gutuma umuntu aja mu mukazo, umukazo na wo ugashobora gutuma agira ingorane z’amagara, rimwe na rimwe n’ugupfa umuntu agapfa. Mu bihugu vyinshi, imiryango iriko irasamburwa n’ukwahukana. Kenshi usanga ukurazwa ishinga cane n’amatungo ari vyo bikwega ayo makuba. Umuntu yatwawe n’ivyo kuronka itunga, aho kubumbwa n’ivyo afise, ashobora gusanga aguma ashaka ibindi, naho vyoba vyomugirira nabi gute. Igitabu kimwe abantu bifashisha kivuga giti: “Kurondera kubaho nk’uko naka abayeho ni ikintu gihurumbirwa na benshi, naho nyene amagara y’uwo naka yoba ageze aho umwansi ashaka”.

Ukuguma umuntu arondera kugira vyinshi gushobora gutuma atigera ahera ipfa, bikamutwara umunezero uwo ari wo wose yari gushobora kuronka. Hari ikintu gifise ububasha bwinshi gikunda gukorera ku bugoyagoye bwacu: ico na co ni uguhaya ibidandazwa! Ibiganiro bica kuri televiziyo no ku maradiyo biguma biduhimiriza kugura ibintu kumbure tudakeneye kandi mbere tutonashobora kwironsa. Ivyo vyose birashobora kutugirira nabi cane.

Ukwinezereza kutagira akarimbi kurashobora kutugirira nabi mu buryo tutoshoka tubibona, haba ku mubiri canke mu mutima. Nk’akarorero, wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Umutima utekereje ni bgo bugingo bg’umubiri” (Imigani 14:30). Igihushanye n’ivyo, ukwihata kurenze urugero, amaganya be n’imikazo iva ku kwirundaniriza ubutunzi birashobora kwonona amagara yacu bikongera bikadutwara agahimbare. Ubucuti na bwo nyene burahasigara igihe ubuzima bwacu bwiganziwe n’imigambi yo kuronka itunga. Kandi iyo umuryango w’umuntu be n’ubuzima bwiwe bwo mu kibano bibaye nabi, n’ubuzima bwiwe na bwo nyene buramera nabi muri rusangi.

Ukuntu ingingo ngenderwako z’ivy’Imana ari kaminuza

Haraciye ibinjana intumwa Paulo atanze iyi nkeburo: “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe” (Abaroma 12:2). Isi ikunda abagendera ku ngingo ngenderwako zayo (Yohana 15:19). Isi igerageza gukoresha ibintu biryohera amaso yacu, umubiri wacu, ururimi rwacu, ibitumotera be n’ibiryohera amatwi yacu kugira ngo itume tubaho duhahamira amaronko. Ishimika ku “vyifuzo vy’amaso” kugira ngo dukurikirane ivy’amaronko.—1 Yohana 2:15-17.

Mugabo hariho ibintu birengeye amahera, ukuba rurangiranwa be n’itunga. Haraheze ibinjana n’ibindi Umwami Salomo yirundanirije ubutunzi bwose isi ishobora gutanga. Yarubatse amazu akaba kandi yari afise ubusitani, imirima y’ivyamwa, abashumba, amasho, abagabo n’abagore bamuririmbira, be n’inzahabu n’ifeza bitoharurwa. Salomo yaragwije itunga ryiwe gushika aho riruta kure n’iyo iry’abamwitangiye imbere bose. Kuvuga ko yari umutunzi gusa ntivyoba bihagije. Salomo yari afise hafi ibintu vyose umuntu yoshobora kwipfuza. Yamara, igihe yitegereza ivyo yashitseko, yavuze ati: “Vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga”.—Umusiguzi 2:1-11.

Salomo akoresheje ubukerebutsi ntangere yari yarahawe, yaramenye yuko ugushira akanyota nyakuri kuva ku gukurikirana ingingo ngenderwako z’ivy’Imana. Yanditse ati: “Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese”.—Umusiguzi 12:13.

Ikiri n’agaciro kuruta inzahabu canke ifeza, ni ubutunzi dushobora gusanga mw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya (Imigani 16:16). Bibiliya irimwo ukuri kwimbitse kumeze nk’amabuye y’agaciro, ukwo kuri ukaba ushobora kukwubura. Woba uzorondera kandi ukimba kugira ukuronke (Imigani 2:1-6)? Umuremyi wacu, we Soko ry’ingingo ngenderwako nyazo, aguhimiriza kukurondera kandi azogufasha. Uti gute?

Yehova aratanga ukuri kw’agaciro abicishije kw’Ijambo ryiwe, ku mpwemu yiwe no kw’ishirahamwe ryiwe (Zaburi 1:1-3; Yesaya 48:17, 18; Matayo 24:45-47, NW; 1 Ab’i Korinto 2:10). Gusuzuma ukwo kuri kw’agaciro ntangere birakuronsa akaryo ko guhitamwo ukoresheje ubwenge uburyo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose kandi bumara akanyota kuruta ubundi bwose. Kandi ivyo ntibizokugora kubera yuko Umuremyi wacu Yehova azi ivyo dukeneye kugira duhimbarwe vy’ukuri.

Bibiliya iremesha ingingo ngenderwako ziruta izindi zose

Impanuro nziza dusanga muri Bibiliya ni ngirakamaro kandi nta co zogereranywa. Ingingo mfatirwako zigenga inyifato runtu Bibiliya ishira imbere ni ntangere. Impanuro itanga zama ari ngirakamaro. Ntizigeze zita igihe. Uturorero tw’impanuro nziza Bibiliya itanga ni nk’ugukora cane, kuba inziraburyarya, gukoresha amahera neza, no kwirinda ubunebwe.—Imigani 6:6-8; 20:23; 31:16.

Muri ico ciyumviro nyene, Yezu yavuze ati: “Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba. Ariko mwirundanirize ubutunzi mw ijuru, ah’inyenzi n’ingese bitabumara, hatariyo n’ibisuma vyimba ngo vyibe”.—Matayo 6:19, 20.

Iyo nkeburo ihuje n’igihe irakora n’ubu nk’uko yakora mu myaka 2.000 iheze. Aho kugwa mu mutego wo kurondera itunga, turashobora muri iki gihe kugira ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose. Ikintu nyamukuru codufasha kugira ubwo buzima ni ukwirundaniriza ubutunzi bwo mu vy’Imana, na bwo bukaba bujana mu buzima burimwo umunezero nyakuri bukazonatuma dushira akanyota vy’ukuri. None twobwirundaniriza gute? Twobwirundaniriza mu gusoma Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya, no mu gushira mu ngiro ivyo ritwigisha.

Ingingo ngenderwako z’ivy’Imana zirazana impera

Ingingo ngenderwako z’ivy’Imana iyo zikurikijwe neza ziratugirira akamaro ku mubiri no mu mutima. Nka kurya nyene igisenge ca ozone kiri kure hejuru y’isi kidukingira imishwarara mibi y’izuba, ni ko ingingo ngenderwako nziza zigenga inyifato runtu zidukingira mu gushira ku mugaragaro inkurikizi mbi ziva ku guhahamira amaronko. Intumwa Paulo akaba n’umukirisu yanditse ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi”.—1 Timoteyo 6:9, 10.

Ugukunda itunga kurakwegakwegera abantu mu vyo kurondera ubutunzi bwinshi, igiti gikomeye be n’ububasha. Kenshi na kenshi, abantu barakoresha uburyo burimwo urwenge n’ubugunge kugira bashike kuri iyo migambi. Ukuguma umuntu arondera amatungo birashobora kumutwara umwanya, inguvu be n’ubwenge. Vyoshobora mbere no kubuza umuntu agatiro karyoshe ko mw’ijoro (Umusiguzi 5:12). Ukuguma umuntu arondera ibintu vy’umubiri vyinshi nta gukeka birabuza gutera imbere mu vy’Imana. Wa muntu ahambaye kuruta ababayeho bose ari we Yezu Kirisitu, yarerekanye neza inzira nziza kuruta iyo ari yo. Yavuze ati: “Hahirwa abazi ko bakeneye ivy’impwemu” (Matayo 5:3, NW). Yari azi yuko itunga ryo mu vy’Imana rishikana ku vyiza vyamaho be n’uko ata ho risa risana n’inyungu zo mu vy’umubiri zimara igihe gito.—Luka 12:13-31.

Ubwo koko biri n’akamaro?

“Abavyeyi banje nta ko batagize kugira banyemeze yuko ingingo ngenderwako zo mu vy’Imana ata co zimaze”. Ivyo bivugwa n’uwitwa Greg. Abandanya ati: “Yamara narironkeye amahoro yo mu mutima atagira uko angana biciye ku gukurikirana imigambi yo mu vy’Imana kubera yuko ntateshwa umutwe n’ukwiruka inyuma y’itunga”.

Ingingo ngenderwako zo mu vy’Imana ziratuma kandi umuntu arushiriza kugiranira imigenderanire myiza n’abandi. Abagenzi nyakuri bagukunda kubera kamere ufise ntibagukunda kubera ivyo utunze. Bibiliya ihanura iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge” (Imigani 13:20). Ikindi kandi, umuryango uroraniwe wubakiye ku bukerebutsi no ku rukundo, ntiwubakiye ku matungo.—Abanyefeso 5:22–6:4.

Ntituvuka tuzi ingingo ngenderwako zigenga ibiri n’agaciro vy’ukuri. Dutegerezwa kuzigira ku runganwe rwacu canke kw’isoko riruta ayandi yose. Ni co gituma inyigisho ishingiye kuri Bibiliya ishobora guhindura rwose ukuntu tubona amatungo. Uwitwa Don yahoze akora mu vy’amabanki avuga ati: “Narafashijwe gusubira kurimbura ingingo ngenderwako nisunga kandi narize kubumbwa n’ivya nkenerwa mu buzima”.

Nukurikire ubutunzi buramba bwo mu vy’Imana

Ingingo ngenderwako zo mu vy’Imana zishimika ku vyiza vy’igihe kirekire, ntizishimika ku bihimbaro vy’igihe gito. Paulo yanditse ati: “Ibiboneka [ivy’umubiri ni] ivy’igihe gito, arikw ibitaboneka [ivy’impwemu ni] ivy’ibihe bidashira” (2 Ab’i Korinto 4:18). Ni ivy’ukuri yuko ugukurikira amaronko bishobora kuronsa umuntu umunezero w’akanya gato, ariko umwina nta ho uzoshikana umuntu. Ingingo ngenderwako zo mu vy’Imana zozo zamaho.—Imigani 11:4; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10.

Bibiliya iriyamiriza agatima ko guhahamira amaronko keze muri iki gihe. Iratwigisha ingene twokwirinda kunohokera ibintu mu kuguma turemuruye ijisho ryacu, tukarishingira ku bintu bihambaye kuruta ibindi, na vyo bikaba ari ubutunzi bwo mu vy’Imana (Ab’i Filipi 1:10). Bibiliya irerekana neza umwina ico ari co, yuko ari ugusenga ibigirwamana. Uko dushira mu ngiro ivyo twiga mw’Ijambo ry’Imana, turaronka umunezero mwinshi kuruta. Ntituba tuciyumvira cane ivyo guhabwa, ahubwo dusigara twiyumvira ivyo gutanga. Ese ukuntu iyo ari imvo ikomeye yotuvyurira umutima wo gufata ivyo kwinezereza tukabisubiriza ingingo ngenderwako zo mu vy’Imana!

Ni ivy’ukuri yuko ku rugero runaka amahera yoshobora kutubera ubwugamo canke inkinzo (Umusiguzi 7:12). Ariko Bibiliya ivuga idacisha ku ruhande iti: “Amahera yawe urashobora kubura aho aciye, nk’aho yoba yameze amababa maze akagaruka nka kurya kw’inkukuma” (Imigani 23:5, Today’s English Verson). Abantu baremeye guheba ibintu bihambaye nk’akarorero amagara, imiryango, mbere n’ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi, kugira bironkere amaronko, ivyo bikaba vyarabakwegeye akarambaraye. Ku rundi ruhande, iyo turi abantu bitwararika ivy’Imana, bituma turonka ibintu dukeneye bihambaye kuruta ibindi, na vyo bikaba ari ugukundwa, kugira intumbero mu buzima be n’ugusenga ya Mana y’urukundo Yehova. Biratwerekeza kandi mu nzira ijana mu buzima budahera butagira agasembwa bwo mw’isi izoba yabaye iparadizo, ico kikaba ari icizigiro Imana iduha.

Ubu bwa vuba, icipfuzo abantu bafise co gusagamba kigiye kuranguka mw’isi nshasha y’Imana (Zaburi 145:16). Ico gihe isi yose izoba ‘yuzuye ukumenya Uhoraho’ (Yesaya 11:9). Ingingo ngenderwako zo mu vy’Imana zizosasagara. Uguhahamira amaronko be n’inkurikizi zakwo zibabaje bizoba vyaranduranywe n’imizi (2 Petero 3:13). Maze ibintu bituma ubuzima buba uburyoshe cane kuruta, ni ukuvuga amagara atagira agahonzi, igikorwa kimara akanyota, ukwisamaza kwiza, ubucuti bwo mu muryango burangwa igishika be n’ukugiranira n’Imana ubucuti buramba, bizozanira abantu agahimbare nyakuri ibihe bidahera.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 6]

Nukoreshe amahera yawe neza!

Numenye ivyo ukeneye. Yezu yatwigishije gusenga ngo: “Imisi yose uduhe ivyo kurya vyayo” (Luka 11:3, ni twe dushimitse.). Ntureke ngo ivyo ushaka uyu musi bicike ivyo uzoba ukeneye ejo. Uribuka yuko ubuzima bwawe butava mu vyo utunze.—Luka 12:16-21.

Nutegekanye amahera uzokoresha. Ntugure ikintu ngo ni uko ukibonye. Bibiliya ivuga iti: “Ivyiyumviro [canke, “imigambi”, NW] vy’umunyamwete bizana ubukenuke gusa, arik’umuntu wese ahutagiza bimuzanira ubukene” (Imigani 21:5). Yezu yahanuye abamwumviriza kurimbura igiciro imbere yo kurangura umugambi uwo ari wo wose usaba amahera.—Luka 14:28-30.

Niwirinde kuja mw’ideni bidakenewe. Igihe cose bishobotse, nubike amahera yo kugura ibintu, aho gufata amadeni. Igitabu c’Imigani kibivuga muri ubu buryo giti: “Uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye” (Imigani 22:7). Wigumije kandi akabumbwa n’amahera ufise, wosanga vyonagushobokera kugura ibintu bisaba menshi.

Niwirinde gusesagura. Nutume ivyo usanzwe ufise birushiriza kuramba mu kubibungabunga neza, gutyo ube ugabanije gusesagura. Yezu yarerekanye ko yubahiriza ivyo guhangira mu bintu yakoresheje.—Yohana 6:10-13.

Nugumize imbere ibikwiye kuja imbere. Umuntu w’inkerebutsi ‘aricungurira umwanya’ wo gukurikirana amahangiro ahambaye kuruta ayandi.—Abanyefeso 5:15, 16, NW.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]

Hariho uburyo bwiza bwo kwiga buruta kwigira ku bishika mu buzima

Ibidushikira mu buzima, vyaba ari vyiza canke ari bibi, birashobora kutwigisha ivyigwa vy’ingirakamaro. Mugabo none, vyoba ari ivy’ukuri yuko ibishika mu buzima ari bwo buryo bwiza bwo kwiga buruta ubundi, nk’uko benshi babivuga? Ashwi da! Hariho isoko ntangere ry’ubuyobozi. Umwanditsi wa Zaburi yarerekanye iryo soko igihe yasenga avuga ati: “Ijambo ryawe n’itara rimurikira ibirenge vyanje, n’umuco umurikira mu nzira yanje”.—Zaburi 119:105, ni twe dushimitse.

Ni kubera iki kwigira ku nyigisho iva ku Mana biruta kure n’iyo kwigira ku bidushikira mu buzima? Impamvu imwe ni uko kwigira gusa ku bishika mu buzima, ni ukuvuga kugerageza iki twongera tugerageza kiriya hakajamwo n’ukwihenda, bishobora kudutwara vyinshi kandi bikaturuhisha. Ikindi kandi, ntibinakenewe. Imana yabwiye ihanga rya kera ry’Abisirayeli iti: “Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga”.—Yesaya 48:18.

Imvo imwe ituma Ijambo ry’Imana riba isoko ry’inyigisho riruta ayandi ni uko ririmwo inkuru ya kera kuruta izindi zose kandi itagiramwo amahinyu kuruta izindi zose ivuga ivyashikiye abantu. Kumbure uratahura yuko kwigira ku bintu vyiza abandi bashitseko no ku makosa bakoze utiriwe uracumukura ari vyo wohitamwo kuruta gusubiramwo amakosa bakoze (1 Ab’i Korinto 10:6-11). Igihambaye kuruta, muri Bibiliya Imana iraduha amabwirizwa meza utoraba n’ingingo ngenderwako zituyobora vyizigirwa kuruta ibindi vyose. “Ivyagezwe vy’Uhoraho biratunganye rwose . . . ivyo Uhoraho yashingiye intahe n’ivyo kwizerwa, biha umutungu ubgenge” (Zaburi 19:7, ni twe dushimitse.). Emwe, kwigira ku bukerebutsi bw’Umuremyi wacu munyarukundo ni bwo buryo bwiza bwo kwiga buruta ubundi bwose.

[Amafoto ku rup. 4]

Isi igomba ko ubaho uhahamira amaronko nk’uko na yo ibayeho

[Ifoto ku rup. 5]

Ikiri n’agaciro kuruta inzahabu canke ifeza, ni ubutunzi dusanga muri Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika