ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/10 rup. 25-28
  • Bamye ari intahemuka kandi bashikamye gushika n’ubu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bamye ari intahemuka kandi bashikamye gushika n’ubu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Imbuto za mbere z’ukuri kwa Bibiliya
  • Ukwizera kwabo kugeragezwa
  • Bagumye ari intahemuka kandi bashikamye
  • Haza iyaruka rishasha
  • Vyahavuye bigenda gute?
  • Yehova yagumanye na bo
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/10 rup. 25-28

Bamye ari intahemuka kandi bashikamye gushika n’ubu

Mu Bumanuko bwa Polonye, hafi y’urubibe ico gihugu gihana na Slovaquie na Repubulika y’Abaceke, hariho agasagara gatoyi kitwa Wisła. Naho ushobora kuba utarigera wumva ivyerekeye Wisła, ako gasagara gafise kahise katobura gushimisha abakirisu b’ukuri. Ni kahise karangwa n’ukutadohoka be n’ishaka ku bw’ugusenga Yehova. Uti gute?

AGASAGARA Wisła kari mu karere ko mu misozi gateye igomwe, kandi muri iyo misozi uhitegereje wohora uraraba. Hari imigezi itemba inyaruka be n’inzuzi zibiri vyisuka mu Ruzi Vistula, na rwo rugaca runyororomba hagati y’imisozi be n’ibiyaya vyuzuyeko ibiti. Abantu baho b’umutima mwiza be n’ikirere caho kimeze ukwaco bituma agasagara ka Wisła kaba ahantu abantu bakunda kuja kwivuriza, ahantu benshi bakunda kuruhukira mu ci, hakaba n’ahantu abantu bakunda gutemberera mu gihe c’urushana.

Bisa n’uko abantu ba mbere batanguye kuba aho hantu mu myaka ya 1590. Harashinzwe uruganda rwo gusatura imbaho kandi bidatevye abantu baciye batangura kugerera ku misozi itariko ibiti, bakorora intama n’inka bakongera bakarima. Mugabo abo bantu baciye bugufi bagiye babona ibintu bibahindukirako bukwi na bukwi mu vy’idini. Nk’uko umuhinga Andrzej Otczyk abivuga, ako karere karakozweko bimwe bikomeye n’amahinduka yo mu vy’idini yagizwe na Martin Luther, bica bituma idini ry’Abaluteri ricika “idini rya leta guhera mu 1545”. Yamara rero, ya Ntambara y’imyaka mirongo itatu hamwe n’ivyo kurwanya ayo mahinduka yo mu vy’idini vyakurikiye, vyatumye ibintu bihinduka bimwe bikomeye. Otczyk abandanya avuga ati: “Mu 1654 abaporotisanti baratswe insengero zabo zose, barabuzwa gusenga, barakwa Amabibiliya be n’ibindi bitabu vy’idini”. Mugabo abanyagihugu baho benshi bagumye ari abaluteri.

Imbuto za mbere z’ukuri kwa Bibiliya

Igishimishije, hariho ihinduka rihambaye mu vy’idini ryari rigiye kuba. Mu 1928 ni ho imbuto za mbere na mbere z’ukuri kwa Bibiliya zaterwa n’abatohoji ba Bibiliya babiri b’abanyamwete, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Mu mwaka wakurikiye, uwitwa Jan Gomola yarashitse i Wisła, aza afise icuma kirekura amajwi (phonographe), akaba ari co yakoresha mu kuvuza insiguro zishingiye kuri Bibiliya. Avuye ngaho yaciye aja mu kiyaya kiri hafi yaho, aho yahuriye n’umuntu amutega yompi, uwo na we akaba yari Andrzej Raszka, umugabo mugufi, w’ikigigira yaba mu misozi. Raszka ubwo nyene yaciye afata Bibiliya yiwe kugira arabe yuko ivyariko bivugwa mu nsiguro zo muri ico cuma vyari ivy’ukuri. Yaciye yikugura ati: “Muvukanyi, ngiye natora ukuri aho kuri! Narondeye inyishu kuva nkirwana mu Ntambara ya mbere y’isi yose!”.

N’umunezero utagira uko ungana, Raszka yaciye ajana Gomola kumwereka abagenzi biwe ari bo Jerzy na Andrzej Pilch, na bo bakaba barakirije yompi ubutumwa bw’Ubwami. Uwitwa Andrzej Tyrna, akaba yari yamenyeye ukuri kwa Bibiliya mu Bufaransa, yarafashije abo bagabo kwongereza ubumenyi bwabo bwerekeye ubutumwa bw’Imana. Erega ntibatevye kubatizwa! Kugira ngo abavukanyi bo mu bisagara bibanyi bashigikire uwo mugwi mutoyi w’abatohoji ba Bibiliya wari i Wisła, baciye babagendera hagati mu myaka ya 1930. Ntiworaba ivyiza vyavuyemwo!

Abashasha bashimishwa baguma bisukira. Imiryango yaho yari mw’idini ry’abaluteri yari imenyereye kwisomera Bibiliya i muhira iwabo. Igihe rero babona ibimenyamenya bijijura vyo mu Vyanditswe ku bijanye n’inyigisho y’umuriro udahera be n’Ubutatu, benshi barashoboye gutandukanya ukuri n’ikinyoma. Imiryango myinshi yahisemwo kuvavanura n’inyigisho z’ikinyoma zo mu madini. Uko ni ko ishengero ry’i Wisła ryongerekanye, maze gushika mu 1939 ryari rigizwe n’abantu bashika 140. Ariko rero icogutangaza, abakuze benshi bo muri iryo shengero ntibari bwabatizwe. Uwitwa Helena, akaba ari umwe muri ivyo Vyabona baho ba mbere, avuga ati: “Ivyo ntivyasigura yuko abo bamamaji batari bwabatizwe batashobora guhagarara bashikamye ku ruhande rwa Yehova”. Yongerako ati: “Mu bigeragezo vy’ukwizera bahanganye budakeye na kabiri, barerekanye ko ari intadohoka”.

Tuvuge iki ku bana? Barabonye ko abavyeyi babo bari bubuye ukuri. Uwitwa Franciszek Branc yigana ati: “Igihe dawe yabona ko yari yubuye ukuri, yaciye atangura kukutwigisha twe na mukuru wanje. Jewe nari mfise imyaka umunani, mukuru wanje na we yari afise cumi. Dawe yaratubaza utubazo tworoshe, nk’utu: ‘Imana ni iyihe, kandi yitwa nde? Yezu Kirisitu mumuziko iki?’. Twategerezwa kwandika inyishu dutanga kandi tukazishigikiza imirongo ya muri Bibiliya”. Hari ikindi Cabona avuga ati: “Kubera yuko abavyeyi banje bari bakirije yompi ubutumwa bw’Ubwami maze bakava mw’idini ry’abaluteri mu 1940, kw’ishure barangwanije bongera barankubita. Ndakengurukira abavyeyi banje kubona baranyinjijemwo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Vyaramfashije kurusimba muri ivyo bihe bitari vyoroshe”.

Ukwizera kwabo kugeragezwa

Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yatangura maze Abanazi bakigarurira ako karere, bari biyemeje guhonya Ivyabona vya Yehova. Ubwa mbere, abakuze na canecane abagabo, baremeshwa gusinya urwandiko ruvuga ko bemeye kuba Abadagi kugira baterwe uduteka tunaka. Ivyabona vya Yehova baranse gushigikira Abanazi. Abavukanyi benshi be n’abandi bashimishijwe bari bafise imyaka yo kuja mu gisoda bari bahanganye n’ihitamwo ritoroshe: Kuja mu gisoda canke bakaguma ata ho bahengamiye na gato mugabo bakaronka igihano ruhasha. Andrzej Szalbot, uwafashwe na ca gipolisi c’Abanazi (Gestapo) mu 1943, asigura ati: “Kwanka kuja mu gisoda vyasigura gutwarwa mw’ikambi y’itunatuniro, akenshi ikaba yari ikambi y’i Auschwitz”. Abandanya ati: “Sinari bwabatizwe mugabo nari nzi amajambo ahumuriza Yezu yavuze ari muri Matayo 10:28, 29. Nari nzi yuko ndamutse mpfuye mporwa ko nizeye Yehova, Yehova yoshoboye kunsubiza muzima”.

Mu ntango z’umwaka wa 1942, Abanazi barafashe abavukanyi 17 b’i Wisła. Mu mezi atarenga atatu, 15 muri bo barapfiriye [mw’ikambi] y’i Auschwitz. None ivyo vyagize ico bikoze gute ku Vyabona bari basigaye i Wisła? Aho gutuma baheba ukwizera kwabo, vyabaremesheje kwumira kuri Yehova batadohoka! Mu mezi atandatu yakurikiye, igitigiri c’abamamaji b’i Wisła cigwije na kabiri. Budakeye na kabiri abandi bavukanyi barafashwe. Abavukanyi, abashimishijwe, be n’abana bagiriwe nabi n’ingabo zikomeye za Hitler barashika kuri 83. Mirongo itanu na batatu muri bo bajanywe mu makambi y’itunatuniro (benshi bajanywe i Auschwitz) canke mu makambi y’ibikorwa vy’umuruho aho bacukura ubutare be n’aho bimba amabuye muri Polonye, mu Budagi no muri Boheme.

Bagumye ari intahemuka kandi bashikamye

Mw’ikambi y’i Auschwitz, Abanazi baragerageje guhendahenda Ivyabona babizigiza ko boca baronka umwidegemvyo. Umunyezamu wo muri ca gipolisi c’Abanazi ari co SS yabwiye umuvukanyi umwe ati: “Wopfa gusinya gusa urukaratasi ruvuga ko uhevye abatohoji ba Bibiliya, duca tukurekura witahire”. Ivyo bama babimusavye, yamara uwo muvukanyi yaranse guheba Yehova. Ivyo vyatumye uwo muvukanyi akubitwa, atyekezwa, yongera akoreshwa ibikorwa vy’umuruho i Auschwitz n’i Mittelbau-Dora mu Budagi. Buca uwo muvukanyi arekurwa, yarahatswe guhitanwa n’ibibombe vyatewe kw’ikambi yari apfungiwemwo.

Uwitwa Paweł Szalbot, akaba ari Icabona aheruka gupfa, igihe kimwe yiganye ati: “Mu gihe c’ugusambishwa, ca gipolisi c’Abanazi (Gestapo) carambaza incuro n’izindi igituma nanse kwinjira mu gisoda c’Ubudagi no gushemagiza Hitler”. Paweł amaze gusigura imvo zishingiye kuri Bibiliya zituma abakirisu batagira aho bahengamiye, yaciye ahabwa igihano co kuja gukora mw’ihinguriro ry’ibirwanisho. “Nawe uca wumva ko ijwi ryanje ryo mu mutima ritari kunyemerera gukora ico gikorwa! Baciye rero bandungika gukorera aho bacukura ubutare”. Ariko nticabujije ko aguma ari umwizerwa.

Abatari bapfunzwe, ni ukuvuga abagore be n’abana, bararungikira ibifungurwa abari bapfungiwe i Auschwitz. Umuvukanyi umwe yari akiri muto ico gihe, avuga ati: “Mu ci twaramura inkere mw’ishamba tugaheza tukazikaba ingano”. Yongerako ati: “Abavukanyikazi barotsa udukate dutoduto maze bakatujobeka mu mavuta. Twaca turungikira izindi mbohe dusangiye ukwizera udukate dukeduke”.

Ivyabona bakuze b’i Wisła bajanywe mu makambi y’itunatuniro no mu bikorwa vy’umuruho bose hamwe bari 53. Mirongwitatu n’umunani muri bo barapfuye.

Haza iyaruka rishasha

Abana b’Ivyabona vya Yehova na bo nyene baracumukujwe n’ingingo z’agacinyizo z’Abanazi. Bamwe barajanywe mu makambi y’igihe gito y’i Boheme bari kumwe na ba nyina. Abandi na bo barakwa abavyeyi babo bakajanwa muri rya kambi ry’ubuyobe ryapfungirwamwo abana ry’i Lodz.

Batatu muri abo bana bibuka ibi: “Cumi muri twebwe ni bo Abadagi babanje gutwara i Lodz, tukaba twari dufise imyaka iri hagati y’itanu n’icenda. Twararemeshanya mu gusenga no mu kuyaga ku biganiro bishingiye kuri Bibiliya. Ntivyari vyoroshe kwihangana”. Mu 1945 abo bana bose barasubiye i muhira. Bari bazima mugabo bari basigaye ku magufa gusa kandi barahahamutse. Ariko nta na kimwe cashoboye gusenyura ukutadohoka kwabo.

Vyahavuye bigenda gute?

Igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yari hafi guhera, Ivyabona b’i Wisła bari bagikomeye mu kwizera kandi biteguriye gusubira ku gikorwa cabo co kwamamaza n’umwete kandi ata kibahagarika. Imigwi y’abavukanyi yaragendera abantu baba nko ku bilometero 40 uvuye i Wisła, ikagenda iramamaza yongera ishikiriza abantu ibitabu bishingiye kuri Bibiliya. “Ata n’igihe kinini kihaciye, mu gisagara iwacu hari hasigaye hari amashengero atatu akorana umwete”. Uko ni ko uwitwa Jan Krzok avuga. Ariko rero, uwo mwidegemvyo wo mu vy’ugusenga ntiwamaze kabiri.

Intwaro ya gikomunisita, iyasubiriye Abanazi, yarabujije igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri Polonye mu 1950. Ku bw’ivyo, abavukanyi baho bategerezwa kurondera ingene bavyifatamwo mu busuku bwabo. Rimwe na rimwe baragendera abantu mu mihana iwabo, bakitwaza ko baje kugura ibitungwa canke ibifungurwa vy’intete. Amakoraniro ya gikirisu kenshi yagirwa mw’ijoro mu migwi mitomito. Naho vyari bimeze gutyo, abajejwe umutekano barashoboye gufata abasavyi ba Yehova batari bake, babagiriza ngo bakorana n’ibiro bisuma urusaku vyo mu mahanga, ico kikaba cari ikirego kitagira ishingiro na ritoyi. Intwazangabo zimwezimwe zarashinyaguriye Paweł Pilch zimutera ubwoba ziti: “Hitler yarananiwe gusenyura ukutadohoka kwanyu, ariko tweho tuzogusenyura”. Yamara umuvukanyi Pilch yagumye ari umwizerwa kuri Yehova, apfungwa imyaka itanu. Igihe Ivyabona bakeyi bakiri bato banka gusinya ku rwandiko rw’ivya politike rw’Abasosiyaliste, baciye birukanwa mw’ishure canke ku kazi.

Yehova yagumanye na bo

Umwaka wa 1989 wazanye ihinduka mu vya politike, maze Ivyabona vya Yehova baremerwa n’amategeko muri Polonye. Abasavyi ba Yehova bashikamye b’i Wisła barakoranye umwete igikorwa cabo, nk’uko vyerekanwa n’igitigiri c’abatsimvyi, ari bo basuku b’igihe cose. Abavukanyi n’abavukanyikazi bashika 100 bo muri ako karere barakoze umurimo w’ubutsimvyi. Ntibitangaje rero kubona ako gasagara kataziriwe ngo ni ihinguriro ry’abatsimvyi.

Ku vyerekeye ukuntu Imana yashigikiye abasavyi bayo bo muri kahise, Bibiliya ivuga iti: “Iyaba Uhoraho atari we yari mu ruhande rwacu, hamwe abantu bādukūrira hasi, baba baratuyongobeje tukibona” (Zaburi 124:2, 3). Muri iki gihe, naho agatima k’ukutanegwa ibintu be n’ubuhumbu bwo muri iyi si vyiraye mu bantu benshi, abasavyi ba Yehova b’i Wisła barihata kugira bagume batadohoka kandi baraharonkera ivyiza vyinshi. Amayaruka y’Ivyabona bo muri ako karere yagiye arakurakuranwa arashobora kwemeza neza ukuri kw’aya majambo y’intumwa Paulo agira ati: “Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?”.—Abaroma 8:31.

[Ifoto ku rup. 26]

Emilia Krzok yajanywe mw’ikambi y’igihe gito i Boheme ari kumwe n’abana biwe, ari bo Helena, Emilia na Jan

[Ifoto ku rup. 26]

Igihe Paweł Szalbot yanka kuja mu gisoda yaciye arungikwa gukora aho bimba ubutare

[Ifoto ku rup. 27]

Igihe abavukanyi bajanwa mw’ikambi y’i Auschwitz, n’ugupfa bagapfirayo, igikorwa nticaretse kwongerekana i Wisła

[Ifoto ku rup. 28]

Paweł Pilch na Jan Polok barajanywe mw’ikambi y’i Lodz yapfungirwamwo abana

[Abo dukesha ifoto ku rup. 25]

Inkere n’amashurwe: © R.M. Kosinscy / www.kosinscy.pl

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika