Ni nde ‘Mana y’ukuri n’ubuzima budashira’?
YEHOVA, Se w’Umukama wacu Yezu Kirisitu, ni we Mana y’ukuri. Ni we Muremyi, umwe aha ubuzima budahera abamukunda. Ukwo ni ko abantu benshi basoma Bibiliya kandi bayemera bokwishura ico kibazo kiri aho hejuru mu mutwe w’iki kiganiro. Kukaba nkako, Yezu ubwiwe yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo”.—Yohana 17:3, ni twe dushimitse.
Yamara, benshi mu baja mu misa ayo majambo bayaha iyindi nsiguro. Ayo majambo yo mu mutwe w’iki kiganiro avuye muri 1 Yohana 5:20, agace kayo kakaba kavuga gati: ‘Turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yezu Kirisitu. Iyo ni yo Mana y’ukuri, n’ubuzima budashira’.
Abemera inyigisho y’Ubutatu bavuga yuko ngo insigarirazina rugena “iyo” (houʹtos) yerekeza kw’izina rihejeje kuvugwa ari ryo Yezu Kirisitu. Bemeza yuko Yezu ari we ‘Mana y’ukuri n’ubuzima budashira’. Ariko rero, iyo nsobanuro irateye kubiri n’ibindi bivugwa mu Vyanditswe. Vyongeye, incabwenge nyinshi zubahwa ntizemera ico ciyumviro c’Ubutatu. Incabwenge yitwa B. F. Westcott yo kuri Kaminuza y’i Cambridge yanditse iti: “Ivyumvikana cane ni uko [iyo nsigarirazina houʹtos] yerekeza kw’izina rica riyikurikira, si kw’izina riza imbere yayo ahubwo riho ni kw’izina iyo ntumwa yabona ko ari ryo rikuru”. Ku bw’ivyo, intumwa Yohani yari afise mu muzirikanyi Se wa Yezu. Umunyatewolojiya w’Umudagi yitwa Erich Haupt yanditse ati: “Umuntu ategerezwa kuraba niba ‘iyo’ [houʹtos] yo mu ciyumviro gikurikira yerekeza kw’izina rihejeje kuvugwa . . . canke kw’izina ryari ryamaze kuvugwa, ari ryo Imana. . . . Ivy’uko uwo murongo wemeza ko hari Imana imwe nsa y’ukuri bisa n’ibihuza cane n’amajambo asozera agabisha [abakirisu] kwirinda ibigirwamana, kuruta ivy’uko woba ugaragaza ko Kirisitu ari Imana”.
Mbere n’igitabu Umwihwezo ujanye n’indimburo w’Isezerano Rishasha ryo mu kigiriki (mu congereza) casohowe n’Ishirahamwe ry’ivya Bibiliya ry’i Roma kivuga giti: “[Houʹtos]: nka ryo jambo rikomeye mu [mirongo] ya 18-20, iyo nsigarirazina itegerezwa kuba yerekeza neza na neza ku Mana ibaho koko, imwe y’ukuri, imwe ihushanye n’ubupagani (Umurongo wa 21)”.
Akenshi, akajambo houʹtos, agahindurwa mu bisanzwe ngo “iyo” canke “uyo”, ntikerekeza kw’izina riba rihejeje kuvugwa mu ryungane. Ibindi vyanditswe birerekana ico ciyumviro. Muri 2 Yohana 7, iyo ntumwa nyene, akaba ari na yo yanditse ikete rya mbere, yanditse ati: “Abayobeza benshi ba[ra]serutse [baja] mw isi, batemera ko Yesu Kristo yaje afise umubiri. Ūmeze artyo [canke, “uyo”, NW] [houʹtos], ni we ayobeza, kandi ni we Antikristo”. Ngaha, iyo nsigarirazina ntishobora kwerekeza ku wuhejeje kuvugwa, ni ukuvuga Yezu. Biribonekeza ko “uyo” yerekeza ku bantu batĕmera Yezu. Bafatiwe hamwe, ni bo bagize ‘uwuyobeza be na antikristo’.
Intumwa Yohani yanditse mu Njili yiwe ati: ‘Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, yari umwe muri abo babiri bumvise Yohana bagakurikira Yezu. Uyo [houʹtos] abanza kurondera mwene nyina Simoni’ (Yohana 1:40, 41). Biribonekeza yuko “uyo” iterekeza ku muntu ahejeje kuvugwa, ariko yerekeza kuri Andereya. Muri 1 Yohana 2:22, intumwa Yohani akoresha iyo nsigarirazina nyene mu buryo busa n’ubwo nyene.
Ukwo ni ko na Luka akoresha iyo nsigarirazina, nk’uko bibonekera mu Vyakozwe 4:10, 11, ahavuga hati: “Mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge [“mwamanitse”, NW], Imana ikamuzura mu bapfuye, [ni] ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye. Uwo [houʹtosʹ] ni we buye mwebge abubatsi mwātītūye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka” (Ni twe dushimitse.). Biribonekeza ko insigarirazina “uwo” iterekeza kuri nyene gukizwa, naho ari we avugwa buno nyene imbere y’insigarirazina houʹtos. Nta nkeka ko “uwo” iri mu murongo wa 11 yerekeza kuri Yezu Kirisitu Umunyanazareti, we “[buye] rigumya imfuruka” ishengero rya gikirisu ryubatsweko.—Abanyefeso 2:20; 1 Petero 2:4-8.
Mu Vyakozwe 7:18, 19, na ho nyene harerekana ico ciyumviro. Hagira hati: ‘Uwundi mwami arima muri Egiputa atigeze kumenya ivya Yosefu. Uwo [houʹtos] agirira ubugunge ubwoko bgacu’. “Uwo”, ari na we yahahaza Abayuda si Yozefu, ahubwo ni Farawo umwami wa Misiri.
Iyo mirongo iremeza ivyavuzwe n’incabwenge y’Umugiriki Daniel Wallace, uwuvuga yuko ku nsigarirazina rugena zo mu kigiriki, “ikiba giherukiweko imbere y’iryo jambo gishobora kuba atari co umwanditsi aba yari afise mu muzirikanyi”.
‘Iy’ukuri’
Nk’uko intumwa Yohani yavyanditse, ‘iy’ukuri’ ni Yehova, Se wa Yezu Kirisitu. Ni we Mana yonyene y’ukuri, Rurema. Intumwa Paulo yiyemereye icese ati: “Ariko kuri twebge har’Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose” (1 Ab’i Korinto 8:6; Yesaya 42:8). Iyindi mvo ituma Yehova aba ‘iy’ukuri’ ivugwa muri 1 Yohana 5:20, ni uko ari we ukuri gukomokako. Umwanditsi wa Zaburi yise Yehova ‘Imana y’ukuri’ kubera yuko ari umwizigirwa mu vyo akora vyose kandi akaba adashobora kubesha (Zaburi 31:5; Kuvayo 34:6; Tito 1:2). Mu kwerekeza kuri Se wiwe wo mw’ijuru, Yezu yavuze ati: “Ijambo ryawe ni ryo kuri”. Vyongeye, ku bijanye n’ivyo yigisha, Yezu yavuze ati: “Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’uwantumye”.—Yohana 7:16; 17:17.
Yehova kandi ni ‘ubuzima budashira’. Ni we Sôko ry’ubuzima, umwe abutanga bwa ngabirano tutabereye, biciye kuri Kirisitu (Zaburi 36:9; Abaroma 6:23). Biri n’ico bivuze kuba intumwa Paulo yavuze yuko Imana ari yo ‘iha impera abayirondera’ (Abaheburayo 11:6). Imana yarahaye impera Umwana wayo mu kumuzura mu bapfuye, kandi Se wiwe azoha impera y’ubuzima budahera abamukorera n’umutima wabo wose.—Ivyakozwe 26:23; 2 Ab’i Korinto 1:9.
None, dukwiye gushika ku kihe ciyumviro? Ku ciyumviro c’uko ata wundi ari ‘Imana y’ukuri n’ubuzima budashira’ atari Yehova wenyene. Ni we wenyene akwiye ko abo yaremye bamusenga ata wundi bamubangikanije.—Ivyahishuriwe 4:11.