Ikibereye n’ikitabereye—Wobimenya gute?
NI NDE afise uburenganzira bwo gushinga ingingo mfatirwako zerekeye ikibereye n’ikitabereye? Ico kibazo cavyutse kuva mu ntango y’ukubaho kw’abantu. Nk’uko igitabu ca Bibiliya c’Itanguriro kibivuga, Imana yahisemwo igiti kimwe cari mw’itongo ry’i Edeni ngo kibe “igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi” (Itanguriro 2:9). Imana yategetse umugabo n’umugore ba mbere kutarya ivyamwa vyo kuri ico giti. Ariko rero, umwansi w’Imana ari we Shetani wa Mucokoranyi, yavuze yuko baramutse bariye kuri ico giti, amaso yabo ‘yokwihweje’ “[ba]kamera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi”.—Itanguriro 2:16, 17; 3:1,5; Ivyahishuriwe 12:9.
Adamu na Eva barahanganye no gufata ingingo: boba bari bakwiye kwemera ingingo mfatirwako z’Imana zerekeye iciza n’ikibi canke boba bari bakwiye gukurikira izabo bwite (Itanguriro 3:6)? Bahisemwo kugambararira Imana no kurya kuri ico giti. Ico kintu gisanzwe bakoze cashaka kwerekana iki? Mu kwanka kwubaha uturimbi Imana yabashingiye, bari bemeje yuko bo hamwe n’uruvyaro rwobakomotseko borushirije kumererwa neza mu kwishingira ingingo mfatirwako zerekeye ikibereye n’ikitabereye. None abantu boba bararoraniwe mu kugerageza kwiha ubwo bubasha bwegukira Imana?
Ivyiyumviro bitandukanye
Igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica) kimaze kwihweza inyigisho z’abantu ba rurangiranwa mu vy’ukwiyumvira gushika kure babayeho mu binjana n’ibindi, kivuga yuko kuva mu gihe ca Sokarate wa mufilozofe w’Umugiriki gushika mu kinjana ca 20, “hagiye haraba ivyiyumviro ata ho bihuriye ku vyerekeye insobanuro nyakuri y’iciza be n’insobanuro nyakuri y’ingingo mfatirwako zerekeye ikibereye n’ikitabereye”.
Nk’akarorero, Abasofisite wari umugwi uzwi cane w’abigisha b’Abagiriki wo mu kinjana ca gatanu B.G.C. Bigisha yuko ingingo mfatirwako zerekeye ikibereye n’ikitabereye zamenyekana hisunzwe ivyiyumviro vya benshi. Umwe muri abo bigisha yavuze ati: “Ibintu ivyo ari vyo vyose biboneka ko bigororotse kandi ko ari vyiza ku gisagara kimwekimwe cose, biba bigororotse kandi ari vyiza kuri ico gisagara, magingo abo muri ico gisagara bavyiyumvira gutyo”. Twisunze iyo ngingo mfatirwako, umwe Jodie twavuga mu kiganiro gitangura, yari akwiye gutwara ya mahera kubera yuko benshi mu bo mu kibano ciwe canke mu “gisagara” abamwo, biboneka rwose ko boyatwara.
Uwitwa Immanuel Kant, akaba ari umufilozofe azwi cane wo mu kinjana ca 18, yashikirije iciyumviro gitandukanye n’ico. Ikinyamakuru kimwe (Issues in Ethics) kivuga giti: “Immanuel Kant be n’abandi nka we . . . bashimika ku burenganzira umuntu afise bwo kwihitiramwo”. Twisunze filozofiya ya Kant, magingo Jodie atohonyanga uburenganzira bw’abandi, ico yokora comuvako. Ntakwiye kureka ngo iciyumviro ca benshi gishinge ingingo mfatirwako yokwisunga.
None Jodie yatoreye umuti gute kwa kubura ico afata n’ico areka? Yahisemwo uburyo bugira gatatu. Yashize mu ngiro inyigisho ya Yezu Kirisitu, uwo ingingo mfatirwako ziwe zerekeye inyifato runtu zashemagijwe n’abakirisu eka mbere n’abatari abakirisu. Yezu yigishije ati: “Nukwivyo mugomba kwabantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe” (Matayo 7:12). Uwo mugore yaratangajwe no kubona Jodie amuha ya madolari 82.000. Igihe bamubaza igituma atayatwaye, Jodie yasiguye yuko ari Icabona ca Yehova maze avuga ati: “Sinashobora gutwara ayo mahera kubera ko atari rwanje”. Jodie yarafashe nkamaamajambo ya Yezu yanditswe muri Bibiliya muri Matayo 19:18 avuga ngo: “Ntukibe”.
Iciyumviro ca benshi coba ari uburongozi bwo kwizigirwa?
Hari abantu bamwebamwe bovuga yuko Jodie yari ikijuju kubera yabaye inzirabugunge bigeze iyo hose. Mugabo iciyumviro ca benshi si uburongozi bwo kwizigirwa. Nk’akarorero, iyo uza kuba warabaye mu kibano aho benshi bemera yuko ugutanga abana kw’ibimazi ata co bitwaye, nk’uko mu bibano bimwebimwe vya kera bavyiyumvira, ivyo vyoba vyari gutuma uwo mugenzo uba uwubereye (2 Abami 16:3)? Bite hoho iyo uza kuba wavukiye mu kibano kibona yuko kurya abantu atari bibi? Ivyo vyoba vyari gusobanura yuko kurya inyama z’abantu atari bibi vy’ukuri? Kuba ikintu kinaka gikorwa n’abantu benshi ntibica bituma kiba ikibereye. Haraciye igihe kirekire Bibiliya igabishije kwirinda uwo mutego, mu kuvuga iti: “Ntimuze muherēre ku ruhanderwa benshi bari mu nama y’ibibi”.—Kuvayo 23:2.
Yezu Kirisitu yarerekanye iyindi mvo yotuma umuntu adashoka yemera iciyumviro ca benshi ngo kibe ari co kimurongora mu vyo kumenya ikibereye n’ikitabereye. Yashize ku kabarore Shetani yuko ari “umwami w’isi” (Yohana 14:30; Luka 4:6). Shetani arakoresha ikibanza arimwo mu kuyovya “abari kwisi bose” (Ivyahishuriwe 12:9). Ku bw’ivyo, hamwe woshinga ingingo mfatirwako wisunga zerekeye ikibereye n’ikitabereye wishimikije gusa ibishigikiwe na benshi, hari aho wosanga uriko uremera ukuntu Shetani abona ikibereye, ivyo na vyo bikaba vyogukwegera akarambaraye.
Woba ushobora kwizigira ukuntu wewe ubwawe ubona ibintu?
None umuntu umwumwe wese yoba ari we akwiye kwifatira ingingo ku bijanye n’ukumenya ikibereye n’ikitabereye? Bibiliya ivuga iti: “Ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe” (Imigani 3:5). Kubera iki? Kubera ko abantu bose barazwe agasembwa gashobora kugoreka ukuntu babona ibintu. Igihe Adamu na Eva bagarariza Imana, baremeye ingingo mfatirwako za Shetani wa muhemu w’umwikunzi bongera bamuhitamwo ngo ababere se wabo wo mu vy’impwemu. Bararaze rero uruvyaro rwabo ikintu kiranga abantu bose, na co kikaba ari umutima wibesha, ufise ubushobozi bwo kumenya ikibereye mugabo ukama ushaka gukurikirana ikitabereye.—Itanguriro 6:5; Abaroma 5:12; 7:21-24.
Igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica), mu guca irya n’ino inyifato ibereye, kivuga giti: “Ntibisa n’ibitangaje kubona abantu bazi ibibereye babwirizwa gukora, aho kubikora ugasanga bikoreye ibibungura ubwabo. Ingene abo bantu boronswa imvo zotuma bakora ikibereye biramaze igihe ari ingorane nyamukuru mu bijanye n’inyifato ibereye mu bihugu vya Buraya”. Bibiliya ivuga ata kwihenda iti: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?” (Yeremiya 17:9). Woba wokwizigira umuntu azwi ko yibesha kandi arwaye indwara itavūrwa?
Ego ni ko, n’abantu batemera Imana usangabafise ubushobozi bwo kwigenza mu buryo bugororotse no kugendera ingingo zerekeye inyifato ibereye z’ingirakamaro kandi zishimwa. Ariko rero, akenshi izo ngingo ngenderwako zo mu rwego rwo hejuru ziri mu vyo bisunga usanga zigaragaza ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zerekeye inyifato runtu. Naho mwene abo bantu boshobora guhakana ko Imana ibaho, ivyiyumviro vyabo birerekana yuko bafise ubushobozi mvukanwa bwo kugaragaza kamere z’Imana. Nk’uko Bibiliya ivyerekana, ivyo biremeza yuko abantu baremwe “mwishusho y’Imana” (Itanguriro 1:27; Ivyakozwe 17:26-28). Intumwa Paulo avuga ati: “Kuko berekana igikorwa kibgirijwe n’ivyagezwecanditswe mu mitima yabo”.—Abaroma 2:15.
Ariko ntiwumve, kumenya ikibereye biroroshe kuruta kuronka inkomezi zo gukora ikibereye. None umuntu yoronka gute izo nkomezi zikenewe? Kubera yuko ivyo umuntu akora bisunikwa n’umutima, gukunda uwo Bibiliya yakomotseko ari we Yehova Imana birashobora gufasha umuntu kuronka izo nkomezi.—Zaburi 25:4,5.
Uburyo bwo kuronka inkomezi zo gukora iciza
Intambwe ya mbere mu kwiga gukunda Imana ni ugutahura ingene amategeko yayo asaba ibitegereka kandi akaba ari ngirakamaro. Intumwa Yohani avuga ati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora” (1Yohana 5:3). Nk’akarorero, Bibiliya irimwo inama ngirakamaro zishobora gufasha abakiri bato kumenya ikibereye n’ikitabereye igihe barondera kumenya nimba bonywa inzoga, bofata ibiyayuramutwe, canke nimba boja mu vyo kurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’ukwubaka. Bibiliya irashobora gufasha abubakanye kumenya ingene botorera umuti ivyo batumvikanako, eka irashobora no kuronsa abavyeyi inyobozo zobafasha kurera abanaa. Iyo ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya zerekeye inyifato runtu zishizwe mu ngiro, ziragirira akamaro abato n’abakuze, ata kuraba ikibano babamwo, amashure bize canke imico kama yabo.
Nka kurya nyene gufungura imfungurwa zirimwo ivyangombwa umubiri ukenera bituma uronka inkomezi zo gukora, ni na ko gusoma Ijambo ry’Imana bituma uronka inkomezi zo kubaho wisunga ingingo mfatirwako ziri muri ryo. Yezu yasanishije amajambo y’Imana n’umutsima ubungabunga ubuzima (Matayo 4:4). Yavuze kandi ati: “Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba” (Yohana 4:34). Kwigaburira ibifungurwa vyo mw’ijambo ry’Imana vyatumye Yezu aronka ivyangombwa bimufasha kunanira inyosha mbi no gufata ingingo ziranga ubukerebutsi.—Luka 4:1-13.
Mu ntango, woshobora gusanga bigoye kugaburira umuzirikanyi wawe ibifungurwa vyo mw’Ijambo ry’Imana no kwemera ingingo mfatirwako zayo. Mugabo uribuka yuko igihe wari ukiri umwana, ushobora kuba utakunda akanovera k’imfungurwa zari nziza kuri wewe. Kugira ngo uronke inguvu, wabwirijwe kwiga gukunda mwene izo mfungurwa nzanamagara. Mu buryo nk’ubwo, vyoshobora gufata igihe kugira ngo ushobore kuryoherwa n’ingingo mfatirwako z’Imana. Niwumira kw’ibanga, uzoshika aho uzikunda maze ukomere mu buryo bw’impwemu (Zaburi 34:8; 2 Timoteyo 3:15-17). Uzokwiga kwizigira Yehova wongere uvyurirwe umutima wo ‘gukora ivyiza’.—Zaburi 37:3.
Hari aho utokwigera ushikirwa n’ivyashikiye Jodie. Naho ari ukwo, ku musi ku musi urafata ingingo zijanye n’inyifato ibereye, izidahambaye n’izihambaye. Ku bw’ivyo, Bibiliya iguhimiriza iti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe” (Imigani 3:5,6). Kwiga kwizigira Yehova ntibizokugirira akamaro muri iki gihe honyene, ariko kandi bizokuronsa akaryo ko kubaho ibihe bidahera, kubera yuko ingendo yo kugamburukira Yehova Imana ijana mu buzima.—Matayo 7:13,14.
[Akajambo k’epfo]
a Inama ngirakamaro Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo no ku bindi bibazo bihambaye, tuzisanga mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi, no mu gitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo, vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro ku rup. 6]
Iciyumviro ca benshi hari aho coba kiremeshwa n’ibiremwa vy’impwemu bitaboneka
[Amafoto ku rup. 5]
Uko imyaka yagiye irarengana, abantu biyumvira gushika kure bagiye barashikiriza ivyiyumviro bitandukanye ku kibazo cerekeye ikibereye n’ikitabereye
SOKARATE
KANT
KONFISIYUSI
[Abo dukesha amafoto]
Kant: Yakuwe mu gitabu The Historian’s History of the World; Sokarate: Yakuwe mu gitabu A General History for Colleges and High Schools; Konfisiyusi: Sung Kyun Kwan University, Seoul, Korea
[Amafoto ku rup. 7]
Bibiliya ntidufasha gusa kumenya ikibereye n’ikitabereye, ariko kandi iratuvyurira umutima wo gukora ikibereye