Nugendere mu nzira y’ukutadohoka
“Ariko jeho ukugororoka [canke, “ukutadohoka”, “NW”] kwanje ni kwo nzogenderamwo”.—ZABURI 26:11.
1, 2. (a) Ni kubera iki ukutadohoka kw’umuntu ari umuce uhambaye wa ca kibazo cerekeye ukugaba n’ukuganza kw’Imana? (b)Ibiremwa bifise ubwenge bishobora gute kwerekana ko biri ku ruhande rw’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova?
IGIHE Shetani yagarariza muri rya tongo ry’i Edeni, yaravyuye ikibazo kiraba ivyaremwe vyose c’uko Imana yoba canke itoba ifise uburenganzira bwo kugaba no kuganza ibiremwa vyayo vyose. Hashize igihe gitoyi, yarahaririye ngo abantu bokorera Imana mu gihe gusa boba babikuramwo inyungu (Yobu 1:9-11; 2:4). Gutyo, ukutadohoka kw’abantu kwarabaye umuce uhambaye wa ca kibazo c’uko Yehova yoba akwiye kugaba no kuganza isi n’ijuru.
2 Naho kugira ngo Imana igume ari yo igaba ikaganza bitavana n’uko abantu baguma ari intadohoka, abantu be n’abana b’Imana bo mu buryo bw’impwemu barashobora kwerekana aho bahagaze kuri ico kibazo. Uti gute? Mu guhitamwo gukurikira ingendo y’ukutadohoka canke guhitamwo kutayikurikira. Ukutadohoka kw’umuntu rero ni ikintu gikomeye umuntu arabirwako.
3. (a) Ni igiki Yobu na Dawidi bashaka ko Yehova agenzura akongera agasuzuma? (b)Ni ibibazo ibihe bivyuka ku bijanye n’ukutadohoka?
3 Yobu yavuganye ukwizigira ati: “[Yehova azongera] ku munzane w’ukuri, [kandi Imana izomenya] ukugororoka [canke, “ukutadohoka”, NW] kwanje!” (Yobu 31:6). Ukutadohoka ni kwo wa Mwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yasavye ko Yehova yogenzura igihe yasenga ati: “Uhoraho, uncire urubanza, kuk’ukugororoka [canke, “ukutadohoka”, “NW”] kwanje ari kwo ngenderamwo, kandi nizigira Uhoraho ntakekeranya” (Zaburi 26:1). Ese ukuntu bihambaye ko natwe tugendera mu nzira y’ukutadohoka! Mugabo none, ukutadohoka ni iki, kandi kugendera mu nzira y’ukutadohoka bisobanura iki? Ni igiki kizodufasha kuguma mu nzira y’ukutadohoka?
‘Ukutadohoka kwanje ni kwo nagendeyemwo’
4. Ukutadohoka ni iki?
4 Ukutadohoka kurimwo iciyumviro c’ukuba umuntu agororotse, atariko umugayo, atunganye kandi atariko amahinyu. Ariko rero, ukutadohoka kurimwo n’ibindi turetse gusa ugukora ibigororotse. Ni ukuba umuntu aroranye mu nyifato runtu canke ayobokera Imana n’umutima wiwe wose. Shetani yarahaririye imvo Yobu yakorana igihe yabwira Imana ngo: “Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, utere amagufa [ya Yobu] n’umubiri wiwe, urābe kwatazokurogotako imbonankubone” (Yobu 2:5). Turetse ugukora ibikorwa bibereye, ukutadohoka gusaba kandi umutima usunitswe n’imvo nziza.
5. Ni igiki cerekana ko kugira ngo tugume turi intadohoka bidasaba ko tuba turi abantu batunganye?
5 Ariko rero, kugira ngo tugume turi intadohoka ntibisaba ko tuba turi abantu batunganye. Wa Mwami Dawidi yari umuntu adatunganye, kandi yarakoze amakosa akomeye atari make mu buzima bwiwe. Yamara ku bimwerekeye, Bibiliya ivuga ko yari umuntu yagendana “umutima w’ukuri [canke, “ukutadohoka kw’umutima”, NW]” (1 Abami 9:4). Kubera iki? Kubera ko Dawidi yakunda Yehova. Umutima wiwe ntiwava ku Mana. Yariyemereye icese amakosa yiwe, aremera arakangirwa, maze arakosora inzira ziwe. Kukaba nkako, ukutadohoka kwa Dawidi kurabonekera mu kuntu yayobokera Imana yiwe Yehova kandi akayikunda, n’umutima wiwe wose.—Gusubira mu vyagezwe 6:5, 6.
6, 7. Kugendera mu kutadohoka birimwo iki?
6 Ukutadohoka ntikugarukira gusa ku muce munaka w’inyifato y’umuntu, nk’akarorero ukuyoboka mu vy’idini. Kurimwo uburyo bwacu bwo kubaho bwose. Dawidi “[ya]gendera” mu kutadohoka kwiwe. Igitabu kimwe (The New Interpreter’s Bible) kivuga giti: “Irivuga ‘kugenda’ ritanga iciyumviro c’‘ingendo y’ubuzima’ canke ‘uburyo bwo kubaho’”. Igihe umwanditsi wa Zaburi yariko avuga ivy’“abagenda batunganye”, yaririmvye ati: “Hahirwa abitondera [“ivyibutswa” (NW) vy’Imana], baka[yi]rondeza umutima wose. Mbere nta c’ukugabitanya bakora, bagendera mu nzira [zayo]” (Zaburi 119:1-3). Kutadohoka bisaba ko umuntu aguma arondera gukora ivyo Imana igomba kandi akabandanya kugendera mu nzira yayo.
7 Kugendera mu kutadohoka bisaba kwibanda ku Mana udahemuka, no mu gihe ibintu bitoba vyifashe neza. Iyo twihanganye mu gihe c’ibigeragezo, tukaguma dushikamye naho twoba turi mu vyago, canke tukananira inyosha mbi ziva kw’isi itibanga Imana, ukutadohoka kwacu guca kwibonekeza. ‘Turanezereza umutima wa Yehova’ kubera bituma aronka ico yishura uwumutuka (Imigani 27:11). Turashobora rero kugira umwiyemezo nk’umwe wa Yobu, uwavuze ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku gutungana [canke, ku “kutadohoka”,NW] kwanje” (Yobu 27:5). Zaburi ya 26 irerekana ibizodufasha kugendera mu kutadohoka.
‘Tyorora amafyigo yanje n’umutima wanje’
8. Ni igiki wigira ku kwinginga kwa Dawidi asaba ko Yehova asuzuma amafyigo yiwe n’umutima wiwe?
8 Dawidi yasavye ati: “Uhoraho, unsuzume, ungerageze, [“tyorora amafyigo yanje”, “NW”] n’umutima wanje” (Zaburi 26:2). Amafyigo ari ibwina mu mubiri. Mu buryo bw’ikigereranyo, amafyigo agereranya ivyiyumviro vy’umuntu be n’inyiyumvo ziwe vy’ibwina. Umutima w’ikigeranyo na wo ni umuntu w’imbere wese, ni ukuvuga ibivyurira umuntu umutima wo kugira ico akoze, inyiyumvo ziwe, n’ubwenge bwiwe. Igihe rero Dawidi yasaba Yehova ngo amusuzume, yasavye yuko ivyiyumviro vyiwe vy’ibwina n’inyiyumvo ziwe z’ibwina biseswa bikongera bigaserangurwa.
9. Ni mu buhe buryo Yehova atyorora amafyigo yacu be n’umutima wacu vy’ikigereranyo?
9 Dawidi yasavye yuko amafyigo yiwe n’umutima wiwe bityororwa. Yehova atyororora gute umuntu wacu w’imbere? Dawidi yaririmvye ati: “Ndahimbaza [canke, “nzohezagira”, NW] Uhoraho, umujanama wanje; ni koko, [“amafyigo yanje”, NW] [a]mpanūra mu bihe vy’ijoro” (Zaburi 16:7). Ivyo bisigura iki? Bisigura yuko impanuro iva ku Mana yashikiriye ibihimba vy’ibwina vya Dawidi hanyuma icumbika muri vyo, irakosora ivyiyumviro vyiwe vy’ibwina be n’inyiyumvo ziwe z’ibwina. Ukwo ni ko natwe ishobora kutugirira niba tuzirikana tubigiranye ugukenguruka ku mpanuro turonka biciye kw’Ijambo ry’Imana, ku bayiserukira no kw’ishirahamwe ryayo, maze tukareka igacumbika ibwina muri twebwe. Kwama dusaba Yehova ngo adutyorore muri ubwo buryo bizodufasha kugendera mu kutadohoka.
“Ubuntu-mvarukundo bwawe buri imbere y’amaso yanje”
10. Ni igiki cafashije Dawidi kugendera mu kuri kw’Imana?
10 Dawidi yabandanije ati: “[“Ubuntu-mvarukundo bwawe buri imbere y’amaso yanje”,“NW”], kandi ngendera mu kuri kwawe” (Zaburi 26:3). Dawidi yari azi neza ibikorwa biranga ubuntu-mvarukundo vy’Imana, kandi yarabizirikanako abigiranye ugukenguruka. Yaririmvye ati: “Mutima wanje, himbaza Uhoraho; ntiwibagire ivyiza yakugiriye vyose”. Dawidi yaributse kimwe mu “vyiza” Imana yakoze maze abandanya ati: “Uhoraho akora ivy’ukugororoka, agacira imanza impahazwa. Yamenyesheje Mose inzira ziwe, ibikorwa vyiwe yabimenyesheje Abisirayeli” (Zaburi 103:2, 6, 7). Kumbure Dawidi yariko yiyumvira ivya kwa kuntu Abisirayeli barenganywa n’Abanyamisiri mu misi ya Musa. Niba ivyo ari vyo yariko yiyumvira, kuzirikana ku kuntu Yehova yamenyesheje Musa uburyo bwiwe bwo kurokora bitegerezwa kuba vyarakoze Dawidi ku mutima vyongera birakomeza umwiyemezo wiwe wo kugendera mu kuri kw’Imana.
11. Ni ibiki bishobora kudufasha kugendera mu nzira y’ukutadohoka?
11 Kwiga Ijambo ry’Imana tudahorereza no kuzirikana ku vyo twiga muri ryo, na vyo nyene bizodufasha kugendera mu nzira y’ukutadohoka. Nk’akarorero, kwibuka yuko Yozefu yatunzwe n’ayo yameze igihe muka Potifari yamuryosharyosha ngo basambane ntivyobura kuturemesha guhunga igihe natwe tworyosharyoshwa nk’ukwo nyene ku kazi, kw’ishure, canke ahandi hose (Itanguriro 39:7-12). Tuvuge iki hamwe twokwoshwa n’uturyo two gusagamba mu vy’umubiri canke kuba rurangiranwa no kuronka ubukuru mw’isi? Turafise akarorero ka Musa, uwiyamirije ivyo kuronka izina rihambaye mu Misiri (Abaheburayo 11:24-26). Kugumiza mu bwenge ukwihangana kwa Yobu, nta nkeka bizodufasha gukomeza umwiyemezo wacu wo kuguma turi intahemuka kuri Yehova naho twoba turwaye canke twashikiwe n’ivyago (Yakobo 5:11). Bite ho hamwe twohamwa? Emwe, kwibuka ivyashikiye Daniyeli muri ca cobo c’intambwe vyodushiramwo umutima rugabo!—Daniyeli 6:16-22.
“Sinicarana n’abanyabinyoma”
12, 13. Ni abantu bameze gute dukwiye kwirinda?
12 Dawidi yarerekeje ku kindi kintu cakomeje ukutadohoka kwiwe avuga ati: “Sinicarana n’abanyabinyoma, kandi sinzogendera indyarya. Nanka ikoraniro ry’inkozi z’ibibi, kandi sinzokwicarana n’abanyakibi” (Zaburi 26:4, 5). Dawidi ntiyageza no kwicarana n’abanyakibi. Yaranka abagenzi babi.
13 Tweho bite? Twoba twanka kwicarana n’abanyabinyoma biciye ku biganiro vyo kuri televiziyo, ku mavidewo, ku masenema, ku mihora yo kuri Internet, canke ku bundi buryo? Twoba twirinda abantu bahisha ico bari? Kw’ishure canke ku kazi, hari abokwigira abagenzi bacu ariko bafise izindi ntumbero z’uruyeri. Twoba koko dushaka kugiriranira ubugenzi bwa hafi n’abantu batagendera mu kuri kw’Imana? Naho abahakanyi bavuga ngo ni abantu b’inziraburyarya, boshobora kandi guhisha intumbero bafise yo kudutesha gukorera Yehova. Bite ho hamwe hoba hari bamwebamwe mw’ishengero rya gikirisu bafise ubuzima burimwo tubiri? Na bo nyene barahisha ico bari koko. Jayson, ubu akaba ari umukozi w’ishengero, yari afise mwene abo bagenzi mu buto bwiwe. Ku biberekeye, avuga ati: “Umusi umwe, umwe muri bo yambwiye ngo: ‘Ivyo dukora ubu nta co bitwaye kubera yuko isi nshasha niyaza tuzoba twaripfiriye. Ntituzonamenya ko hari ico twahomvye’. Ikiganiro nk’ico cabaye nk’ikinkangura. Sinshaka kuzoba narapfuye isi nshasha niyaza”. Jayson yaragize ibiranga ubukerebutsi aravavanura n’abantu nk’abo. Intumwa Paulo yagabishije ati: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza” (1Ab’i Korinto 15:33). Ese ukuntu bihambaye ko twirinda abagenzi babi!
‘Nzovuga ibikorwa bitangaje vyose wakoze’
14, 15. Dushobora gute ‘gukikuza igicaniro ca Yehova’?
14 Dawidi yabandanije ati: “Nzokaraba mu kudacumura, ni ho nzobona gukikuza igicaniro cawe, Uhoraho”. Kubera iki? “Kugira ngo numvikanishe ijwi ry’ishimwe, mvuge ibikorwa bitangaje vyose wakoze” (Zaburi 26:6, 7). Dawidi yashaka kuguma adahumanye mu nyifato runtu kugira ashobore gusenga Yehova yongere atangaze ukuyobokera Imana kwiwe.
15 Ikintu cose cari gifitaniye isano n’ugusenga kw’ukuri kwagirirwa kw’ihema, mu nyuma kukagirirwa ku rusengero, cari “igishushanyo n’igitūtu c’ivyo mwijuru” (Abaheburayo 8:5; 9:23). Igicaniro cagereranya ukugomba kwa Yehova, mu kwemera inkuka Yezu Kirisitu yatanze kugira acungure umuryango w’abantu (Abaheburayo 10:5-10). Dukaraba mu kudacumura kandi “[tuga]kikuza igicaniro [ca Yehova]” mu kwizera iyo nkuka.—Yohana 3:16-18.
16. Kubwira abandi ibikorwa bitangaje vy’Imana bitugirira akamaro gute?
16 Iyo tuzirikanye ku bintu vyose incungu ituma bishoboka, umutima wacu ntiwuzura none ugukengurukira Yehova n’Umwana wiwe w’ikinege? Dufise ugukenguruka mu mutima wacu rero, nimuze tumenyeshe abandi ibikorwa bitangaje vy’Imana, uhereye kuri kwa kuremwa kw’umuntu mw’itongo ry’i Edeni gushika ku gusubiza ibintu vyose mu buryo mw’isi nshasha y’Imana (Itanguriro 2:7; Ivyakozwe 3:21). Vyongeye, urazi ukuntu igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa ari uburinzi bwo mu vy’impwemu (Matayo 24:14; 28:19, 20)! Kugira vyinshi dukora muri ico gikorwa biradufasha gutuma icizigiro cacu cerekeye kazoza kiguma gikayangana, bigatuma ukwizera dufise mu mihango Imana yatanze kuguma gukomeye be n’urukundo dukunda Yehova n’abantu nkatwe rukaguma ari ruzima.
“Nkunda ah’inzu yawe igerereye”
17, 18. Dukwiye kugira akahe gatima ku biraba amakoraniro ya gikirisu?
17 Bivanye n’uko igicaniro catangirwako ibimazi cari mw’ihema, iryo hema ryari ikibanza nyamukuru c’ugusenga Yehova muri Isirayeli. Dawidi yaraseruye ukuntu yahimbarwa n’ico kibanza, asenga ati: “Uhoraho, nkunda ah’inzu yawe igerereye, ahantu ubgiza bgawe buba”.—Zaburi 26:8.
18 Twoba turyoherwa no guteranira mu bibanza twigiramwo ivyerekeye Yehova? Ingoro y’Ubwami imwimwe yose, bivanye na porogarama y’ukwigishwa mu vy’impwemu ihagirirwa, ni ikibanza nyamukuru c’ugusenga kw’ukuri mu karere iba irimwo. Vyongeye, turafise amahwaniro, amateraniro y’umuzunguruko be n’amateraniro adasanzwe tugira ku mwaka. “Ivyibutswa” (NW) vya Yehova biraganirwako kuri ayo makoraniro. Twize ‘kubikunda bihebuje’, tuzohahamira kwitaba amakoraniro kandi tuzotega yompi turi muri yo (Zaburi 119:167). Urazi ukuntu biruhura kuba turi kumwe n’abo dusangiye ukwizera bitwararika ukumererwa neza kwacu kandi badufasha kuguma mu nzira y’ukutadohoka!—Abaheburayo 10:24, 25.
‘Nturandure ubuzima bwanje’
19. Ni ivyaha ibihe Dawidi atashaka guharurwako?
19 Kubera ko Dawidi yatahura bimwe bishitse ingaruka ziva ku guta inzira umuntu akareka kugendera mu kuri kw’Imana, yinginze ati: “Nturandurane umutima wanje n’abanyavyaha, cank’ubu[zima] bganje n’abavisha amaraso. Amaboko yabo arimw’umugararizo [canke, “ingeso mbi”, “NW”], ukuboko kwabo kw’i buryo kwuzuye ingurire” (Zaburi 26:9, 10). Dawidi ntiyashaka guharurwa mu bantu batibanga Imana bafise ingeso mbi canke barya ingurire.
20, 21. Ni ibiki bishobora kudushikana mu nzira y’ukutibanga Imana?
20 Isi ya kino gihe yarashwawemwo n’ingeso z’ubushegabo. Televiziyo, ibinyamakuru be n’amasenema biraremesha ingeso mbi, ni ukuvuga “ivy’isoni nke” (Ab’i Galatiya 5:19). Hari abacitse abaja b’ivyerekana ubushegabo, ivyo akenshi bikajana abantu mu nyifato y’ubushegabo. Urwaruka ni rwo canecane rubangamirwa n’utwosho nk’utwo. Mu bihugu bimwebimwe, kugenderanira n’uwo mudasangiye igitsina usanga ari umugenzo, kandi imiyabaga ugasanga ishirwako umukazo wo kwiyumvira yuko itegerezwa kugenderanira n’uwo badasangiye igitsina. Abakiri bato benshi usanga baja mu vyitwa ngo ni ugukundana n’abo badasangiye igitsina kandi bataragera kwubaka. Kugira batururuze ivyipfuzo vyo kwimara inambu y’umubiri biba biriko bibatsimbataramwo, ntibateba kuja mu ngeso y’ubushegabo, gushika n’aho bagira ubusambanyi.
21 Abakuze ntibakingiwe utwosho tubi. Kugira ivy’ubucuruzi birimwo ubugunge hamwe n’impengamiro yo gufata ingingo ziranga ubwikunzi ni ibintu vyerekana ko umuntu atari intadohoka. Kugendera mu nzira z’isi nta kindi bizokora atari ukutwigiza kure ya Yehova. Nimuze “[t]wanke ibibi, [d]ukunde ivyiza”, kandi tubandanye kugendera mu nzira y’ukutadohoka.—Amosi 5:15.
“Uncungure, ungirire ikigongwe”
22-24. (a) Ni indemesho iyihe usanga mu majambo asozera Zaburi ya 26? (b) Ni umutego uwuhe duca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?
22 Dawidi yasozereye ivyo abwira Imana mu kuvuga ati: “Ariko jeho ukugororoka [canke, “ukutadohoka”, “NW”] kwanje ni kwo nzogenderamwo; uncungure, ungirire ikigongwe. Ikirenge canje gihagaze aharinganiye; nzoshemagiriza Uhoraho mu makoraniro” (Zaburi 26:11, 12). Umwiyemezo Dawidi yari afise wo kuguma ari intadohoka awujanisha n’ukwinginga asaba gucungurwa. Ese ukuntu ivyo biremesha! Naho turi abanyavyaha, Yehova azodufasha niba twiyemeje kugendera mu nzira y’ukutadohoka.
23 Ese uburyo bwacu bwo kubaho bwokwerekana ko twubaha kandi duha agaciro ukugaba n’ukuganza kw’Imana mu mice yose y’ubuzima bwacu! Twese turashobora gusaba Yehova mw’isengesho ngo asuzume kandi atyorore ivyiyumviro vyacu be n’inyiyumvo zacu vy’ibwina. Turashobora kuguma twibuka ukuri kwiwe mu kwigana ubwira Ijambo ryiwe. Uko bishoboka kwose rero, nimuze twirinde ababi mugabo duhezagire Yehova mu makoraniro canke amasinzi akoranye. Nimuze turangurane umwete igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, ntitwigere tureka ngo isi ishiremu kaga ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’Imana. Uko dukora ivyo dushoboye vyose kugira tugendere mu nzira y’ukutadohoka, turashoborakwizigira tudakeka ko Yehova azotugirira ubutoni.
24 Kubera ko ukutadohoka gushiramwo imice yose y’ubuzima, hariho umutego wica dukeneye kumenya, uwo na wo ukaba ari ukurenza urugero mu vyo kunywa inzoga. Ivyo ni vyo duca irya n’ino mu kiganiro gikurikira.
Woba uvyibuka?
• Ni kubera iki vyoba bibereye ko ibiremwa bifise ubwenge birabirwa ku kutadohoka kwavyo?
• Ukutadohoka ni iki, kandi kugendera mu nzira yakwo bisaba iki?
• Ni igiki kizodufasha kugendera mu nzira y’ukutadohoka?
• Kugira ngo tugume turi intadohoka, niibintu ibihe biteye akaga dukwiye kumenya no kwirinda?
[Ifoto ku rup. 14]
Woba ugumiza ibikorwa vya Yehova vy’ubuntu-mvarukundo imbere y’amaso yawe?
[Ifoto ku rup. 14]
Woba wama usaba Yehova ngo asuzume ivyiyumviro vyawe vy’ibwina?
[Amafoto ku rup. 15]
Tugumye turi intadohoka mu bigeragezo biranezereza umutima wa Yehova
[Amafoto ku rup. 17]
Woba wungukira ku ntunganyo Yehova yashizeho zigufasha kugendera mu nzira y’ukutadohoka?