ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/1 rup. 8-9
  • Igihe ubusaza buba ‘igitsibo c’ubwiza’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igihe ubusaza buba ‘igitsibo c’ubwiza’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kugendera mu nzira y’ukugororoka mu myaka yo hanyuma
  • Yehova aritwararikana ikibabarwe abasavyi biwe bageze mu zabukuru
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Abageze mu zabukuru ni abantu bafise agaciro bo mu kivukano cacu ca gikirisu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Nuhe agaciro abavukanyi na bashiki bacu bitereye mu myaka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Gusazana n’Uwo Mwubakanye
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/1 rup. 8-9

‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’

Igihe ubusaza buba ‘igitsibo c’ubwiza’

“NI BWO buzima bwiza kuruta ubundi bwose”. Ivyo vyavuzwe n’uwitwa Muriel w’imyaka 101 y’amavuka. “Emwe ni agateka vy’ukuri!”. Ukwo ni ko Theodoros w’imyaka 70 y’amavuka na we yavuze ibintu mu ncamake. Maria na we igihe yari ashikanye imyaka 73 yavuze ati: “Nta bundi buryo bwiza kuruta ubundi nari gushobora gukoresha ubuzima bwanje”. Abo bose bari bamaze ubuzima bwabo bwose bakorera Yehova Imana.

Izo nararibonye ni bakeyi gusa mu basavyi ba Yehova benshi b’abanyamwete bari kw’isi yose. Naho bitereye mu myaka, bakaba bafise imyitwarariko y’amagara, bakaba kandi bashikirwa n’ibindi bintu bigoye, baracakorera Imana n’ubugingo bwabo bwose. Mw’ishengero rya gikirisu, abageze mu zabukuru mwene abo ni uburorero bw’abantu bibanda ku Mana bwubahwa. Yehova araha agaciro cane umurimo w’abageze mu zabukuru, naho nyene uko ivyabo vyifashe kwoshobora gutuma batarangura vyinshia.​—2 Ab’i Korinto 8:12.

Igitabu ca Zaburi kiravuga amajambo abereye ajanye n’ubuzima abageze mu zabukuru b’intahemuka bashobora kwitega kugira. Barashobora kuba nk’igiti gishaje c’inganzamarumbu kiguma cama. Ku vyerekeye abageze mu zabukuru b’intahemuka, umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “No mu busāza bazoba bacāma; bazogira ubukame bginshi n’itōto”.​—Zaburi 92:14.

Bamwebamwe boshobora gutinya ko bazohava bahebwa canke birengagizwe igihe ubusaza buzoba bumaze kubanyaga ubugabo. Dawidi yatakambiye Imana ati: “Ntunte mu gihe c’ubutāma, ntumpebe mu gihe intege zanje zishize” (Zaburi 71:9). Ni igiki cerekana nimba umuntu ayama canke asagamba mu busaza? Ni kamere y’ubugororotsi ishimwa n’Imana. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Umugororotsi azototahara nk’ikigazi”.​—Zaburi 92:12.

Abakoreye Imana badahemuka mu buzima bwabo bisa n’uko baguma bama ivyamwa vyiza igihe bageze mu zabukuru. Mu bisanzwe, nyinshi mu mbuto baba barateye mu buzima bwabo bwite canke mu buzima bw’abandi ziramera hanyuma zigakura zikavamwo ivyamwa vyiza (Ab’i Galatiya 6:7-10; Ab’i Kolosayi 1:10). Ariko ntiwumve, abantu bapfisha ubusa ubuzima bwabo mu bikorwa vy’ubwikunzi vyirengagiza inzira z’Imana, akenshi usanga ata kintu kinini biba vyarabaviriyemwo iyo bageze mu zabukuru.

Kwambara ubugororotsi mu myaka y’ubutama birashimikwako kandi mu gitabu ca Bibiliya c’Imigani. Muri ico gitabu tuhasoma duti: “Imvi ku mutwe n[i] igitsibo c’icubahiro [canke, “c’ubwiza”, NW], kiboneka mu nzira y’ubugororotsi” (Imigani 16:31). Erega ni vyo, ubugororotsi ni ikintu kigaragaza ubwiza bwo mu mutima. Iyo umuntu akurikiranye inzira y’ubugororotsi mu buzima bwiwe bwose bituma yubahwa (Abalewi 19:32). Igihe umuntu amaze kuyenzura imvi akaba kandi afise ubukerebutsi be n’ingeso nziza, bituma ahabwa icubahiro.​—Yobu 12:12.

Kuri Yehova, ubuzima bugororotse umuntu amaze amukorera ni bwiza. Ivyanditswe bigira biti: “Nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musēsa imvi nkibaheka: ni jewe naremye, ni jewe nzoheka; mbere nzobaterura, mbarokore” (Yesaya 46:4). Ese ukuntu biduhumuriza kumenya yuko Dawe wa twese munyarukundo wo mw’ijuru atanga umuhango wo kubungabunga no gushigikira abagumyabanga biwe bageze mu zabukuru!​—Zaburi 48:14.

Kubera ko kuri Yehova ubuzima umuntu amaze amurangurira umurimo adahemuka ari bwiza, wumva none uwo muntu n’abandi badakwiye kumwubaha? Mu kwigana ukwo kuntu Imana ibona ibintu, turaha agaciro kanini abo dusangiye ukwizera bageze mu zabukuru (1 Timoteyo 5:1, 2). Nimuze rero twame turondera uburyo bufadika butandukanye bwo kugaragaza urukundo rwa gikirisu mu kubaronsa ivyo bakeneye.

Kugendera mu nzira y’ukugororoka mu myaka yo hanyuma

Salomo adukura amazinda ati: “Mu nzira y’ukugororoka har’ubu[zima]” (Imigani 12:28). Ubusaza ntibubuza umuntu kugendera muri iyo nzira mu myaka yo hanyuma. Nk’akarorero, muri Molodaviya, hari umutama w’imyaka 99 yari yakoresheje ubuto bwiwe mu kurwanira ivyiyumviro vy’Abakomunisita. Yumva ari agateka kuba ubwiwe yaragiraniye ibiyago n’indongozi z’Abakomunisita za rurangiranwa, nka Vladimir I. Lénine. Ariko rero, igihe Ubukomunisita bwatakaza inguvu hanyuma bugatemba, ubuzima bw’uwo mutama bwaciye butakaza intumbero, arabura iyo aja n’iyo ava. Mugabo igihe Ivyabona vya Yehova bamwereka yuko Ubwami bw’Imana ari wo muti rudende w’ingorane z’abantu, yarakiriye ukuri kwa Bibiliya maze acika umutohoji abishashaye w’Ivyanditswe. Urupfu ni rwo rwonyene rwamubujije gucika umusuku wa Yehova yabatijwe.

Igihe umutamakazi umwe w’imyaka 81 wo muri Hongiriya yamenya ivyo Imana isaba vyerekeye inyifato runtu, yaratahuye yuko we hamwe n’umugabo bari bamaze imyaka itari mike babana, bakwiye kwabirana mu buryo bwemewe n’amategeko. Nya mutamakazi yarariye umutima amenyo arasigurira nya mugabo ukuntu yabona ibintu yishimikije Bibiliya. Nya mutamakazi vyaramutangaje rwose vyongera biramutera umunezero utavugwa igihe uwo mugabo yemera kwandikisha umubano wabo. Bamaze kwandikisha umubano wabo, nya mutamakazi yaciye atera imbere ningoga mu vy’impwemu. Haciye amezi umunani atanguye kwiga Bibiliya, yaracitse umwamamaji atarabatizwa, akaba yabatijwe inyuma gato y’aho. Ese ukuntu ari ivy’ukuri yuko ukugororoka gushobora guhesha abageze mu zabukuru igitsibo c’ubwiza nyakuri!

Ego cane, abakirisu bageze mu zabukuru b’intahemuka barashobora kwemera badakeka yuko Imana ibitwararika. Yehova ntazoheba abaguma ari abagumyabanga kuri we. Ahubwo riho, asezerana kubarongora, kubashigikira no kubabungabunga mbere gushika mu busaza. Kandi baremera yuko aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi ari ay’ukuri: ‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’.​—Zaburi 121:2.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Calendrier des Témoins de Jéhovah 2005, janvier-février.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]

‘Imvi ku mutwe ni igitsibo c’ubwiza, kiboneka mu nzira y’ubugororotsi’.​—IMIGANI 16:31

[Uruzitiro ku rup. 8]

YEHOVA ARABUNGABUNGA ABASAVYI BIWE BAGEZE MU ZABUKURU

“Umuntu wese muri mwebge az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yūbahe umutāma”.​—Abalewi 19:32.

“Nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musēsa imvi nkibaheka”.​—Yesaya 46:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika