Ivyerekanywe ku Bwami bw’Imana biranguka
‘Mugira neza ko mushira umutima kw’ijambo ry’ubuhanuzi, ni nk’itara ryakira ahacuze umwiza’.—2 PETERO 1:19.
1. Ni uguhushana kw’ibintu ukuhe tubona mw’isi muri iki gihe?
INGORANE imwe irahera, iyindi iti natanzwe. Ivyo ni vyo ahanini birangwa mw’isi ya kino gihe. Uhereye ku vyago vy’ivyaduka biva mu bidukikije ugashika kw’iterabwoba rikwiye kw’isi yose, emwe, ingorane zihanze umuryango w’abantu zisa n’izabaye ndanse. Mbere n’amadini yo mw’isi ntiyashoboye kugira ico afashije. Ahubwo, akenshi arunyura ibintu mu gukokeza ivyiyumviro bikomantaye, urwanko be n’ukwiratira igihugu bitera amacakubiri mu bantu. Emwe, nk’uko vyari vyarabuwe, “umwiza w’umuzitanya” waratwikiriye “amahanga” (Yesaya 60:2). Ariko naho bimeze gutyo, hariho abantu amamiliyoni bahanze amaso kazoza umutima uri mu nda. Uti kubera iki? Kubera yuko bashira umutima kw’ijambo ry’Imana ry’ubuhanuzi nka kurya umuntu yokurikira “itara ryākira ahacuze umwiza”. Barareka “ijambo” ry’Imana, ari bwo butumwa bwayo dusanga muri Bibiliya ubu, rikayobora intambuko zabo.—2 Petero 1:19.
2. Twisunze ubuhanuzi bwa Daniyeli bwerekeye “igihe c’iherezo”, ni bande gusa bahabwa ubwenge bwo gutahura ibintu vy’impwemu?
2 Ku biraba “igihe c’iherezo”, umuhanuzi Daniyeli yanditse ati: “Benshi bazoserangura . . . kand’ubgenge buzogwira. Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw abāgize ubgenge bazobitahura” (Daniyeli 12:4, 10). Abantu ‘baserangura’ mw’Ijambo ry’Imana canke baryiga bivuye inyuma, bakemera kuyoborwa n’ingingo mfatirwako zayo, bakongera bakihatira gukora ivyo igomba ni bo bonyene bahabwa ugutahura ibintu vy’impwemu.—Matayo 13:11-15; 1 Yohana 5:20.
3. Mu myaka ya 1870, ni ukuhe kuri guhambaye abatohoji ba Bibiliya bo mu ntango batahuye?
3 Guhera mu ntango z’imyaka ya 1870, imbere y’uko “[i]misi y’iherezo” itangura, Yehova Imana yaratanguye kurasa uwundi muco utuma ya “mabanga [meranda] y’ubgami bgo mw ijuru” atahurika (2 Timoteyo 3:1-5; Matayo 13:11). Ico gihe, umugwi w’abatohoji ba Bibiliya waratahuye yuko ukugaruka kwa Kirisitu kwobaye mu buryo butaboneka, ivyo bikaba vyari bitandukanye n’ivyo benshi biyumvira. Yezu amaze kwimikwa mw’ijuru, yogarutse mu buryo bw’uko yokwitwararitse ibijanye n’isi ari Umwami. Ikimenyetso kiboneka kigizwe na vyinshi cokanguye abigishwa biwe bakamenya yuko ukuhaba kwiwe kutaboneka kwari kwatanguye.—Matayo 24:3-14.
Igihe ivyari vyabaye birerekanwa vyaranguka
4. Yehova yakomeje gute ukwizera kw’abasavyi biwe bo mu bihe vya none?
4 Iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi ryari iribaye rirerekana Kirisitu ari mu buninahazwa bw’Ubwami, ivyo bikaba vyerekanywe mu buryo butangaje (Matayo 17:1-9). Iryo yerekwa ryarakomeje ukwizera kwa Petero, ukwa Yakobo n’ukwa Yohani igihe benshi bari baretse gukurikira Yezu kubera atari yashikije ivyo bari bamwitezeko bitajanye n’Ivyanditswe. No muri iki gihe c’iherezo, Yehova yarakomeje ukwizera kw’abasavyi biwe bo mu bihe vya none mu kurasa umuco wiyongereye utuma batahura iranguka ry’iryo yerekwa riteye akoba be n’iry’ubuhanuzi bwinshi bujanye na ryo. Reka twihweze bimwebimwe muri ivyo bintu vyo mu buryo bw’impwemu vyabaye, bikomeza ukwizera.
5. Ni nde vyabonetse ko ari we ca kinyenyeri co mu gaturuturu, vyongeye ‘yabanduye’ canke yaserutse ryari kandi gute?
5 Mu kwerekeza kuri kwa guhinduka ukundi, intumwa Petero yanditse ati: “Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira rikabonesha mu mitima yanyu” (2 Petero 1:19). Ico kinyenyeri co mu gaturuturu c’ikigereranyo, ari co “kinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu”, ni Yezu Kirisitu yaninahajwe (Ivyahishuriwe 22:16). ‘Yabanduye’ canke yaserutse mu 1914 igihe Ubwami bw’Imana bwavuka mw’ijuru, bugatuma haba intango y’ikiringo gishasha (Ivyahishuriwe 11:15). Mw’iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi, Musa na Eliya babonetse bari iruhande ya Yezu, bariko barayaga na we. None bagereranya bande?
6, 7. Musa na Eliya bagereranya bande muri kwa guhinduka ukundi, kandi ni ayandi makuru ahambaye ayahe Ivyanditswe bihishura ku bo bagereranya?
6 Kubera yuko Musa na Eliya basangiye na Kirisitu ubuninahazwa bwiwe, ivyo vyabona babiri b’intahemuka bategerezwa kuba bagereranya abafadikanya na Yezu kuganza mu Bwami bwiwe. Intahuro y’uko hariho abandi bafadikanya na Yezu kuganza irahuye n’ivyo umuhanuzi Daniyeli yabaye arerekwa vyerekeye Mesiya igihe yobaye amaze kwimikwa. Daniyeli yabonye “uwusa n’Umwana w’umuntu” ahabwa “ingoma itazovaho”, ayihawe na “wa Wundi wa mbere na mbere”, ari we Yehova Imana. Mugabo raba ivyo Daniyeli aca yerekwa inyuma y’ivyo. Yandika ati: “Kand’ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’Īsumba vyose” (Daniyeli 7:13, 14, 27). Ego cane, hagisigaye ibinjana birenga bitanu imbere y’uko kwa guhinduka ukundi kuba, Imana yarahishuye yuko hobayeho “abera” bosangiye na Kirisitu ubukuru bwiwe bwa cami.
7 None abo bera Daniyeli yeretswe ni bande? Abo bantu ni bo Paulo yerekezako igihe avuga ati: ‘Impwemu ubwayo ibwiririkanya n’impwemu yacu, ari icabona, yuko turi abana b’Imana. Ariko ko turi abana bayo, turi abaragwa; turi abaragwa b’Imana, turi abaraganwa na Kirisitu, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhānwa ubwiza na we’ (Abaroma 8:16, 17). Abo bera si abandi, ni abigishwa ba Yezu basizwe impwemu. Mu gitabu c’Ivyahishuriwe, Yezu avuga ati: “Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe”. Abo bene ‘kunesha’ bazoba bazutse, bose uko ari 144.000, bazotegeka isi yose bari kumwe na Yezu.—Ivyahishuriwe 3:21; 5:9, 10; 14:1, 3, 4; 1 Ab’i Korinto 15:53.
8. Abigishwa ba Yezu basizwe bakoze gute igikorwa nk’ica Musa na Eliya, kandi havuyemwo iki?
8 Ni kubera iki none abakirisu basizwe bagereranywa na Musa hamwe na Eliya? Ni kubera yuko igihe abo bakirisu baba bakiri kw’isi, bakora igikorwa nk’ico Musa na Eliya bakoze. Nk’akarorero, barashingira intahe Yehova, mbere n’igihe bariko barahamwa (Yesaya 43:10; Ivyakozwe 8:1-8; Ivyahishuriwe 11:2-12). Nka kumwe kwa Musa na Eliya, barashira ku kabarore idini ry’ikinyoma n’umutima rugabo, muri ico gihe nyene bagahimiriza abantu b’inziraburyarya kwibanda ku Mana ata kindi bayibangikanije (Kuvayo 32:19, 20; Gusubira mu vyagezwe 4:22-24; 1 Abami 18:18-40). None igikorwa cabo coba caramye ivyamwa? Neza rwose! Uretse ko bafashije mu kwegeranya igitigiri cuzuye c’abasizwe, baranafashije abantu amamiliyoni b’“izindi ntama” kugamburukira Yezu Kirisitu bivuye ku mutima.—Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 7:4.
Kirisitu asozera intsinzi yiwe
9. Mu Vyahishuriwe 6:2 hadondora Yezu gute nk’uko nyene ari muri iki gihe?
9 Yezu ntakiri umuntu asanzwe, agendera ku ndogoba. Ubu ni Umwami w’ububasha. Adondorwa nk’uwuriko agendesha ifarasi, muri Bibiliya ivyo bikaba bigereranya intambara (Imigani 21:31). Mu Vyahishuriwe 6:2 havuga hati: “Mbona ifarasi y’igitare, kand’ūyicayeko yar’afise umuheto, ahabga igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yame anesha [canke, “ngo asozere intsinzi yiwe”, NW]”. Vyongeye, umwanditsi wa Zaburi, Dawidi, yanditse ku vyerekeye Yezu ati: “Uhoraho ar’i Siyoni azoshingiriza kure inkoni y’ububasha bgawe: ganza hagati y’abansi bawe”.—Zaburi 110:2.
10. (a) Ni mu buryo ki ukugendesha ifarasi kwa Yezu kw’intsinzi kwagize intango nziza? (b) Intsinzi ya mbere ya Yezu ituma kw’isi nka hose haba ibiki?
10 Intsinzi ya mbere ya Yezu yayitahukanye ku bansi biwe nyamukuru, ari bo Shetani n’amadayimoni. Yarabirukanye mw’ijuru, abajugunyira amaja kw’isi. Kubera yuko ivyo biremwa vy’impwemu vy’ibibisha bizi ko bisigaje igihe gito, vyaciye bisuka uburake bwavyo bw’inkazi ku muryango w’abantu, bica bituma hagwa ibara rikomeye. Mu gitabu c’Ivyahishuriwe, iryo bara ryerekanwa n’ukugendesha amafarasi kw’abandi bantu batatu (Ivyahishuriwe 6:3-8; 12:7-12). Nk’uko Yezu yabivuze muri bwa buhanuzi bwiwe bwerekeye “ikimenyetso c’ukuhaba [kwiwe] n’ic’insozero y’urunkwekwe rw’ibintu”, ukwo kugendesha amafarasi kwabo kwatumye haba intambara, inzara, be n’ikiza gihonya (Matayo 24:3, 7, NW; Luka 21:7-11). Nka kumwe nyene kw’ibise vy’umugore agira yibaruke, ubwo “bubabare” buzoguma bwongerekana gushika Kirisitu ‘asozereye intsinzi yiwe’ mu kuzimanganya akantu kose karanga ishirahamwe rya Shetani ribonekaa.—Matayo 24:8, UB.
11. Kahise k’ishengero rya gikirisu gashingira intahe gute ububasha bwa cami bwa Kirisitu?
11 Ububasha bwa cami bwa Yezu buribonekeza mu buryo bw’uko yazigamye ishengero rya gikirisu ku buryo rishobora kurangura igikorwa ryashinzwe co kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami kw’isi yose. Naho hari ukurwanywa gukomeye kuva kuri Babiloni Hahambaye ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma no ku ntwaro zimeze nabi, ntivyabujije ko igikorwa co kwamamaza kibandanya, mbere kirashika no ku rugero kitari bwigere gishikako muri kahise k’isi (Ivyahishuriwe 17:5, 6). None ico si ikimenyamenya gikomeye c’uko Kirisitu ari ku ngoma?—Zaburi 110:3.
12. Ni kubera iki abantu badategera ibijanye n’ukuhaba kutaboneka kwa Kirisitu?
12 Ariko ikibabaje, abantu benshi, ushizemwo n’amamiliyoni y’abiyita abakirisu, ntibatahura ibintu bitaboneka bitera ibintu bikomakomeye biba kw’isi. Mbere baratwengera mw’ijigo abamamaza Ubwami bw’Imana (2 Petero 3:3, 4). Kubera iki? Kubera yuko Shetani yabahumye imitima (2 Ab’i Korinto 4:3, 4). Nkako, haraheze ibinjana vyinshi atanguye gushira igitwikiro c’umwiza wo mu vy’impwemu ku biyita abakirisu, aranatuma baheba ca cizigiro c’Ubwami c’agaciro.
Barahevye icizigiro c’Ubwami
13. Igitwikiro c’umwiza wo mu vy’impwemu cavuyemwo iki?
13 Yezu yabuye ko abahuni bonyengetereye mw’ishengero rya gikirisu nka kurya kw’urwamfu rwabibwe mu buro, bakazimiza benshi (Matayo 13:24-30, 36-43; Ivyakozwe 20:29-31; Yuda 4). Amaherezo, abo bigira abakirisu bahavuye bemera imisi mikuru, imigenzo be n’inyigisho vya gipagani, gushika n’aho bavyita ngo ni ivya “gikirisu”. Nk’akarorero, Noweli yakomotse ku migenzo ijanye n’ivyo gusenga ikimana citwa Mithra n’icitwa Saturne. Ni igiki none catumye abiyita abakirisu bemera iyo misi mikuru itari iya gikirisu? Igitabu kimwe (The New Encyclopædia Britannica, 1974), kivuga giti: “Noweli, ari wo musi mukuru w’ivuka rya Yezu Kirisitu, yashinzwe bivuye ku guhororokerwa mu bijanye no kwitega ukugaruka kwa Kirisitu kwari kwimirije”.
14. Ni gute inyigisho za Orijeni n’iza Augustino w’i Hipo zatumye abantu batahura Ubwami ukutari kwo?
14 Raba kandi ingene bagoretse insobanuro y’ijambo “ubwami”. Igitabu kimwe (The Kingdom of God in 20th-Century Interpretation) kivuga giti: “Orijeni [umunyatewolojiya wo mu kinjana ca gatatu] yaragize ico ahinduye mu kuntu abakirisu bakoresha ijambo ‘ubwami’, risigara risobanura ubutware bw’Imana buri mu mutima”. None Orijeni iyo nyigisho yiwe yayishingira ku ki? Ntiyatanze iyo nyigisho afatiye ku Vyanditswe, ahubwo yafatiye ku “mafilozofiya no ku vyiyumviro vy’isi bitandukanye rwose n’ivyiyumviro vya Yezu be n’ivy’ishengero ryo mu ntango”. Mu gitabu kimwe (De Civitate Dei) canditswe na Augustino w’i Hipo (yabayeho mu 354-430 G.C.), uwo mushingantahe yavuze ko ishengero ubwaryo ari Ubwami bw’Imana. Ivyiyumviro nk’ivyo bidashingiye ku Vyanditswe ni vyo vyahaye amashengero y’abiyita abakirisu ishimikiro ryo mu vya tewolojiya ryo kugira ububasha mu vya politike. Kandi ubwo bubasha baramaze ibinjana vyinshi babukoresha, akenshi bakabukoresha bacura abantu bufuni na buhoro.—Ivyahishuriwe 17:5, 18.
15. Mu B’i Galatiya 6:7 harangukiye gute kuri menshi mu mashengero y’abiyita abakirisu?
15 Ariko rero, muri iki gihe amadini ariko arimbura ico yabivye (Ab’i Galatiya 6:7). Menshi asa n’ayariko aratakaza ububasha bwayo n’abayoboke bayo. Ivyo bintu biribonekeza cane i Buraya. Nk’uko ikinyamakuru kimwe (Christianity Today) kibivuga, ngo “ubu amakatedarale maninimanini y’i Buraya ntakiri amazu yo gusengeramwo, ahubwo asigaye ari amaratiro y’utwa kera, ata bandi bayahonyozamwo ikirenge atari ingenzi”. No mu bindi bihugu usanga ari ukwo bimeze. None ivyo bibura iki kw’idini ry’ikinyoma? Ryoba rizozimanganywa gusa n’ukubura abanywanyi? Mbega ivyo bizokora iki ku gusenga kw’ukuri?
Itegurire umusi uhambaye w’Imana
16. Ni kubera iki urwanko rutera rugwirirana abantu bagirira Babiloni Hahambaye ruri n’ico ruvuze?
16 Nka kurya nyene ivyotsi be n’ibinyota bifumbuka biva mu kirunga cari kimaze igihe gitekereje bishobora kuba ikimenyetso c’uko umusozi wimirije gucira ibirunga, ni ko n’urwanko rutera rugwirirana abantu bagirira idini mu mihingo myinshi y’isi ari ikimenyetso c’uko imisi idini ry’ikinyoma risigaje iri ku rushi. Yehova agiye gutuma abanyapolitike bo mw’isi baja hamwe kugira bashire ku kabarore umwe maraya wo mu buryo bw’impwemu ari we Babiloni Hahambaye, baheze bamusangangure (Ivyahishuriwe 17:15-17; 18:21). None abakirisu boba bakwiye gutinya ico kintu hamwe n’ibindi bizoba bigize ya “marushwa ahambaye” azoca akurikira (Matayo 24:21)? Habe na gato! Bazoba bafise imvo zumvikana zo kunezerwa Imana niyahagurukira abanyakibi (Ivyahishuriwe 18:20; 19:1, 2). Reka dufate akarorero ka Yeruzalemu yo mu kinjana ca mbere n’abakirisu baba muri ico gisagara.
17. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova b’intahemuka bashobora kwitega iherezo ry’ivy’iyi si umutima uri mu nda?
17 Igihe ingabo z’Abaroma zakikuza Yeruzalemu mu 66 G.C., abakirisu bari maso mu vy’impwemu ntivyabaranduye umutima canke ngo bibace ivutu. Kubera yuko bari abatohoji nyabo b’Ijambo ry’Imana, bari bazi ‘ko ubuyobe bwaho bwagira bushike’ (Luka 21:20). Bari bazi kandi ko Imana yobaciriye inzira kugira bahungire ahatagira inkomanzi. Igihe Imana yabacira inzira, baciye bahunga (Daniyeli 9:26; Matayo 24:15-19; Luka 21:21). No muri iki gihe nyene, abazi Imana kandi bubaha Umwana wayo barashobora kwitega iherezo ry’ivy’iyi si umutima uri mu nda (2 Ab’i Tesalonike 1:6-9). Mu vy’ukuri, ya marushwa ahambaye niyaduka, bazonezerwa ‘barangamize, bararamike imitwe yabo kuko bazoba bazi yuko ugucungurwa kwabo kugira gushike’.—Luka 21:28.
18. Igitero simusiga Gogi azogaba ku basavyi ba Yehova kizovamwo iki?
18 Babiloni Hahambaye niyamara gusangangurwa, Shetani mu ruhara rwa Gogi w’i Magogi, azogaba igitero simusiga ku Vyabona vya Yehova bibereye mu mahoro. Ingabo za Gogi zizoduga nka kurya kw’“igipfungu cubikije mu gihugu”, zizigiye kuronka intsinzi bitagoranye. Ese ayo zizohabonera (Ezekiyeli 38:14-16, 18-23)! Intumwa Yohani yanditse ati: “Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri . . . Mu kanwa kiwe havamw’inkota [“ndende”, NW] ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga”. Uwo “Mwami w’abami” w’intatsindwa azokiza abasavyi ba Yehova b’abagumyabanga ateko aherengeteze abansi babo bose (Ivyahishuriwe 19:11-21). Ese ingene kizoba ari igihe c’agaheta c’iranguka ry’iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi!
19. Abigishwa ba Kirisitu b’abagumyabanga bazokwakira gute intsinzi yiwe ruhasha, kandi ni ibiki bakwiye kwihatira kugira ubu?
19 Yezu “kuri [uwo] musi . . . [azo]tangarirwa kubg’abāmwizeye bose” (2 Ab’i Tesalonike 1:10). Woba ushaka kuba mu bazotangarira uwo Mwana w’Imana azoba yatahukanye intsinzi? Nubandanye rero gukomeza ukwizera kwawe no ‘kwama witeguye, kuko Umwana w’umuntu azoza mu gihe utiyumviriye’.—Matayo 24:43, 44.
Nugume urikanuye
20. (a) Twokwerekana gute ko dukenguruka kubona Imana yaratanze wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”? (b) Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?
20 Wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” yama ahimiriza abasavyi b’Imana kuguma bagavye mu buryo bw’impwemu no kuguma barikanuye (Matayo 24:45, 46; 1 Ab’i Tesalonike 5:6). Woba ukenguruka ivyo vyibutswa biza hageze? Woba uvyikorako mu gushinga ibija imbere y’ibindi mu buzima bwawe? Niwibaze uti: ‘Noba mfise ugutahura gutomoye kwo mu buryo bw’impwemu gutuma mbona Umwana w’Imana ari ku ngoma mw’ijuru? Noba ndamubona yakenyeye magabo agabirije gushitsa urubanza rw’Imana kuri Babiloni Hahambaye no ku yindi mice igize urunkwekwe rwa Shetani?’.
21. Ni ibiki bishobora kuba vyatumye bamwebamwe bareka ugutahura kwabo kwo mu vy’impwemu kukayama, kandi bakwiye gukora iki mu maguru masha?
21 Bamwebamwe mu bifatanya n’abasavyi ba Yehova bararetse ugutahura kwabo kwo mu vy’impwemu kurayama. Vyoba vyatewe n’uko babuze ukwihangana, nk’uko vyashikiye bamwe mu bigishwa ba Yezu bo mu ntango? Boba babitumwe n’imyitwarariko yo mu buzima, uguhahamira amaronko, canke uruhamo (Matayo 13:3-8, 18-23; Luka 21:34-36)? Kumbure bamwebamwe boba basanze amakuru amwamwe asohorwa na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubwenge” abagora gutahura. Nimba hari icoba kimaze kugushikira muri ivyo, tukuremesheje gusubira kwiga Ijambo ry’Imana n’umwete wiyongereye no gutakambira Yehova kugira ushobore kwongera kugiranira na we ubucuti bukomeye kandi bwa hafi.—2 Petero 3:11-15.
22. Umwihwezo twagize w’iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi be n’uw’ubundi buhanuzi bijanye wakoze iki kuri wewe?
22 Iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi ryahishuriwe abigishwa ba Yezu igihe bari bakeneye indemesho. Muri kino gihe, turi n’ikintu kidukomeza gihambaye kuruta, na co kikaba ari iranguka rya ca gitangaza c’uguhinduka ukundi be n’iry’ubundi buhanuzi bwinshi bijanye. Uko twibonera iranguka ry’ivyo bintu bininahaye be n’ico bizovamwo muri kazoza, ese natwe twoserura n’umutima wacu wose inyiyumvo nk’izo intumwa Yohani yari afise igihe yavuga ati: “Amen, urakaza, Mwami Yesu”.—Ivyahishuriwe 22:20.
[Utujambo tw’epfo]
a Mu kigiriki co mu ntango, ijambo ryahinduwe ngo “ububabare”, rihinduwe nk’uko riri, risobanura “ibise vy’ukwibaruka” (Matayo 24:8, Kingdom Interlinear). Ivyo vyerekana ko nka kurya kw’ibise vy’umugore agira yibaruke, ingorane zo mw’isi zizoguma zongerekana, zunyuke, kandi zimare igihe kirekire, zikaba agahebuza kuri ya marushwa ahambaye.
Woba uvyibuka?
• Mu myaka ya 1870, ni igiki umugwi mutoyi w’abatohoji ba Bibiliya watahuye ku bijanye n’ukugaruka kwa Kirisitu?
• Iyerekwa ryo muri kwa guhinduka ukundi ryarangutse gute?
• Ukugendesha ifarasi kwa Yezu kw’intsinzi gutuma kw’isi haba ibiki, kandi gukora iki kw’ishengero rya gikirisu?
• Dutegerezwa gukora iki kugira tuzobe mu bazorokoka igihe Yezu azosozera intsinzi yiwe?
[Amafoto ku rup. 17]
Ikintu cari cabaye kirerekanwa cararangutse
[Amafoto ku rup. 18]
Woba uzi ivyashitse igihe Kirisitu yatangura intsinzi yiwe?