ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/1 rup. 32
  • “Ubigenza ute?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ubigenza ute?”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/1 rup. 32

“Ubigenza ute?”

ICO kibazo cabajijwe n’umutama umwe yari mw’iresitora inyarutsa gutegura imfungurwa, caratangaje inabibondo umwe w’abana batatu yitwa Muriel. Muriel yari yiriwe kuvūza abana biwe kwa muganga, umwanya ukaba rero wari wamujanye. Nta mwanya uhagije bari bafise wo gutaha i muhira gufungura imfungurwa za nikera imbere y’uko baja kw’ikoraniro rya gikirisu. Yaciye rero ajana abana biwe mw’iresitora yari hafi yo ngaho kugira barabe ko boronka ico bacisha ku munwa.

Magingo bariko bararangiza gufungura, hari umugabo yegereye Muriel maze avuga ati: “Nagumye ndabitegereza kuva mwinjiye hano. Nabonye abana bawe batandukanye rwose n’abo nsanzwe mbona. Uzorabe ukuntu abana bafata amameza n’intebe. Usanga bashira amaguru ku meza, intebe bakazisugumira hirya no hino. Mugabo abana bawe baratekereje cane kandi bigenza neza. Ubigenza ute?”.

Muriel yishuye ati: “Twe n’umunega wanje twama twiga Bibiliya turi kumwe n’abana bacu kandi tukagerageza gushira mu ngiro mu buzima bwacu ivyo twiga. Turi Ivyabona vya Yehova”. Nya mugabo yaciye avuga ati: “Ndi Umuyahudi kandi ndi no mu barokotse kwa gutikiza Abayahudi kwagirwa n’Abanazi. Ndibuka yuko nigeze kubona Ivyabona vya Yehova bariko barahamwa mu Budagi. N’ico gihe nyene, vyaribonekeza ko batandukanye n’abandi bantu. Emwe, inyifato y’abana bawe yanjoreje. Ntegerezwa kumenya vyinshi kw’idini ryanyu”.

Bibiliya ni igitabu ciza cane gifasha mu vy’ukurera abana. Ivyabona vya Yehova barahimbarwa cane no gufasha abandi kwungukira ku buyobozi bwo mu Vyanditswe. Turagutumiye n’igishika ngo witabe aka kamo gakurikira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika