Ubuzima bwoba bufise agaciro canke nta ko bufise?
“Kubera yuko umuntu yaremwe mw’ishusho y’Imana, kumwaka ubuzima rero ni ukwonona ikintu kirusha agaciro ibindi vyose kandi ceranda kuruta ibindi vyose kw’isi”.—The Plain Man’s Guide to Ethics, canditswe na William Barclay.
‘IKINTU kirusha agaciro ibindi vyose kw’isi’. Woba nawe ari ukwo ubona ubuzima? Uravye ingene abantu bigenza, biribonekeza ko benshi batabona ubuzima nk’uko uwo mwanditsi yabubona. Ubuzima bw’abantu amamiliyoni bwarakuweho bunyamaswa n’abantu b’inkazi barondera gushika ku migambi y’ubwikunzi, batanezwe na gato ineza y’abandi.—Umusiguzi 8:9.
Boba bari ibintu vyo gutabwa?
Intambara ya mbere y’isi yose ni kamwe mu burorero buvyerekana. Umutohozakahise yitwa A.J.P. Taylor avuga yuko muri iyo ntambara yatikije inganda, “ubuzima bw’abantu bwatikiye incuro n’izindi ata co butikiriye”. Kugira ngo abakuru mu vya gisirikare biheshe icubahiro no kugira bihaye ubuhizi, wasanga bafata abasirikare nk’aho ata co bamaze, ata kindi bakwiriye atari ugupfa. Mu ntambara yo kurwanira igisagara ca Verdun co mu Bufaransa, abantu barenga igice c’umuliyoni barahasize agatwe. Taylor yanditse ati: “Nta kintu gihambaye [c’ingirakamaro] bari kuronka canke gutakaza, uretse ko abantu bari kwicwa abandi bakihaya ubuhizi”.—The First World War.
Ukwo kutubaha agaciro k’ubuzima kuracakwiye hose. Incabwenge yitwa Kevin Bales ivuga yuko mu myaka iheze “kw’isi habaye igwirirana ry’abantu ryatumye abantu amamiliyoni ba ntahonikora kandi batagira gitabara barondera akazi”. Bamara ubuzima bwabo bwose bagwa bavyuka kugira gusa barabe ko boba baramaze kabiri, baba ahantu usanga ivy’ubudandaji bicinyiza abantu, bigatuma “ubuzima
buboneka ko butagira agaciro”. Bales avuga yuko bene kubarya imitsi babafata nk’abaja, “nk’ibikoresho vyo gucisha amahera gusa, bigaca bitabwa”.—Disposable People.
‘Uguhahamira umuyaga’
Hari n’izindi mvo nyinshi zituma abantu amamiliyoni bumva ko ata co bamaze na gato be n’uko ibintu vyamaze kuyangara, bakumva yuko, babaho canke bapfa, ata we vy’ukuri biraje ishinga. Uretse intambara n’akarenganyo, hariho amabi aterwa n’uruzuba, inzara, indwara, intuntu ivuye ku kubura abacu, be n’ibindi bintu bidaharurwa birembeje abantu bose, bigatuma bibaza nimba kubaho hari ico vyoba bimaze vy’ukuri.—Umusiguzi 1:8, 14.
Ariko ntiwumve, si bose babayeho batagira ico biha canke barengewe n’amaganya. N’abadafise izo ngorane, akenshi baribaza ikibazo nk’ico wa Mwami Salomo wa Isirayeli ya kera yabajije. Yagize ati: “None se, umuntu akūra iki mu butame bgiwe bgose, no mu mwitwaririko w’umutima wiwe, mu vyo yaruhiyemwo musi y’izuba?”. Benshi iyo bafashe akanya bakiyumvira, basanga vyinshi mu vyo bakoze vyarabaye “ubusa, no guhahamira umuyaga”.—Umusiguzi 2:22, 26.
“Ubuzima bwoba ari ubwo gusa?”. Ukwo ni ko benshi bibaza iyo batereje amaso inyuma mu buzima bwabo. Nkako, ni bangahe none barangiza ubuzima bwabo bumva vy’ukuri ko ‘bisaziye neza’, nka kumwe kwa Aburahamu umwe sekuruza w’imiryango (Itanguriro 25:8)? Benshi bama bumva ko ubuzima ari ubusa. Yamara si ngombwa ngo ubuzima bube ubusa. Imana ibona ko ubuzima bw’umuntu umwumwe wese ari ubw’agaciro, kandi ishaka ko umwe wese muri twebwe agira ubuzima nyabwo, bumara akanyota. Ivyo bizoshoboka gute? Raba ico ikiganiro gikurikira kivuga kuri ico kibazo.