ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/2 rup. 8-13
  • ‘Kuronka imaragarita imwe y’igiciro kinini’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Kuronka imaragarita imwe y’igiciro kinini’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Agaciro kanini k’imaragarita
  • Abatahuye agaciro kanini k’Ubwami
  • Baravyuriwe umutima wo kugira ico bakoze
  • Hariho n’abandi baburondeye
  • Kurondera ‘imaragarita y’igiciro kinini’ muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bararonse “imaragarita y’agaciro kanini”
    Bibiliya irahindura ubuzima
  • ‘Nimwumvirize kandi mutegere insobanuro’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Nugumize umutima kw’itunga ryo mu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/2 rup. 8-13

‘Kuronka imaragarita imwe y’igiciro kinini’

“Barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi”.​—MATAYO 11:12.

1, 2. (a) Ni kamere y’imbonekarimwe iyihe Yezu yerekanye muri umwe mu migani yiwe yerekeye Ubwami? (b) Yezu yavuze iki muri wa mugani w’imaragarita y’igiciro kinini?

HOBA hariho ikintu uha agaciro kanini rwose ku buryo wotanga ivyo utunze vyose canke woheba ivyo ufise vyose kugira ukironke? Naho abantu bakoresha ijambo “kwihebera” igihe barondera gushika kw’ihangiro rinaka, nk’igihe barondera amahera, kuba rurangiranwa, ububasha, canke igiti, ni gake umuntu abona ikintu akakigomwa gushika n’aho yemera guheba ivyo atunze vyose kugira acironse. Yezu Kirisitu yarerekeje kuri iyo kamere y’imbonekarimwe mugabo nziza igitangaza muri umwe mu migani yiwe myinshi ikabura ivyiyumviro yerekeye Ubwami bw’Imana.

2 Ni umugani Yezu yaciriye abigishwa biwe bonyene, uwukunzwe kwitwa umugani w’imaragarita y’igiciro kinini. Ng’ibi ivyo Yezu yavuze: “Ubgami bgo mw ijuru busa n’umudandaza [“w’ingenzi”, NW] arondera imaragarita nziza. Abonye imaragarita imwe, y’igiciro kinini, aragenda, ashōra ivy’afise vyose, arayigura” (Matayo 13:36, 45, 46). Yezu yashaka ko abamwumviriza bigira iki kuri uwo mugani? Kandi twokwungukira gute kuri ayo majambo ya Yezu?

Agaciro kanini k’imaragarita

3. Ni kubera iki imaragarita nziza zari zifise agaciro kanini cane mu bihe vya kera?

3 Kuva kera na rindi, imaragarita zamye zifatwa nk’ibintu vyo gushariza. Hari igitabu kimwe kivuga yuko nk’uko bivugwa n’incabwenge y’Umuroma yitwa Pline l’Ancien, imaragarita “zaza imbere y’ibindi bintu vyose vy’igiciro”. Imaragarita ntizimeze nk’inzahabu, ifeza, canke utundi tubuyenge, kuko zozo ziva ku tunyabuzima. Birazwi neza yuko amoko amwamwe y’ibiruka ashobora nk’akarorero guhindura utumanyumanyu tw’amabuye tukavamwo imaragarita zica ibibatsi, mu kudutekera mu bintu nya biruka bihingura bita nyina w’utubuyenge. Kera imaragarita nziza kuruta izindi zose bazikura canecane mu Kiyaga Gitukura, mu Kigobe c’Abarabu, no mw’Ibahari Indiyano, hakaba hari kure cane y’igihugu ca Isirayeli. Iyo itegerezwa kuba ari yo mpamvu yatumye Yezu avuga ivy’“umudandaza [“w’ingenzi”, NW] arondera imaragarita nziza”. Kugira ngo umuntu aronke imaragarita z’agaciro nyako, abanza kubira akuya.

4. Icigwa nyamukuru co muri wa mugani wa Yezu w’umudandaza w’ingenzi ni ikihe?

4 Naho nyene imaragarita nziza zamye zizimvye, biboneka yuko agaciro kazo mu vy’amahera atari ko kari kagize iciyumviro nyamukuru ca wa mugani wa Yezu. Muri uwo mugani, Yezu ntiyasanishije Ubwami bw’Imana n’imaragarita y’igiciro kinini. Yavuze ivy’“umudandaza [“w’ingenzi”, NW] arondera imaragarita nziza” be n’ico yakoze amaze kuyironka. Umudandaza w’imaragarita w’ingenzi canke uwazirangura agaca azigurisha, ntiyari nk’umudandaza asanzwe wo mw’iduka, yari nk’uwo twokwita karuhariwe mu vy’ukudandaza, azi kwihweza canke ashoboye kubona utuntu twizatwiza be n’utuntu tugoye kubona twerekana ko imaragarita yinaka ari iyidasanzwe. Abonye imaragarita nyayo yaca ayimenya kandi nta wamuhenda ngo amuhe imaragarita itari nziza canke y’urwigano.

5, 6. (a) Ni igiki canecane gitangaje kuri wa mudandaza avugwa mu mugani wa Yezu? (b) Wa mugani w’inzahabu canke w’itunga ryanyegejwe uhishura iki kuri wa mudandaza w’ingenzi?

5 Hariho ikindi kintu gitangaje kuri uwo mudandaza adasanzwe. Umudandaza asanzwe yoshobora kubanza kuraba amahera yogurisha iyo maragarita, arondera kumenya ayo yoyigura kugira aronke inyungu. Yoshobora kunaraba ko hoba hari abarondera iyo maragarita kugira ashobore kuyigurisha adatebaganye. Mu yandi majambo, ikimuraza ishinga si ugutunga nya maragarita, ahubwo ni ukwironkera inyungu ningoga. Mugabo ukwo si ko bimeze kuri wa mudandaza avugwa mu mugani wa Yezu. Inyungu yiwe ntiyari iy’amahera canke iy’ikintu gifadika. Nkako, yaremeye guheba “ivy’afise vyose”, kumbure ivyo yari atunze vyose be n’amatongo yiwe yose, kugira aronke ico yari amaze igihe arondera.

6 Ku bandaza batari bake, ivyo uwo mugabo avugwa mu mugani wa Yezu yakoze bishobora kuba bitaranga ubukerebutsi. Umudandaza w’inkerebutsi ntiyohirahira ngo akore ico kintu cohava gituma ahomba. Mugabo ukuntu wa mudandaza avugwa mu mugani wa Yezu yabona agaciro, kwari gutandukanye n’ukuntu abandi bakabona. Impêra yiwe ntiyari inyungu n’imwe y’amahera ahubwo wari umunezero wo gutunga ikintu c’agaciro ntangere be n’ugushira akanyota vyomuzaniye. Ico ciyumviro kiratomorwa mu kigereranyo Yezu yatanze gifitaniye isano n’uwo mugani. Yavuze ati: “Ubgami bgo mw ijuru busa n’izahabu zanyegejwe mw itongo. Umuntu yazubutseko, arazihisha, aragenda, umunezero umutera gushōra ivy’afise vyose, agura iryo tongo” (Matayo 13:44). Ego cane, umunezero uzanwa no kuronka be no gutunga izo nzahabu, canke iryo tunga, wari uhagije kugira ngo utume nya mugabo aheba ivyo atunze vyose. Hoba hariho abantu bameze gutyo muri iki gihe? Hoba hariho ubutunzi bukwiye gutuma tugira ivyo duhevye muri ubwo buryo?

Abatahuye agaciro kanini k’Ubwami

7. Yezu yerekanye gute yuko atahura cane agaciro kanini k’Ubwami?

7 Igihe Yezu yaca umugani wiwe, yariko avuga ivy’“ubgami bgo mw ijuru”. Ubwiwe yaratahura vy’ukuri agaciro kanini k’ubwo Bwami. Inkuru zo mu Njili zirashingira intahe ico kintu mu buryo bukomeye. Aho Yezu amariye kubatizwa mu 29 G.C., yaciye “atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ubgami bgo mw ijuru buri hafi”. Yamaze imyaka itatu n’igice yigisha amasinzi y’abantu ivyerekeye Ubwami. Yarakwiragiye mu gihugu hose, “agendagenda mu bisagara no mu mihana, ababgira ijambo ry’Imana, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bgayo”.​—Matayo 4:17; Luka 8:1.

8. Yezu yakoze iki kugira yerekane ico Ubwami buzokora?

8 Mu gukora ibitangaro bitari bike mu gihugu hose, harimwo n’ugukiza abarwaye, ukugaburira abashonje, uguhagarika inkubi z’imiyaga, eka mbere no mu kuzura abapfuye, Yezu yarerekanye kandi ivyo Ubwami bw’Imana buzokora (Matayo 14:14-21; Mariko 4:37-39; Luka 7:11-17). Amaherezo, yaragaragaje ko ari umugumyabanga ku Mana no ku Bwami mu gutanga ubuzima bwiwe, agapfa rumaratiri ku giti co kubabarizwako. Nka kumwe wa mudandaza w’ingenzi yemera gutanga ivyo yari afise vyose kugira aronke ‘imaragarita y’igiciro kinini’, ni ko na Yezu yabayeho ku bw’Ubwami yongera arabupfira.​—Yohana 18:37.

9. Ni kamere y’imbonekarimwe iyihe yabonetse mu bigishwa ba Yezu bo mu ntango?

9 Yezu ntiyabayeho gusa yitwararika Ubwami kuruta ibindi, yaranatororokanije umugwi mutoyi w’abayoboke biwe. Na bo nyene bari abantu batahura cane agaciro kanini k’Ubwami. Muri bo harimwo Andereya, akaba yari yahoze ari umwigishwa wa Yohani Umubatizi. Amaze kwumva intahe Yohani yashinze yuko Yezu ari “Umwagazi w’intama w’Imana”, Andereya hamwe n’uwundi mwigishwa wa Yohani, bikaba bishoboka cane ko yari umwe muri bene Zebedayo na we nyene yitwa Yohani, baciye bumva bakunze Yezu maze barizera. Mugabo ntivyagarukiye aho. Andereya yaciye aja kwa mwenewabo Simoni amubwira ati: “Twabonye Mesiya”. Bidatevye, Simoni (uwahavuye yitwa Kefa canke Petero) hamwe na Filipo be n’umugenzi wiwe Natanayeli na bo nyene baramenye ko Yezu ari we Mesiya. Nkako, Natanayeli yaravyuriwe umutima wo kubwira Yezu ati: “Ur’Umwana w’Imana, ni wewe Mwami w’Abisirayeli”.​—Yohana 1:35-49.

Baravyuriwe umutima wo kugira ico bakoze

10. Abigishwa bavyakiriye gute igihe Yezu yaza akabasaba ngo bamukurikire haciye igihe kinaka ahuye na bo ari bwo bwa mbere?

10 Umunezero Andereya, Petero, Yohani be n’abandi bagize igihe babona Mesiya, wogereranywa n’uwo wa mudandaza w’ingenzi yagize igihe yaronka ya maragarita y’igiciro kinini. None baciye bakora iki? Injili nta vyinshi zitubwira ku vyo bakoze bakimara kubonana na Yezu iryo rya mbere. Biboneka yuko benshi muri bo basubiye mu buzima bwabo bwa misi yose. Ariko rero, haciye nk’amezi atandatu canke umwaka, Yezu yarongeye gusanga Andereya, Petero, Yohani be na mwene nyina Yakobo ku Kiyaga c’i Galilaya, bari ku gikorwa cabo c’ukurobaa. Yezu ababonye yaciye ababwira ati: “Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu”. None bavyakiriye gute? Ku vyerekeye Petero na Andereya, inkuru ya Matayo igira iti: “Baca bareka insenga, baramukurikira”. Ku biraba Yakobo na Yohani na bo, dusoma duti: “Baca bareka ubgato na se, baramukurikira”. Inkuru ya Luka yongerako yuko “basi[ze] vyose, ba[k]amukurikira”.​—Matayo 4:18-22; Luka 5:1-11.

11. Ni igiki gishobora kuba catumye abigishwa ba Yezu bitabira badatebaganye akamo abateye ko kumukurikira?

11 Ukuba nya bigishwa baragize ico bakoze badatebaganye, yoba yari ingingo bafashe gihutihuti? Habe n’intete! Naho nyene basubiye ku gikorwa co kuroba bakora mu miryango yabo aho bamariye kubonana na Yezu ari bwo bwa mbere, nta nkeka yuko ivyo bari barabonye be n’ivyo bari barumvise ico gihe vyabakoze ku mutima rwose vyongera bibaguma mu bwenge. Ikiringo cababa umwaka cahaciye carabaronkeje umwanya uhagije wo kuzirikana kuri ivyo bibazo. Ico gihe, hari hageze ko bafata ingingo. None bobaye nka wa mudandaza w’ingenzi yakorwa ku mutima rwose n’ukuronka imaragarita y’igiciro kinini gushika n’aho, nk’uko Yezu yabivuze, ‘agenda adatebaganye’ agakora ivyo ashoboye vyose kugira agure nya maragarita? Neza cane. Ivyo bari barabonye be n’ivyo bari barumvise vyari vyabakoze ku mutima. Baratahuye yuko hari hageze ko bakura amaboko mu mpuzu. Gutyo, nk’uko inkuru zibitubwira, barahevye vyose badatebaganye, maze bacika abayoboke ba Yezu.

12, 13. (a) Abantu benshi bumvise Yezu bavyakiriye gute? (b) Yezu yavuze iki ku vyerekeye abigishwa biwe b’intahemuka, kandi amajambo yiwe ashaka kwerekana iki?

12 Ese ukuntu abo bantu b’intahemuka bari batandukanye na bamwebamwe bavuzwe mu nyuma mu nkuru zo mu Njili! Hariho abantu benshi Yezu yakijije canke yagaburiye, mugabo baca bishishikarira ibikorwa vyabo bwite (Luka 17:17, 18; Yohana 6:26). Bamwebamwe mbere igihe Yezu yabasaba gucika abayoboke biwe baciye bamubwira ko bari n’ibibafatiriye (Luka 9:59-62). Mu nyuma Yezu yaravuze ivyerekeye abantu b’intahemuka batandukanye rwose n’abo ati: “Uhereye mu gihe ca Yohana Umubatizi ugashitsa n’ubu barabandanira ubgami bgo mw ijuru, ababandana babunyakurisha ubuhizi”.​—Matayo 11:12.

13 None imvugo ‘kubandanira’ no ‘kubandana’ zishaka kwerekana iki? Ku bijanye n’irivuga ry’ikigiriki izo mvugo zakomotseko, inyizamvugo imwe y’uwitwa Vine (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words) ivuga iti: “Iryo rivuga rishaka kwerekana akigoro gakomeye”. Kandi ku vyerekeye uwo murongo, uwitwa Heinrich Meyer, akaba ari umuhinga mu vya Bibiliya avuga ati: “Ukwo ni ko hadondorwa ingene abantu bihata, bakinanata n’ishaka ryinshi, bimwe bikomeye rwose, ngo barabe ko boshikira Ubwami bwa Mesiya bwegereje. . . . Abantu baritwararitse ibijanye n’ubwo bwami babishizemwo ishaka ryinshi n’inguvu nyinshi (ku buryo batagishoboye kugumya umutima no kwihangana)”. Cokimwe na wa mudandaza w’ingezi, abo bantu bakeyi ntibatevye kumenya icari gifise agaciro vy’ukuri, maze baremera guheba ivyo bafise vyose ku bw’Ubwami.​—Matayo 19:27, 28; Ab’i Filipi 3:8.

Hariho n’abandi baburondeye

14. Yezu yateguye gute intumwa ku bw’igikorwa co kwamamaza Ubwami, kandi havuyemwo iki?

14 Uko Yezu yashishikara ubusuku bwiwe, yaramenyereje abandi yongera arabafasha kugira bashikire Ubwami. Yabanje kurobanura 12 mu bigishwa biwe maze abita intumwa, canke abarungitswe na we. Abo, Yezu yarabahaye inyobozo zitomoye z’ingene bari kurangura ubusuku bwabo yongera arababurira ku bijanye n’ingorane hamwe n’amagume vyari kubashikira (Matayo 10:1-42; Luka 6:12-16). Mu myaka nk’ibiri yakurikiye, baraherekeje Yezu ku ngendo yagiye aragira zo kwamamaza inkuru nziza mu gihugu hose, baragiranira na we ubucuti somambike. Barumvise ivyo avuga, baribonera ibitangaro akora, bongera barabona akarorero kiwe (Matayo 13:16, 17). Nta nkeka ivyo vyose vyarabakoze ku mutima rwose, ku buryo barondeye Ubwami n’umwete be n’umutima wabo wose nka kumwe kwa wa mudandaza w’ingenzi.

15. Yezu yavuze ko imvo nyakuri yari gutuma abayoboke biwe banezerwa yari iyihe?

15 Uretse izo ntumwa 12, Yezu “[yar]atoran[ije] abandi mirongwirindwi, atuma babiribabiri, ngo bagende imbere yiwe mu bisagara vyose n’ahantu hose ah[o y]agira ace”. Yarababwiye kandi ivyerekeye ibigeragezo be n’amagume vyari kubashikira yongera abategeka kubwira abantu ngo: “Ubgami bg’Imana burabēgereye” (Luka 10:1-12). Igihe abo 70 bagaruka, bari bishwe n’umunezero maze babwira Yezu bati: “Mugenzi, abadayimoni na bo baratwumvira mw izina ryawe”. Ariko bashobora kuba baratangaye igihe Yezu yahishura yuko bari kuronka mbere umunezero uruta uwo, kubera umwete bogize mu kurondera Ubwami. Yababwiye ati: “Ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru”.​—Luka 10:17, 20.

16, 17. (a) Yezu yabwiye iki intumwa ziwe z’intahemuka mw’ijoro rya nyuma yamaranye na zo? (b) Amajambo Yezu yavuze yaronkeje intumwa umunezero ungana iki, kandi yazikuye amazinda gute?

16 Amaherezo, mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaranye n’intumwa ziwe, ni ukuvuga ku wa 14 Nisani 33 G.C., yaratanguje icahavuye citwa Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba yongera azitegeka kuza ziribuka ico kintu. Kuri uwo mugoroba, Yezu yabwiye bamwe 11 bari basigaye ati: “Ni mwebge mwamanye nanje mu vyo nageragejwe. Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye, ngo muze murīre, munywere ku meza yanje mu bgami bganje: kandi muzokwicara ku ntebe z’icubahiro, mucire imanza imiryango y’Abisirayeli, ukw ar’icumi n’ibiri”.​—Luka 22:19, 20, 28-30.

17 Ese ukuntu imitima y’intumwa itegerezwa kuba yaruzuye umunezero n’agahimbare igihe zumva ayo majambo ya Yezu! Zari zitewe agateka karuta utundi twose umuntu yoshobora guterwa (Matayo 7:13, 14; 1 Petero 2:9). Cokimwe na wa mudandaza w’ingenzi, zari zarahevye vyinshi zikurikira Yezu mu kurondera Ubwami. Ico gihe zari zikuwe amazinda yuko utwigoro zari zimaze kugira tutari twabaye impfagusa.

18. Uretse za ntumwa 11, ni bande kandi bohavuye bungukira ku Bwami?

18 Intumwa zari kumwe na Yezu muri iryo joro si zo zonyene zari kwungukira ku Bwami. Yehova yagomba ko abantu 144.000 baja mw’isezerano ry’Ubwami bakazofatanya na Yezu Kirisitu kuganza mu Bwami bwo mw’ijuru buninahaye. Vyongeye, intumwa Yohani yarabonye mw’iyerekwa “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, . . . bahagaze imbere [y’intebe y’Imana] n’imbere y’Umwagazi w’Intama, . . . [bavuga] bat’Agakiza n’ak’Imana yacu ivyagiye kur’irya ntebe n’ak’Umwagazi w’Intama”. Abo ni abatwarwa b’ubwo Bwami bo kw’isib.​—Ivyahishuriwe 7:9, 10; 14:1, 4.

19, 20. (a) Ni akaryo akahe abantu bo mu mahanga yose bafise? (b) Ni ikibazo ikihe cihwezwa mu kiganiro gikurikira?

19 Imbere gato y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yategetse abayoboke biwe b’intahemuka ati: “Nuko ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’[im]pwemu [y]era; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku [“nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu”, NW]” (Matayo 28:19, 20). Gutyo rero, abantu bo mu mahanga yose bohavuye baba abigishwa ba Yezu Kirisitu. Na bo nyene, baba aboronse impera yo mw’ijuru canke yo kw’isi, boshize imitima yabo ku Bwami nk’uko wa mudandaza w’ingenzi yashize umutima wiwe kuri ya maragarita nziza.

20 Ayo majambo ya Yezu yarerekanye yuko igikorwa co guhindura abantu abigishwa cobandanije gushika ku “nsozero y’urunkwekwe rw’ibintu”. None muri iki gihe, hoba hakiriho abantu bameze nka wa mudandaza w’ingenzi, bemera guheba vyose mu kurondera Ubwami bw’Imana? Ico kibazo kirihwezwa mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Yohani mwene Zebedayo ashobora kuba yarakurikiye Yezu maze akibonera bimwebimwe mu bintu yakoze aho bamariye kubonana irya mbere, ivyo bikaba vyatumye Yohani ashobora kwandika nya bintu mu buryo butomoye rwose mu nkuru ivugwa mu Njili yiwe (Yohana, ikigabane ca 2-5). Ariko rero, yarasubiye ku gikorwa co kuroba c’umuryango wabo, akaba yamaze igihe kinaka agikora imbere y’uko Yezu amusaba kumukurikira.

b Ushaka kumenya ibindi, raba ikigabane ca 10 mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woshobora kubisigura?

• Ni ikihe cigwa nyamukuru kiri muri wa mugani w’umudandaza w’ingenzi?

• Yezu yerekanye gute yuko atahura cane agaciro kanini k’Ubwami?

• Ni igiki catumye Andereya, Petero, Yohani be n’abandi baca bagira ico bakoze badatebaganye igihe Yezu yabasaba kumukurikira?

• Ni akaryo keza igitangaza akahe abantu bo mu mahanga yose bafise?

[Amafoto ku rup. 10]

‘Basize vyose bakurikira Yezu’

[Amafoto ku rup. 12]

Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yategetse abayoboke biwe guhindura abantu abigishwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika