ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/4 rup. 8-9
  • Ab’i Makedoniya baronswa ikintu bakeneye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ab’i Makedoniya baronswa ikintu bakeneye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/4 rup. 8-9

Ab’i Makedoniya baronswa ikintu bakeneye

“JABUKA uze i Makedoniya, udutabare” (Ivyakozwe 16:9). Ayo majambo y’umugabo yabonekeye intumwa Paulo nko mu ndoto yarahishuye ko vyari bikenewe yuko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yamamazwa mu cibare gishasha, mu bisagara ubu biri mu Bugiriki.

Mu gihugu ca Makedoniya co muri iki gihe, hari Icabona ca Yehova 1 gusa ku banyagihugu 1.840. Hariho abantu benshi batarigera bumva ivyerekeye Yehova Imana. Ego cane, birakenewe bimwe vyihutirwa yuko abantu bo muri ico gihugu bumva ubutumwa bw’amahoro.​—Matayo 24:14.

Imana yaruguruye inzira kugira ngo baronswe ico kintu bakeneye. Umusi umwe muri Munyonyo 2003, ibiro vy’Ivyabona vya Yehova vy’i Makedoniya mu gisagara ca Skopje vyaritavye telefone bitari vyiteze. Iyo telefone yari ivuye ku Kigo c’i Makedoniya kijejwe imigenderanire n’amakungu, ikaba yasaba Ivyabona gutunganya ikibanza bazosiguriramwo ivyo bemera, kw’ihayanishwa ryomaze imisi itatu ryari gutangura ku wa 20 Munyonyo. Emwe, ako kari akaryo keza ko gushikira abantu ibihumbi batari bwigere bumva inkuru nziza y’Ubwami!

Ivyabona bitanze barakoze bivuye inyuma mu gutegura no mu kuringaniza ahantu ho kwerekanira ibitabu bitandukanye vy’Ivyabona vya Yehova mu rurimi rw’ikinyamakedoniya. Bimwe muri ivyo bitabu vyarashizwe ahabona kugira ngo abaza kuratira ijisho bashobore kugira ivyo batoye nimba bavyipfuza. Ivyo bitabu vyerekanywe vyarahaye abantu benshi akaryo ko kuronka ku buntu amazi yo mu vy’impwemu amara inyota.​—Ivyahishuriwe 22:17.

Abari baje kuratira ijisho barondera canecane ibitabu bikora ku buzima bwabo, nk’akarorero igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazi be n’igitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo*. Abantu 98 baratanze aderese zabo, basaba kugenderwa n’Ivyabona vya Yehova. Benshi baravuze amajambo meza ku gikorwa ciza Ivyabona vya Yehova barangura no ku kuntu ibitabu vyabo bimeze neza.

Hari umugabo yaje muri nya kibanza Ivyabona barimwo, akaba yari afashe agahungu kiwe ukuboko. Uwo sebibondo yabajije nimba hariho ibitabu vy’abana. Nya Vyabona baramweretse Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya*. Yaragicishijemwo amaso maze n’umunezero mwinshi aca abaza ayo kigurwa. Igihe yumva ko igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura co kwigisha gishigikirwa gusa n’intererano abantu batanga bavyishakiye, yaciye mbere arushiriza kunezerwa (Matayo 10:8). Yareretse nya gitabu agahungu kiwe maze avuga ati: “Iki gitabu ni ciza pe! Nzoza ndagusomera inkuru imwe ku musi ku musi!”.

Umwigisha umwe wa filozofiya yaregereye nya kibanza Ivyabona barimwo. Yarashima cane kumenya ibijanye n’idini muri rusangi, mugabo agashaka canecane kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera. Igihe yacisha amaso mu gitabu L’humanité à la recherche de Dieu*, nya mwigisha yaciye avuga ati: “Aya mayagwa ashikirijwe mu buryo bwumvikana koko! Ashikirijwe neza na neza mu buryo niyumvira ko amakuru ategerezwa gushikirizwa”. Mu nyuma, abanyeshure bamwebamwe bo mw’ishure yigisha baraje mu kibanza Ivyabona barimwo, maze babaza nimba boshobora kuronka ibitabu bimeze nka ca kindi uwo mwigisha yari yaronse. Bashaka kwiga ico gitabu nyene. Biyumvira yuko yokoresheje amayagwa ari muri co mu vyigwa yoshikirije.

Iryo hayanishwa ryatumye abantu bamwebamwe baronka ari bwo bwa mbere akaryo ko kwumva no gusoma ukuri kwo mu Vyanditswe. Hari umugwi w’imiyabaga ugizwe n’ibipfamatwi waje kuraba nimba hari ico wohakura. Umwe mu Vyabona yarabashikirije ikiganiro kigufi, afashijwe n’umwigeme yasobanura mu rurimi rw’ibimenyetso ivyariko biravugwa. Nya Cabona akoresheje amashusho yo mu gitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bosea, yarasiguye ko Yezu yakijije abarwayi, aho hakaba harimwo n’ibipfamatwi. Baranezerejwe no kumenya umuhango Bibiliya itanga w’uko Yezu vuba azogirira ibintu nk’ivyo abantu baba kw’isi muri iki gihe cacu. Abatari bake muri bo baremeye kwakira banezerewe ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, hongera hararinganizwa ivy’uko Icabona azi ururimi rw’ibimenyetso abagendera.

Turetse ibitabu vyo mu rurimi rw’ikinyamakedoniya vyari ngaho, hariho n’ivyo mu kinyalubaniya, mu congereza, no mu kinyaturukiya. Umugabo umwe atari azi ururimi rw’ikinyamakedoniya yarasavye yuko bomuronsa ibitabu vyo mu congereza. Amaze kuronka inomero z’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, yavuze yuko avuga ikinyaturukiya. Igihe yerekwa ibitabu mu rurimi rwiwe bwite, yaratangaye rwose! Yarabonye yuko Ivyabona vya Yehova bashaka gufasha abantu bose.

Ese ukuntu ico gihe hashinzwe intahe nziza! Vyongeye, ese ukuntu vyari ibiremesha kubona abantu benshi gutyo bashimishwa n’ukuri kwa Bibiliya! Ego cane, Yehova yaruguruye inzira kugira ngo inkuru nziza y’Ubwami irushirize gukwiragizwa i Makedoniya.

[Akajambo k’epfo]

a Ivyo bitabu vyose vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 9]

IKINTU C’INTIBAGIRWA!

Utwigoro two gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana twarateye intambwe ihambaye ku wa 17 Rusama 2003. Kuri uwo musi, mu gisagara ca Skopje ibiro bishasha vy’Ivyabona vya Yehova vyareguriwe Yehova. Igikorwa co kwubaka cari camaze imyaka ibiri, ibiro bishasha bikaba bisigaye biruta ivyahahora incuro zine.

Hariho inyubakwa zitatu zitandukanye zirimwo ibiro vy’ubuyobozi n’ivy’ubuhinduzi, hamwe n’ivyumba vy’uburaro, igikoni, be n’imesuriro. Umuvukanyi Guy Pierce, umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, ni ho yari ngo ashikirize insiguro yo kwegurira Yehova ivyo biro. Abashitsi bavuye mu bihugu cumi barakurikiranye porogarama yo kwegurira Yehova ivyo biro. Bose barahimbawe cane no kubona izo nyubakwa nshasha z’akaroruhore.

[Ikarata ku rup. 8]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

BILIGARIYA

MAKEDONIYA

Skopje

ALUBANIYA

UBUGIRIKI

[Ifoto ku rup. 8]

I Skopje muri Makedoniya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika