Igikoresho gifasha cane mu buhinduzi
UWO Bibiliya yamutseko, ni ukuvuga Yehova Imana, yipfuza yuko inkuru nziza y’Ubwami bwiwe ibwirwa “amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose” (Ivyahishuriwe 14:6). Ashaka ko abantu bose biborohera kuronka Ijambo ryiwe ryanditswe. Kugira ngo ivyo bishoboke, Bibiliya yarahinduwe mu ndimi nyinshi kuruta ikindi gitabu ico ari co cose kiboneka kw’isi. Abahinduzi ibihumbi barakoze bivuye inyuma kugira ngo bashikirize ivyiyumviro vy’Imana mu zindi ndimi.
Mugabo Bibiliya si igitabu co guhindurwa gusa mu zindi ndimi. Akatari gake, Bibiliya ubwayo yarakoreshejwe mu guhindura ibindi bisomwa. Abahinduzi benshi bararavye ingene amajambo akoreshwa muri Bibiliya yagiye arahindurwa mu ndimi zitandukanye, kugira ngo bashobore guhindura neza amajambo amwamwe. Imice ya Bibiliya ituma iba igikoresho gifasha mu buhinduzi ubu yarakoreshejwe no mu buhinduzi bugirwa na orodinateri.
Biragoye koko kugira ngo orodinateri ihindure igisomwa mu rundi rurimi. Abahinga bamwebamwe mbere biyumviriye yuko ubuhinduzi ari ikintu kirengeye orodinateri. Uti kubera iki? Ururimi ntirugizwe n’amajambo gusa. Ururimi rumwerumwe rwose usanga rwisangije ukuntu rutondeka amajambo, rukagira amategeko yarwo, ahantu hamwehamwe rutisunga ayo mategeko, rukagira imvugo ncakagani be n’izihinyitse rwisangije. Utwigoro twagizwe kugira ngo orodinateri yigishwe ivyo vyose, nta kintu kinini twashitseko. Vyinshi mu vyo orodinateri yahinduye vyamye bigoye cane gutegera.
Ariko rero, nk’uko bivugwa na Franz Josef Och, akaba ari umwe mu bahinga banonosoye ivy’ubuhinduzi bugirwa na orodinateri, ubu abahinga mu vya orodinateri bariko bariga ubuhinga bushasha. Dufate yuko ushaka guhindura igihindi mu congereza. Banza ufate igisomwa kihari canditse muri izo ndimi zompi, hanyuma uce ugishira muri orodinateri. Orodinateri ica igereranya ivyo bisomwa bibiri. Nk’akarorero, igihe orodinateri isanze hari ijambo ry’igihindi riguma rigaruka, mu gace k’igisomwa c’icongereza gahuye n’ak’igihindi ikaguma ihasanga ijambo ryo mu congereza risobanura ngo “inzu”, ica ifata ko iryo jambo ryo mu gihindi ritegerezwa kuba ari ryo rihindurwa ngo “inzu” mu congereza. Vyongeye, akenshi amajambo yegeranye n’iryo jambo usanga ari ingereka, nk’akarorero “kinini”, “gitoyi”, “gishaje” canke “gishasha”. Gutyo rero orodinateri ica igira urutonde rurimwo amajambo ajana yo muri izo ndimi zibiri, hamwe n’intondeko z’amajambo zijana zo muri izo ndimi. Orodinateri imaze ‘kumenyerezwa’ muri ubwo buryo, ivyo bikaba bishobora gufata imisi mikeyi canke indwi nkeyi, irashobora gukoresha ivyo iba yize mu guhindura ikindi gisomwa. Naho igisomwa yahinduye gishobora kuba kitarimwo indimburo nziza be n’uburyo bwiza bwo guhinyanyura imvugo, usanga ivyo yahinduye vyumvikana bihagije ku buryo umuntu ashobora gutegera insobanuro yavyo be n’ibintu bikurubikuru bivugwamwo.
Ubuhinduzi bugirwa na orodinateri burushiriza kuba bwiza bivanye ahanini n’ingene igisomwa cashizwemwo mu ntango cangana be n’ingene kiba carahinduwe. Aho ni ho rero Bibiliya ica yivugira. Yarahinduwe yitondewe mu ndimi nyinshi, ikaba ishobora kuboneka bitagoranye, vyongeye ikaba irimwo igisomwa kinini cane. Ni co gituma Bibiliya ari co gitabu abashakashatsi bashimye kuruta ibindi vyose igihe bariko barigisha orodinateri kugira ihindure urundi rurimi.