ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/4 rup. 25-29
  • Ukwizera kwawe kwoba gutuma ugira ico ukoze?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukwizera kwawe kwoba gutuma ugira ico ukoze?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwiga guhanitse
  • Barirundaniriza ubumenyi ariko bakagira imitima itizera
  • “Mube abakora ivy’iryo jambo”
  • Igikorwa cawe kizoherwa
  • Bandanya gukora ivyiza
  • Yehova Adusaba Iki Muri Iki Gihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Woba vy’Ukuri Wizera Inkuru Nziza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nugaragaze ko wizera ivyo Yehova yasezeranye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Iteka Imbere ya Kirisitu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/4 rup. 25-29

Ukwizera kwawe kwoba gutuma ugira ico ukoze?

UMUGABISHA w’ingabo umwe yari yashwirutse yuko Yezu ashobora gukiza ubumuga bw’umushumba wiwe. Mugabo uwo mugabisha w’ingabo ntiyasavye Yezu ngo aze mu rugo iwe, kubera kumbure yiyumvamwo yuko atabereye canke kubera yari Umunyamahanga. Ahubwo, uwo mugabisha w’ingabo yarungitse abashingantahe b’Abayuda iyo Yezu ari maze bamubwira yuko yabatumye ati: “Mugenzi, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira”. Yezu abonye ko uwo mugabisha w’ingabo yizera yuko yari ashoboye gukiza mbere umuntu batari kumwe, yaciye abwira ishengero ryariko riramukurikira ati: “Ndababgire ukuri: Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli”.​—Matayo 8:5-10; Luka 7:1-10.

Ico kintu cabaye kirashobora kudufasha kwitwararika bimwe bidasanzwe ikintu kimwe gihambaye kijanye n’ukwizera. Ukwizera nyakuri si ugupfa kwemera Imana gusa; gutegerezwa gushigikirwa n’ibikorwa. Umwanditsi wa Bibiliya Yakobo yasiguye ati: “Ukwizera kutari n’ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye” (Yakobo 2:17). Ico kintu kirarushiriza gutomoka iyo turimbuye akarorero k’ivyabaye kerekana ibishobora gushika igihe ukwizera kubuze ibikorwa.

Mu mwaka wa 1513 B.G.C., ihanga rya Isirayeli ryarunze ubucuti na Yehova Imana biciye kw’isezerano ry’Ivyagezwe. Musa, uwari umuhuza muri iryo sezerano, yashikirije Abisirayeli ijambo ry’Imana ati: “Ni mwamwumvira vy’ukuri, mukitondera isezerano ryiwe, muzomubera . . . ihanga ryera” (Kuvayo 19:3-6). Ego cane, ubweranda bw’ihanga rya Isirayeli bwari buhagaze ku kwumvira ari kwo kugamburuka.

Haciye ibinjana vyinshi, Abayuda batanguye kwitwararika ivyo kwiga Ivyagezwe kuruta ugushira mu ngiro ingingo ngenderwako ziri muri vyo. Mu gitabu ciwe (The Life and Times of Jesus the Messiah), Alfred Edersheim yanditse ati: “[Abarabi], ni ukuvuga ‘abahambaye bo mw’isi’, kuva kera bari barashinze yuko ukwiga kuza imbere y’ibikorwa”.

Ego ni ko, Abisirayeli ba kera bategekwa kwigana umwete ivyo Imana yabasaba. Imana ubwayo yavuze iti: “Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu: muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse” (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7). Mugabo none, Yehova yoba yarigeze kugabira ivy’uko ukwiga Ivyagezwe kuba co kintu gihambaye kuruta ibikorwa bihuye n’Ivyagezwe canke bisabwa na vyo? Reka tubirabe.

Ukwiga guhanitse

Gushimika bimwe birenze urugero ku kwiga Ivyagezwe bishobora kuba vyarumvikana ku Bisirayeli, kubera ko Abayuda bari basanzwe bemera yuko ngo Imana ubwayo imara amasaha atatu ku musi ku musi yiga Ivyagezwe. Uca ubona igituma Abayuda bamwebamwe bashobora kuba bibwira bati: ‘Nimba Imana yiga Ivyagezwe idahorereza, wumva none ibiremwa vyayo vyo kw’isi bidakwiye kwihebera ivyo gutohoza Ivyagezwe?’.

Gushika mu kinjana ca mbere G.C., ukurazwa ishinga n’ivy’ugusuzuma Ivyagezwe be n’ivy’ukubisobanura kwari kwaramaze kugoreka rwose ukwiyumvira kw’abarabi. Yezu yavuze ati: “Abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo . . . ivyo bavuga [si] vyo bakora. . . . Bahambira imitwaro iremereye igoye itwara, bakayikoreza abantu ku bitugu, arik’ubgabo ntibagomba kuyikozako n’urutoke” (Matayo 23:2-4). Izo ndongozi z’amadini zararemeka abanyagihugu amategeko n’amabwirizwa atagira uko angana, mugabo zibigiranye uburyarya zigasobekamwo ingingo zabarekurira bo ubwabo kudakurikiza ayo mategeko nyene. Vyongeye, abo bantu wasanga bitunira ku kwiga Ivyagezwe mu buryo buhanitse bari “[bar]aretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera”.​—Matayo 23:16-24.

Ni akamaramaza kubona mu kurondera kwishingira ubugororotsi bwabo bwite, Abanyabwenge b’ivyanditswe be n’Abafarizayo bahavuye barenga ku Vyagezwe nyene bivugisha yuko bashigikira! Ibinjana vyose bamaze baharira ku majambo no ku tundi tuntu tw’ido n’ido two mu Vyagezwe ntivyatumye barushiriza kwiyegereza Imana. Ingaruka yabaye nka kwa guta umurongo kwatumwa n’ivyo intumwa Paulo yise ‘amajambo ahumanya’, “ukurwana” mu bihari be n’“ubgenge” bw’uruhendo (1 Timoteyo 6:20, 21). Ariko rero, iyindi ngorane ikomeye yari ingaruka ukwo gutohoza kudahera kwagize kuri bo. Ntibaronse ukwizera kwari kubavyurira umutima wo gukora ibigororotse.

Barirundaniriza ubumenyi ariko bakagira imitima itizera

Ese ukuntu ivyiyumviro vy’indongozi z’idini z’Abayuda vyari bitandukanye rwose n’ivy’Imana! Imbere gato y’uko Abisirayeli binjira mu Gihugu c’Isezerano, Musa yababwiye ati: “Mushire imitima yanyu ku majambo yose mbabariye uyu musi, muze muyatoze abana banyu kugira ngo baze bitondere amajambo yose y’ivyo vyagezwe, babishitse” (Gusubira mu vyagezwe 32:46). Biraboneka yuko abasavyi b’Imana batategerezwa gusa kuba abahinga mu vy’Ivyagezwe, mugabo kandi bategerezwa kuba abakora ibivugwa mu Vyagezwe.

Ariko rero, ihanga rya Isirayeli ryarahemukiye Yehova akatari gake. Aho kugira ngo Abisirayeli bakore ibibereye, ‘ntibamwizeye canke ngo bumvire ijwi ryiwe’ (Gusubira mu vyagezwe 9:23; Abacamanza 2:15, 16; 2 Ngoma 24:18, 19; Yeremiya 25:4-7). Amaherezo, Abayuda barakoze ikintu c’agahomerabunwa kijanye no guhemuka igihe biyamiriza Yezu ngo si Mesiya (Yohana 19:14-16). Ivyo vyatumye Yehova Imana na we ata Abisirayeli maze ahindukirira abanyamahanga.​—Ivyakozwe 13:46.

Nta nkeka turakeneye kuba maso kugira ngo ntiduhave tugwa muri uwo mutego nyene, twiyumvira yuko dushobora gusenga Imana dufise ubwenge bwinshi mugabo tudafise umutima wizera. Tubivuze mu bundi buryo, ukwiga Bibiliya kwacu ntigukwiye kuba ukwo kwirundaniriza ubumenyi gusa. Ubumenyi ntagakosa butegerezwa gushika mu mitima yacu kugira ngo buhindure ubuzima bwacu bumere neza. Mbega none vyoba vyumvikana twize ivyo kurima imboga mugabo ntitwigere tubiba imbuto zazo? Ego ni ko, twoshobora kuronka ubumenyi bunaka ku bijanye n’uburyo bwo kurima imboga, mugabo nta n’uruboga rwa kirazira twogenda dusoromye! Muri ubwo buryo nyene, abantu bamenya ivyo Imana ibitezeko biciye ku kwiga Bibiliya bategerezwa kureka imbuto z’ukuri zigashika mu mutima kugira ngo zinage maze zibavyurire umutima wo kugira ico bakoze.​—Matayo 13:3-9, 19-23.

“Mube abakora ivy’iryo jambo”

Intumwa Paulo yavuze yuko “ukwemera kuva ku kwumva” (Abaroma 10:17). Ukwo gukurikirana kw’ibintu gusanzwe, ukuva ku kwumva Ijambo ry’Imana kugashika ku kwizera Umwana wayo Yezu Kirisitu, gutuma dushobora kuzoronka ubuzima budahera. Ego cane, hariho ikindi gikenewe kiretse gusa kuvuga ngo: ‘Ndemera Imana na Kirisitu’.

Yezu yahimirije abigishwa biwe kugira ukwizera kwari kubavyurira umutima wo kugira ico bakoze ati: “Mur’ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje” (Yohana 15:8). Mu nyuma, mwenewabo na Yezu ari we Yakobo basangiye nyina yanditse ati: “Mube abakora ivy’iryo jambo, ntimube abaryumva gusa” (Yakobo 1:22). Ariko none twomenya gute ico twokora? Mu mvugo no mu ngiro, Yezu yarerekanye ico dukeneye gukora kugira ngo duhimbare Imana.

Igihe Yezu yari aha kw’isi, yarakoze aratama kugira ngo ateze imbere ivyungura Ubwami no kugira ngo aninahaze izina rya Se (Yohana 17:4-8). Mu buryo ubuhe? Abantu benshi boshobora guca bibuka ibitangaro Yezu yakoze vyo gukiza abarwayi n’ibimuga. Mugabo Injili ya Matayo iratomora uburyo nyamukuru yakoresheje mu guteza imbere ivyungura Ubwami iti: “Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose, yigisha mu masinagogi yabo, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami”. Birahambaye kubona Yezu atagarukirije ubusuku bwiwe ku kuganiriza akaryo kizanye abagenzi biwe bakeyi be n’abazinanye na we bakeyi, canke ngo abugarukirize ku bo bahurira mu kibano. Yarihase bimwe bikomeye, arakoresha uburyo bwose yari afise kugira ngo agendere abantu b’i “Galilaya hose”.​—Matayo 4:23, 24; 9:35.

Vyongeye, Yezu yategetse abayoboke biwe kugira uruhara mu gikorwa co guhindura abantu abigishwa. Vy’ukuri, yaratanze akarorero katagira agahaze bokwigana (1 Petero 2:21). Yezu yabwiye abigishwa biwe b’intahemuka ati: ‘Nuko nimugende, muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data wa twese n’iry’Umwana n’iry’impwemu yera; mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose’.​—Matayo 28:19, 20, NW.

Tuvugishije ukuri, kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza ni urugamba rukomeye. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Rāba mbatumye muri nk’abana b’intama mu mabingira hagati” (Luka 10:3). Iyo turiko turarwanywa, ikintu gishobora guca kiza mu muntu ni ugukuramwo akarenge kugira ngo yirinde kwirirwa arashikirwa n’intuntu canke amaganya. Ivyo ni vyo vyashitse ku mugoroba Yezu yafatiweko. Intumwa zaratunzwe n’ayo zameze ubwoba bumaze kuzitekera. Mw’ijoro, Petero yarihakanye Yezu gatatu ngo ntamuzi.​—Matayo 26:56, 69-75.

Vyongeye, woshobora gutangazwa no kumenya yuko n’intumwa Paulo yavuze ko yarwana intambara kugira ngo yamamaze inkuru nziza. Yandikiye ishengero ry’i Tesalonike ati: “[Twashize] amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi”.​—1 Ab’i Tesalonike 2:1, 2.

Paulo be n’intumwa bagenziwe barashoboye kurengera ikintu ico ari co cose catuma batinya kubwira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana, kandi na wewe urashobora kubishikako. Uti gute? Intambwe ihambaye kuruta izindi ni ukwiheka kuri Yehova. Twizeye Yehova tugaherezako, ukwo kwizera kuzotuvyurira umutima wo kugira ico dukoze, kandi tuzoshobora gukora ivyo agomba.​—Ivyakozwe 4:17-20; 5:18, 27-29.

Igikorwa cawe kizoherwa

Yehova arazi neza akigoro tugira mu kumusukurira. Nk’akarorero, iyo turwaye canke turushe arabimenya. Arazi ibiduhagarika umutima. Igihe tumerewe nabi mu vy’ubutunzi canke igihe amagara yacu cabure inyiyumvo zacu bisa n’ibitwihebuza, Yehova yama azi uko ivyacu vyifashe.​—2 Ngoma 16:9; 1 Petero 3:12.

Ese ingene Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa igihe ukwizera kwacu kutuvyuriye umutima wo kugira ico dukoze naho turi abanyagasembwa tukaba kandi dufise ingorane! Ukuntu Yehova ababara abasavyi biwe b’intahemuka, si ikintu c’akanyengetera gusa agira; agushigikiza umuhango. Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana yanditse ati: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze”.​—Abaheburayo 6:10.

Urashobora kwizigira ukuntu Bibiliya idondora Yehova ko ari “Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya”, be n’uko ‘aha impera abamurondera’ (Gusubira mu vyagezwe 32:4; Abaheburayo 11:6). Nk’akarorero, hari umugore umwe w’i Kaliforoniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yigana ati: “Dawe yamaze imyaka cumi ari umusuku w’igihe cose imbere y’uko ashinga umuryango. Yaranyiganira inkuru ziryoshe z’ukungene Yehova yamushigikira mu busuku. Akatari gake yakoresha uduhera twiwe twose mu kugura ibitoro kugira ngo aje mu busuku. Atashe avuye mu busuku, akenshi yasanga ku muryango hari ibifungurwa bimurindiriye ataba yari yiteze”.

Turetse ivy’uko ‘Data wa twese w’imbabazi, akaba n’Imana yirura imibabaro yose’ adushigikira mu buryo bw’umubiri, aranadushigikira mu vy’akanyengetera no mu vy’impwemu (2 Ab’i Korinto 1:3). Hari Icabona umwe yamaze imyaka n’iyindi yihanganira ibigeragezo vyinshi avuga ati: “Kwiheka kuri Yehova biratuma wumva utekaniwe. Birakuronsa akaryo ko kumwizigira no kwibonera ingene agufasha”. Urashobora kwegera wicishije bugufi Umwe ‘yumva ivyo asabwa’, uzi neza yuko azokwitwararika ibikuraje ishinga.​—Zaburi 65:2.

Impêra abimbuzi bo mu vy’impwemu baronka ni vyinshi (Matayo 9:37, 38). Kugira uruhara mu busuku bwo ku mugaragaro vyarazaniye benshi ivyiza bitari bike, kandi na wewe birashobora kukuzanira ivyiza vyinshi. Mugabo igihambaye kuruta, gushinga intahe ku bandi biradufasha gukomeza ubucuti bwiza dufitaniye n’Imana.​—Yakobo 2:23.

Bandanya gukora ivyiza

Kwoba ari ukwihenda umwe mu basavyi b’Imana ashitse ku ciyumviro c’uko Yehova yumva ababaye igihe amagara make canke ubusaza busa n’ububuza nya musavyi gukora ibintu vyose yipfuza gukora mu busuku. Kwoba kandi ari ukwihenda hamwe umuntu yoshika ku ciyumviro nk’ico ku vyerekeye abakora bikeya kubera amagara mabi, amabanga yo mu muryango, canke ibindi bintu.

Niwibuke yuko igihe intumwa Paulo yumva ko amagara make canke intambamyi vyariko bimubuza gukora nk’uko avyipfuza, ‘yatakambiye Umwami gatatu ngo bimuveko’. Ha kugira ngo Imana ikize Paulo kugira ashobore kurangura vyinshi mu murimo wayo, yamubwiye iti: “Ubuntu bganje [“utabereye”, NW] buraguhāgije; kuk’ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke” (2 Ab’i Korinto 12:7-10). Kubera ico, nuhere amazinda yuko naho woba uriko urihanganira ibintu bigoye gute, So wo mw’ijuru aha agaciro ivyo ari vyo vyose woba ushoboye gukora kugira ngo uteze imbere inyungu ziwe.​—Abaheburayo 13:15, 16.

Umuremyi wacu munyarukundo ntadusaba ibirenze ivyo dushoboye gutanga. Adusaba gusa yuko twogira ukwizera kutuvyurira umutima wo kugira ico dukoze.

[Ifoto ku rup. 26]

Kwiga Ivyagezwe vyoba vyari bihagije?

[Ifoto ku rup. 29]

Ukwizera kwacu kurakeneye gushigikirwa n’ibikorwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika