Gendana n’Imana muri ibi bihe bidurumbanye
“Henoki yagendana n’Imana: araheza ntiyaba akiboneka, kukw Imana imujanye”.—ITANGURIRO 5:24.
1. Ni ingorane izihe ziranga ibihe turimwo zituma biba ibigoye cane?
IBIHE bidurumbanye! Ayo majambo aradondora neza imyaka y’uruhagarara n’ubukazi umuryango w’abantu urimwo kuva Ubwami burongowe na Mesiya buvutse mu 1914. Muri ico gihe cose kihaciye, abantu bari mu “misi y’iherezo”. Ivyago nk’ikigoyi, indwara, vya nyamugigima be n’intambara vyarasinzikaje abantu ku rugero bitari bwigere bishikako (2 Timoteyo 3:1; Ivyahishuriwe 6:1-8). Abasenga Yehova na bo nyene ntivyabasize inyuma. Twese hari ukuntu usanga tubwirizwa guca mu ngorane, kandi hari ukuntu duhagarikwa umutima n’uko buca bugacana ayandi. Ingorane z’ivy’ubutunzi, uruhagarara rw’ivya politike, ubugizi bwa nabi be n’indwara, biri mu bintu bituma ubuzima bugora cane.
2. Ni ingorane izihe abasavyi ba Yehova bihanganiye?
2 N’ikindi kandi, abasavyi ba Yehova benshi barihanganiye uruhamo ruguma rwisubiriza, kubera yuko Shetani yabandanije kurwanya “abitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe” (Ivyahishuriwe 12:17). Kandi, naho atari twese tumaze gushikirwa n’uruhamo rw’imbonankubone, abakirisu b’ukuri bose babwirizwa kunyinyana na Shetani wa Mucokoranyi be n’agatima azana mu bantu (Abanyefeso 2:2; 6:12). Bisaba ko tuguma turikanuye kugira ntitwoshwe n’ako gatima, kubera yuko tugasanga ku kazi, kw’ishure be n’ahandi hose usanga biba ngombwa ko tuba kumwe n’abantu batanezwe ivy’ugusenga gutyoroye.
Gendana n’Imana, ntugendane n’amahanga
3, 4. Abakirisu batandukaniye hehe n’isi?
3 Mu kinjana ca mbere, abakirisu na bo nyene bararwanije impwemu y’iyi si bivuye inyuma, kandi ivyo vyatumye baba abatandukanye rwose n’abantu bo hanze y’ishengero rya gikirisu. Paulo yaradondoye iryo tandukaniro igihe yandika ati: “Ni co gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nk’ukw abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bgenge bgabo, ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubg’ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’imitima yabo. Kandi bābaye ibiti, bīshira mu ngeso z’isoni nke, gukora ibihumanya vy’uburyo bgose bifatanije n’ukwifuza”.—Abanyefeso 4:17-19.
4 Ese ukuntu ayo majambo adondora neza umwiza w’umuzitanya wo mu vy’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu iyi si yarimwo mu gihe ca Paulo, eka mbere no muri iki gihe cacu! Nk’uko vyari mu kinjana ca mbere, abakirisu muri iki gihe ‘ntibagenda nk’uko abanyamahanga bagenda’. Ahubwo baratewe agateka ntangere ko kugendana n’Imana. Ego ni ko, hari abokwibaza nimba vyoba vyumvikana kuvuga yuko abantu bo hasi, abantu b’abanyagasembwa, bashobora kugendana na Yehova. Ariko rero, Bibiliya irerekana yuko bishoboka. Erega n’ubundi Yehova yiteze ko bagendana na we. Mu kinjana c’umunani imbere y’igihe cacu, umuhanuzi Mika yanditse aya majambo yahumetswe agira ati: “Har’ikindi Uhoraho akugombako, atar’ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?”.—Mika 6:8, ni twe dushimitse.
Twogendana n’Imana gute, kandi kubera iki?
5. Umuntu w’umunyagasembwa ashobora gute kugendana n’Imana?
5 Twoshobora gute kugendana na ya Mana ishobora vyose, itaboneka? Icibonekeza coco, ntidushobora kugendana n’Imana nka kurya tugendana n’abantu nkatwe. Muri Bibiliya, imvugo “kugenda” ishobora gusobanura “gukurikirana ingendo yinaka”a. Dufatiye kuri iyo nsobanuro rero, duca tubona yuko umuntu agendana n’Imana akurikira ingendo y’ubuzima yashinzwe n’Imana kandi iyihimbara. Gukurikirana ingendo mwene iyo biratuma dutandukana na benshi mu bantu badukikije. Yamara rero, iryo ni ryo hitamwo ryonyene ribereye umukirisu yogira. Uti kubera iki? Impamvu ni nyinshi.
6, 7. Ni kubera iki kugendana n’Imana ari yo ngendo nziza kuruta izindi zose?
6 Ubwa mbere, Yehova ni we Muremyi wacu, ni we Sôko ry’ubuzima bwacu, akaba na we atanga ivyo dukeneye vyose kugira ngo ubuzima bubandanye (Ivyahishuriwe 4:11). Ku bw’ivyo, ni we wenyene afise uburenganzira bwo kudushingira ingene dukwiye kugenda. Uretse n’ivyo, kugendana n’Imana ni yo ngendo izana ivyiza kuruta izindi zose. Yehova yarashizeho intunganyo ituma abagendana na we baharirwa ivyaha, kandi arabaha icizigiro ntakekeranywa c’ubuzima budahera. Data wa twese wo mw’ijuru yuzuye urukundo aratanga n’impanuro zifasha abagendana na we kuroranirwa mu buzima ubu, naho nyene ari abanyagasembwa kandi bakaba baba mw’isi itwarwa na Shetani (Yohana 3:16; 2 Timoteyo 3:15, 16; 1 Yohana 1:8; 2:25; 5:19). Iyindi mvo yotuma tugendana n’Imana, ni uko iyo tubigize n’umutima ukunze bituma haba amahoro n’ubumwe mw’ishengero.—Ab’i Kolosayi 3:15, 16.
7 Imvo ya nyuma ari na yo ihambaye kuruta izindi zose ni iyi: Iyo tugendanye n’Imana, tuba twerekanye aho duhagaze kuri ca kibazo c’inkoramutima cavyurwa mw’itongo ry’i Edeni, kimwe c’ubusegaba (Itanguriro 3:1-6). Turagaragaza mu buryo tubayeho ko duhagaze ku ruhande rwa Yehova tudatirigana, kandi turamenyekanisha n’umutima rugabo yuko ari we wenyene Segaba abikwiriye (Zaburi 83:18). Gutyo rero, tuba dukoze duhuza na rya sengesho dutura dusaba ko izina ry’Imana ryezwa be n’uko ivyo igomba bikorwa (Matayo 6:9, 10). Ese ukuntu abahitamwo kugendana n’Imana ari inkerebutsi! Barashobora guhera amazinda yuko inzira barimwo itazimiza, kubera yuko Yehova ari we ‘wenyene afise ubwenge’ canke ubukerebutsi. Ntiyigera yihenda.—Abaroma 16:27.
8. Igihe ca Henoki n’igihe ca Nowa vyari bifitaniye isano gute n’igihe cacu?
8 None bishoboka bite ko tubaho rukirisu muri ibi bihe vy’umudurumbanyo kandi abantu benshi bakaba batitaho gukorera Yehova? Inyishu y’ico kibazo turayironka twihweje ubuzima bw’abagabo b’abizigirwa bo mu gihe ca kera bagumye ari intadohoka mu bihe bigoye cane. Babiri muri abo ni Henoki na Nowa. Bompi babayeho mu gihe gisa cane n’ico turimwo. Ubukozi bw’ikibi bwari bwiraye. Mu gihe ca Nowa, isi yari yuzuye ubukazi n’ubuhumbu. Ariko rero, Henoki na Nowa barananiye agatima k’isi ko mu gihe cabo, bongera baragendana na Yehova. None babishobojwe n’iki? Kugira ngo twishure ico kibazo, muri iki kiganiro tugiye kubanza kwihweza akarorero ka Henoki. Mu gikurikira na ho, twihweza akarorero ka Nowa.
Henoki yagendana n’Imana mu bihe bidurumbanye
9. Ni amakuru ayahe dufise yerekeye Henoki?
9 Henoki ni we muntu wa mbere Ivyanditswe bivuga ko yagendana n’Imana. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga iti: “Henoki amaze kuvyara Metusela agendana n’Imana” (Itanguriro 5:22). Iyo nkuru yaciye ivuga imyaka Henoki yamaze. Iyo myaka uyigereranije n’iyo twebwe tumara yari myinshi, mugabo ico gihe hoho yari mike. Iyo nkuru ica ibandanya iti: “Henoki yagendana n’Imana: araheza ntiyaba akiboneka, kukw Imana imujanye” (Itanguriro 5:24). Biboneka yuko Yehova yimuye Henoki amukura mu gihugu c’abazima, amushira mw’itiro ry’urupfu imbere yuko abamurwanya bamushorerako amaboko (Abaheburayo 11:5, 13). Turetse iyo mirongo mikeyi, Henoki avugwa hake muri Bibiliya. Yamara rero, dufatiye ku makuru dufise hamwe n’ibindi bimenyamenya, turi n’imvo zumvikana zo kuvuga yuko ibihe Henoki yabayemwo vyari bidurumbanye.
10, 11. (a) Ukwononekara kwakwiragiye gute aho Adamu na Eva bamariye kugarariza? (b) Ni ubutumwa ubuhe bw’ubuhanuzi Henoki yamamaje, kandi abantu bategerezwa kuba babwakiriye gute?
10 Nk’akarorero, rimbura ukuntu ukwononekara kwakwiragiye ningoga na ningoga mu bantu Adamu amaze gucumura. Bibiliya itubwira ko Kayini imfura ya Adamu ari we yabaye umwicanyi wa mbere, igihe yagandagura murumuna we Abeli (Itanguriro 4:8-10). Abeli amaze kwicwa bunyamaswa, Adamu na Eva baravyaye uwundi muhungu, maze bamwita Seti. Ku bimwerekeye, dusoma duti: “Seti na we arahava avyara umuhungu, amwita Enoshi: ico gihe abantu ni ho batanguriye kwambaza izina ry’Uhoraho” (Itanguriro 4:25, 26). Ikibabaje ni uko ukwo “kwambaza izina ry’Uhoraho” kwagirwa mu buryo bw’ubuhunib. Haciye imyaka itari mike Enoshi avutse, uwitwa Lameki akomoka kuri Kayini yaratunganirije abagore biwe babiri ururirimbo aho yihaya ko yari yishe umusore yari yamukomerekeje. Yagabishije kandi ati: “Asangwa uwokwishe Kayini yobihaniwe ibihetangabo ndwi, n’ukuri uwokwica Lameki yobihanirwa ibihetangabo mirongwirindwi n’indwi!”.—Itanguriro 4:10, 19, 23, 24.
11 Izo nkuru nkeyi z’ibintu vyabaye, nk’iyo duhejeje kuvuga, zirerekana yuko ukwononekara kwatangujwe na Shetani mw’itongo ry’i Edeni kutatevye gutuma ubukozi bw’ikibi bukwiragira mu bakomotse kuri Adamu. Mw’isi imeze gutyo, Henoki yari umuhanuzi yatumwe na Yehova, ijwi ry’amajambo yiwe y’ububasha yahumekewe rikaba risa n’iricumvikana n’ubu. Yuda avuga yuko Henoki yavugishijwe n’Imana ati: “Eh’Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe, kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya” (Yuda 14, 15). Iranguka rya nyuma ry’ayo majambo rizoba kuri Harumagedoni (Ivyahishuriwe 16:14, 16). Yamara rero, nta gukeka yuko no mu gihe ca Henoki hariho “abanyavyaha batubaha Imana” bumva ubuhanuzi bwa Henoki bakumva bubarambiye. Ese ukuntu Yehova yagaragaje urukundo mu gutwara uwo muhanuzi ngo ntibamugirire nabi!
Ni igiki cakomeje Henoki kugira agendane n’Imana?
12. Ni igiki catumye Henoki aba uwutandukanye n’abantu bo mu gihe ciwe?
12 Muri rya tongo ry’i Edeni, Adamu na Eva barumviye Shetani, gutyo Adamu aba agararije Yehova (Itanguriro 3:1-6). Umuhungu wabo Abeli wewe ntiyakurikiye inzira yabo, kandi Yehova yaramuravye ryiza (Itanguriro 4:3, 4). Ariko ikibabaje, benshi mu ruvyaro rwa Adamu ntibabaye nka Abeli. Mugabo Henoki wewe, uwavutse haciye imyaka amajana, yabaye nka Abeli. None Henoki yari atandukaniye hehe n’abandi benshi cane mu bakomotse kuri Adamu? Intumwa Paulo yarishuye ico kibazo igihe yandika ati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Henoki [“yimurwa”, NW], ngo ntabone urupfu, kandi ntiyaboneka, kukw Imana yamujanye. Kuko yashingiwe intahe atarajanwa yuko yahimbaye Imana” (Abaheburayo 11:5). Henoki yari mu “gipfungu c’ivyabona [b’imbere y’ubukirisu]” babaye uburorero ntangere bw’ukwizera (Abaheburayo 12:1). Ukwizera ni kwo kwafashije Henoki kwihangana akaguma yigenza neza mu myaka irenga 300 yamaze, iyo myaka ikaba isumba incuro zirenga zitatu iyo benshi muri twebwe bamara!
13. Henoki yari afise ukwizera kumeze gute?
13 Paulo yaradondoye ukwizera kwa Henoki be n’ukw’ibindi vyabona igihe yandika ati: “Ukwizera [‘ni ukurindira udakekeranya ibintu wizigiye’, NW], kand’ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha kw ar’ivy’ukuri” (Abaheburayo 11:1). Egome, ukwizera ni ukurindira canke ukwitega udakekeranya ufatiye ku vyemeza, yuko ivyo wizigiye bizoranguka. Ukwitega nya bintu kuba gukomeye cane ku buryo kugira ivyo guhinduye ku vyo twitwararika gusumba ibindi mu buzima bwacu. Ukwo kwizera ni kwo kwafashije Henoki kugendana n’Imana naho isi yari imukikije itagendana na yo.
14. Ni ubuhe bumenyi ntagakosa ukwizera kwa Henoki gushobora kuba kwari gushingiyeko?
14 Ukwizera nyakuri kuba gushingiye ku bumenyi ntagakosa. None ni ubumenyi ubuhe Henoki yari afise (Abaroma 10:14, 17; 1 Timoteyo 2:4)? Nta nkeka yari azi ivyabaye muri Edeni. Ashobora kandi kuba yarumvise ivy’ukuntu ubuzima bwari bumeze mw’itongo ry’i Edeni, irishobora kuba ryari rikiriho, naho ata muntu yari yemerewe kuryinjiramwo (Itanguriro 3:23, 24). Yari azi kandi umugambi Imana yari ifise w’uko uruvyaro rwa Adamu rwokwuzuye isi, maze isi yose rukayihindura nka ya Paradizo yo mu ntango (Itanguriro 1:28). Vyongeye, Henoki yaraha agaciro koko umugambi wa Yehova wo kuzana Uruvyaro canke Urubuto rwofyonyoye umutwe wa Shetani rukongera rugakuraho ingaruka mbi zatewe n’uruhendo rwa Shetani (Itanguriro 3:15). Kanatsinda, ubuhanuzi Henoki ubwiwe yashikirije, ubwazigamwe mu gitabu ca Yuda, bwerekeye isangangurwa ry’uruvyaro rwa Shetani. Kubera yuko Henoki yari afise ukwizera, turazi ko yasenga Yehova yizigiye ko ‘aha impera abamurondera’ (Abaheburayo 11:6). Ku bw’ivyo, naho Henoki atari afise ubumenyi nk’ubwo dufise, yari afise ubumenyi buhagije bwamubereye umushinge yubakirako ukwizera gushikamye. Ukwo kwizera ni kwo kwamufashije kuguma ari intadohoka mu bihe bidurumbanye.
Niwigane akarorero ka Henoki
15, 16. Twokurikiza gute ingendo ya Henoki?
15 Nka kumwe kwa Henoki, dushaka guhimbara Yehova muri ibi bihe bidurumbanye turimwo. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza dukurikije akarorero ka Henoki. Turakeneye kwironsa no kugumya ubumenyi ntagakosa bwerekeye Yehova n’umugambi wiwe. Mugabo ivyo vyonyene ntibihagije. Turakeneye kureka ubwo bumenyi ntagakosa bukayobora ingendo yacu (Zaburi 119:101; 2 Petero 1:19). Turakeneye kuyoborwa n’ivyiyumviro vy’Imana, tukama imisi yose twihatira kuyihimbara mu vyo twiyumvira vyose no mu vyo dukora vyose.
16 Nta nkuru dufise zivuga yuko mu gihe ca Henoki hariho uwundi muntu yakorera Yehova, ariko biribonekeza ko yari wenyene canke akaba yari mu bantu bakeyi bakorera Yehova. Na twebwe turi bakeyi cane mw’isi, ariko ivyo ntibidutera ubwoba. Yehova azodufasha naho abaturwanya boba bameze gute (Abaroma 8:31). Henoki yaraburiye abantu n’umutima rugabo ibijanye n’isangangurwa ry’abantu batubaha Imana ryari ryimirije. Na twebwe turamamaza “ubu butumwa bgiza bg’ubgami” n’umutima rugabo, naho badutyekeza, bakaturwanya, bakongera bakaduhama (Matayo 24:14). Henoki ntiyaramvye nk’abantu benshi bo mu gihe ciwe. Ariko rero, ivyizigiro vyiwe ntivyari muri iyo si. Yari ahanze amaso ikintu gihambaye kuruta (Abaheburayo 11:10, 35). Na twebwe duhanze amaso iranguka ry’umugambi wa Yehova. Ni co gituma tudakoresha iyi si cane (1 Ab’i Korinto 7:31). Ahubwo inkomezi zacu be n’ivyo dutunze tubikoresha canecane mu murimo wa Yehova.
17. Ni ubumenyi ubuhe dufise Henoki atari afise, tukaba rero dukwiye gukora iki?
17 Henoki yari yizeye ko Urubuto Imana yari yarasezeranye rwobonetse igihe Yehova yashinze kigeze. Ubu haraciye nk’imyaka 2.000 urwo Rubuto ari rwo Yezu Kirisitu rubonetse, ruratanga incungu, ruratwugururira inzira yo kuronka ubuzima budahera, twebwe hamwe n’ibindi vyabona b’intahemuka bo mu gihe ca kera nka Henoki. Urwo Rubuto, urwamaze kwimikwa rukaba Umwami w’Ubwami bw’Imana, rwarirukanye Shetani mw’ijuru rumuraririza kuri iyi si, kandi turibonera hirya no hino amarushwa ivyo vyateye (Ivyahishuriwe 12:12). Emwe, ubumenyi buhari muri iki gihe buraruta kure n’iyo ubwariho mu gihe ca Henoki. Nimuze rero tugire ukwizera gushikamye nk’ukwo yari afise. Ese ukwizigira yuko imihango y’Imana izoranguka kwotuyobora mu vyo dukora vyose! Nka kumwe kwa Henoki, nimuze tugendane n’Imana naho turi mu bihe bidurumbanye.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, imbumbe ya 1, ku rupapuro rwa 228, ingingo ya 4, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Imbere yuko Enoshi abaho, Yehova yaravugana na Adamu. Abeli yarashikaniye Yehova ishikanwa ryemerwa. Imana mbere yaravuganye na Kayini imbere y’uko uburake butewe n’ishari butuma akora amaraso. Ku bw’ivyo, ukwo gutangura “kwambaza izina ry’Uhoraho” gutegerezwa kuba kwagirwa mu bundi buryo butajanye n’ugusenga gutyoroye.
Wokwishura gute?
• Kugendana n’Imana bisobanura iki?
• Ni kubera iki kugendana n’Imana ari yo ngendo nziza kuruta izindi zose?
• Ni igiki cafashije Henoki kugendana n’Imana naho hari mu bihe bidurumbanye?
• Twokwigana Henoki gute?
[Ifoto ku rup. 15]
Ukwizera ni kwo kwatumye ‘Henoki abandanya kugendana n’Imana’
[Ifoto ku rup. 17]
Turemera tudakekeranya yuko imihango ya Yehova izoranguka
[Ifoto ku rup. 13]
Umugore iburyo amaja inyuma: FAO photo/B. Imevbore; inzu iriko irasenyuka: San Hong R-C Picture Company