ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/9 rup. 32
  • Bibiliya y’ikidagi ya kera ikoresha izina ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya y’ikidagi ya kera ikoresha izina ry’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/9 rup. 32

Bibiliya y’ikidagi ya kera ikoresha izina ry’Imana

IZINA ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova, riraboneka incuro ibihumbi muri Bibiliya Les Saintes Écritures​—Traduction du monde nouveau, iyasohowe mu kidagi mu 1971a. Ariko rero, iyo si yo Bibiliya ya mbere y’ikidagi yakoresheje izina ry’Imana. Biboneka yuko Bibiliya ya mbere y’ikidagi yakoresheje izina Yehova, yasohowe n’umunyatewolojiya akomeye wo muri Ekeleziya gatolika ya Roma yitwa Johann Eck, ubu hakaba haciye nk’imyaka 500.

Johann Eck yavutse mu 1486 mu Bumanuko bw’Ubudagi. Igihe yari afise imyaka 24 y’amavuka, yigisha tewolojiya kuri kaminuza y’i Ingolstadt, ico gikorwa akaba ari co yabandanije gukora gushika apfuye mu 1543. Eck yabayeho mu gihe kimwe na Martin Luther, kandi abo uko ari babiri baramaze igihe ari abagenzi. Ariko rero, Luther yahavuye aba imboneza muri kwa Gutunganya ivy’idini bushasha, mu gihe Eck we yagumye arwanira Ekeleziya gatolika.

Umutware w’i Bavière yashinze Eck igikorwa co guhindura Bibiliya mu kidagi, iyo Bibiliya ikaba yasohowe mu 1537. Igitabu kimwe (Kirchliches Handlexikon) kivuga yuko iyo mpinduro yisunze cane igisomwa co mu ntango, kikavuga kandi yuko iyo Bibiliya “ikwiriye guhabwa agaciro kanini kuruta ako bayiha gushika ubu”. Muri Kuvayo 6:3, Eck yahahinduye ati: “Ndi Umukama, yabonekeye Aburahamu, Isaka, na Yakobo ari Imana Mushoboravyose: kandi izina ryanje Adonayi, sinaribahishuriye”. Eck yarashizemwo ku mubari akajambo kajanye n’uwo murongo kavuga ngo: “Izina Adonayi Jehoua”. Incabwenge z’ivya Bibiliya nyinshi ziyumvira yuko aho ari ho izina ry’uruharo ry’Imana ryakoreshejwe ari bwo bwa mbere muri Bibiliya y’ikidagi.

Ariko rero, haraheze imyaka ibihumbi izina ry’uruharo ry’Imana rizwi kandi rikoreshwa. Mu rurimi rw’igiheburayo ni ho iryo zina ryakoreshejwe ari bwo bwa mbere, hakaba hakoreshejwe izina “Yehova” mu kwerekeza kuri ya Mana yonyene y’ukuri (Yesaya 12:2). Amajambo ya Yezu avuga yuko yahishuye izina ry’Imana yaranditswe mu rurimi rw’ikigiriki, ubu hakaba haciye imyaka yababa 2.000 (Yohana 17:6). Guhera ico gihe, iryo zina ryaranditswe mu ndimi zitagira uko zingana, kandi vuba, mw’iranguka rya Zaburi 83:18, bose bagiye kumenya yuko uwitwa Yehova ari we Musumbavyose aganza isi yose.

[Akajambo k’epfo]

a Yasohowe n’Ivyabona vya Yehova, mu ntango ikaba yasohowe mu congereza mu 1961. Ubu iboneka mu ndimi zirenga 50 ari yose uko ingana canke ari igice gusa.

[Ifoto ku rup. 32]

Iyi foto yerekana Bibiliya yahinduwe na Eck yasohowe mu 1558, hamwe na ka kajambo kerekana izina Yehova kari ku mubari kerekeye icanditswe co muri Kuvayo 6:3

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika