ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/10 rup. 21-26
  • Niwirinde kugira umutima w’ubwibone

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwirinde kugira umutima w’ubwibone
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana ntiyihanganira abibone
  • ‘Umutima wawe wishize hejuru’
  • Rinda umutima wawe woye kugira ubwibone
  • Inkurikizi z’Ubwibone—Woba Uzi Ukuntu Zikomeye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ubudasa hagati y’abakorera Yehova n’abatamukorera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Turashobora kurwanya Shetani kandi tukamutsinda
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyiza biva ku kwuzura n’abandi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/10 rup. 21-26

Niwirinde kugira umutima w’ubwibone

“Imana irwanya abibona”.​—YAKOBO 4:6.

1. Tanga akarorero k’ukwishima kubereye.

HOBA hari ikintu cigeze kuba kigatuma wumva wishimye cane? Benshi muri twebwe baramaze kwumva baryohewe muri ubwo buryo. Kuba rimwe na rimwe bishika tukumva twishimye si bibi. Nk’akarorero, igihe umunega n’umukenyezi wiwe b’abakirisu basomye raporo yo kw’ishure yerekana ko umukobwa wabo yigenza neza be n’uko akora cane, boshobora guca bagira akamwemwe mu maso, bakumva bashimishijwe n’ivyo umwana wabo yashitseko. Intumwa Paulo na bagenziwe bariratiye ishengero rishasha bari barafashije gushinga kubera ko abavukanyi bo muri iryo shengero bihanganiye uruhamo badahemuka.​—1 Ab’i Tesalonike 1:1, 6; 2:19, 20; 2 Ab’i Tesalonike 1:1, 4.

2. Ni kubera iki kwishima usanga rimwe na rimwe atari vyiza?

2 Dufatiye kuri ubwo burorero, turabona yuko kwishima vyoshobora gusobanura kwumva uhimbawe kubera ikintu kanaka wakoze canke uwundi yakoze, kibure ikintu kinaka ufise canke uwundi afise. Ariko rero, akenshi ubwishime bwerekana ko umuntu yiha agaciro atabereye, akumva ari hejuru y’abandi kubera ububangukirwe afise, uko asa, ubutunzi afise, canke ikibanza afise. Kenshi na kenshi, ubwishime bugaragarira mu nyifato iranga amanyama n’ubwibone. Ubwishime nk’ubwo ni ikintu twebwe abakirisu dukwiye vy’ukuri kwirinda. Kubera iki? Kubera ko dufise agatima mvukanwa twarazwe n’umwe sokuruza wacu Adamu ko kugomba kuba abikunzi (Itanguriro 8:21). Ivyo birashobora gutuma umutima wacu uduhenda tugahava twishima ku bw’imvo zitabereye. Nk’akarorero, abakirisu bategerezwa kwirinda ukwishimira ibara ryabo ry’urukoba, ubutunzi bafise, amashure bize, ububangukirwe basanganywe, canke ukuntu bakora neza kuruta abandi. Ubwishime buterwa n’ivyo bintu ntibubereye kandi ntibuhimbara Yehova.​—Yeremiya 9:23; Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35; 1 Ab’i Korinto 4:7; Ab’i Galatiya 5:26; 6:3, 4.

3. Ubwibone ni iki, kandi Yezu yavuze iki ku bijanye n’ubwibone?

3 Hariho iyindi mvo yotuma twamirira kure ubwishime butabereye. Turetse mwene ubwo bwishime bugatsimbatara mu mutima wacu, burashobora kuvamwo ubwishime bubi cane bwitwa ubwibone. Ubwibone ni iki? Umuntu w’ubwibone, uretse ko abona yuko aruta abandi, arakengera abo abona ko aruta (Luka 18:9; Yohana 7:47-49). “Ubgibone” Yezu yabushize hamwe n’izindi kamere mbi ziva “imbere mu mitima” maze ‘zigahumanya umuntu’ (Mariko 7:20-23). Abakirisu baca babona ko kwirinda kugira umutima w’ubwibone ari ikintu gihambaye cane.

4. Kurimbura uburorero bwo muri Bibiliya buvuga ivy’ubwibone bishobora kudufasha gute?

4 Kurimbura inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya zivuga ivy’abantu bagize ubwibone birashobora kugufasha kubwirinda. Gutyo, uzoca urushiriza kuba uwushoboye kubona inyiyumvo z’ubwishime zitabereye woba ufise canke zohava zigutsimbataramwo mu nyuma. Ivyo bizogufasha kwamirira kure ivyiyumviro canke inyiyumvo vyohava bituma ugira umutima w’ubwibone. Ubigenjeje gutyo, nta co uzoba Imana niyashitsa iyi ngabisho igira iti: “[Nzogukuramwo] abihayagiza bībona, kandi nawe ntuzokwongera kwishira hejuru ku musozi wanje wera”.​—Zefaniya 3:11.

Imana ntiyihanganira abibone

5, 6. Farawo yagaragaje gute ubwibone, kandi bwamushikanye he?

5 Urashobora kandi kubona ukuntu Yehova abona ubwibone ufatiye ku vyo yagiriye abategetsi bakomeye cane, nk’akarorero Farawo. Biribonekeza ko Farawo yari afise umutima w’ubwibone. Ubwiwe yibona nk’imana ikwiye gusengwa, agasuzugura abaja biwe, ni ukuvuga Abisirayeli. Rimbura honyene ingene yavuze igihe yasabwa kurekura Abisirayeli ngo baje mu bugaragwa ‘kugirira imisi mikuru’ Yehova. N’ubwibone n’akantu, yishuye ati: “Uhoraho ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli?”.​—Kuvayo 5:1, 2.

6 Farawo amaze gutezwa ivyago bitandatu, Yehova yabwiye Musa ngo abaze uwo mutegetsi wa Misiri ati: “Mbega n’ubu uracatangīra abantu biwe, ukanka kubarekura?” (Kuvayo 9:17). Musa yaciye amenyesha icago kigira indwi, ico cago kikaba cari urubura rwatemye ruratongora igihugu cose. Inyuma ya ca cago c’icumi, Abisirayeli bakimara kurekurwa ngo bagende, Farawo yaciye ahindura ivyiyumviro maze aboma inyuma. Farawo n’ingabo ziwe bahavuye bagwa mu mutego mu Kiyaga Gitukura. Ibaze ukuntu bategerezwa kuba bariyumviriye igihe amazi yabateranirako! Wumva none ubwibone bwiwe bwamushikanye he? Ingabo ziwe zari karuhariwe mu vy’intambara zavuze ziti: “Enda duhunge, tureke Abisirayeli, kuk’Uhoraho abatabara, ari we aturwanya”.​—Kuvayo 14:25.

7. Abategetsi b’i Babiloni bagaragaje gute ubwibone?

7 Hariho n’abandi bategetsi b’abanyabwibone bacishijwe bugufi na Yehova. Umwe muri abo bategetsi yari Senakeribu umwami w’i Ashuri (Yesaya 36:1-4, 20; 37:36-38). Igihugu ca Ashuri cahavuye cigarurirwa n’Abanyababiloni, mugabo hari n’abandi bami babiri b’Abanyababiloni bacishijwe bugufi. Ibuka ya mazimano Umwami Belushaza yarimwo, aho we n’abatumire biwe banywereye umuvinyu mu bikombe vyakuwe mu rusengero rwa Yehova bashemeza imana z’i Babiloni. Hinge rero baze babona igikonjo c’umuntu kiriko kirandika amajambo ku ruhome. Umuhanuzi Daniyeli amaze gusabwa ngo asigure ayo majambo y’akayoberabahinga, yibukije Belushaza ati: “Imana isumba vyose yahaye so Nebukadineza ubgami. . . . Ariko yishize hejuru, . . . ataramurwa ku ngoma, kandi bamwāka icubahiro ciwe. . . . Ariko nawe, Belushaza, umwana wiwe, ntiwicishije bugufi mu mutima wawe, naho war’uzi ivyo vyose” (Daniyeli 5:3, 18, 20, 22). Iryo joro nyene, ingabo z’Abamedi n’Abaperesi zarigaruriye Babiloni, Belushaza aca aricwa.​—Daniyeli 5:30, 31.

8. Yehova yagiriye iki abanyabwibone batari bamwe?

8 Niwiyumvire kandi ivy’abandi bantu b’abanyabwibone basuzuguye abasavyi ba Yehova: aho twovuga nka ca kigatanya c’Umufilisitiya Goliyati, wa Mushikiranganji wa mbere w’Ubuperesi Hamani, be na wa Mwami Herode Agiripa yatwara intara ya Yudaya. Kubera ubwibone bwabo, abo bagabo batatu bapfuye mu buryo bw’akamaramaza bishwe n’Imana (1 Samweli 17:42-51; Esiteri 3:5, 6; 7:10; Ivyakozwe n’intumwa 12:1-3, 21-23). Ivyo Yehova yagiriye abo bantu b’abanyabwibone birashimika kuri uku kuri: “Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa” (Imigani 16:18). Vy’ukuri, biribonekeza ko “Imana irwanya abibona”.​—Yakobo 4:6.

9. Abami b’i Tiro bahemutse gute?

9 Mu ntango umwami w’i Tiro ntiyari ameze nk’abo bategetsi b’abanyabwibone batatu, ni ukuvuga uwo mu Misiri, uw’i Ashuri, be n’uw’i Babiloni, kubera ko yafashije cane abasavyi b’Imana. Mu gihe c’ingoma y’Umwami Dawidi n’ingoma y’Umwami Salomo, yaratanze abantu b’abahinga aratanga n’ibikoresho ku bwo kwubaka inzu z’i bwami be n’urusengero rw’Imana (2 Samweli 5:11; 2 Ngoma 2:11-16). Ikibabaje, ab’ i Tiro bahavuye bagirira nabi abasavyi ba Yehova. None ivyo vyatewe n’iki?​—Zaburi 83:3-7; Yoweli 3:4-6; Amosi 1:9, 10.

‘Umutima wawe wishize hejuru’

10, 11. (a) Ni nde yogereranywa n’abami b’i Tiro? (b) Ni igiki catumye ab’i Tiro bataba bagifata neza Isirayeli?

10 Yehova yarahumekeye umuhanuzi wiwe Ezekiyeli kugira ashire ku kabarore ububi bw’abami b’i Tiro yongere abacire urubanza. Ubwo butumwa bwashikirijwe “umwami w’i Tiro” burimwo amajambo adondora neza abami b’i Tiro hamwe na wa muhemu wa mbere na mbere ari we Shetani, umwe ‘atahagaze mu kuri’ (Ezekiyeli 28:12; Yohana 8:44). Shetani yahora ari ikiremwa c’impwemu c’intahemuka mw’ishirahamwe rya Yehova rigizwe n’abana biwe bo mw’ijuru. Yehova Imana yarerekanye abicishije kuri Ezekiyeli ikintu nyamukuru catumye abami b’i Tiro be na Shetani bahemuka.

11 Yehova yavuze ati: “Wari muri Edeni, mw itongo ry’Imana; wisakayek’utubuyenge twose tw’igiciro kinini. . . . War’umukerubi usīzwe amavuta, ushānje amababa. . . . War’agahore mu ngeso zawe zose uhereye umusi waremeweko, gushitsa igihe ibigabitanyo vyakubonetseko. Ibitayega vy’ibidandazwa vyawe vyatumye wuzura umuryano, maz’uracumura: ni co [gi]tumye . . . [nzokugeseza], yewe mukerubi ushānje amababa. . . . Ubgiza bgawe ni bgo bgateye umutima wawe kwishira hejuru, igitinyiro cawe ni co cononnye ubgenge bgawe” (Ezekiyeli 28:13-17). Ni vyo, ubwibone bwatumye abami b’i Tiro bakorera amabi abasavyi ba Yehova. Igisagara ca Tiro caratunze bimwe vy’akaburarugero kiba n’ikibanza gikomeye mu vy’ubudandaji, congera kiba rurangiranwa kubera ibintu vyaho vyizavyiza (Yesaya 23:8, 9). Abami b’i Tiro babaye abantu b’amanyama, maze batangura guhahaza abasavyi b’Imana.

12. Ni igiki catumye Shetani aba igihemu, kandi ni igiki yabandanije kugira?

12 Muri ubwo buryo nyene, ca kiremwa ca mbere cahavuye kiba Shetani, ubwa mbere cari gifise ubukerebutsi bukenewe bwagifasha kurangura igikorwa cose Imana yagishinga. Aho gukenguruka, ico kiremwa ‘carikakishije’ maze gitangura kunegura uburyo Imana iganza (1 Timoteyo 3:6). Carishize hejuru gushika n’aho gitangura kwipfuza rwose ko Adamu na Eva bagisenga. Ico cipfuzo kibi cahavuye gitwara inda hanyuma kivyara icaha (Yakobo 1:14, 15). Shetani yarahenze Eva ararya ku vyamye ku giti kimwe rudende Imana yari yarabujije kuryako. Shetani yaciye akoresha Eva kugira atume Adamu arya kuri nya giti cari kibujijwe (Itanguriro 3:1-6). Gutyo, uwo mugabo n’umugore ba mbere barateye akagere uburenganzira Imana yari ifise bwo kubaganza, baca baba koko abasenga Shetani. Ubwibone bwa Shetani ni akaburarugero. Yaragerageje gukwegakwega n’ibiremwa vyose vyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi bifise ubwenge, ushizemwo na Yezu Kirisitu, ngo bimusenge, gutyo bitere akagere ukugaba n’ukuganza kwa Yehova.​—Matayo 4:8-10; Ivyahishuriwe 12:3, 4, 9.

13. Ubwibone bwavuyemwo inkurikizi izihe?

13 Uca rero ubona ko ubwibone bukomoka kuri Shetani. Ubwibone ni bwo ahanini butuma haba icaha, ugucumukura, be n’ukwononekara biri mw’isi muri iki gihe. Shetani, we “mana y’iki gihe”, arabandanya kuremesha ubwishime butabereye be n’ubwibone (2 Ab’i Korinto 4:4). Arazi ko asigaranye igihe gito, ari co gituma arwana intambara yo kurwanya abakirisu b’ukuri. Ihangiro afise ni iryo kubakura ku Mana kugira babe abantu bikunda, birarira, kandi bibona. Bibiliya yaravuze yuko mwene utwo dutima tubi turimwo ubwikunzi twobaye tweze muri iyi “misi y’iherezo”.​—2 Timoteyo 3:1, 2, NW, akajambo k’epfo; Ivyahishuriwe 12:12, 17.

14. Ni ingingo ngenderwako iyihe Yehova yisunga mu buryo afata ibiremwa vyiwe bifise ubwenge?

14 Yezu Kirisitu yarashize ku kabarore ashize amanga ingaruka mbi zatewe n’ubwibone bwa Shetani. Mu bihe n’imiburiburi bitatu, Yezu ari imbere y’abansi biwe bibona ubugororotsi yarerekanye ingingo ngenderwako Yehova yisunga mu buryo afata abantu. Yavuze ati: “Uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’uwicisha bugufi azoshirwa hejuru”.​—Luka 14:11; 18:14; Matayo 23:12.

Rinda umutima wawe woye kugira ubwibone

15, 16. Ni igiki catumye Hagari agira ubwibone?

15 Ushobora kuba wabonye ko bwa burorero bw’abantu babaye abibone duhejeje kuvuga bwerekeye gusa abantu bakomakomeye. Ivyo vyoba bisobanura yuko abantu basanzwe batoshobora kuba abibone? Habe namba. Rimbura iki kintu kimwe cashitse mu rugo rwa Aburahamu. Uwo sogokuruza w’imiryango ntiyari bwigere aronka akana kobaye samuragwa wiwe, umugore wiwe Sara na we akaba yari yaraciye. Nk’uko vyari bisanzwe bigirwa, umuntu ivyiwe vyaba vyifashe nk’ivya Aburahamu yarashobora kwabira umugore agira kabiri akabona kuronka umwana. Imana yararekura mwene iyo mibano y’abubatse kubera ko igihe cayo kitari bwagere co gusubizaho mu basavyi bayo b’ukuri ingingo mfatirwako yari yarashinze mu ntango igenga umubano w’abubatse.​—Matayo 19:3-9.

16 Aburahamu abisabwe n’umugore wiwe, yaremeye kuvyara ku ncoreke ya Sara y’Umunyegiputakazi yitwa Hagari uwoshoboye kuba samuragwa. Hagari yarabaye nk’umugore agira kabiri wa Aburahamu hanyuma asama inda. Yari akwiye gukenguruka cane ako gateka yari yaratewe. Aho gukenguruka, yararetse umutima wiwe uragira ubwibone. Bibiliya yigana iti: “Maz’abonye kw asamye inda, bimutera gukēngēra inabuja”. Ako gatima karavyuye indyane mu rugo rwa Aburahamu gushika n’aho Sara yirukana Hagari. Mugabo umuti w’iyo ngorane warabonetse. Umumarayika w’Imana yahanuye Hagari ati: “Subira kwa nyokobuja, uce bugufi musi yiwe” (Itanguriro 16:4, 9). Biboneka ko Hagari yumviye iyo mpanuro arahindura uburyo yabona Sara, maze arahava aba inakuruza w’amasinzi.

17, 18. Ni kubera iki twese dukeneye kwirinda ubwibone?

17 Ivyabaye kuri Hagari birerekana yuko igihe ivy’umuntu bihindutse bikamera neza, vyoshika agahava agira ubwibone. Icigwa tuhigira ni uko n’umukirisu yari afise umutima mwiza wo gukorera Imana ashobora gucika umunyabwibone amaze kuronka amatungo canke ubukuru. Arashobora kandi kugira ako gatima mu gihe abantu bamushemagiza kubera ivyo yaranguye, ubukerebutsi canke ububangukirwe afise. Emwe, umukirisu akwiye kuba maso akirinda kugira umutima w’ubwibone. Arakwiye canecane kuba maso mu gihe aroraniwe mu bintu kanaka canke mu gihe ashinzwe amabanga yiyongereye.

18 Imvo ikomeye kuruta izindi zose yotuma twirinda ubwibone ni ukuntu Imana ibubona. Ijambo ryayo rivuga riti: “Ijisho ry’agakēngērwe n’umutima w’ubgibone bo n’itara ry’abanyakibi [ni] icaha” (Imigani 21:4). Biri n’ico bivuze kubona Bibiliya igabisha canecane abakirisu b’“abatunzi bo mu vy’iki gihe” ngo boye “kwibona” (1 Timoteyo 6:17; Gusubira mu vyagezwe 8:11-17). Abakirisu batari abatunzi na bo bakwiye kwirinda kugira “ijisho ribi”, ni ukuvuga kunohokera ibintu, kandi bakwiye kwibuka yuko uwo ari we wese ashobora kugira ubwibone, yaba umutunzi canke umukene.​—Mariko 7:21-23; Yakobo 4:5.

19. Uziya yononye gute izina ryiza yari yarihesheje?

19 Ubwibone be n’izindi kamere mbi, birashobora kwonona ubucuti bwiza dufitaniye na Yehova. Fata nk’akarorero ivyo Uziya yagize mu gice ca mbere c’ingoma yiwe. Dusoma duti: “Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza. . . . Ashira umutima ku kurondera Imana . . . ; kand’uko yakomeje kurondera Uhoraho, Imana yamuhaye umugisha” (2 Ngoma 26:4, 5). Ariko rero, ikibabaje ni uko Umwami Uziya yononye izina ryiza yari yarihesheje, kubera ko “yishi[ze] hejuru mu mutima wiwe, bituma akora ivyo kugabitanya”. Yahavuye yishira hejuru gushika n’aho yinjira mu rusengero kwosa imibavu. Igihe abaherezi bamuburira ngo areke gukora ico kintu kiranga ubwibone, ‘Uziya yaciye araka’. Ivyo vyatumye Yehova amuteza imibembe, maze arinda apfa atarasubira kuba umutoni ku Mana.​—2 Ngoma 26:16-21.

20. (a) Umwami Hezekiya yahatswe gute kwonona izina ryiza yari afise? (b) Ni ibiki turimbura mu kiganiro gikurikira?

20 Fata ako karorero ka Uziya ukagereranye n’ak’Umwami Hezekiya. Igihe kimwe, uwo mwami yarahatswe kwonona izina ryiza yari afise kubera ko “yishi[ze] hejuru mu mutima”. Igishimishije, “Hezekiya [yaricishije] bugufi, yihana ubgo bgibone bgo mu mutima wiwe”, hanyuma arasubira kuba umutoni ku Mana (2 Ngoma 32:25, 26). Urabona yuko umuti wavuye Hezekiya ubwibone bwiwe ari ukwicisha bugufi. Vy’ukuri, ukwicisha bugufi ni igihushane c’ubwibone. Ku bw’ivyo rero, mu kiganiro gikurikira turimbura ukuntu dushobora kuba abakirisu bicisha bugufi tukongera tukagumana iyo kamere.

21. Abakirisu bicisha bugufi bashobora kwitega iki?

21 Ariko rero, nimuze ntitwigere twibagira ingaruka mbi zose zatewe n’ubwibone. Kubera ko “Imana irwanya abibona”, nimuze twiyemeze dushikamye kwamirira kure ubwishime butabereye. Tubandanije kwihatira kuba abakirisu bicisha bugufi, turashobora kwitega kuzorokoka wa musi uhambaye w’Imana, igihe abibone be n’ivyatewe n’ubwibone bwabo vyose bizokurwa kw’isi. Ico gihe “agakēngērwe k’abantu kazosubizwa hasi, n’ubgibone bg’abahambaye buzocishwa bugufi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’uwo musi”.​—Yesaya 2:17.

Ivyiyumviro vyo kuzirikanako

• Wovuga ko umuntu afise ubwibone ameze gute?

• Ubwibone bwakomotse he?

• Ni ibiki bishobora gutuma umuntu agira ubwibone?

• Ni kubera iki dutegerezwa kwirinda ubwibone?

[Ifoto ku rup. 23]

Ubwibone bwa Farawo bwatumye acishwa bugufi

[Ifoto ku rup. 24]

Hagari amaze guterwa iteka yaciye agira ubwibone

[Ifoto ku rup. 25]

Hezekiya yaricishije bugufi maze arasubira kuba umutoni ku Mana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika